Itangazamakuru
ryo muri Palesitine ryatangaje ko ibitero by’indege bya Israel byagabwe ku
nyubako y’abaturage i Deir el-Balah, bikica Khaled Abu Nada, umunyapolitiki wa
Hamas wari Minisitiri wungirije w’uburezi, hamwe n’umugore we.
Igisirikare
cya Israel cyatangaje ko cyagabye igitero ku muyobozi mukuru wa Hamas,
kikavuga ko kizatangaza amakuru arambuye nyuma.
Abayobozi
bo muri Gaza na bo batangaje ko nibura Abanyapalestine umunani bishwe nyuma
y’ibindi bitero bitatu bya Israel byagabwe mu bice bitandukanye by’ako
karere mu masaha make ashize.
Umuvugizi
w’Urwego rushinzwe ubutabazi bw’abasivili rwa Hamas, yabwiye BBC ko amakipe
y’ubutabazi n’abaganga, bajyanye imirambo y’abantu umunani bishwe ku bitaro bya
Al-Aqsa no ku bitaro bya Shifa biri mu mujyi wa Gaza.
Amerika yemeye kugurisha Ukraine ibikoresho by’intambara bifite agaciro ka miliyoni 622 z’amadolari
Ahavuye isanamu, EPA/Shutterstock
Insiguro y'isanamu, Amafaranga yo kugura ibyo bikoresho azava muri gahunda mpuzamahanga yitwa “JumpStart”, ihuriwemo n’u Bubiligi, Danemark, u Buholandi na Norvege
Minisiteri
y’ububanyi n’amahanga ya Amerika yatangaje ku wa gatatu tariki ya 25 Ugushyingo (11) ko yemeye ko Ukraine ishobora kugura ibikoresho n’ibyuma bisimbura ibyangiritse
bikenewe mu kubungabunga no gukoresha indege z’intambara zo mu bwoko bwa F-16,
bifite agaciro ka miliyoni 622 z’amadolari ya Amerika.
Muri
byo harimo ibikoresho byo kwifashisha no gutangiza sisitemu z’indege,
ibikoresho bijyanye na moteri, laboratwari ndetse na serivisi zo gutwara ibyo
bikoresho.
Amafaranga
yo kugura ibyo bikoresho azava muri gahunda mpuzamahanga yitwa “JumpStart”,
ihuriwemo n’u Bubiligi, Danemark, u Buholandi na Norvege. Minisiteri y’Ububanyi
n’Amahanga ya Amerika yavuze ko nta mafaranga leta ya Amerika izatanga muri iki
gikorwa.
Iyo
minisiteri yanatangaje ko sosiyete izahabwa isoko izatoranywa binyuze mu
ipiganwa ritegurwa na leta.
Icyemezo
cya Washington cyo kwemerera Ukraine kugura ibyo bikoresho, kije mu gihe iki
gihugu gihanganye n’ibibazo bya tekiniki ndetse n’ibura ry’ibice bisimbura
ibyangiritse bikenewe mu gusana no gukomeza gukoresha indege z’intambara zo mu
bwoko bwa F-16.
Football: Pochettino yasanze Manchester United iri ku manga, n'ubu amagorwa aracabandanya
Intsinzi imwe gusa mu nkino 13 kandi ikaba ata rukino na
rumwe iratsindira hanze y'ikibuga cayo kuva uno mwaka w’inkino utanguye,
uruhande rw’inyuma rujegajega, amakarata atukura yisukira, ng’iyo Manchester
United yahawe Mauricio Pochettino, umurwi uri mu bibazo bitagira uko bingana biwurangwamwo
muri ibi bihe ya vuba.
Akajagari, amakarata atukura, umujinya ku ngingo z’abahagarikizi
hamwe n'amakosa y’agacamutwe, ni vyo biranze iyi misi yiwe ya mbere i Old
Trafford (izina ry’ikibuga ca Man U, rikoreshwa mu kwitirira uno murwi), ibi
bikerekana ko igikorwa kimurindiriye co kunagura uno murwi usa n’uwugeze
ahatemba kitoroshe na gato.
Pochettino yashitse muri Man U ku wa 18 z’uku kwezi, ni
ukuvuga ko ejo yari amaze indwi imwe gusa nk'umumenyereza wayo, indwi yaranzwe
n’impari, ingingo zitabonwa kumwe, amakosa n’umwikomo ubandanya wiyongera, mu
gihe ata rukino na rumwe arigera atsinda mu nkino ziwe zibiri za mbere amaze
kuyobora.
Abafana b’Amashetani Atukura (Red Devils, izina ry’iritazirano
ry’uno murwi) buzuye uburakari inyuma yo gukubitwa bikomeye ibitsindo 4-0 na
Liverpool hamwe no kunganya ibitsindo 2-2 na Sporting Lisbon mu rukino rwa Champions
League, kuko babona umengo ingingo zimwe zihambaye zifatwa n’abahagarikizi b’inkino
zibarenganya.
Muri uru rukino rwa nijoro, uno murwi ubona ko igitsindo
Amad Diallo yatsinze mu gice ca mbere i Lisbon cari gikwiye kwemerwa, mu gihe
Pochettino abona ko ibintu vyagiye biba mu bihe bimwe bimwe vy’uru rukino vyawubereye
akaga gakomeye.
Naho Manchester United yakinye neza muri rusangi, amakosa akomeye
yatumye itakaza uru rukino rwa nijoro. Umunyegori Senne Lammens yabanje
gukuramwo penalti, imbere y’uko akora ikosa ryavuyemwo iya kabiri yahaye Sporting igitsindo ca mbere, mu nyuma aza gukora irindi kosa ryatumye Sporting ironka igitsindo ca kabiri.
Urukino rwagiye kurangira iyi mirwi yompi inganya 2-2, ivyongereje amagorwa ya
Man United, kuko mu nkino 13 zose imaze gutsinda rumwe gusa, kandi ntirigera
itsinda na rimwe iri hanze ya Old Trafford mu mahiganwa yose imaze gukina muri
uno mwaka w’inkino.
Ibihano na vyo nyene biriko birateza impungengen nyinshi. Umukinyi
wo hagati Youri Tielemans yahawe ikarata itukura mu mpera z'urukino, ibi bigasigura
ko Manchester United ihawe amakarata atukura ane mu nkino zitanu zayo za nyuma.
Ni ukuvuga kandi ko Tielemans atazokina urukino wa Champions League ruzoyihuza
na RB Leipzig mu kwezi kuza.
Hagari aho, nubwo intango yiwe iranzwe n’amakuba menshi,
Pochettino aracafise icizere, akavuga ko ahimbawe no kuba muri Manchester
United kandi ko yizeye neza ko uno murwi uzoruhira kwivyukiranya.
Ayandi makuru ku mupira w'amaguru ushobora gusoma:
Urukiko
rwo muri Iraq rwakatiye kuri uyu wa kane Abafaransa umunani igifungo cya
burundu nyuma yo guhamwa n’icyaha cyo kuba abanyamuryango b’umutwe wiyitirira Leta ya
Kiyisilamu (ISIS).
Icyemezo
ku bandi bantu 10 bareganwaga na bo cyasubitswe kikazafatwa mu gihe kiri
imbere.
Abafaransa
bari mu itsinda ry’abantu 47 bimuriwe muri Iraq bavuye muri Syria umwaka
ushize, bakaba bamaze kuburanishwa kuva muri Nzeri(9).
Mbere
y’uru rubanza, abandi 15 bo muri iri tsinda bari bamaze gukatirwa igifungo cya
burundu, mu gihe umwe yari yarakatiwe imyaka 15 y’igifungo.
Mu
iburanisha, benshi mu baregwa bemeye ibyaha baregwa kandi bagaragaza kwicuza
kuba barinjiye muri ISIS. Bamwe banasabye gusubizwa mu Bufaransa.
Iraq
ikurikiranye aba bantu hashingiwe ku mategeko yayo yo kurwanya iterabwoba,
ibashinja kwinjira muri ISIS, umutwe wigaruriye ibice binini bya Iraq na Syria
mu mwaka wa 2014 mbere yo gutsindwa n’ingabo za Iraq zifatanyije n’ihuriro
mpuzamahanga riyobowe na Amerika mu 2017.
Korea ya Ruguru yirukanye uwuserukira Ubusuwisi i Pyongyang kubera ibihano
Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Korea ya Ruguru yategetse uwuserukira Ubusuwisi i Pyongyang
kuva mu gihugu mu masaha 48 kandi isaba ko ibiro vy’ubuserukizi bwabwo bifungwa,
inyuma y’aho Ubusuwisi bufatiye ibihano ikambi mpuzamakungu y’abana ya
Songdowon iri i Wonsan. Iyo kambi yakira abana bo mu bihugu bitandukanye,
harimwo Uburusiya n’Ubushinwa. ikaba yagirizwa kugira uruhara mu kwimura abana
bava mu turere twa Ukraine twigaruriwe n’Uburusiya.
Itororokanirizo ry’amakuru ryegamiye reta ya Korea ya Ruguru
KCNA ryiyamirije ibi bihano rivuga ko ari “igikorwa c’ubugizi bwa nabi”, rica
rivuga ko ubushikiranganji bw’ico gihugu bujejwe imigenderanire bwamenyesheje uwuserukira
Ubusuwisi muri ico gihugu yamenyeshejwe ko atagikenewe muri ico gihugu, maze
bumusaba kuva muri ico gihugu mu gihe kitarenze amasaha 48.
Ubusuwisi buvuga ko buzobandanya imigenderanire na Korea ya
Ruguru biciye ku biro vy’ubuserukizi bwa Korea ya Ruguru i Bern hamwe n’ibiro
vy’ubuserukizi bw’Ubusuwisi i Beijing mu gihugu c’Ubushinwa. Bushimangira ko ibiganiro
bidahindura ingingo yabwo yo gushira mu ngiro ibihano vya ONU n’ivy’Ubumwe bwa
Buraya kuri Korea ya Ruguru.
Aya matati yerekana ukwiyongera kw’icuka kibi gifitaniye
isano n’intambara y’Uburusiya muri Ukraine. Korea ya Ruguru yaratsimbataje
ubucuti bwayo n’Uburusiya, mu kurungika ibihumbi vy’ingabo kubufasha muri iyo
ntambara, mu gihe Ukraine na yo ibwagiriza gukoresha misire ziva muri Korea ya
Ruguru mu rugamba rwayo.
Arabia Sawudite ivuga ko yakoroye ibisasu vya misire vyarashwe n'aba-Houthi
Ahavuye isanamu, Reuters
Ingabo za Arabia Sawudite (Arabie Saoudite/Saudi Arabia) zatangaje
ko zongeye gukorora ibindi bisasu vya misire vyarashwe n'abarwanyi b'aba-Houthi
bo muri Yemeni, ku gisagara ca Riyadh, umugwa mukuru w'iki gihugu.
Ababa muri ico gisagara bavuga ko bumvise urwamo rw'ibiturika
mu gatondo ko kuri uyu wa kane, inyuma y'aho abategetsi basohoreye ubutumwa bw’igabisha
buvuga ko "hari ubwoba bw’igitero co mu kirere". Ubu butumwa bwaciye
bufutwa inyuma y’akanya gato.
Umuvugizi w'igisirikare yavuze ko ata makuru y'abasivire
bahakomerekeye canke bahasize ubuzima.
Muri izi ndwi za vuba, aba-Houthi bashigikiwe na Iran
bararashe ibisasu vya misire vyinshi bongera barunguka n’indege zitajamwo abadereva
ku bibanza bitandukanye vya Arabia Sawudite.
Mu bibanza vyabangamiwe harimwo inyubakwa ndende, ibibuga
vy'indege, ibigo ntanganguvu hamwe n'ibigo vya gisirikare.
Ku ruhande rwayo, Arabia Sawudite nayo yabandanije
igaba ibitero mu turere twa Yemeni turi mu minwe y'aba-Houthi, mu gushigikira
reta yemewe ku rwego mpuzamakungu, imaze igihe ihanganye n'abo barwanyi mu
rugamba rwo kwisubiza ibice vy'igihugu bigaruriye.
Insiguro ya video, Umuriro mwinshi wadutse hafi ya Cairo uhitana abantu barenga 30
Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwavuze ko imodoka 39 zunguruza indembe zarungitswe gutabara. Mu matohoza ariko arakorwa, abashikirizamanza basavye ko hafatwa ibipimo vya ADN kugira ngo abahazise ubuzima bamenyekane.
Amashusho yafatiwe ahabereye iri sanganya yerekana abakozi b’ubutabazi bariko bakuraho ibisigarira vy’imodoka zahiye zigatokombera, mu gihe amabarabara yose ajana muri ako gace yari yafunzwe. Iri barabara ryaje gusubira kwugurura inyuma y’aho abajejwe ubutabazi barangirije ibikorwa vyabo.
Iri ni ryo sanganya rya vuba mu rukurikirane rw’amasanganya yo mw’ibarabara n’imiriro y’ivyaduka bihitana abantu mu Misiri, aho amabarabara mabi, ibikorwa vy’ugusanura bidahagije hamwe n’ukutubahiriza amategeko agenga uruja n’uruza ku mabarabara, bibandanya gutuma abantu batakariza ubuzima mu mabarabara. Ibiharuro bitangwa n’ubutegetsi bivuga ko abantu bababa 6.000 bapfiriye mu masanganya yo mw’ibarabara mu mwaka uheze mu Misiri.