Football: Pochettino yasanze Manchester United iri ku manga, n'ubu amagorwa aracabandanya

Intsinzi imwe gusa mu nkino 13 kandi ikaba ata rukino na rumwe iratsindira hanze y'ikibuga cayo kuva uno mwaka w’inkino utanguye, uruhande rw’inyuma rujegajega, amakarata atukura yisukira, ng’iyo Manchester United yahawe Mauricio Pochettino, umurwi uri mu bibazo bitagira uko bingana biwurangwamwo muri ibi bihe ya vuba.
Akajagari, amakarata atukura, umujinya ku ngingo z’abahagarikizi hamwe n'amakosa y’agacamutwe, ni vyo biranze iyi misi yiwe ya mbere i Old Trafford (izina ry’ikibuga ca Man U, rikoreshwa mu kwitirira uno murwi), ibi bikerekana ko igikorwa kimurindiriye co kunagura uno murwi usa n’uwugeze ahatemba kitoroshe na gato.
Pochettino yashitse muri Man U ku wa 18 z’uku kwezi, ni ukuvuga ko ejo yari amaze indwi imwe gusa nk'umumenyereza wayo, indwi yaranzwe n’impari, ingingo zitabonwa kumwe, amakosa n’umwikomo ubandanya wiyongera, mu gihe ata rukino na rumwe arigera atsinda mu nkino ziwe zibiri za mbere amaze kuyobora.
Abafana b’Amashetani Atukura (Red Devils, izina ry’iritazirano ry’uno murwi) buzuye uburakari inyuma yo gukubitwa bikomeye ibitsindo 4-0 na Liverpool hamwe no kunganya ibitsindo 2-2 na Sporting Lisbon mu rukino rwa Champions League, kuko babona umengo ingingo zimwe zihambaye zifatwa n’abahagarikizi b’inkino zibarenganya.
Muri uru rukino rwa nijoro, uno murwi ubona ko igitsindo Amad Diallo yatsinze mu gice ca mbere i Lisbon cari gikwiye kwemerwa, mu gihe Pochettino abona ko ibintu vyagiye biba mu bihe bimwe bimwe vy’uru rukino vyawubereye akaga gakomeye.
Naho Manchester United yakinye neza muri rusangi, amakosa akomeye yatumye itakaza uru rukino rwa nijoro. Umunyegori Senne Lammens yabanje gukuramwo penalti, imbere y’uko akora ikosa ryavuyemwo iya kabiri yahaye Sporting igitsindo ca mbere, mu nyuma aza gukora irindi kosa ryatumye Sporting ironka igitsindo ca kabiri. Urukino rwagiye kurangira iyi mirwi yompi inganya 2-2, ivyongereje amagorwa ya Man United, kuko mu nkino 13 zose imaze gutsinda rumwe gusa, kandi ntirigera itsinda na rimwe iri hanze ya Old Trafford mu mahiganwa yose imaze gukina muri uno mwaka w’inkino.
Ibihano na vyo nyene biriko birateza impungengen nyinshi. Umukinyi wo hagati Youri Tielemans yahawe ikarata itukura mu mpera z'urukino, ibi bigasigura ko Manchester United ihawe amakarata atukura ane mu nkino zitanu zayo za nyuma. Ni ukuvuga kandi ko Tielemans atazokina urukino wa Champions League ruzoyihuza na RB Leipzig mu kwezi kuza.
Hagari aho, nubwo intango yiwe iranzwe n’amakuba menshi, Pochettino aracafise icizere, akavuga ko ahimbawe no kuba muri Manchester United kandi ko yizeye neza ko uno murwi uzoruhira kwivyukiranya.
Ayandi makuru ku mupira w'amaguru ushobora gusoma:




