IKIBIRIRAHO, Liban ivuga ko Hezbollah na yo yemeye guhagarika ibitero kuri Israel

Nyuma y'amasaha ako gahenge gatangajwe, ingabo za Israel zavuze ko zasamye ibisasu byarasiwe muri Libani.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Didier Bikorimana, Gildas Yihundimpundu na Samba Cyuzuzo

  1. Washington igiye kugabanya cyane ambasade zayo muri Afurika zisabirwaho visa

    Viza ya Amerika

    Leta Zunze Ubumwe za Afurika zigiye kugabanya ambasade zayo muri Afurika zemerewe kwakira ubusabe, kwiga no gutanga visa z’icyo gihugu, nk’uko ibiro ntaramakuru Associated Press bibivuga bibikesha amasoko y’amakuru muri leta.

    Ayo mabwiriza yemejwe na Marco Rubio ushinzwe ububanyi n’amahanga mu cyumweru gishize, avuga ko ibyo bikorwa bya visa bizakurwa kuri ambasade 50 muri Afurika hagasigara 20 gusa ari zo zibikora, nk’uko AP ibivuga.

    Ntabwo hatangajwe igihe ibi bizatangira gushyirwa mu bikorwa.

    Kuva kuri manda ye ya mbere, Perezida Donald Trump yashyize imbere impinduka mu bijyanye n’abimukira bajya muri Amerika no kwakira abajya muri icyo gihugu.

    Kuri manda ye ya mbere, yagereranyije abimukira bava mu bihugu bya Afurika na Haiti nk’abantu bava mu bihugu yise “imisarane”.

    Icyo cyemezo gishya kivugwa n’ibiro ntaramakuru AP gisobanuye ko umubare w’abava mu bihugu bya Afurika bajya muri Amerika ushobora kugabanuka kubera izo ngorane mu gusaba visa.

    Ubutegetsi bwa Trump bwagiye buvuga ko bugomba kurwanya abantu bajya muri Amerika bafite visa y’igihe gito ariko bakarenga bakagumayo.

    Associated Press ivuga ko ku makuru icyesha inyandiko y’ubutegetsi ambasade za Amerika muri iyi mijyi 20 ya Afurika ari zo zizakomeza gusabirwaho visa y’iki gihugu, iyo ni;

    • Abidjan - Ivory Coast
    • Accra – Ghana
    • Addis Ababa – Ethiopia
    • Cape Town – Afurika y’Epfo
    • Dakar – Senegal
    • Dar-Es-Salaam - Tanzania
    • Djibouti – Djibouti
    • Johannesburg - Afurika y’Epfo
    • Kampala – Uganda
    • Kigali – Rwanda
    • Kinshasa – DR Congo
    • Lagos – Nigeria
    • Lome – Togo
    • Luanda – Angola
    • Malabo - Equatorial Guinea
    • Monrovia – Liberia
    • Nairobi – Kenya
    • Port Louis – Mauritius
    • Praia - Cape Verde
    • Na Yaoundé muri Cameroon

    Izindi nkuru wasoma:

  2. Iowa – US : Abantu batandatu 'bo mu muryango umwe' bishwe barashwe mu matati yo mu muryango

    Amatara y’igipolisi asa n’ikiremve ayandi n’iroza ariko arakayangana ari kure. Imbere hagaragara agatambara kanditseko amajambo y’Icongereza asobanura: ntimurenge uru rubibe rw’igipolisi.

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Igipolisi kivuga ko uwukekwa kurasa abo bantu na we nyene yasanzwe yapfuye inyuma yo kwirasa.

    Igipolisi co muri reta ya Iowa, muri Reta zunze Ubumwe za Amerika, catangaje ko abantu batandatu bishwe muri iyo reta, inyuma y'uruhererekane rw'amasasu rwatewe n'amatati yo mu muryango.

    Uwukekwa kurasa abo bantu na we nyene yasanzwe yapfuye inyuma yo kwirasa, nk'uko igipolisi co mu gisagara ca Muscatine, muri Iowa, cabitangaje.

    Nk’uko ico gipolisi kibivuga, vyibazwa ko abishwe ari abo mu muryango w'uwo akekwa kubarasa, yamenyekanye kw’izina rya Ryan Willis McFarland, imyaka 52, akaba yaba i Muscatine.

    Umukuru w’igipolisi c’i Muscatine, Anthony Kies, yadondoye urwo rukurikirane rwo kurasa rwabereye ahantu hatandukanye, ku wa mbere, nk’ "igikorwa c’ubugome."

    Abapolisi baronse amakuru avuga ko hari amasasu yarashwe ku wa mbere, inyuma gato ya sasita. Bageze mu nzu imwe, bahasanze abantu bane barashwe. Abo bose vyemejwe ko bapfiriye aho nyene.

    McFarland yari yavuye muri iyo nzu imbere y’uko abapolisi bahashika. Ariko inyuma y’igihe gito, bamusanze ku nzira iri ku nkengera z'uruzi hafi y'ikiraro c'abagenda n'amaguru.

    Abapolisi bavuga ko yari yirashe, kandi ko bagerageje kumuha ubutabazi. Yamara, vyahavuye vyemezwa ko yapfiriye aho bamusanze.

    Mu nyuma, abahinga mu gutohoza basanze uwundi mugabo yapfiriye mu yindi nzu, na we nyene bikekwa ko yari yarashwe.

    Ubwo bwicanyi bwabereye ahantu hatandukanye mu gisagara ca Muscatine
    Insiguro y'isanamu, Ubwo bwicanyi bwabereye ahantu hatandukanye mu gisagara ca Muscatine

    Babandanije amatohoza, barashitse ku kibanza c'ubudandaji, aho basanze uwundi muntu yapfuye, na we nyene bigakekwa ko yari yarashwe.

    Mw’itangazo, igipolisi cavuze kiti:

    "Ibimenyetso vya mbere vyerekana ko urwo rukurikirane rwo kurasa rwatewe n'amatati yo mu muryango”.

    “Abishwe bose vyibazwa ko ari abo mu muryango wa nyakwigendera akekwa kubarasa."

    Anthony Kies ntatanga amazina canke imyaka y'abishwe, ariko avuga ko amatohoza akibandanya.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Ebola Bundibugyo: Inkingo eshatu zirimo gukorwa mu gihe hari impungenge ko yakomeza kwiyongera

    Abakozi bo mu buvuzi bambaye imyenda yo kubarinda izwi nka PPE, mu mpine y’Icyongereza, bari ku kigo nderabuzima cy'i Bunia, mu ntara ya Ituri, muri DRC, ku itariki ya 31 Gicurasi (5) mu mwaka wa 2026.

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Abakozi bo kwa muganga bo ku kigo nderabuzima cy’i Bunia, kimwe mu birimo guhangana na Ebola aho hantu yiganje cyane, mu ntara ya Ituri, muri DRC, ku itariki ya 31 Gicurasi (5) uyu mwaka

    Inkingo eshatu nshya zirimo gukorwa ngo zihangane n’ubwoko budakunze kuboneka bwa Ebola bicyekwa ko bumaze kwica abantu hafi 250 muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC).

    Ikigo mpuzamahanga kigamije kwihutisha inkingo za SIDA (IAVI), kiri mu gikorwa cyo gukora urukingo rumwe, cyavuze ko iki kiza giteje inkeke zo kuba icya mbere kibi cyane kibayeho ku isi.

    Kaminuza ya Oxford yo mu Bwongereza hamwe na kompanyi Moderna ikora imiti, na bo barimo gukora ubushakashatsi ku nkingo z’ubu bwoko bwa Ebola bwitwa Bundibugyo.

    Ihuriro ryo guhanga udushya mu kwitegura ibyorezo (CEPI), ririmo gutera inkunga buri tsinda muri ayo, ryavuze ko “buri munsi urabara” [“ufite agaciro”].

    Kugeza ubu hamaze kugaragara abantu barenga 1,000 bacyekwa ko banduye Ebola muri DRC, mu gihe mu gihugu gituranyi, Uganda, abantu icyenda kugeza ubu bemejwe ko bayanduye.

    Impungenge zikomeje kwiyongera ko iki kiza – cyatahuwe gusa nyuma yuko gikwirakwiriye mu gace karangwamo umutekano mucye gafite ubushobozi bucye bw’ubuvuzi – gishobora kugera ku rwego rw’ikiza cya mbere gikomeye cyane cya Ebola cyabayeho mu Afurika y’uburengerazuba kuva mu mwaka wa 2014 kugeza mu 2016.

    Icyo gihe, abantu hafi 29,000 baranduye naho abarenga 11,000 barapfa.

    Izindi nkuru wasoma:

  4. DR Congo: M23 ivuga ko yafashe izindi ngamba ku bitero bishya ivuga ko FARDC yateguye

    Abarwanyi ba M23

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Abarwanyi ba M23

    Umutwe wa AFC/M23 watangaje ko “ikindi gitero cyose gishya” cy’ingabo za leta kizagabwa ku butaka bagenzura kizasubizwa n’ingamba zirimo gusubiza inyuma izo ngabo zikarenga aho zaturutse zitera.

    Mu itangazo, Lawrence Kanyuka uvugira uyu mutwe ubu ugenzura ibice bitandukanye by’intara za Kivu ya Ruguru na Kivu y’Epfo, yavuze ko ukwezi gushize kwa Gicurasi kwaranzwe no “kwongera ibitero byo ku butaka no mu kirere” kw’ingabo za Kinshasa ku bice bagenzura.

    Yongerako M23 itewe impungenge n’uko Kinshasa “yohereza ingabo nyinshi, intwaro ziremereye n’ibikoresho bya gisirikare” ku mirongo y’urugamba “mu kwitegura ibitero bishya” avuga ko bigabwa ku duce dutuwe n’abasivile n’ibirindiro.

    Igisirikare cya DR Congo ntacyo kiravuga ku bitangazwa na M23.

    Kanyuka avuga ko ibyo bitero bishya bigiye gukorwa kubisubiza bitazagarukira gusa ku “kurinda” ibice bagenzura ahubwo bazabisubiza inyuma kugeza inyuma y’aho byaturutse.

    Kuva mu ntangiriro z’umwaka ushize umutwe wa M23 ntabwo wongeye kwagura aho wafashe, ahubwo ku gitutu cy’abahuza warekuye ahatandukanye mu ntara ya Kivu y’Epfo harimo umujyi wa Uvira n’uduce twa teritwari ya Uvira kugera i Kamanyola muri Walungu.

    Umutwe wa Twirwaneho, ukorana na M23, uracyagenzura centre ya Minembwe muri teritwari ya Fizi, centre yahindutse isibanira ry’ibitero by’indege za drones z’ingabo za leta kuva mu mezi ashize.

    Impande zihanganye zimaze igihe kinini zumvikanye ku ngingo zitandukanye zirebana n’agahenge no guhagarika imirwano ariko ku rubuga rw’intambara imirwano ya hato na hato iracyakomeje.

    Izindi nkuru wasoma:

  5. Ibitero bikomeye vy’Uburusiya kuri Ukraine vyishe abantu icenda

    Ishusho yerekana uguturika gukomeye cane kwabaye mu gihe ibitero vya ‘drones’ na misire vyagabwa i Kyiv ku wa 2 Ruheshi 2026.

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Abantu ibihumbi n'ibihumbi bahungiye mu bibanza bibakingira ibitero ku murwa mukuru, Kyiv, kandi inzamba zo kugabisha zagumye zisamirana

    N'imiburiburi abantu icenda (9) ni bo bamaze kumenyekana ko bapfuye, abandi benshi barakomereka inyuma y'ibitero Uburusiya bwagavye mu bucagucagu bw’uwu wa kabiri ku bisagara bitandukanye vya Ukraine.

    Batanu biciwe mu gisagara ca Dnipro, mu gihe 25 bahakomerekeye.

    Ku murwa mukuru Kyiv hapfuye abantu bane, abandi n'imiburiburi 51 barakomereka.

    Abantu ibihumbi n'ibihumbi bahungiye mu bibanza bibakingira ibitero ku murwa mukuru, mu gihe umwotsi mwinshi wariko urafumba ushwara igisagara.

    Inzamba zo kugabisha ku bitero zagumye zisamirana mu bice vyinshi vya Ukraine.

    Mu ndwi iheze, Moscou yari yaburiye ko igiye gutangura kugaba "ibitero vy’urukurikirane kandi biteguwe" kuri Ukraine, nk'inyishu ku gitero cagabwe na Ukraine ikoresheje ‘drones’ ku buraro bw’abanyeshure mu karere ka Luhansk kagenzurwa n'Uburusiya, kikaba cahitanye abantu 21.

    Umukuru w'igisagara ca Kyiv, Vitali Klitschko, yahamagariye abanyagihugu kuguma mu bibanza bibakingira ibitero.

    Klitschko yavuze kandi ko inyubakwa zibiri ndende z'amagorofa zakubiswe n'ivyo bitero, kandi ko hari impungenge z'uko hari abantu bashobora kuba bazibiriwe munsi y'ibibomoke.

    Umukuru w’akarere ka gisirikare ku rwego rwa Kyiv, Tymur Tkachenko, yavuze ati: "Umwansi ariko aradutera akoresheje misire zo mu bwoko bwa balistique."

    Izindi nkuru wosoma:

  6. Liban ivuga ko Hezbollah na yo yemeye guhagarika ibitero kuri Israel

    Abasirikare babiri bahagaze iruhande rw'imodoka ebyiri ziri mu muhanda wa kaburimbo

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Imiryango myinshi ikomeje guhunga iva mu nkengero zo mu majyepfo ya Beirut, nyuma yuko ingabo za Israel ziburiye abahatuye ngo bahave

    Libani ivuga ko umutwe wa Hezbollah, ufashwa na Iran, wemeye gahunda y’Amerika yuko uhagarika ibitero kuri Israel ndetse na Israel igahagarika ibitero ku murwa mukuru Beirut wa Liban.

    Ambasade ya Liban muri Amerika yavuze ko yakiriye “ukwemera kwa Hezbollah kw’icyifuzo cy’Amerika cyo guhagarika ibitero ku mpande zombi”.

    Minisitiri w’intebe wa Israel Benjamin Netanyahu yemeje ayo masezerano, ariko aburira ko ibitero kuri Beirut bizakomeza “niba Hezbollah idahagaritse kugaba ibitero ku mijyi yacu no ku basivile”.

    Ayo matangazo yagiye ahagaragara nyuma yuko Perezida w’Amerika Donald Trump avuganye na Netanyahu hamwe n’abahagarariye Hezbollah ndetse “bemeranyije ko kurasa kose kuzahagarara”, nyuma yuko Iran iburiye ko ibikorwa by’ingabo za Israel muri Liban biteje inkeke ku gahenge kariho ubu hagati y’Amerika na Iran.

    Mu itangazo yasohoye ku mugoroba wo ku wa mbere, ambasade ya Liban yavuze ko “muri ubu buryo bwifujwe, ibitero bya Israel ku nkengero zo mu majyepfo ya Beirut bizahagarara nk’ingurane yuko Hezbollah [na yo] yifashe ku kugaba ibitero kuri Israel”. Yongeyeho ko ako gahenge “kagiye kongerwa kajyemo n’ubutaka bwose bwa Libani”.

    Ariko Netanyahu yagize ati: “Icyarimwe, IDF [ingabo za Israel] izakomeza gukorera mu majyepfo ya Liban nkuko byari biteganyijwe.”

    Nyuma yuko Trump avuze ko impande zombi zemeranyije guhagarika imirwano, hari ugukozanyaho kwakomeje.

    Hezbollah yavuze ko yagabye ibitero bitatu ku bifaru bya Israel no ku basirikare bayo hafi y’ibyaro bibiri byo mu majyaruguru ya Israel, ikoresheje indege nto z’intambara zitajyamo umupilote (drone) hamwe n'"urukurikirane rw’ibisasu bya rutura".

    Ingabo za Israel zavuze ko zasamye ibisasu bibiri byari byarasiwe muri Libani. Nta bakomeretse batangajwe.

    Izindi nkuru wasoma:

  7. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.