RD Congo : Abantu 19 bashasha batowe Ebola – Abategetsi

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Abategetsi muri Repubulika ya Demokarasi ya Kongo bavuga ko abantu 19 bashasha batowe umugera wa Ebola, bituma igitigiri c'abamaze kwemezwa ko bawanduye gishika ku 282, harimwo 42 bamaze gupfa.
Mw’itangazo yashize ahabona kuri uwu w’Imana, umushikiranganji wa RD Congo ajejwe amagara yavuze ko abantu 264 muri abo banduye batowe mu ntara yonyene ya Ituri, ari na yo iki kiza catanguriyemwo, mu gihe intara za Kivu ya Ruguru na Kivu y'Epfo zatowemwo abantu 15 na 3 banduye.
Muri rusangi, abantu barenga 1100 bakekwa ko banduye Ebola baracariko barasuzumwa banapimwa haba muri RD Congo no muri Uganda, nk'uko Umuyobozi Mukuru w'ikigo co ku mugabane wa Afrika kijejwe kugenzura no gukinga indwara (Africa CDC), Dr Jean Kaseya, yabishikirije ku w’Imana mu kinyamakuru The Financial Times.
Yemeje ko hari akaga k’uko uwo mugera ushobora kurandagata mu bindi bihugu vyo mu karere.
Yagize ati: “Dutegerezwa gukora vyihuta nk'uko iki kiza kiriko kirakwiragira.”
Yashimangiye kandi akamaro k'uko amakungu yotanga ubufasha ariko bwisunga integuro n’imikenyuro vyo kurwanya ico kiza vyashizweho n’ibihugu vya Afrika.
Hagati aho, abantu batanu banduye Ebola muri Ituri baramaze gukontororwa barataha, inyuma yo gukira neza iyo ndwara.
Kuri uwu w’Imana, abakozi bane bo kwa muganga bari banduye Ebola igihe bariko bitaho abarwayi bayo, barashikirijwe n'Umuyobozi Mukuru w'Ishirahamwe Mpuzamakungu OMS ryitaho Amagara y'Abantu, Dr Tedros Adhanom Ghebreyesus, impapuro zemeza ko bakize.
Uwundi muntu umwe yakize yari yakontorowe imisi mike imbere y’aho.
Hambavu y'ivyo, abantu babiri bari mu kibanza bataramuriwemwo muri Brésil inyuma yo gushikayo bavuye muri RD Congo no muri Uganda, aho ubwoko bw’umugera wa Ebola buzwi nka Bundibugyo buriko burakwiragira.
Umwe muri bo yasanze atanduye uwo mugera, mu gihe uwundi agisuzumwa.
Abategetsi ba RD Congo na OMS basaba abanyagihugu gukurikiza, ata guca ku ruhande, ingingo zo kwikingira Ebola, cane cane izijanye no guhamba abapfuye mu buryo bukurikije amabwirizwa y'amagara y'abantu.
Izindi nkuru wosoma:





