Intambara ya Iran: Ivyo tuzi ku gitero Amerika yagavye kuri Bandar Abbas

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 6

Ivyononekaye kubera ibitero vya Amerika ntivyagarukiye gusa ku nkengera z'ikiyaga zo mu bumanuko bwa Iran.

Mu ndwi iheze, ibinyamakuru vya Iran vyatangaje ko ibiraro bitandatu vyarashwe mu gitondo co ku wa gatanu, igenekerezo rya 17 Mukakaro(7), mu gisagara ca Khamir, mu ntara ya Hormozgan.

Uwo musi nyene mw'ijoro, ibinyamakuru vyongeye gutangaza ko inzira zica mu kuzimu n'ibindi biraro vyo muri iyo ntara nyene na vyo vyagabweko ibitero.

Ibinyamakuru vya Iran hamwe n'abategetsi bavuga ko ibitero vya Amerika vyari vyatumberejwe ku bikorwa remezo vy'umuyagankuba, ivyo kuyungurura amazi, ibiraro, amabarabara asanzwe n'indaraye, mu bumanuko bw'ico gihugu.

Yishura ku bibazo vya BBC, umuvugizi w'Ibiro vy'Umukuru w'Igihugu wa Amerika (White House) yarahakanye amakuru avuga ko Amerika iriko itumbereza ibitero ku bikorwa remezo vy'abasivire. Asigura ko ibitero vya Washington bigamije "guhungabanya no kugabanya ubushobozi bwa gisirikare n'ibikoresho vy'ubwirinzi vy'ubutegetsi bwa kiislam."

Nk'uko bishikirizwa n'ibinyamakuru vyo muri Iran, ibikorwa remezo vy'abasivire vyarashwe na Amerika harimwo ikiraro ca Giriveh kiri kw'ibarabara ryerekeza i Bandar Abbas–Khamir–Lar, ikiraro kiri hafi y'akarere ka Latidan, igice c'ibarabara rigaruka i Bandar Abbas–Khamir–Lar, ibiraro bibiri biri ku nzira ya Kohourestan–Lar, ikiraro co ku mutumba wa Nimekar kiri ku nzira yerekeza i Bandar Khamir–Keshar–Bandar Abbas, hamwe n'ikiraro co ku mutumba wa Maru mu karere ka Khamir.

Mu nyuma, hasohowe itangazo ryemeza ko n'inzira zo mu kuzimu zo mu gace ka Shahid Mirzaei, ikiraro co ku ruzi Shur kiri kw'ibarabara ryerekeza Bandar Abbas–Sirjan, hamwe n'ikiraro co ku masanganzira ya Minab, vyose vyatewe.

Gusuzuma amasanamu menshi n'amavidewo yerekana ibitero vya Amerika ku bikorwa remezo vya Iran bituma turonka ishusho irushiriza gutomora urugero rw'ivyasambuwe.

Dushingiye ku mafoto twaronse, biraboneka ko ibiraro biri mu burengero no mu buraruko bwa Bandar Abbas vyononekaye mu gitero ca mbere. Mu gitero ca kabiri, ikiraro kimwe co mu buseruko n'ikindi co mu buraruko, hamwe n'inzira zo mu kuzimu biri mu buraruko bwa Bandar Abbas, na vyo vyarasambutse.

Uretse ivyo, indaraye iherereye mu burengero bwa Bandar Abbas na yo yararashwe, kandi igice cayo carononekaye.

Amabarabara yose twasuzumye yerekeza canke ava mu gisagara ca Bandar, yarononekaye.

Ibinyamakuru vya Iran vyavuze ko ibikorwa vyo gusubira kwubaka ivyo bikorwa remezo vyamaze gutangura kandi biriko birabandanya.

Amafoto ya bimwe muri ivyo biraro yerekana amakamyo ariko araca inzira z'agateganyo ku ruhande rw'ibarabara kugira imodoka zishobore kurengana.

"Birashoboka ko izuba rimaze igihe kirekire ryafashije Iran - n'ubwo bitari vyitezwe - kuronka uburyo bwo guca inzira zo ku ruhande zica mu myonga," niko Arman Mahmoudian, umushakashatsi wo mu kigo c'Ubushakashatsi ku vy'umutekano kw'isi muri kaminuza ya South Florida, yabwiye ishami rya BBC ryitwa BBC Verify.

Yongeyeko ati: "Izo nzira zindi zisubirira izononekaye kenshi ziba ari nto, hagashobora guca imodoka nke, kandi usanga bisaba ko abashoferi bafata urugendo rurerure."

Ku bwiwe, ivyo bisigura ko ibikorwa vyo gutwara abantu n'ibintu hamwe n'ibikorwa vya gisirikare bizobandanya, ariko ku muvuduko muto. Uwo mushakashatsi yavuze ko ivyo bizogira ingaruka ku gutwara no gutanga ibikoresho ku mpande zose, haba ku basivire canke ku gisirikare, ariko ko "bizotuma ingendo zo ku butaka n'itumatumanako bigenda buhoro, n'ubwo bitazohagarara burundu."

Bimwe muri izo nzira zisubirira izononekaye biboneka ko zari zegereye inzuzi zakamye, aho haciye hacibwa amabarabara y'agateganyo ku nkengera za zo.

Umutegetsi umwe mukuru wa Amerika yabwiye ikinyamakuru The Wall Street Journal ko ivyo bitero "vyari bigamije guhagarika inzira zikoreshwa mu gushikana ibikoresho i Bandar Abbas."

Bandar Abbas ni igisagara co ku kivuko gifise akamaro kanini kuri Iran. Ni umurwa mukuru w'intara ya Hormozgan iri mu bumanuko bw'ico gihugu. Kizwi nk'ikivuko kinini c'ubudandaji muri Iran hamwe n'imwe mu nkingi z'ubutunzi bw'ico gihugu bushingiye ku bikorwa vy'ikiyaga.

Ukuba Bandar Abbas iri hafi y'umuhora wa Hormuz, bituma ico gisagara kigira akamaro kadasanzwe mu vya politike no mu vya gisirikare.

Ku ruhande rwa gisirikare, icicaro gikuru c'akarere ka mbere mu turere dutanu tw'Ingabo zo mu mazi z'ubutegetsi bwa kiislamu kiri i Bandar Abbas. Ako ni na ko karere k'ubuyobozi bw'izo ngabo kari hafi cane y'umuhora wa Hormuz.

Hapfuye abantu bangahe?

Kugeza ubu, ibinyamakuru vya Iran vyatangaje ko abantu umunani bapfuye abandi 19 barakomereka inyuma y'ibitero vyagabwe ku biraro vyo mu ntara ya Hormozgan.

Ikigo c'iterambere ry'abanyagihugu ca Hormozgan catangaje ko abantu babiri bavukana, umwe afise imyaka 11 uwundi 32, bari basanzwe bafashwa n'ico kigo, bishwe mu gitero cagabwe ku modoka yari igeze ku kiraro co ku mutumba wa Nimekar, mu karere ka Khamir.

Mohammad Moayedi, umushoferi w'ikamyo itwara ibitoro ya Sosiyete y'Igihugu ya Iran ijejwe gukwiragiza ibitoro, na we ari mu bapfuye.

Nk'uko umwe mu bavukanyi biwe yabivuze, yapfiriye mu gitero cagabwe ku kiraro ca Girveh kiri mu burengero bwa Bandar Abbas.

Mu mavidewo yafatiwe kuri ico kiraro, ikamyo itwara ibitoro na yo iboneka yarononekaye bidasanzwe.

BBC yabonye itangazo rijanye n'ibikorwa vyo guherekeza abantu indwi bishwe muri ivyo bitero, rikaba ririko amazina ya Mazyar na Homayoun Chaterzarin, Mohammad Moayedi, Abdolrahim Jafarifard, hamwe n'abagore batatu bitwa Fatemeh Zahra Akbari, Sogand Dardemand na Maryam Parshad Del. Ayo ni na yo mazina yari yatangajwe imbere y'aha n'ibinyamakuru vyo muri Iran.

Ku wa gatandatu, igenekerezo rya 18 Mukakaro (7), ibikorwa vyo gusezera abo bantu indwi vyabereye ku Musigiti wa Jameh uri ku mutumba wa Nimekar, mu karere ka Khamir, i Bandar Abbas.

Ubushikiranganji bw'Amagara y'Abantu muri Iran bwatangaje ko abantu 50 bishwe, mu gihe abarenga 500 bakomeretse, mu bitero vy'indege vyabaye kuva ku wa 27 gushika ku wa 28 Mukakaro.

Uretse inzira z'ugutwara abantu n'ibintu zerekeza i Bandar Abbas, n'ubundi burere butandukanye bwaratewe mu misi iheze.

Ibinyamakuru vya Iran vyatangaje ko Umushikiranganji ajejwe amabarabara n'Iterambere ry'ibisagara, Farzaneh Sadegh, yagendeye ikivuko gihambaye ca Shahid Bahonar kiri i Bandar Abbas ku mugoroba wo ku wa Mungu (igenekerezo rya 19 Mukakaro), kugira asuzume uko ibikorwa biriko biragenda muri ico civuko.

Bumwe mu buyobozi bukuru bw'igisirikare ca Amerika, CENTCOM, bwashize ahabona, kw'igenekerezo rya 13 Mukakaro(7), amavidewo yerekana igitero cagabwe kuri Bandar Abbas.

Itohoza rya BBC ryerekanye ko ayo mavidewo yafashwe mu gihe c'igitero catumberejwe ku bwinjiriro bw'ikivuko ca Shahid Bahonar.

Urugero nyarwo rw'ivyononekaye kuri ico kivuko no mu bindi bice vya Iran vyagabweko ibitero vya vuba, ntiruramenyekana neza kubera ata mafoto ya satelite ahari. Ariko Iran yarishuye ivyo bitero mu kugaba ibitero ku birindiro bimwe bimwe vy'igisirikare ca Amerika biri mu karere k'Ubuseruko bwo Hagati.

Ishirahamwe ritari irya reta ryitwa "Armed Conflict Location and Incident Data Project (ACLED)" ryatangaje mu cegeranyo caryo ko Iran yatumbereje ibitero vyo kwihora ku bigo vya gisirikare 35 biri mu kigobe, harimwo ivyo muri Irake, Siriya na Koweti.