Mwakoze kubana natwe uyu munsi muri iyi gahunda y'amakuru yo mu buryo bw'aka kanya. Ni ah'ejo nanone.
Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igisirikare ca Amerika catanguye ibitero 'bikomeye' kuri Irani inyuma y'igitero cageragejwe ku ngabo zaco
Igisirikare ca Amerika kivuga ko catanguye umupfunda mushasha w’ibitero kuri Irani mu kwishura ku bitero ingabo zayo ziherutse kugerageza gukora ku ngabo za Amerika mu Buseruko bwo Hagati.
Incamake
- DR Congo: Uranium ihishe muri cobalt yoherezwa mu mahanga yateje impugenge z'ubugenzuzi
- Kenya: Inyanya zatewe umuti wica udukoko ziracyekwa ko zishe inzovu 15
- Misile yateje umwobo imbere muri Pologne ishobora kuba ari iy'Uburusiya – Minisitiri w'intebe wa Pologne
- Igisirikare ca Amerika kivuga ko catanguye umupfunda mushasha w'ibitero kuri Ukraine kwishura ku bitero ingabo zayo ziherutse kugerageza gukora ku ngabo za Amerika mu Buseruko bwo Hagati.
- Uburusiya bwaraye buracucagira ibisasu ku bisagara bitari bike vya Ukraine, inyuma y'uko Perezida Zelensky agabishije ko Moscou yariko itegura igitero rutura ku gihugu ciwe.
- Nubwo reta ya RDC ifise icizere ko ikwirakwira rya Ebola ryatanguye kugabanuka, abahanganye nayo bagabisha ko iriko irakwirakwira ku muvuduko udasanzwe kurusha uko abari mu rugamba rwo kuyirwanya bashobora kuyihagarika.
- Uburusiya buvuga ko ingabo zirwanira mu kirere zakoroye amadrone 258 ya Ukraine mu ntara zitandukanye z'Uburusiya no hejuru y'Ikiyaga Cirabura hamwe n'Ikiyaga ca Azov.
Amakuru y'ikibiriraho
Bernard Bankukira na Didier Bikorimana
DR Congo: Uranium ihishe muri cobalt yoherezwa mu mahanga yateje impugenge z’ubugenzuzi
Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC) ni yo yohereza mu mahanga rwinshi mu ruhurirane rw’amabuye y’agaciro ruba rurimo na cobalt – ikoreshwa cyane mu binyabiziga bikoreshwa n’amashanyarazi hamwe no mu bikorwa byo guhinduranya ingufu.
Ariko ubushakashatsi bushya bwatangajwe mu kinyamakuru cyitwa Nature Communications cy’ubushakashatsi buba bwagenzuwe n’izindi nzobere zo muri urwo rwego (igikorwa kizwi nka ‘peer-review’) bwahishuye ko hari ibyago byihishe: uranium irimo gucukurwa ikanoherezwa mu mahanga iri kumwe na cobalt.
Ubwo bushakashatsi, bwayobowe n’inzobere mpuzamahanga mu by’imiterere y’ubutaka n’ibya nikleyeri, bugaragaza ko uranium iba hamwe, mu buryo kamere, na cobalt ndetse igakurikiza inzira nk’izayo zo mu by’ibinyabutabire iyo irimo gutunganywa.
Ku bw’iyo mpamvu, uranium iba yiganje muri cobalt idatunganyije (cyangwa ‘crude cobalt hydroxide’) iba igize ikigero kirenga 95% cy’ibyo DRC yohereza mu mahanga.
Hagati y’umwaka wa 2000 n’uwa 2024, abo bashakashatsi bagereranya ko toni ziri hagati ya 2,000 na 5,000 za uranium zavuye mu gihugu ziri muri cobalt.
Abo bashakashatsi bavuga ko itageze ku 10% ari yo yamenyekanishijwe ndetse igashyirwa mu buryo mpuzamahanga bw’iby’ubuziranenge.
Izindi toni ziri hagati ya 1,000 na 4,000 birashoboka ko byarangiye zigiye mu bisigazwa by’amabuye y’agaciro, ibyo bikaba biteje ibyago ku bidukikije no ku buzima bw’abatuye hafi y’ahacukurwa amabuye y’agaciro.
Abakoze ubu bushakashatsi baburiye ko ibi bigaragaza icyuho gikomeye mu bugenzuzi bw’ingano y’ibya nikleyeri n’ubugenzuzi n’amategeko agenga ibidukikije mu ruhererekane rw’ibijyanye n’ayo mabuye y’agaciro acyenewe cyane ku isi mu rugendo rwo kwimukira mu ikoreshwa ry’izindi ngufu.
Mu gihe abacyeneye cobalt biyongera cyane, abo bashakashatsi bavuga ko ubugenzuzi na bwo bugomba kuba kuri uwo muvuduko – atari gusa mu kurinda abaturage bw’ahacukurwa ayo mabuye y’agaciro, ahubwo no mu gutuma hubahirizwa amategeko mpuzamahanga agenga ingufu za nikleyeri.
BBC yasabye leta ya DRC kugira icyo ivuga kuri ubu bushakashatsi ariko kugeza ubu ntirasubiza.
Izindi nkuru wasoma:
Kenya: Inyanya zatewe umuti wica udukoko ziracyekwa ko zishe inzovu 15
Inzovu 15 zasanzwe zapfiriye mu majyepfo ya Kenya hanze ya pariki y’igihugu ya Amboseli biracyekwa ko zarozwe no kurya inyanya zari zatewe umuti wica udukoko zo mu mirima iri hafi aho.
Ikigo cya Kenya cyita ku nyamaswa (KWS) kivuga ko ibizamini by’ibanze byo muri laboratwari byasanze ikinyabutabire cy’uburozi cya cyitwa 'cyanide' mu Cyongereza (cyangwa 'cyanure' mu Gifaransa) mu bipimo byafashwe ku mirambo y’izo nyamaswa.
10 muri izo nzovu zasanganywe ibimenyetso byo kugagara ingingo, nuko zipfa mu minsi itarenze ibiri. Izindi nzovu eshanu zari zamaze gupfa ubwo zabonwaga.
Amaperereza arakomeje, ariko kuri ubu abategetsi bashinzwe ibyo kwita ku nyamaswa bavuze ko nta bugizi bwa nabi zakorewe bugambiriwe bukaziviramo gupfa.
Mu gushaka guhumuriza abaturage, abategetsi bashinzwe ibyo kwita ku nyamaswa babwiye ibitangazamakuru byo muri Kenya ko ibinyabutabire by’uburozi izo nzovu zariye nta byago by’aka kanya biteje ku bantu.
Ibi byabaye byatumye habaho guhangayika ku bijyanye no kwagura ibikorwa by’ubuhinzi bikagera hafi y’iyo parike, mu gihe akenshi inzovu zitana zikajya mu mirima zigiye gushaka ibyo kurya n’amazi.
Izindi nkuru wasoma:
Misile yateje umwobo imbere muri Pologne ishobora kuba ari iy'Uburusiya – Minisitiri w'intebe wa Pologne
Minisitiri w’intebe wa Pologne Donald Tusk yavuze ko ikintu cyaguye mu murima mu burasirazuba bwa Pologne (Poland) mu masaha ya kare yo kuri uyu wa kane gishobora kuba ari igisasu cya misile cy’Uburusiya.
Icyo kintu kitazwi cyacukuye umwobo wa metero 10 mu bugari ahantu hafi y’icyaro cya Tarnawa Kolonia kiri mu ntera ya kilometero hafi 100 uvuye ku mupaka na Ukraine, mu gihe habaga igitero kinini cy’Uburusiya ku mijyi ya Lviv, Kyiv no hafi y’umujyi wa Kryvyi Rih, yose yo muri Ukraine.
Mbere, Tusk yavuze ko “ibimenyetso byose” byagaragazaga ko misile yavogereye ikirere cya Pologne ari misile y’Uburusiya yo bwoko bwa ‘cruise’ Kh-101. Ibyo yabivugiye mu nama yari yatumijwe bidasanzwe yo kwiga ku byabaye, yabereye mu mujyi wa Lublin mu burasirazuba bwa Pologne.
Nuko ajya aho byabereye, avuga ko akurikije ibyo inzobere mu bya gisirikare zavuze, byinshi “mu bisigazwa byabonetse biganisha mu cyerekezo cyuko ari misile y’Uburusiya ya Kh-101”.
Nubwo nta bakomeretse cyangwa abapfuye batangajwe kuri ibyo byabaye kuri uyu wa kane hafi y’i Tarnawa Kolonia, Minisitiri w’intebe wa Pologne yasobanuye ko birimo gufatwa mu buryo butajenjetse na gato.
Yavuze ko nta nkeke y’ako kanya yateje kuko yavuze ko itaguye ahantu hari inzu nyinshi, yongeraho ati: “Twari twiteguye kuyihanura iyo iza gukomeza urugendo rwayo.”
Minisitiri w’ingabo wa Pologne Wladyslaw Kosiniak-Kamysz yavuze ko ibintu bigera hafi kuri 20 byabonywe hafi y’ikirere cya Pologne mu ijoro ryacyeye ndetse ko isesengura ry’ibiturika ririmo gukorwa.
Mbere, Minisitiri w’ububanyi n’amahanga w’agateganyo wa Ukraine, Andriy Sybiha, yari yatangaje burundu ko ari misile yo mu bwoko bwa ‘cruise’ Kh-101 “yambukiye muri Poland bijyanye n’igitero kinini cyane [cyagabwe] kuri Ukraine, ivogera ikirere cya NATO [OTAN]”.
Izindi nkuru wasoma:
RD Congo: Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bavuga ko ingingo ya sentare ije gusambura igihugu
Imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo bariyamiriza ingingo ya sentare yemeza itegeko ryo gutunganya kamarampaka, bakavuga ko ata gaciro ifise.
Mw’itangazo urunani C-64 ruhurikiyemwo iyi migambwe rwaraye rusohoye ryateweko igikumu n’abarongoye imigambwe ECIDE, A.Ch, ENSEMBE, LGD, na AENVOL, rwagirije sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro ko yifatanije n’ubutegetsi mu gusambura igihugu.
Iri tangazo rigira riti: “Ingingo ya sentare yemeje umugambi wo gusambura ibwirizwashingiro kandi ikaba yugururiye inzira umugambi wo gucamwo ibice igihugu”.
Iyi migambwe yagiriza sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro ko ari igikoresho ca Perezida Felix Tshisekedi, kandi ko itacubahwa canke ngo yizerwe n’abanyagihugu ba Congo.
Uru runani rwerekana ibintu bine abanyagihugu ba Congo batazoshobora kwihanganira, ari vyo:
- guca kuburi n’ibwirizwashingiro
- kwifatira mu minwe inzego z’igihugu,
- guhindura ibwirizwashingiro, hamwe
- n’ikiringo kigira gatatu c’umukuru w’igihugu
Ku bw’uru runani, nta rwego na rumwe ruri hejuru y’ibwirizwashingiro, kandi ko nta butegetsi na bumwe buri hejuru y’ugussha kw’abanyagihugu kugaragarira mu kwubahiriza ibwirizwashingiro.
Uru runani rwari rwasibije imyiyerekano rwari rwategekanije ku wa 22 z’uku kw’indwi, noneubu rwahaye isango abanyekongo ryo ku wa 15 z’ukwezi kuza kwa Myandagaro (8) ku bigiye gukurikira.
Rwanda: Perezida wa Sena yemeje urupfu rwa Senateri Donatille Mukabalisa
Jean Claude Mwambutsa
BBC Gahuzamiryango, i Kigali
Inkuru y’urupfu rwa Senateri Donatille Mukabalisa yamenyekanye mu gitondo cyo kuri uyu wa kane (30/7/2026) binyuze ahanini ku mbuga nkoranyambaga.
Perezida wa sena Dr François Xavier Kalinda yabyemeje mu itangazo yashyize ku rubuga rwayo rw'inteko ishingamategeko.
Umwe mu bo mu ishyaka rye yabwiye BBC ko uyu munyapolitiki, wari wujuje imyaka 66, yazize uburwayi aguye mu bitaro byitiriwe Umwami Faisal. Itangazo ry'inteko rivuga ko yari amaze iminsi arwariye muri ibyo bitaro.
Mukabalisa yatangiye kugaragara muri politiki mu mwaka wa 2000. Mu mwaka wa 2003 yinjiye mu nteko ishingamategeko ari umwe mu bahagarariye ishyaka riharanira ukwishyira ukizana (PL).
Mu mwaka wa 2013, Mukabalisa yatorewe kuyobora inteko ishingamategeko, umwanya yavuyeho muri Kanama (8) mu 2024.
Mu mwaka wa 2015, Mukabalisa ni we wari uyoboye inteko ishingamategeko ubwo habagaho ivugurura ry’ingingo irebana na manda z’umukuru w’igihugu. Iyi ngingo ikaba itaravuzweho rumwe.
Mukabalisa, wize amategeko ndetse akanayigisha muri kaminuza, apfuye yari umwe mu bagize sena y’u Rwanda, yinjiyemo muri Nzeri (9) mu mwaka wa 2024 atanzwe n’ihuriro ry’amashyaka yemewe mu gihugu.
Donatille Mukabalisa, wari n’umuyobozi w’ishyaka PL, asize umugabo n’abana batatu.
Mbere yo kwinjira muri politiki, Mukabalisa yakoreye Umuryango w’Abibumbye mu mashami yawo y’ubuzima (OMS) ndetse n’iterambere (UNDP).
Izindi nkuru wasoma:
Uganda: Kizza Besigye atavuga rumwe n’ubutegetsi ari mu ndembe inyuma yo kugwa hasi muri sentare
Umukuru w’abatavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi muri Uganda, Dr Kizza Besigye, yajanywe mu gice c’ibitaro cakira indembe i Kampala, inyuma y’uko aguye agata ubwenge ari muri sentare, aho yariko aburanywa ku caha c’ubuhemu, nk’uko umugore wiwe abivuga.
Uno munyapolitike w’imyaka 70 arapfunzwe kuva muri Munyonyo (11) 2024, mu kwezi guheze naho umushingwamanza wiwe mukuru na we nyene akaba yarafashwe arafungwa, yagirizwa kuba atamenyesheje ubutegetsi ibikorwa vy’uguhemukira igihugu.
Igihe yitura hasi abajejwe umutekano w’ibohero bagaca bamusimbana ku bitaro, Besigye- yaboneka afise intege nke cane – yariko yiyamiriza abashingwamanza bariko bagenwa na reta ngo babe ari bo bamwunganira.
Umugore wiwe, Winnie Byanyima, arongoye ishami rya ONU rijejwe kurwanya umugera wa SIDA (UNAIDS), yanditse ku rubuga rwa X ati: “Yataye ubwenge, ntashobora kuvuga, naho wogerageza kumutera ikintu kimutera ububabare”.
Imbere y’uko agwa hasi, mu rubanza rwariko ruraba ejo ku wa gatatu muri sentare nkuru y’i Kampala, abari bahari bavuga ko Besigye yaguma asemerera ati “hagarike!”, yiyamiriza ingene hariko hagenwa abamwunganira.
Besigye amaze guhiganwa na Perezida Yoweri Museveni incuro zine, akaba yanyururijwe muri Kenya mu 2024 hanyuma asubizwa muri Uganda.
Kuva ico gihe, apfunganywe n’umwunganirizi wiwe Obeid Lutale, bompi bakaba bagirizwa guhemukira igihugu, icaha gishobora guhanishwa igihano c’urupfu iyo uwagirizwa yagiriwe n’icaha. Bamirira kure ibi birego.
Abashikirizamanza bavuga ko Besigye n’uwo bapfunganywe bateguye umugambi wo gusenyura intwaro ya Perezida Museveni.
Umunyaporitike Bobi Wine, umwe mu batavuga rumwe na reta muri Uganda, akaba yarahunze ku mvo z’umutekano wiwe inyuma yo kwiyamiriza ivyatangajwe ko vyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu aheruka muri Nzero (1) uno mwaka, avuga ko kubona Besigye arengutswa muri sentare kandi yagaragara ko aremvye ari “ihonyangwa riteye ubwoba ry’uburenganzira shingiro bwiwe”.
Besigye yarigeze kuba umuganga bwite wa Perezida Museveni imbere y’uko bacanamwo mu 1999.
Kuva mu myaka mike iheze, asa n’uwutitayeho cane ibijanye na poritike, mbere ntiyitoje mu matora y’umukuru w’igihugu kuva mu 2021.
Ayandi makuru kuri we:
Uburusiya buvuga ko bwasamburiye mu kirere amadrone arenga 250 ya Ukraine
Ubushikiranganji bw'Ukwivuna Abansi bw'Uburusiya bwatangaje ko indege zitajamwo abadereva (drones) zirenga 250 zagomorewe na Ukraine kuri iki gihugu zasamburiwe mu kirere mw’ijoro ryakeye.
Ubu bushikiranganji buvuga ko ingabo zirwanira mu kirere zakoroye amadrone 258 mu ntara zitandukanye z’Uburusiya no hejuru y’Ikiyaga Cirabura hamwe n’ikiyaga ca Azov.
Kimwe muri ivyo bitero cateje umuriro ku nyubakwa y’ububiko bwa kompanyi Wildberries ikorera ku mbuga ngurukanabumenyi iri mu gisagara ca Penza. Ni inyuma y’uko ejo ku wa gatatu, ikigo c’iyi kompanyi nyene kiri i Ryazan cari cahiye.
Buramatari w'intara ya Rostov avuga ko amadrone arenga 40 yakororewe mu gisagara ca Taganrog no mu turere umunani tw'iyo ntara.
Hagati aho, igisirikare ca Pologne gitangaza ko muri iri joro ryakeye carungitse indege zaco gukingira ikirere c’iki gihugu kubera ibitero vy'Uburusiya kuri Ukraine.
Itororokanirizo ry’amakuru Reuters risubiramwo itangazo ry'igisirikare ca Pologne rivuga ko iki gihugu cafashe iyo ngingo mu kwitegurira ingaruka zishobora guterwa n'ibitero vyariko biragabwa kuri ico gihugu kibanyi ca Ukraine.
Iri tangazo rivuga riti: “Indege z'intambara hamwe n'indege maneko zatanguye ibikorwa vyazo, kandi ubuhinga bwo kwikingira ibitero vyo mu kirere hamwe n'ubwo kugenzura ikirere bimeze magabo". Gusa rivuga ko izi ari ingingo zo kwikingira no kwitegurira ibishobora kuba.
Mw’ijoro ryakeye, Kyiv n'utundi turere twa Ukraine, vyatewe n'ibitero bikomeye cane vy’Uburusiya hakoreshejwe ibisasu vya misire n’amadrone, nk’uko vyatangajwe na reta hamwe n'igisirikare vya Ukraine.
Uburusiya buremeza ibi bitero, aho ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi buvuga ko igisirikare c’iki gihugu cagavye igitero gikomeye kuri Ukraine gikoresheje ibisasu vya misire n’amadrone.
Kivuga ko carashe ibibuga vy'indege vya gisirikare, ibigo vy'inganda za gisirikare, hamwe n'ibigo vy'itumanako be n'ivy'ugutunganya no gushikana ibikoresho ku ngabo.
Ebola: Uganda ivuga ko iki kiza carangiye, ariko muri RD Congo ho nta gahengwe
Nubwo reta ya Repubulika ya Demokarasi ya Congo ifise icizere ko ikwirakwira ryayo ryatanguye kugabanuka kubera itararenga uturere 48 isanzwe irimwo mu ntara zitanu gusa, abakozi b’amashirahamwe atanga imfashanyo bagabisha ko uno mugera uriko urakwirakwira ku muvuduko udasanzwe kurusha uko abari mu rugamba rwo kuyirwanya bashobora kuyihagarika.
Ibiharuro vya vuba bitangwa n’ubushikiranganji bujejwe kumenyesha amakuru, vyerekana ko,hamaze kwemezwa abarwayi barenga 3200 banduye iyo ndwara, abamaze guhitanwa n’iyi ndwara bakaba barenga 1480.
Mu gihe iyi ndwara yo nyene ubwayo ari ikibazo kidasanzwe, abajejwe ubuvuzi bahanganye naho bahura n’inzitizi zikomeye, zirimwo intambara z'imirwi yitwaje ibirwanisho, ukutizigirana hagati y abo n'abanyagihugu, hamwe n'igisata c’amagara y’abantu gisanzwe kigoyagoya.
Ibi vyose biriko bituma ibintu birushiriza kugorana mu bijanye no gukurikirana abahuye n'abanduye, gutandukanya abanduye n'abatanduye, no gutanga ubuvuzi nkenerwa.
Gushika ubu, intara zitanu ni zo zibangamiwe, ari zo Ituri --ri naho yatanguriye kandi ari na yo igeramiwe gusumba izindi - Kivu ya Ruguru, Kivu y’Epfo, Haut-Uélé hamwe na Tshopo.
Hagati aho, ishami rya ONU rijejwe amagara y’abantu kw’isi (OMS/WHO) rivuga ko ryamenyeshejwe na reta ya Uganda ko iki kiza carangiye mu gihugu.
Ni inyuma y’uko ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu muri co gihugu bitangaje ko umurwanyi wa nyuma - uyu akaba yamuka muri RD congo – aviriye mu bitaro ku wa 16 z’uku kw’indwi.
Ayandi makuru kuri Ebola:
Uburusiya bwaraye buracucagira ibisasu ku bisagara bitari bike vya Ukraine
Uburusiya bwaraye buracucagira ibisasu ku bisagara bitari bike mu gihugu cose muri Ukraine, amasaha makeyi inyuma y'uko Perezida Volodymyr Zelensky agabishije ko Moscou yariko itegura igitero rurangiza ku gihugu ciwe.
Ibisasu vya misire vya ballistic, ibisasu vyo mu bwoko bwa Tsirkon binyaruka gusumba ijwi (hypersonic), vyarashwe ku mugwa mukuru Kyiv, hampande ya za ndege zitajamwo abadereva (drone) zo mu bwoko bwa shahed, bigateza imiriro mu duce dutandukanye, kandi umuntu umwe akaba yishwe.
Abandi bantu batandatu, harimwo abana babiri, bivugwa ko bapfiriye mu ntara ya Dnipropetrovsk inyuma y'uko inzu yabo isenyutse.
Ibindi bice vy’igihugu, harimwo n’igisagara ca Lviv kiri mu burengero bwa Ukraine, vyarashwe mu mipfunda y’indege zitajamwo abadereva (drone).
Ku ruhande rw’Uburusiya, abategetsi b'igisagara ca Penza kiri mu burengero bw'igihugu bavuga ko ubundi bubiko bw'ibidandazwa bwa ya kompanyi y'ubudandaji ikorera ku mbuga ngurukanabumenyi, Wildberries, bwasubiriye guterwa n'amadrone ya Ukraine.
Ayandi makuru:
Igisirikare ca Amerika catanguye ibitero ‘bikomeye’ kuri Irani inyuma y'igitero cageragejwe ku ngabo zaco
Igisirikare ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika kivuga ko catanguye umupfunda mushasha w’ibitero kuri Irani mu kwishura ku bitero ingabo zayo ziherutse kugerageza gukora ku ngabo za Amerika mu Buseruko bwo Hagati.
Ubuyobozi bw'ingabo za Amerika mu karere (US Central Command, CENTCOM) buvuga ko mu masaha ya kare yo kuri uno wa kane ingabo za Amerika zakoze ibitero ku bibanza bitari bike vy’ishami ry’igisirikare ca Irani rijejwe gukingira ubutegetsi bwa Kisilamu (Islamic Revolutionary Guard Corps, IRGC), harimwo ibigo vy'ubuyobozi, ububiko bw’ibisasu vya misile n'indege zitajamwo abadereva (drones), hamwe n'ibigo vyaryo bijejwe intambara yo mu mazi.
Ibinyamakuru vya Irani bitangaza ko amazinga ya Qeshm na Abadan ari mu turere twatewe. Utu turere twompi turimwo ibigo bihambaye vy'igitoro.
Imbere y’aha, Irani yari yemeye ko ku wa gatatu yagavye ibitero ku bigo vya Amerika muri Yorodaniya no ku mato yari mu Muhora wa Hormuz. Ntaco yavuze ku muriro wadutse ku bwato bunini bwa gaz bwa Amerika ku kivuko ca Damietta mu Misiri.
CENTCOM yanditse ku rubuga rwa X ko ivyo bitero ari "inyishu ikomeye" ku bitero Irani yagavye ku wa kabiri ku birindiro vya Amerika muri Yorodaniya no ku mato yari mu Muhora Hormuz.
Ejo ku wa gatatu, ikinyamakuru Axios casubiyemwo umutegetsi wa Amerika atavuzwe izina, ko Trump yahuye n'umushikiranganji w'ukwivuna abansi wa Arabia Sawudite, Umuganwa Khalid bin Salman, yamushikirije ko igihugu ciwe cifuza guhosha imishamirano. BBC yasavye Maison Blanche/White House kugira ico ivuze kuri aya makuru.
Uku kurasana kwasubiye kwaduka inyuma y'agahengwe kari kamaze imisi mike.
Amasaha makeyi imbere y'uko ibitero bishasha bitangazwa, Trump yari yarahiye ararengwa ko Amerika itegerezwa kwihora ku gitero Irani yari yagerageje kugaba ku ngabo za Amerika.
Yabwiye abanyamakuru kuri Maison Blanche ati: "Tugiye kubakubita bikomeye kuko ubu ni igihe cacu co kubatera.
IRGC yaremanze igitero ku kibuga c'indege c'ingabo za Amerika hamwe n'ikigo c'ubuyobozi muri Yorodaniya "mu kwishura ku bikorwa vy'ubugizi bwa nabi vy'ingabo za Amerika".
Yavuze kandi ko ingabo zayo zirwanira mu mazi zateye amato atatu y’igitoro mu Muhora wa Hormuz inyuma y'uko "yirengagije ubutumwa bw’igabisha", agaca mu nzira yiswe "itari itekanye kandi itemewe n'amategeko" muri uwo muhora w'amazi kirumara.
Ku wa gatanu uheze, Trump yari yahagaritse isekeza ryo gucucagira ibibombe ryari rimaze amajoro 13 ubudasiba.
Igihe Amerika na Israel batanguza intambara kuri Irani muri Ruhuhuma (2) uno mwaka, Perezida Donald Trump wa Amerika yari yavuze ko intambara yari kumara indwi nke gusa. Ariko ubu imaze amezi atanu ata kimenyetso c'uko igiye kurangira.
Ayandi makuru ushobora gusoma:
Mushobora gukurikira ayandi makuru yacu kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza
Mwaramutse neza!
Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.