Kenya yahaye abanyamahanga imisi 90 yo gutunganya ivyangombwa vyabo

Kenya yahaye abanyamahanga bakora ubudandaji butobuto imisi 90 kugira ngo batunganye ivyangombwa bibemerera kuba muri ico gihugu, impusha zo gukora hamwe n’impusha zo kudandaza.
Mw’itangazo yasohoye, umuvugizi w’ibiro vy’Umukuru w’igihugu, Hussein Mohammed, yavuze ko ico gikorwa kizokorwa bafadikanije n’ubuserukizi bw’ibihugu vy’abo muri kenya, kugira ngo bahabwe “akaryo gakwiye neza ko gutunganya ” ivyangombwa vyabo hamwe n’ubudandaji bwabo.
Iryo tangazo rivuga riti: “Mu misi 90 iri imbere, Leta izokora igikorwa gitunganijwe neza co gufasha abarabwa n’iki kibazo kwubahiriza ibisabwa n’amategeko.”
Iyo misi 90 niyahera, ibisabwa bijanye n’abinjira n’ababa muri Kenya, impusha zo gukora, kwandikisha ubudandaji hamwe n’impusha zo kubukora “bizokurikizwa ata gufyina kandi n’inguvu nyinshi, hisunzwe amategeko n’inzira zitegekanijwe.”
Iri tangazo rije inyuma y’amabwirizwa yari yatanzwe n’Umukuru w’igihugu William Ruto, avuga ko ubudandaji butobuto, nk’ubudandaji bwo mw’ibarabara no mu maduka matomato, bukwiye gukorwa n’Abanyakenya. Ayo mabwirizwa yari yateye impungenge abanyamahanga bakorera muri Kenya, na cane cane Abarundi.
Leta ya Kenya iriko kandi irondera guhinyanyura integuro y’itegeko ubu iri imbere y’Inama Nshingamateka, kugira ngo hashirweho ico yita “uburyo busiguritse, butagira akarenganyo kandi buzwi neza” bwo kugena abashobora gukora ubudandaji butobuto.
Ingingo zitegekanijwe guhinduka zizovuga ibikorwa bizoba bigenewe abanyakenya gusa, ariko kandi zigakingira abanyamahanga bemerewe n’amategeko gukora, kuzana imitahe canke gukora ubudandaji muri Kenya.
Leta kandi yagabishije abantu kwirinda gutoteza canke gutera ubwoba abanyamahanga.
Iryo tangazo rivuga riti: “Impungenge zijanye n’amahirwe yo kwiteza imbere mu vy’ubutunzi ntizishobora na rimwe kuba imvo yo gukumira abandi, kurenga ku mategeko canke guhohotera abandi.”
Ivyo bibaye inyuma y'umusi w'akajagari i Nairobi, aho Abarundi amajana n'amajana bakoraniye ku biro vy'uwuserukira igihugu cabo, kubera ubwoba bw'iryo tegeko.
Leta y’Uburundi na yo yari yashikirije impungenge ku bijanye n’uburyo abanyagihugu bayo bariko barafatwa.
Izindi nkuru wosoma:




