Hamwe BBC yorushiriza kugabanya abakozi vyogira ingaruka ku bayikurikira – Icigwa
Icigwa gishasha cashizwe ahabona kiragabisha ko hamwe Ishirahamwe ry’Iradiyo n’Imboneshakure vy’Ubwongereza BBC ryorushiriza kugabanya abakozi n’ibindi biganiro, vyogira ingaruka zikomeye ku bakurikira ivyo binyamakuru kurusha izabaye mw’igabanywa ry’amafaranga bikoresha ry’imbere y’aho.
Mu ntango z'uyu mwaka, BBC yari yatangaje umugambi wo kugabanya ubuzi bwababa 1.800, hamwe no guhagarika bimwe mu biganiro.
Yamara, iryo shirahamwe riracakeneye kugabanya ayandi mafaranga ku yo rikoresha kugira rishike kw’ihangiro ryo kuziganya ayagera ku miliyoni 500 z'amapawundi.
Icigwa cakozwe n’urwego rw’Ubwongereza rujejwe gusuzuma no kugenzura ingene amafaranga ya reta y’ico gihugu akoreshwa, NAO, cerekana ko ingunga ikurikira yo kugabanya amafaranga BBC ikoresha izoba ikomeye kuruta iyabanje, kandi ko ingaruka zayo zizokwibonekeza cane ku bakurikirana ico kinyamakuru.
BBC yakiriye neza ico cigwa. Ivuga ko imaze igihe igaragaza ko ukuntu ironswa amafaranga muri iki gihe bidashobora gutuma itera imbere mu buryo burama, ikabona ko ibintu bikwiye gusubirwamwo.
Muri ico cigwa, NAO ivuga kandi ko ingingo zitegekanijwe zizotuma igitigiri c'abakozi ba BBC kigabanuka ku rugero rw'ibice 11 kw'ijana mu kiringo c'imyaka itatu.
Umukuru wa NAO, Gareth Davies, yagize ati: "Kubera ko hasigaye igihe kiri munsi y'umwaka n'igice ngo BBC isubiremwo amasezerano ayigenga, nta nkeka ko ihanzwe no gufata ingingo zikomeye."
Mu myaka iheze, ubutunzi bwa BBC bwagiye burushiriza kumera nabi, bivuye ku kugabanuka kw'amafaranga ava ku mpusha zo kuraba imboneshakure, hamwe no kwiyongera kw'amafaranga akoreshwa mu gutunganya ibiganiro.
NAO ivuga ko gushika ubu, BBC yagabanije amafaranga ikoresha biciye mu kugabanya abakozi, kugabanya amatungo n'ibikorwa remezo vyayo, kunagura ubuhinga bwa none, kworosha uburyo bwo gukora, hamwe no guhindura ubwoko n'ibitigiri vy'ibiganiro itanga.
BBC imaze kugabanya amafaranga ikoresha ku rugero rw'ibice 10 kw'ijana. Iryo gabanywa ryakoze ku bakozi bo mu bisata bitandukanye bijejwe amakuru, ku mashami akorera ku rwego rw'igihugu no mu ntara zitandukanye z'Ubwongereza, hamwe no mu zindi nzego zitunganya ibiganiro.
Izindi nkuru wosoma: