Ubwongereza bwabujije kwinjiza ibidandazwa biva mu bice Israel yigaruriye muri palestina

Ahavuye isanamu, House of Commons
Ubwongereza bwatangaje ko bugiye kubuza kwinjiza mu gihugu ibidandazwa biva mu bigwati Abanya israel bigaruriye muri palestina, bwongere bufatire ibihano abagirizwa kwagura ivyo bigwati.
Umushikiranganji w’imigenderanire y’Ubwongereza, Ed Miliband, yabwiye abashingamateka ko ivyo bihano bigenewe ivyo bigwati vyubatswe mu buryo bunyuranye n’amategeko, atari ibihano bifatiwe igihugu ca Israel.
Yavuze ko reta y’Ubwongereza ibona ko kuba Israel yarigaruriye ibice vya Palestina binyuranye n’amategeko.
Ubwongereza bwavuze kandi ko bugiye kubuza kwamamaza muri ico gihugu ivyo bigwati, no gufatira ibihano abandi bantu bagirizwa gushigikira canke gutera intege amabi akorerwa Abanyapalestina.
Ubufaransa na Canada na vyo bitegekanya gufata ingingo zo kubuza ibicuruzwa biva muri ivyo bigwati.
Mu rwandiko bahuriyeko, abashikiranganji b’imigenderanire bo mu bihugu 12, harimwo Ubwongereza, Ubufaransa, Canada, Espagne, Irlande na Norvège, basavye Isirayeli guhagarika atakirinzegusabwa kwagura ivyo bigwati.
Ariko abatavuga rumwe na reta mu Bwongereza baneguye izo ngingo. Tom Tugendhat wo mu mugambwe w’Aba-Conservateurs yavuze ko gushira Israel mu bihano bishobora kugira ingaruka kuba nya Israel no ku Banyapalestina.
Calum Miller wo mu mugambwe Liberal Democrats we yavuze ko ashigikiye reta mu kwiyamiriza ibikorwa vya reta ya Israeli avuga ko binyuranye n’amategeko.






