Igikombe c'isi ca 2026: Ivyo ukeneye kumenya vyose kuri izi nkino

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 1

Ihiganwa ry'igikombe c'isi uyu mwaka ni ihiganwa ry'umwihariko. Ni ubwa mbere mu mateka rigiye guhuriramwo imirwi myinshi, 48. Ivyo bisiguye ko imirwi 16 yiyongereye ku mirwi yose hamwe yitavye iri higanwa mu myaka ine iheze muri Qatar.

Ivyo bitumye iri higanwa ritangura ku wa kane rizoberamwo inkino nyinshi kurusha ibindi bikombe vy'isi vyose vyabayeho imbere, hakazoba inkino 104. Izo nkino zizokinirwa mu bihugu bitatu, Reta Zunze Ubumwe z'Amerika, Canada na Mexique.

Raba ingene izi nkino zizoba, aho zizobera, amasaha, n'ingene zizoba zarangiye. Vyose uzoja ubisanga ngaha nyene: