Nigeria: Igipolisi gisaba abanyagihugu kutihora inyuma y’imigumuko irwanya abanyamahanga muri Afrika y’Epfo

Ahavuye isanamu, BBC / Thuthuka Zondi
Igipolisi muri Nigeria caburiye abanyagihugu ku ngaruka zishobora kuba hamwe bofata inzira yo kwihora ku Banyafrika y’Epfo barangurira imirimo muri Nigeria canke ku matungo yabo, inyuma y'amakuru avuga ko Abanya Nigeria bagizweko ibitero muri Afrika y'Epfo.
Ico gipolisi kigabishije mu gihe havugwa ukwiyongera kw'uruhagarara muri Afrika y'Epfo, ahakomeje imyiyerekano irwanya abimukira ikanasaba ko hafatwa ingingo zikomeye ku badafise ivya ngombwa vyemewe.
N’ubwo biri uko, igipolisi ca Nigeria kigerageza guhumuriza abanyagihugu, kivuga ko "ata cotuma bagira ubwoba".
Ariko kandi kiraburira ko igitero cose cogirwa ku Banyafrika y'Epfo, ku mangazini zabo canke ku nyubakwa z’ubuserukizi bwa Afrika y’Epfo muri Nigeria, kizofatwa nk'icaha gihanwa n'amategeko.
Abanyagihugu ba Afrika y’Epfo bamaze indwi zitari nke mu myiyerekano, basaba ihinduka ry'amategeko agenga abinjira n'abasohoka mu gihugu.
Basaba kandi ko abimukira badafise ivyangombwa vyemewe bava muri ico gihugu bitarenze ukwezi kwa gatandatu.
Muri kahise, ibitero vyatumberejwe ku banyamahanga vyabereye muri Afrika y’Epfo, vyatumye haba ukwihora muri Nigeria, aho imangazini z’Abanyafrika y'Epfo zimwe zimwe zabomowe ziranasahurwa.
Izindi nkuru wosoma:



