Nibura abasirikare
624 ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika baramaze gukomereka kuva Perezida Donald
Trump atanguje ibitero kuri Iran muri Ruhuhuma (2) uno mwaka, nk'uko biri mu cegeranyo
ca vuba c'Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika (Pentagon) casohotse
ku wa gatandatu windwi iheze, hari ku wa 25 z’uku kw’indwi.
Muri abo bakomeretse, harimwo 417 bakomerekeye mu
bikorwa vya gisirikare vyiswe Operation Epic Fury, izina ryahawe intambara ya
Amerika kuri Irani, mu gihe 207 bakomerekeye mu co bita ibikorwa vya gisirikare bibera
hanze y'igihugu, ikizwi nkaOverseas Operations.
Mu ndwi
iheze, Pentagon yahinduye ibiharuro vy’abapfuye n’abakomeretse muri iyi
ntambara, aho abasirikare bane bahora baharurwa ko bapfiriye muri Operation
Epic Fury bakuwe kuri urwo rutonde, bashirwa ku rw’abapfiriye muri ivyo bindi
bikorwa vya gisirikare bibera hanze. Ivyo vyatumye igitigiri c’abapfuye muri
iyo ntambara na Irani kigabanuka kiva kuri 18 kikaja kuri 14.
Bamwe mu
banegura ubutegetsi bwa Trump bavuga ko guhindagura ibi biharuro ata nsiguro
itanzwe bituma haba igipfungu muri iyi ntambara.
Lt. Gen. Ben
Hodges, yigeze kurongora ingabo za Amerika ku mugabane wa Buraya igihe Trump
yaja ku butegetsi ubwa mbere, agira ati: "Ubu butegetsi busa n'ubutorohewe
na gato ku bijanye no kutubwiza ukuri ku biriko biraba, atari gusa ku bijanye
n'abahitanwa n'intambara, ariko no ku ntambara yose muri rusangi".
Hagati aho,
Pentagon yo ivuga ko ivyo vyatewe gusa n’akagorane k’igihe gito mu kwegeranya
ibiharuro kandi ko ziriko zirakosorwa.
Mu butumwa
yacishije ku rubuga nyagiro rwiwe Truth Social ku wa 21 z’uku kw’indwi, Trump
yavuze ko "Intambara na Irani" yari imaze guhitana abantu 18.
Nk'uko
ikinyamakuru Associated Press cabitangaje, icitwa “Overseas Operations”, ni
ukuvuga vyabikorwa vya gisirikare bibera hanze, caboneste ubwa mbere ku rubuga
ngurukanabumenyi rwa Pentagon ku wa Mungu, kikaba giharura abahitanywe n’inambara
kuva ku wa 7 Mukakaro 2026.
Carimwo
amazina y'abasirikare bane baherutse gupfa congera cerekana abandi 207 bakomeretse.
Ariko ntibisobanutse nimba abo 207 bose bakomeretse biturutse ku ntambara na
Iran.
Iryo
hindurwa ry’amazina riboneka ko ryakozwe kubera abasirikare bane b’Abanyamerika
bapfuye mu kw’indwi, inyuma y’uko amasezerano y’agateganyo hagati ya Amerika na
Iran atanguye gusenyuka, kandi inyuma y’uko Perezida Trump atangaje ko
agahengwe k’intambara kari karangiye.
Abasirikare
batatu ba Amerika bapfuye inyuma y'ibitero vya misire vya Iran ku kigo ca
gisirikare kiri muri yorodaniya ku wa 17 z’uku kw’indwi, mu gihe uwundi
yapfiriye muri Irak igihe hariko harasamburwa mu buryo bugenzuwe drone ya Iran.
Kuva hagati
muri Mukakaro, Amerika yamaze imisi 13 ikurikirana igaba ibitero ku bikorwa
remezo vya gisirikare vya Iran, mu gihe na Iran na yo yaca yihorera ku bigo vya
Amerika biri mu bihugu bibanyi.
Ariko kuva
ku wa gatanu, impande zompi zarahagaritse ibitero.