IKIBIRIRAHO, Igisirikare ca Amerika catanguye ibitero ‘bikomeye’ kuri Irani inyuma y'igitero ku ngabo zaco

Igisirikare ca Amerika kivuga ko catanguye umupfunda mushasha w’ibitero kuri Irani mu kwishura ku bitero ingabo zayo ziherutse kugerageza gukora ku ngabo za Amerika mu Buseruko bwo Hagati.

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira

  1. Uburusiya buvuga ko bwasamburiye mu kirere amadrone arenga 250 ya Ukraine

    Drone

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Ubushikiranganji bw'Ukwivuna Abansi bw'Uburusiya bwatangaje ko indege zitajamwo abadereva (drones) zirenga 250 zagomorewe na Ukraine kuri iki gihugu zasamburiwe mu kirere mw’ijoro ryakeye.

    Ubu bushikiranganji buvuga ko ingabo zirwanira mu kirere zakoroye amadrone 258 mu ntara zitandukanye z’Uburusiya no hejuru y’Ikiyaga Cirabura hamwe n’ikiyaga ca Azov.

    Kimwe muri ivyo bitero cateje umuriro ku nyubakwa y’ububiko bwa kompanyi Wildberries ikorera ku mbuga ngurukanabumenyi iri mu gisagara ca Penza. Ni inyuma y’uko ejo ku wa gatatu, ikigo c’iyi kompanyi nyene kiri i Ryazan cari cahiye.

    Buramatari w'intara ya Rostov avuga ko amadrone arenga 40 yakororewe mu gisagara ca Taganrog no mu turere umunani tw'iyo ntara.

    Hagati aho, igisirikare ca Pologne gitangaza ko muri iri joro ryakeye carungitse indege zaco gukingira ikirere c’iki gihugu kubera ibitero vy'Uburusiya kuri Ukraine.

    Itororokanirizo ry’amakuru Reuters risubiramwo itangazo ry'igisirikare ca Pologne rivuga ko iki gihugu cafashe iyo ngingo mu kwitegurira ingaruka zishobora guterwa n'ibitero vyariko biragabwa kuri ico gihugu kibanyi ca Ukraine.

    Iri tangazo rivuga riti: “Indege z'intambara hamwe n'indege maneko zatanguye ibikorwa vyazo, kandi ubuhinga bwo kwikingira ibitero vyo mu kirere hamwe n'ubwo kugenzura ikirere bimeze magabo". Gusa rivuga ko izi ari ingingo zo kwikingira no kwitegurira ibishobora kuba.

    Mw’ijoro ryakeye, Kyiv n'utundi turere twa Ukraine, vyatewe n'ibitero bikomeye cane vy’Uburusiya hakoreshejwe ibisasu vya misire n’amadrone, nk’uko vyatangajwe na reta hamwe n'igisirikare vya Ukraine.

    Uburusiya buremeza ibi bitero, aho ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi buvuga ko igisirikare c’iki gihugu cagavye igitero gikomeye kuri Ukraine gikoresheje ibisasu vya misire n’amadrone.

    Kivuga ko carashe ibibuga vy'indege vya gisirikare, ibigo vy'inganda za gisirikare, hamwe n'ibigo vy'itumanako be n'ivy'ugutunganya no gushikana ibikoresho ku ngabo.

  2. Ebola: Uganda ivuga ko iki kiza carangiye, ariko muri RD Congo ho nta gahengwe

    Umuganga ariko arapima umuntu

    Ahavuye isanamu, AMREF/X

    Nubwo reta ya Repubulika ya Demokarasi ya Congo ifise icizere ko ikwirakwira ryayo ryatanguye kugabanuka kubera itararenga uturere 48 isanzwe irimwo mu ntara zitanu gusa, abakozi b’amashirahamwe atanga imfashanyo bagabisha ko uno mugera uriko urakwirakwira ku muvuduko udasanzwe kurusha uko abari mu rugamba rwo kuyirwanya bashobora kuyihagarika.

    Ibiharuro vya vuba bitangwa n’ubushikiranganji bujejwe kumenyesha amakuru, vyerekana ko,hamaze kwemezwa abarwayi barenga 3200 banduye iyo ndwara, abamaze guhitanwa n’iyi ndwara bakaba barenga 1480.

    Mu gihe iyi ndwara yo nyene ubwayo ari ikibazo kidasanzwe, abajejwe ubuvuzi bahanganye naho bahura n’inzitizi zikomeye, zirimwo intambara z'imirwi yitwaje ibirwanisho, ukutizigirana hagati y abo n'abanyagihugu, hamwe n'igisata c’amagara y’abantu gisanzwe kigoyagoya.

    Ibi vyose biriko bituma ibintu birushiriza kugorana mu bijanye no gukurikirana abahuye n'abanduye, gutandukanya abanduye n'abatanduye, no gutanga ubuvuzi nkenerwa.

    Gushika ubu, intara zitanu ni zo zibangamiwe, ari zo Ituri --ri naho yatanguriye kandi ari na yo igeramiwe gusumba izindi - Kivu ya Ruguru, Kivu y’Epfo, Haut-Uélé hamwe na Tshopo.

    Hagati aho, ishami rya ONU rijejwe amagara y’abantu kw’isi (OMS/WHO) rivuga ko ryamenyeshejwe na reta ya Uganda ko iki kiza carangiye mu gihugu.

    Ni inyuma y’uko ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu muri co gihugu bitangaje ko umurwanyi wa nyuma - uyu akaba yamuka muri RD congo – aviriye mu bitaro ku wa 16 z’uku kw’indwi.

    Ayandi makuru kuri Ebola:

  3. Uburusiya bwaraye buracucagira ibisasu ku bisagara bitari bike vya Ukraine

    Hadutse umuriro mu nyubakwa y'uburaro mu gisagara ca Lviv inyuma y'igitero mw'ijoror ryakeye

    Ahavuye isanamu, t.me/andriysadovyi

    Insiguro y'isanamu, Hadutse umuriro mu nyubakwa y'uburaro mu gisagara ca Lviv inyuma y'igitero mw'ijoror ryakeye

    Uburusiya bwaraye buracucagira ibisasu ku bisagara bitari bike mu gihugu cose muri Ukraine, amasaha makeyi inyuma y'uko Perezida Volodymyr Zelensky agabishije ko Moscou yariko itegura igitero rurangiza ku gihugu ciwe.

    Ibisasu vya misire vya ballistic, ibisasu vyo mu bwoko bwa Tsirkon binyaruka gusumba ijwi (hypersonic), vyarashwe ku mugwa mukuru Kyiv, hampande ya za ndege zitajamwo abadereva (drone) zo mu bwoko bwa shahed, bigateza imiriro mu duce dutandukanye, kandi umuntu umwe akaba yishwe.

    Abandi bantu batandatu, harimwo abana babiri, bivugwa ko bapfiriye mu ntara ya Dnipropetrovsk inyuma y'uko inzu yabo isenyutse.

    Ibindi bice vy’igihugu, harimwo n’igisagara ca Lviv kiri mu burengero bwa Ukraine, vyarashwe mu mipfunda y’indege zitajamwo abadereva (drone).

    Ku ruhande rw’Uburusiya, abategetsi b'igisagara ca Penza kiri mu burengero bw'igihugu bavuga ko ubundi bubiko bw'ibidandazwa bwa ya kompanyi y'ubudandaji ikorera ku mbuga ngurukanabumenyi, Wildberries, bwasubiriye guterwa n'amadrone ya Ukraine.

    Ayandi makuru:

  4. Igisirikare ca Amerika catanguye ibitero ‘bikomeye’ kuri Irani inyuma y'igitero ku ngabo zaco

    Amato abiri ari mu nyanja

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Igisirikare ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika kivuga ko catanguye umupfunda mushasha w’ibitero kuri Irani mu kwishura ku bitero ingabo zayo ziherutse kugerageza gukora ku ngabo za Amerika mu Buseruko bwo Hagati.

    Ubuyobozi bw'ingabo za Amerika mu karere (US Central Command, CENTCOM) buvuga ko mu masaha ya kare yo kuri uno wa kane ingabo za Amerika zakoze ibitero ku bibanza bitari bike vy’ishami ry’igisirikare ca Irani rijejwe gukingira ubutegetsi bwa Kisilamu (Islamic Revolutionary Guard Corps, IRGC), harimwo ibigo vy'ubuyobozi, ububiko bw’ibisasu vya misile n'indege zitajamwo abadereva (drones), hamwe n'ibigo vyaryo bijejwe intambara yo mu mazi.

    Ibinyamakuru vya Irani bitangaza ko amazinga ya Qeshm na Abadan ari mu turere twatewe. Utu turere twompi turimwo ibigo bihambaye vy'igitoro.

    Imbere y’aha, Irani yari yemeye ko ku wa gatatu yagavye ibitero ku bigo vya Amerika muri Yorodaniya no ku mato yari mu Muhora wa Hormuz. Ntaco yavuze ku muriro wadutse ku bwato bunini bwa gaz bwa Amerika ku kivuko ca Damietta mu Misiri.

    CENTCOM yanditse ku rubuga rwa X ko ivyo bitero ari "inyishu ikomeye" ku bitero Irani yagavye ku wa kabiri ku birindiro vya Amerika muri Yorodaniya no ku mato yari mu Muhora Hormuz.

    Ejo ku wa gatatu, ikinyamakuru Axios casubiyemwo umutegetsi wa Amerika atavuzwe izina, ko Trump yahuye n'umushikiranganji w'ukwivuna abansi wa Arabia Sawudite, Umuganwa Khalid bin Salman, yamushikirije ko igihugu ciwe cifuza guhosha imishamirano. BBC yasavye Maison Blanche/White House kugira ico ivuze kuri aya makuru.

    Uku kurasana kwasubiye kwaduka inyuma y'agahengwe kari kamaze imisi mike.

    Amasaha makeyi imbere y'uko ibitero bishasha bitangazwa, Trump yari yarahiye ararengwa ko Amerika itegerezwa kwihora ku gitero Irani yari yagerageje kugaba ku ngabo za Amerika.

    Yabwiye abanyamakuru kuri Maison Blanche ati: "Tugiye kubakubita bikomeye kuko ubu ni igihe cacu co kubatera.

    IRGC yaremanze igitero ku kibuga c'indege c'ingabo za Amerika hamwe n'ikigo c'ubuyobozi muri Yorodaniya "mu kwishura ku bikorwa vy'ubugizi bwa nabi vy'ingabo za Amerika".

    Yavuze kandi ko ingabo zayo zirwanira mu mazi zateye amato atatu y’igitoro mu Muhora wa Hormuz inyuma y'uko "yirengagije ubutumwa bw’igabisha", agaca mu nzira yiswe "itari itekanye kandi itemewe n'amategeko" muri uwo muhora w'amazi kirumara.

    Ku wa gatanu uheze, Trump yari yahagaritse isekeza ryo gucucagira ibibombe ryari rimaze amajoro 13 ubudasiba.

    Igihe Amerika na Israel batanguza intambara kuri Irani muri Ruhuhuma (2) uno mwaka, Perezida Donald Trump wa Amerika yari yavuze ko intambara yari kumara indwi nke gusa. Ariko ubu imaze amezi atanu ata kimenyetso c'uko igiye kurangira.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

    Mushobora gukurikira ayandi makuru yacu kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza

  5. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.