Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO , Uburaya buvuga ko bwiteguriye kuganira n'Uburusiya ku kurangiza intambara muri Ukraine

Ibihugu vy’i Buraya bivuga ko bifise aho bihagaze hatomoye kandi hadahindagurika ku bijanye n’ibiganiro.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Anne Marie Niwemwiza na Gildas Yihundimpundu.

  1. Ingabo za Irak zinjiye mu mu kigo gikuru c’umurwi w’abarwanyi wa Kataib Hezbollah

    Ingabo za reta ya Irak zinjiye kuri uyu wa gatanu mu kigo gikuru ca Kataib Hezbollah, umuhari witwaje ibirwanisho ushigikiwe na Irani, mu kiboneka nk’umwumvikano ufise intego yo kuzibira ko haba imishamirano ya gisirikare hagati y’uwo muhari n’ingabo za reta.

    Umunyamakuru wa AFP ari mu karere ka Jurf Nasr, mu bumanuko bw’umugwa mukuru Bagdad, yavuze ko ingabo za reta zari zarenganye bariyeri ya mbere ya Kataib Hezbollah, mu gihe abarwanyi b’uwo muhari bagumye mu bibanza vyabo.

    Umuvugizi w’igisirikare yavuze ko izo ngabo zinjiye muri Jurf Nasr kuri uyu wa gatanu, ku mabwirizwa y’umushikiranganji wa mbere, Ali al-Zaidi.

    Kataib Hezbollah imaze imyaka irenga cumi ikorera muri ako karere, inyuma yo kugira uruhara mu gusubiza mu maboko ya reta akarere ka Jurf Nasr kari kigaruriwe n’umuhari wiyitirira reta ya Kisilamu (ISIS).

    Ariko rero, Irak iriko iraremerwa bikomeye na Reta Zunze Ubumwe za Amerika kugira ngo igabanye uruhara rwa Irani muri ico gihugu no kugenzura imirwi yitwaje ibirwanisho ishigikiwe na Tehran (ubutegetsi bwa Irani), iyo Washington (ubutegetsi bwa Amerika) ifata nk’“imirwi y’iterabwoba”.

    Muri ino ndwi, umushikiranganji wa mbere wa Irak, Ali Zaidi, yahaye Kataib Hezbollah igihe ntarengwa co kuva mu karere ka Jurf Sakhr, kazwi kandi nka Jurf Nasr.

    Iyi ngingo yafashwe inyuma y’aho reta ya Irak imenyeshereje ko muri ako karere hariko habera magendo y’igitoro, Kataib Hezbollah yoyo ikaba ibihakana.

    Nk’uko biri mu masezerano yashoboye gushikwako biciye ku bayobozi ba poritike b’Abashiite, bitegekanijwe ko Kataib Hezbollah izova muri ako karere ikimurira ibikorwa vyayo mu bindi bice vya Irak.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  2. Guinea: Igitangazamakuru cya Burkina Faso cyahagaritswe gishinjwa kwibasira Perezida Doumbouya

    Leta ya Guinea/Guinée yahagaritse ibiganiro by'igitangazamakuru cya Leta ya Burkina Faso, RTB, igishinja gutangaza ibitekerezo byibasira igihugu ndetse na Perezida wacyo, Mamadi Doumbouya.

    Iri hagarikwa ryatangajwe ku wa kane n'urwego rukuru rushinzwe isakazamakuru muri Guinea (HAC), rikaba ryahise ritangira gukurikizwa ako kanya kugeza igihe hazafatirwa ikindi cyemezo.

    Televiziyo ya Leta ya Guinea yavuze ko iki cyemezo cyafashwe nyuma y'uko RTB yatangaje inyandiko y'ibitekerezo urwego rugenzura itangazamakuru rwafashe nk'iyibasira Repubulika ya Guinea kandi bikaba byangiza isura y'Umukuru w'Igihugu.

    HAC yashinje RTB gutangaza inyandiko y'ibitekerezo yaherekejwe n'igishushanyo kiyikubiyemo (caricature), yavuze ko cyahungabanyije icyubahiro, agaciro n'isura bya Perezida Mamadi Doumbouya.

    Urwo rwego rwanategetse Canal+ Guinea n'abandi bakwirakwiza ibiganiro bya televiziyo guhita bakura RTB ku rutonde rw'imiyoboro batanga.

    Rwanaburiye abo bakwirakwiza ibiganiro ko abatazubahiriza iryo tegeko bashobora gufatirwa ibihano biteganywa n'amategeko y'igihugu.

    Iri hagarikwa rije mu gihe umubano hagati ya Conakry na Ouagadougou ukomeje kuzamo agatotsi nyuma y'igikorwa Guinea yatangije cyo kurwanya ubucukuzi bwa zahabu butemewe n'amategeko.

    Icyo gikorwa cyatumye abanyamahanga ibihumbi birukanwa muri Guinea, barimo n'abaturage ba Burkina Faso.

    Minisitiri w'Umutekano wa Burkina Faso, Mahamadou Sana, yashinje ubuyobozi bwa Guinea gufata nabi abaturage ba Burkina Faso, mu buryo yavuze ko bubatesha agaciro kandi bubangamiye uburenganzira bwabo.

    Iki gikorwa cyo kurwanya ubucukuzi butemewe n'amategeko cyanaherekejwe n'urugomo.

    Mbere, ubuyobozi bwa Guinea bwatangaje ko abantu 10, barimo abanyamahanga batanu, bapfuye mu mirwano ifitanye isano n'iki gikorwa.

    Ku rundi ruhande, ubuyobozi bwa Mali bwatangaje ko nibura abaturage babwo 13 bapfiriye muri gahunda yagutse yo kwirukana abanyamahanga.

    Ihagarikwa rya RTB ryiyongereye ku makimbirane asanzwe hagati y'ibihugu byombi, byanagize ubwumvikane buke ku buryo Guinea ifata abacukuzi b'amabuye y'agaciro bakomoka mu bindi bihugu byo mu karere ka Sahel.

    Izindi nkuru wasoma:

  3. Muri Afrika y'Epfo hafashwe abantu umunani bikekwa kwica abagore 12

    Igipolisi muri Afrika y'Epfo kivuga ko cahagaritse abantu umunani bikekwa kugira uruhara mw’igandagurwa riheruka ry'abagore 12 hafi y'igisagara ca Johannesburg.

    Abajewe gukora amatohoza bavuga ko ifatwa ry’aba bantu ari intambwe ikomeye cane mu matohoza muri uru rubanza rw'ihohotera n’ubwicanyi bishingiye ku gitsina.

    Afrika y'Epfo iri mu bihugu bifise urugero rwo hejuru rw'ubwicanyi kw'isi.

    Ibitigiri biheruka gusohorwa n’ubutegetsi vyerekana ko abantu bababa 60 bishwe buri musi mu kiringo c'amezi atatu giheruka.

    Ayandi makuru ushobora gusoma kuri Afrika y'Epfo:

  4. Amerika: Umuyobozi ushinzwe umutekano w’ikoranabuhanga yirukanywe

    Umuyobozi mukuru ushinzwe umutekano w’ikoranabuhanga muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yakuwe ku mwanya we, nyuma y’uruhererekane rw’ibibazo by’ikoranabuhanga byibasiye ikigo cy’ubutasi bw’igihugu (NSA), gahunda igenzura urujya n’uruza rw’indege muri Amerika ndetse na zimwe muri banki.

    Sean Cairncross yari umuyobozi mukuru ushinzwe umutekano w’ikoranabuhanga ku rwego rw’igihugu kuva muri Kanama (8) 2025.

    Televiziyo CBS, umufatanyabikorwa wa BBC muri Amerika, yatangaje ko Sean yirukanwe nyuma yo gutakaza icyizere cy’umuyobozi ushinzwe abakozi b’ibiro by’umukuru w’igihugu bya Amerika, Stephen Miller.

    Minisitiri w’ububanyi n’amahanga wa Amerika, Marco Rubio, yanditse ku rubuga X ko Kirsten Davies, usanzwe ashinzwe amakuru n’ikoranabuhanga muri Minisiteri y’Ingabo, ari we wagizwe umuyobozi mushya ushinzwe umutekano w’ikoranabuhanga ku rwego rw’igihugu.

    Ibiro ntaramakuru AFP hamwe na CBS, byatangaje ko amakuru byahawe n’inzego zitatangajwe yavuze ko Cairncross yirukanwe, mu cyemezo cyafashwe na Perezida Donald Trump ubwe.

    Aya makuru, aje akurikira impungenge z’umutekano, zirimo ubushobozi buhanitse bw’ubwenge bukorano (AI), cyane cyane ubwakozwe n’amasosiyete yo muri Amerika, bwo kuvumbura intege nke mu buryo bw’ikoranabuhanga abantu ubwabo badashobora kubona.

    Mu ntangiriro z’iki cyumweru, Marco Rubio yavuze ko nta kimenyetso na kimwe gihari cyerekana ko ibyo bibazo by’ikoranabuhanga bifitanye isano, yongeraho ko “Amerika itarimo kugabwaho igitero cyagutse kandi giteguwe.”

    Ariko kuba ibyo bibazo byarabaye inshuro nyinshi mu gihe gito byatumye bamwe bagira impungenge ku mutekano w’ikoranabuhanga abantu bishingikirizaho mu buzima bwa buri munsi.

    White House (ibiro bya Perezida w'Amerika) ntiratangaza ku mugaragaro ko Cairncross yavuye kuri uwo mwanya cyangwa impamvu yatumye awuvaho.

    izindi nkuru wasoma:

  5. Ubushinwa busaba Ubuyapani kwisubirako ku majambo bwavuze kuri Taiwan

    Ubushinwa burasaba Ubuyapani guhindura inyifato yabwo no kwisubirako ku vyo bwise "amajambo atari yo" bwavuze kuri Taiwan.

    Ivyo vyakurikiye inyuma y'aho Perezida w'Ubushinwa Xi Jinping asa n'uwirinze guhura imbonankubone n’umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Sanae Takaichi, mu nama y’abategetsi b’akarere yabereye i Shenzhen mu Bushinwa.

    Abo bategetsi babiri nta biganiro vyihariye bagiriraniye.

    Ubushikiranganji bw'Ubushinwa bujejwe imigenderanire burahakana ko umupfasoni Takaichi yoba yarasuzuguwe, bukavuga ko yahawe icubahiro cose gisanzwe gihabwa umushitsi wo ku rwego rwo hejuru.

    Urwo rwari rwo rugendo rwiwe rwa mbere agize mu Bushinwa kuva avuze umwaka uheze ko Ubuyapani bushobora gutabara gisirikare ari nka hamwe Ubushinwa bwogerageza gufata Taiwan ku nguvu.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  6. EU ivuga ko amasezerano n’Ubwongereza atazakurikizwa amafaranga y’ishuri atagabanijwe

    Ubwongereza n’Umuryango w’Ubumwe bw’Uburayi (EU) batangaje amasezerano mashya agamije kunoza umubano hagati y’impande zombi nyuma ya Brexit.

    Muri ayo masezerano yatangajwe kuri uyu wa gatanu, harimo korohereza urujya n’uruza rw’urubyiruko, koroshya ubucuruzi bw’ibiribwa ndetse n’ubw’uburenganzira bwo kohereza imyuka ihumanya ikirere.

    Gusa abayobozi ba EU bavuga ko ayo masezerano atazashyirwa mu bikorwa mu gihe Guverinoma y’Ubwongereza itabanje kwemera kugabanya amafaranga y’ishuri yishyurwa n’abanyeshuri bakomoka mu bihugu by’Umuryango w’Ubumwe bw’Uburayi biga muri kaminuza zo mu Bwongereza.

    Mu ngamba zishobora gushyira mu kaga gahunda ya Andy Burnham yo kunoza umubano hagati y’u Bwongereza na EU nyuma ya Brexit, ibihugu 27 bigize uyu muryango bisaba ko abanyeshuri babyo biga mu Bwongereza bishyura amafaranga y’ishuri angana n’ayo abanyeshuri b’Abongereza bishyura.

    EU yahaye u Bwongereza amezi atandatu kugira ngo bwemere icyo cyifuzo cyangwa hashakwe ubundi buryo bwumvikanwaho n’impande zombi.

    Uyu muryango kandi wafashe icyemezo cyo kudatandukanya iki kibazo cy’amafaranga y’ishuli n’andi masezerano atangazwa uyu munsi.

    Ibi bivuze ko aya masezerano Andy Burnham yashimangiye muri iki gitondo, avuga ko azatuma “ubuzima bw’abaturage bo mu Bwongereza burushaho kuba bwiza”, atazatangira gushyirwa mu bikorwa, icyo kibazo kitabanje gucyemuka.

    Indi nkuru wasoma:

  7. Hamwe BBC yorushiriza kugabanya abakozi vyogira ingaruka ku bayikurikira – Icigwa

    Icigwa gishasha cashizwe ahabona kiragabisha ko hamwe Ishirahamwe ry’Iradiyo n’Imboneshakure vy’Ubwongereza BBC ryorushiriza kugabanya abakozi n’ibindi biganiro, vyogira ingaruka zikomeye ku bakurikira ivyo binyamakuru kurusha izabaye mw’igabanywa ry’amafaranga bikoresha ry’imbere y’aho.

    Mu ntango z'uyu mwaka, BBC yari yatangaje umugambi wo kugabanya ubuzi bwababa 1.800, hamwe no guhagarika bimwe mu biganiro.

    Yamara, iryo shirahamwe riracakeneye kugabanya ayandi mafaranga ku yo rikoresha kugira rishike kw’ihangiro ryo kuziganya ayagera ku miliyoni 500 z'amapawundi.

    Icigwa cakozwe n’urwego rw’Ubwongereza rujejwe gusuzuma no kugenzura ingene amafaranga ya reta y’ico gihugu akoreshwa, NAO, cerekana ko ingunga ikurikira yo kugabanya amafaranga BBC ikoresha izoba ikomeye kuruta iyabanje, kandi ko ingaruka zayo zizokwibonekeza cane ku bakurikirana ico kinyamakuru.

    BBC yakiriye neza ico cigwa. Ivuga ko imaze igihe igaragaza ko ukuntu ironswa amafaranga muri iki gihe bidashobora gutuma itera imbere mu buryo burama, ikabona ko ibintu bikwiye gusubirwamwo.

    Muri ico cigwa, NAO ivuga kandi ko ingingo zitegekanijwe zizotuma igitigiri c'abakozi ba BBC kigabanuka ku rugero rw'ibice 11 kw'ijana mu kiringo c'imyaka itatu.

    Umukuru wa NAO, Gareth Davies, yagize ati: "Kubera ko hasigaye igihe kiri munsi y'umwaka n'igice ngo BBC isubiremwo amasezerano ayigenga, nta nkeka ko ihanzwe no gufata ingingo zikomeye."

    Mu myaka iheze, ubutunzi bwa BBC bwagiye burushiriza kumera nabi, bivuye ku kugabanuka kw'amafaranga ava ku mpusha zo kuraba imboneshakure, hamwe no kwiyongera kw'amafaranga akoreshwa mu gutunganya ibiganiro.

    NAO ivuga ko gushika ubu, BBC yagabanije amafaranga ikoresha biciye mu kugabanya abakozi, kugabanya amatungo n'ibikorwa remezo vyayo, kunagura ubuhinga bwa none, kworosha uburyo bwo gukora, hamwe no guhindura ubwoko n'ibitigiri vy'ibiganiro itanga.

    BBC imaze kugabanya amafaranga ikoresha ku rugero rw'ibice 10 kw'ijana. Iryo gabanywa ryakoze ku bakozi bo mu bisata bitandukanye bijejwe amakuru, ku mashami akorera ku rwego rw'igihugu no mu ntara zitandukanye z'Ubwongereza, hamwe no mu zindi nzego zitunganya ibiganiro.

    Izindi nkuru wosoma:

  8. Uburusiya bwagabye igitero gikomeye cya misile, ku biraro bitatu byo muri Ukraine

    U Burusiya bwagabye ibitero ku biraro byo mu murwa mukuru wa Ukraine, Kyiv, bunica abantu batandatu mu gitero cyo mu kirere kiri mu bikomeye kurusha ibindi byose byabaye kuva intambara yatangira.

    Misile za ballistique zagabye ibitero ku biraro bitatu byambukiranya uruzi rwa Dnipro, zihitana abantu batatu ndetse zikomeretsa abandi 15, nk’uko Umuyobozi w’Umujyi wa Kyiv, Vitali Klitschko, yabitangaje.

    Ibi bibaye nyuma y’iminsi mike Ukraine yangije bikomeye ikiraro cya Crimea, gifatiye runini abanyagihugu n’urwego rwa gisirikare.

    Perezida w’u Burusiya, Vladimir Putin, yari yaratangaje ko igihugu cye kizihorera nyuma y’igitero Ukraine yagabye ku Kiraro cya Crimea, cyubatswe na Kremlin kugira ngo gihuze u Burusiya n’igice bwigaruriye cya Crimea.

    Abandi bantu babiri bishwe mu bitero by’u Burusiya byagabwe kuri sitasiyo ya gari ya moshi mu mujyi wa Lviv, mu burengerazuba bwa Ukraine.

    Ibiraro bitatu byagabweho ibitero nijoro ni ikiraro cya Podilsko-Voskresenskyi, ikiraro cya Darnytskyi n’ikiraro cyizwi nka Southern Bridge.

    Byose byafunzwe, ubu ntibirimo gukoreshwa, bikaba byarushijeho guhungabanya urujya n’uruza nyuma y’ibindi bitero byo kwihorera byari byaragabwe ku biraro mu ntangiriro z’iki cyumweru.

    Abandi bantu babiri bishwe mu bitero by’u Burusiya byagabwe kuri sitasiyo ya gari ya moshi mu mujyi wa Lviv, mu burengerazuba bwa Ukraine.

    Umuyobozi wa Kyiv, Vitali Klitschko, yasabye abaturage "kwirinda kujya mu mujyi bakoresheje imodoka zabo bwite keretse bibaye ngombwa cyane."

    Yanatangaje ko ikigo kimwe cy’ingenzi mu bikorwa remezo by’igihugu cyangiritse muri ibyo bitero, ndetse ko abaganga n’abakozi bo mu rwego rw’ubuzima barindwi bakomeretse muri icyo gitero cyabaye nijoro.

    Izindi nkuru wasoma:

  9. Nigeria: Perezida arasaba ko hakurwaho igihano gihabwa abarokotse kwiyahura

    Perezida wa Nigeria, Bola Tinubu, yasabye Inteko Ishinga Amategeko gukuraho itegeko rifata kugerageza kwiyahura nk’icyaha, ahubwo agasaba ko abarokotse icyo gikorwa bahabwa ubuvuzi n’ubufasha bwo gusubira mu buzima busanzwe aho kuburanishwa.

    Icyo gitekerezo kigamije guhindura uburyo Nigeria yafataga ikibazo cyo kugerageza kwiyahura, ikava ku bihano byo mu rwego rw’amategeko ikerekeza ku buvuzi no ku bufasha bwo kwiyubaka.

    Iki cyifuzo gikurikiye imyaka myinshi impuguke mu buzima bwo mu mutwe zisaba ivugururwa ry’iri tegeko.

    Icyifuzo cya Tinubu cyakiriwe neza na Perezida wa Sena, Godswill Akpabio, wari warigeze kuvuga ko abantu barokotse nyuma yo kugerageza kwiyahura bakwiye gufungwa.

    Icyo gihe yari yaragize ati: "Ubu kwiyahura ni icyaha. Niba ugerageje kubikora, ibyiza ni uko ubigeraho. Niba utabigezeho, tuzakohereza muri gereza."

    Ariko nyuma yo kwakira icyifuzo cya Tinubu, Akpabio yasobanuye ko amagambo ye atari agamije kwibasira abantu bafite ibibazo byo mu buzima bwo mu mutwe.

    Yongeyeho ko guhana abantu bakoze ibintu kubera indwara zo mu mutwe byaba ari ukutagira impuhwe.

    Ibaruwa ya Tinubu ije ikurikira ubusabe bwakomeje gutangwa n’inzobere mu buzima bwo mu mutwe zisaba ko iri tegeko rihindurwa.

    Mu mategeko ya Nigeria, kugerageza kwiyahura bifatwa nk’icyaha. Uhamwe na cyo ashobora gufungwa kugeza ku mwaka umwe, gucibwa ihazabu cyangwa agahanishwa ibyo bihano byombi.

    Ghana yakuyemo icyo cyaha n’igihano cyacyo, mu mwaka wa 2023, mu gihe Urukiko Rukuru rwa Kenya rwemeje muri Mutarama (1) 2025 ko itegeko rihana kugerageza kwiyahura rinyuranyije n’Itegeko-Nshinga ry’icyo gihugu.

    Izindi nkuru wasoma:

  10. Umubumbe utangaje ‘Mercure’ ugiye kuronka umushitsi, inyuma y’urugendo rw’ikigendajuru rw’imyaka 8

    Inyuma y'urugendo rw'imyaka umunani, aho kimaze kugenda ibirometero hafi miliyaridi 10, ikigendajuru BepiColombo kigiye gushika aho cariko kirerekeza mu micungararo y’umubumbe ‘Mercure’.

    Ico kigendajuru kigiye gushika ahantu hashushe cane kandi hashobora kukibangamira. Mercure ni wo mubumbe wegereye izuba kurusha iyindi yose. Ubushuhe kuri wo bushobora gushika kuri ‘degré’ 430 (430°C), canke bukagabanuka cane gushika kuri ‘degré’ 180 munsi y’ubusa (-180°C).

    Ikindi, uwo mubumbe uguma uhangana n'imishwarara y'izuba ikomeye cane. Gushika ubu, nturakorerwako ubushakashatsi bwinshi. Ni yo mvo abashakashatsi bizigiye ko uru rugendo ruzofasha gutorera inyishu amabanga menshi cane awerekeye.

    Muri ayo mabanga harimwo kumenya igituma mu bimanga biri kuri wo mubumbe hariyo ibibarafu mu gihe wegereye cane izuba, hamwe no gutahura inkombe zidasanzwe z’ivyo bimanga.

    Professeur Emma Bunce wo muri kaminuza ya Leicester mu Bwongereza, umwe mu barongoye ubwo bushakashatsi, yagize ati:

    “Nibaza ko Mercure ari umwe mu mibumbe yegereye izuba ititabwaho cane, ariko nibaza ko iyo ari imwe mu mvo zituma ukwega abashakashatsi”.

    Yongeyeko ati: “Hari imvo nyinshi zishingiye ku bumenyi zituma dushaka gutahura neza Mercure: ukuntu uwo mubumbe wavutse, ingene wahindutse uko imyaka yagiye iragenda, uko umeze muri iki gihe, imigenderanire ufitaniye n'izuba, hamwe n’ingene uvyifatamwo mu kirere kigoye cane uherereyemwo”.

    Urugendo rw'ikigendajuru BepiColombo rwatanguye mu mwaka wa 2018. Ibikorwa vyo kukirungika mu kirere vyabereye muri Guyane y'Ubufaransa, mu bumanuko bwa Amerika.

    Izindi nkuru wosoma:

  11. Aba-Houthi bashinje Arabie Saoudite kwica "abasivili 19" mu gitero cyagabwe ku bwato

    Ku wa gatanu, abayobozi b’umutwe w’Aba-Houthi muri Yemeni bashinje ingabo za Arabie Saoudite kugaba igitero ku bwato bw’abasivili no "kwica abantu 19".

    Intambara y’abaturage imaze igihe muri Yemeni yongeye kubura nyuma y’uko yari yaracogoye.

    Anis Asaby, umuvugizi wa Minisiteri y’Ubuzima iyobowe n’Aba-Houthi, yamaganye icyo gitero, agira ati: "Indege z’umwanzi zagabye igitero ku bwato bw’abasivili bwari butwaye impunzi zirenga 25, bituma abasivili 19 bahasiga ubuzima, mu gihe abandi bane bakomeretse."

    Yunzemo ati: "Kwibasira abasivili n’impunzi ni icyaha cy’intambara cyuzuye kandi ni ukurenga ku buryo bweruye ku mategeko mpuzamahanga arengera ikiremwamuntu n’uburenganzira bwa muntu."

    Uyu muvugizi wa Minisiteri y’Ubuzima y’Aba-Houthi kandi yatangaje ku rubuga nkoranyambaga X ko ubwo bwato bwari buvuye mu karere ka Ras al-Ara bwerekeza mu mujyi wa Hays, mu majyepfo ya Yemeni.

    Intambara imaze imyaka myinshi muri Yemeni, kimwe mu bihugu bikennye kurusha ibindi ku isi, yari yaracogoye nyuma y’amasezerano y’agahenge yatangiye kubahirizwa kuva mu mwaka wa 2022, ariko yongeye kubura mu mezi ya vuba aha.

    Aba-Houthi bashyigikiwe na Irani ubu bageze hafi y’umujyi wa Aden, ari na wo murwa mukuru w’agateganyo wa guverinoma ya Yemeni yemewe n’amahanga, kandi bamaze kwigarurira ibice byinshi by’igihugu kuva imirwano yongeye kubura.

    Imibare y’Umuryango w’Abibumbye igaragaza ko, abantu barenga 1,600 bamaze kwicwa muri iki cyiciro gishya cy’imirwano, mu gihe umubare w’abavuye mu byabo urenga 300,000.

    Izindi nkuru wasoma:

  12. Urukiko rukuru rw’Umuryango w’abibumbye rwahamije Myanmar gukorera aba “Rohingya” Jenoside

    Myanmar yahamijwe n’Urukiko Mpuzamahanga rw’Ubutabera (ICJ) icyaha cya Jenoside yakorewe abaturage bayo bo mu bwoko bw’Aba “Rohingya”.

    Yuji Iwasawa, Perezida w’uru rukiko rukuru rw’Umuryango w’Abibumbye, yavuze ko Myanmar yari ifite "umugambi wo kurimbura" igice kinini cy’aba Rohingya kandi ko yanagize uruhare mu "gusibanganya no guhisha ibimenyetso ku rwego rwagutse" mu rwego rwo guhishira ibyaha yakoze.

    Ibikorwa bya gisirikare byatangiye mu mwaka wa 2017 byahitanye ibihumbi by’Aba Rohingya ndetse bihatira abarenga 700,000 guhunga igihugu cya Myanmar, cyahoze cyitwa Birmanie.

    Myanmar yahakanye ibyo yashinjwaga, ivuga ko ingabo zayo zari zisubije ibitero byari byagabwe n’imitwe yitwaje intwaro.

    Ku wa kane, urukiko rwanzuye ko "umugambi wa Jenoside ari wo mwanzuro wonyine usobanutse ushobora gukurwa mu bimenyetso byagaragajwe".

    Uyu mwanzuro wafashwe n’abacamanza icyenda bawushyigikiye mu gihe batandatu bawurwanyije.

    Iwasawa yavuze ko igisirikare cya Myanmar cyakoze ubwicanyi "butarobanura uwo bugamije", kwica abagabo mu buryo bw’iyicarubozo, ihohoterwa rishingiye ku gitsina ryabereye ahantu henshi, ibikorwa by’urugomo rukabije byakorewe abana ndetse no gutwika nkana amazu y’aba Rohingya.

    Yanavuze kandi ko igisirikare cyagabye ibitero ku ba Rohingya igihe bahungiraga muri Bangladesh.

    N’ubwo ICJ yemeye ko umutwe wa Arsa wagize uruhare muri ibyo byaha, urukiko rwasanze hari isano iri hagati y’ikorwa ry’ubukangurambaga bwuzuyemo urwango rwibasira aba Rohingya, bwabagaragazaga nk’“abatari abantu byuzuye” ndetse bakabagaragaza nk’“intandaro y’urugomo”, n’ibi bikorwa byo kubirukana, ibintu byatumye ihohoterwa ryabakorewe rirushaho gukomera.

    Urukiko rwavuze ko Myanmar ifite inshingano zo gutanga indishyi zijyanye n’uburemere bw’ibyangiritse, ariko umubare nyawo wazo ukazagenwa nyuma.

    Umuryango Human Rights Watch watangaje ko uyu mwanzuro ari "igisubizo cyiza ku bari bamaze igihe bategereje ubutabera ku ba Rohingya".

    Hagati aho, Komiseri Mukuru wa Loni Ushinzwe Uburenganzira bwa Muntu, Volker Türk, yavuze ko "ububabare, amakuba n’agasuzuguro" byakorewe aba Rohingya ari "ikizinga ku mutimanama wa muntu muri rusange". Yongeyeho ko icyemezo cy’urukiko "gikwiye gukurikirwa n’ibikorwa bifatika".

    Izindi nkuru wasoma:

  13. Ubwongereza na EU bagiye kwumvikana ku masezerano yo kworohereza urwaruka

    BBC yamenye ko urwaruka rugera ku 100.000 rwo mu bihugu bigize Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya (EU) ruzokwemererwa kuja gukorera canke kwiga mu Bwongereza buri mwaka, biciye ku masezerano mashasha yerekeye urwaruka agiye kwemezwa kuri uwu wa gatanu, Iburuseri mu Bubirigi.

    Ayo masezerano ategekanya ko, hisunzwe igitigiri kingana nk’ico nyene, urwaruka rw’Ubwongereza na rwo nyene ruzokwemererwa kwinjira mu bihugu bigize uwo muryango.

    Ibiro vy'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, Downing Street, ntibiratanga ido n'ido ry'ayo masezerano. Ariko vyavuze ko ku musi wa kane ibiganiro vyari bigeze ku ntambwe ya nyuma.

    Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza yavuze kandi ko hashobora kwumvikanwa ku mugambi ujanye no gucungera abimukira baca mu muhora w’ikiyaga c’Ubwongereza uzwi nka ‘English Channel’. Abari mu biganiro bariko bagerageza no kwumvikana ku mategeko agenga urudandazwa rw'ibiribwa hamwe no ku kungene inganda zifise ibikorwa bihumanya ikirere zoja zirarihishwa.

    Umukuru w'umugambwe w'aba Conservateurs, Kemi Badenoch, yagirije Andy Burnham ko ariko “asubira kuvyura amacakubiri” yatewe na kamarampaka yabaye ku bijanye no kuva kw'Ubwongereza muri EU, iciswe Brexit.

    Aya masezerano mashasha yerekeye urwaruka afise intumbero yo kworohereza urwaruka rwipfuza kuja, gukorera, kuba, mu Bwongereza canke mu bihugu bigize EU.

    Ubwongereza busanzwe bufise amasezerano nk'ayo n'ibihugu 13 bitari muri EU, harimwo Australia, Canada n'Ubuhindi.

    Mu mwaka wa 2024, EU yari yatanze iciyumviro c'uko urwaruka ruri hagati y'imyaka 18 na 30 rwokwemererwa kuja gukorera canke kwiga mu bihugu bigize uwo muryango hamwe no mu Bwongereza, mu kiringo kitarenza imyaka ine.

    Umugambwe w'Abakozi ‘Labour’, ico gihe wari mu migambwe itavuga rumwe na reta, waranse ico ciyumviro, uvuga ko cagerageza gusubizaho uburenganzira bwo kwidegemvya kw’uruja n’uruza hagati y'Ubwongereza na EU, ata camira.

    Izindi nkuru wosoma:

  14. Misire yari irashwe n’aba Houthi kuri Arabiya Sawudite yasamburiwe mu kirere

    Urunani rw’ibihugu birongowe na Arabiya Sawudite mu ntambara yo muri Yemen, rwatangaje kuri uyu wa gatanu ko abasirikare barwo bajejwe gukingira ikirere “batangiriye bongera barasambura” misire yo mu bwoko bwa ‘balistique’ yari irashwe n'abarwanyi b'aba Houthi bo muri Yemen, bayerekeza mu gice co mu bumanuko bwa Arabiya Sawudite.

    Urwego rwa Arabiya Sawudite rujejwe gukingira abasivire na rwo rwatangaje ko ama ‘drones’ yari arungitswe muri ako karere nyene na yo nyene yatangiriwe atarashika iyo yari arungitswe gutera.

    Urwo rwego rwatanze kandi imburi ku bantu baba mu turere dutandukanye, harimwo Jazan, Abha na Khamis Mushait, ariko ruca rumenyesha ko ata kaga kari kakihari.

    Muri Yemen, imboneshakure Al-Masirah igenzurwa n'abarwanyi b'aba Houthi, yatangaje ko indege z'intambara za Arabiya Sawudite zagavye ibitero ku murwa mukuru w'ico gihugu, Sanaa.

    Arabiya Sawudite ntaco irabivugako.

    Impande zompi zirabandanya gusubizanya ibitero, kandi nta kimenyetso cerekana ko vyimirije guhagarara. Vyongeye, ibitero vy’aba Houthi ku bisagara vya Arabiya Sawudite bigenda vyiyongera.

    Ejo ku wa kane, Arabiya Sawudite yaremeje ko umunara muremure kurusha iyindi yose uri ku murwa mukuru Riyadh, wononekaye kubera igitero.

    Izindi nkuru wosoma:

  15. Uburaya buvuga ko bwiteguriye kuganira n'Uburusiya ku kurangiza intambara muri Ukraine

    Abakuru b'ibihugu vyo ku mugabane wa Buraya bavuze ko biteguriye kugirana ibiganiro n'Uburusiya mu ntumbero yo kurangiza intambara yo muri Ukraine, mu gihe bagaragaje ko bashigikiye cane Ukraine.

    Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, Andy Burnham, yavuze ko Uburaya bufise “aho buhagaze hatomoye kandi hadahindagurika ku bijanye n’ibiganiro”. Umukuru wa reta y'Ubudagi, Friedrich Merz, na we yashimangiye ko “kuba Uburusiya mu vyo busaba bushaka gutwara vyinshi bishoboka kandi atavyo buhevye, ivyo ari ibisabo bidahuye n’ukuri”.

    Ivyo babivugiye mu nama yabereye i Berlin mu Budagi, yahuje urunani rw’ibihugu vyiyemeje gushigikira Ukraine ruzwi nka ‘Coalition of the Willing’.

    Jared Kushner, umukwe wa Donald Trump, ni umwe mu ntumwa zibiri za Amerika zari i Berlin. Yavuze ko Perezida Trump ashaka gushika ku masezerano n'Uburusiya, “ari kumwe n’Uburaya ku ruhande rwiwe”.

    Ariko gushika ubu, Vladimir Putin w’Uburusiya, yaranse ko abategetsi b’ibihugu vya Buraya bagira uruhara muri ivyo biganiro vyo kurondera amahoro bihagarariwe na Amerika.

    Imbere y'aho, Trump yari yabanje kwitaba inama idasanzwe y’inyabutatu yamuhuje na Xi Jinping w'Ubushinwa hamwe na Vladimir Putin, ikaba yabereye i Shenzhen mu bumanuko bushira ubuseruko bw'Ubushinwa. Mu nyuma, igihe yariko asubira inyuma ari mu ndege y'umukuru w'igihugu ‘Air Force One’, yaciye yifatanya n’abari mu yariko ibera i Berlin biciye ku buhinga bwa terefone.

    Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru camaze umwanya muremure, inyuma y'ibiganiro yagiranye na Trump na Xi Jinping, Putin yaragarutse ku bijanye n'ibiganiro vy'amahoro vyohuza ibihugu bitandukanye.

    Yavuze ko Abanyamerika bariko barasaba Uburusiya “bashimitse cane” ko bwokwemera ko ibihugu vy'i Buraya na vyo biza mu biganiro.

    Putin yavuze ko Uburusiya butarwanya ico ciyumviro, ariko ashimangira ko Moscow ishaka kubanza kumenya “ivyo Uburaya buzoba buzanye muri ivyo biganiro”.

    Yagize ati: “Ni co gituma, biciye mu nzira za diplomasi, twatumiye ibihugu vy'i Buraya kuza i Moscow kugira tumenye neza aho bihagaze kuri ico kibazo. Inyuma y’ivyo, ni ho tuzomenya ingene tuzobandanya ibiganiro na Ukraine”.

    Izindi nkuru wosoma:

  16. Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw’ikibiriraho.