RD Congo: Igitigiri c’abamaze gukira Ebola kigeze kuri batanu

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Abategetsi bajejwe amagara y’abantu muri Repubulika ya Demokarasi ya Kongo (RD Congo) bamenyesha ko abantu bane mu barwaye ingwara ya Ebola ubu bakize, ivyatumye igitigiri c'abamaze gukira gishika kuri batanu.
Ku bw’abo bategetsi, ukwo gukira gutanga icizere mu gihe RD Congo ihanganye n’iki kiza giherutse kwaduka kikaba ciziziye uturere tumwe tumwe twayo.
Abo barwayi bane bararonse uruhusha rwo gusohoka ku mugaragaro mu gisagara ca Bunia, umurwa mukuru w'intara ya Ituri.
Ibirori vyo kwemeza icese ugukira kwabo vyabereye ku bitaro vyitwa Centre Médical Évangélique. Vyitabwe n'abategetsi bakuru bajejwe amagara bo muri RD Congo hamwe na Dr Tedros Adhanom Ghebreyesus, Umuyobozi Mukuru w'Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho Amagara y'Abantu OMS.
Dr Tedros asanzwe ariko aragendera ako karere mu ntumbero yo kwirabira ingene ibikorwa vyo kurwanya ico kiza biriko biragenda.
Abo bantu bane bakize, abagabo batatu n'umugore umwe, barashikirijwe impapuro zemeza ko bakize neza inyuma yo kumara indwi zitari nke bariko baravurwa.
Abategetsi bajejwe amagara bavuga ko gukira kw’abo ari ikimenyetso cerekana ko kubona iyo ndwara hakiri kare no gutangura kuyivura vyihuta bishobora kwongerereza abarwayi amahirwe yo kurokoka.
Abo bane baheruka gukira bakurikiye uwabaye uwa mbere yakize muri iki kiza mu ntango z'iyi ndwi. Uwo murwayi na we nyene yarakontorowe ava mu kigo kivurirwamwo Ebola muri Ituri inyuma yo gukira neza.
Dr Richard Kitenge, umuganga wo mu Bushikiranganji bw’Amagara y'Abantu bwa RD Congo, ajejwe gukurikirana ibikorwa vyo kurwanya Ebola mu buseruko bwa Ituri, yavuze ko uwo murwayi yarekuwe ava mu kigo ca Rwampara kivurirwamwo Ebola amaze gukira neza.
Iki kiza, giterwa n'ubwoko bw’umugera wa Ebola buzwi nka Bundibugyo, kiriko kirakwiragira mu karere gasanzwe kabangamiwe n'intambara, ukwimurwa kw'abanyagihugu mu kivunga hamwe n'ukubura uburyo bukwiye bwo kuvura.
Abategetsi bavuga ko ibikorwa vyo gukurikirana abanduye canke abakekwa ko banduye, ivyo kurondera abo bahuye hamwe no gukangurira abanyagihugu kwikingira bikibandanya, mu gihe kandi hariko hongerezwa umurindi mu kugerageza guhagarika irandagata ry’ico kiza.
Abategetsi bajejwe amagara bavuga ko ibikorwa vyo kuvura no kurwanya Ebola biriko biraguka bakizera ko n'abandi barwayi benshi bazokira mu minsi iri imbere.
Izindi nkuru wosoma:


