Ni nde uno mwirabure umwe rudende yari mu bwato Titanic bwagize isanganya mu 1912?

    • Umwanditsi, Georgie Docker
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 6

Ku wa 10 Ndamukiza (4) umwaka wa 1912, ubwato bwari bugezweho cane ico gihe kurusha ayandi mato yose kw'isi, bwarahagurutse bufata urugendo buva I Southampton mu Bwongereza mu rugendo rwabwo rwa mbere.

Abantu 2.201 bari bari muri RMS Titanic bagiye i New York, ariko haciye imisi ine, ubwo bwato bwagonganye n'ikibuye c'ibarafu kinini (iceberg) mw'ibahari Atlantike, buca burazama.

Iri sanganya ryateye agahinda ryabaye akaga gakomeye cane kuri kiremwa muntu ico gihe, ku buryo rimaze kuvugwa incuro zidaharirwa kandi mu buryo butandukanye, haba mu binyamakuru canke mu mareresi, harimwo na filime ikomeye yo muri Hollywood yakinywemwo n'umukinyi karuhariwe Leonardo DiCaprio.

Ariko inkuru y'umwe mu bantu bababa 1.500 bahasize ubuzima yagandanije kwibagirwa gushika aho umuhinga mu vy'imibano vyashika akagendera inzu ndangamurage ya Liverpool.

Joseph Philippe Lemercier Laroche ni we mwirabure wenyene yamenyekanye ko yari muri urwo rugendo rwa mbere rw'ubu bwato bwa Titanic.

Ariko none uyu mugabo yari umuntu ki? Vyagenze gute kugira ngo Joseph Laroche w'imyaka 25 n'umuryango wiwe bisange muri Titanic, ubwato ata muntu n'umwe yiyumvira ko bwari gushobora kuzama?

Laroche yavukiye i Cap-Haïtien muri Haïti mu mwaka wa 1886.

Yari umuhungu w'umwuzukuruza wa Jean-Jacques Dessalines, umwami wa mbere wa Haïti akaba n'umuntu yayoboye urugamba rwo kwikukira kwa Haïti ku mu kwikurako ubutegetsi bw'abakoloni b'Abafaransa.

Laroche yakuriye mu muryango w'iteka kandi wari wifise. Afise imyaka 15, yaragiye mu Bufaransa ari kumwe n'umurezi wiwe kugira aronke inyigisho za kaminuza mu gisata c'ubwubatsi n'ubuhinga (ingéniorat/engineering).

Ariko inyuma y'imyaka irenga gato icumi, Laroche yarapfuye - umwirabure umwe wenyene yamenyekanye ko yari mu bwato bwa Titanic.

Ikiziga ciwe nticigeze kiboneka.

Inkuru ya Laroche amaherezo yahavuye isuzumwa mu buryo bwimbitse na Dr Carlette Norwood, yaguye ku makuru yiwe igihe yagendera inzu ndangamurage yerekeye ivy'inyanja (Maritime Museum) yo mu gisagara ca Liverpool.

Mu myaka ibiri iheze, iyi ncabwenge y'umwiraburekazi yavukiye i Washington DC yaranditse kandi arayobora igikino kivuga ku buzima bwa Laroche.

Imbere y'uko iki gikino cerekanwa ubwa mbere i Liverpool ku wa 17 Gitugutu (10), Norwood yaraganiriye na BBC asigura inkuru itoroshe y'ubuzima bw'umugabo umwe, kuva ku ntango y'ubuzima bwiwe bw'iteka, Inkuru y'urukundo rwerekana ubutwari budasanzwe, gushika kw'iherezo riteye agahinda.

Laroche yashitse mu Bufaransa mu 1901 – inyuma y'imyaka itarenga 50 ubucakara buhagaritswe mu bihugu vyatwarwa gikoloni n'Ubufaransa.

Yashoboye kuba injeniyeri inyuma yo kwiga kuri kaminuza yo mu gisagara ca Beauvais, hafi ya Paris.

Norwood yavuze ati: "Ku mwirabure yabaye mu Bufaransa mu ntango z'ikinjana ca 20, ntivyri vyoroshe kuko ivangura ruhu ryari ku rwego rwo hejuru.

"Muri ico gihe, hari Abafaransa benshi bari bacemera ko abirabure bafise imirizo.

"Yarahuye n'ingorane z'ivangura ruhu zitagira uko zingana."

Naho kwubakana n'uwo mudasangiye uruhu ico gihe cari ikibazo gikomeye cane mu Bufaransa, Laroche yaramenyanye maze yubakana n'Umufaransa w'umuzungukazi yitwa Juliette Lafargue.

Kuri Juliette, Norwood yavuze ati: "Ategerezwa kuba yari umugore adasanzwe kugira ngo agire ubutwari bwo gukundana n'umwirabure muri ico gihe."

Yongeyeko ati: "Si ivyo gusa. N'umuryango wiwe waramushigikiye kuko babana na se wiwe.

"Turazi neza ko Laroche na Lafargue bari bashigikiwe [n'umuryango], kuko haracariho ikete Lafargue yandikiye se wiwe rimuvuga [Laroche]."

"Se wa Juliette yari ahanini arajwe ishinga no kumenya nimba koko Laroche yari yarize amashure yari afise, kuruta uko yari yitaye kw'ibara ry'urukoba [uruhu] rwiwe."

Bavyaranye abakobwa babiri, Simone Marie Anne Andrée Laroche na Louise Laroche, bavutse mu 1909 no mu 1910.

Ariko nta gihe kinini cahaciye imbere y'uko Laroche atangura gutegura kwimurira umuryango wiwe iwabo muri Haïti.

Norwood yavuze ati: "Laroche yarashoboye kurangiza amashure yiwe, n'ubwo bitamworoheye kuronka no kugumana akazi.

"Akenshi yarirukanwa mu kazi canke agatotezwa bikomeye mw'ivangura ruhu bishitse akaronka akazi."

Uno muryango wari wateguye kuva mu Bufaransa mu mpera za 1912, ariko kubera Lafargue yari yibungenze inda y'umwana wabo agira gatatu, baciye bafata ingingo yo kugenda hakiri kare.

Norwood yasiguye ati: "Ntiyashaka ko uwo mwana avukira ngo akurire mu Bufaransa.

"Kandi yashaka gusubira muri Haïti – yarakunda cane nyina wiwe, kandi yari amukumbuye cane."

Norwood yavuze ko Lafargue yari atewe umutima uhagaze no gusiga se wiwe yari umupfakare mu Bufaransa wenyene.

Ariko igihe se wabo wa Joseph, Cincinnatus Leconte, ico gihe yari Perezida wa Haïti, amuteguriye akazi ko kwigisha ibiharuro, yaciye afata ingingo yo kugenda.

'Iyo hageze haba hageze'

None bisanze muri Titanic gute?

Iyo adafata ingingo yo kuva mu Bufaransa hakiri kare, canke bakagumana amatike y'ubundi bwato bari bafise, ntibari kugwa muri ivyo vyago.

Norwood yavuze ati: "Ntiyategerezwa kuba muri ubwo bwato.

"Nyina wa Laroche yari yarungikiye uwo muryango amatike y'ibibanza vy'iteka mu bwato SS France.

"Ariko bamaze kumenya ko abana babo batazokwemererwa gusangira na bo muri SS France, bafashe ayo matike y'ibibanza vy'iteka barayagurisha maze baca bagura amatike asanzwe muri Titanic."

Hari ikindi kintu cabaye igihe bagerageza kwinjira muri ubu bwato Titanic, ikintu cerekanye nyene ko iyo hageze haba hageze.

Titanic yategerezwa guhagarara ku kivuko ca Cherbourg mu Bufaransa kugira ngo izindi ngenzi zurire, ariko ubunini bwayo bwari burenze ubushobozi bw'ico kivuko.

Kubera ivyo, ingenzi zategerezwa gushikanwa kuri Titanic n'ubundi bwato buto bwari buzwi nka SS Nomadic.

Norwood yavuze ati: "Vyabaye ngombwa ko burira akandi kato kabashikana kuri Titanic.

"Ariko aka kato karagize ikibazo ca moteri, ku buryo bahatswe kudashika kuri Titanic.

"Mu vy'ukuri, iki ni icerekana ko iyo hageze, haba hageze nyene, kuko iyo aka kato kananirwa ntibari kwinjira muri Titanic".

Titanic yagonganye na ca kibuye c'ibarafu hafi isaha zitanu n'iminota 40 z'ijoro ryo ku wa 14 Ndamukiza 1912.

Laroche yaravyuye umugore wiwe yari asinziriye, baca begeranya ibintu bikeyi vy'agaciro bari bafise, hanyuma bafata abana babo bari bagisinziriye babajana ku gice co hejuru c'ubwato.

Lafargue yari yibungenze, hamwe n'abo bakobwa babo babiri, barashoboye kwinjira mu bwato bw'ubutabazi (lifeboat), barashobora gutabarwa n'ubwato RMS Carpathia bukeye bwaho.

Nta wuzi ingene vyagenze kuri Joseph Laroche.

Norwood avuga ko kuvuga inkuru ya Laroche mu kuri kwayo bifise akamaro karengeye kure cane ukumenya gusa ubuzima bw'uwo muntu, kuko bifasha gutahura kahise ka benshi.

Yavuze ati: "Iyi nkuru ikora ku bantu bose kandi benshi bakayipfuza, kuko ari igice ca kahise ka Titanic.

"Ariko ku birabure benshi, burya ntituzi neza kahise kacu.

"Kubera ko abacakara bafatwa nk'itunga rya bene bo, nta nyandiko nyinshi zihari zerekeye inkomoko n'imiryango yabo.

"Ni co gituma hari igice kinini c'ivyo twabaye canke aho dukomoka kitazwi neza."

Norwood yongeyeko ati: "Inkuru nk'iya Laroche zerekana ko hariho amakuru y'Abirabure bari bakomeye, kandi ko kahise kacu katagarukira gusa ku bucakara.

"Zirerekana ko habayeho abantu babashoboye kwiteza imbere no kuba mu buzima bwiza.

"Ziradufasha kumenya no gutahura kahise kacu.

"Si ukuvuga ko hari ico dusana na Joseph Laroche - ariko inkuru yiwe iratukora ku mutima kuko hari vyinshi twibonamwo."