Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igituma Iran iriko yishira mu kaga kubera umuhora wa Hormuz
- Umwanditsi, Amir Azimi
- Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC Persian
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 6
Inyuma y'imisi 10 Iran na Amerika bariko bararasana bapfa kugenzura Umuhora wa Hormuz, ufise akamaro kanini ku bucuruzi bwo mu mazi kw'isi, abategetsi ba Iran basa n'abafise amahitamwo atatu. Ariko, nta na rimwe muri yo ritanga inzira itomoye ishikana ku ntsinzi.
Ihitamwo rya mbere ni ukwemera vyinshi mu vyo Amerika isaba: kwemera ko ubwato bw'ubudandaji bubandanya buca mu Muhora wa Hormuz mu mutekano ata nkomanzi, guheba canke kugabanya urugero rwa uranium itunganijwe, no kwemera ko ikigo mpuzamakungu kijejwe kugenzura inguvu za nikleyere (IAEA) cinjira muri Iran kugira ubugenzuzi bwimbitse.
Ariko na Tehran yosaba ko Amerika ihagarika kuzibira ibivuko vyayo, igakuraho ibihano vy'ubutunzi, ikaniyemeza ko itazosubira kuyigabako ibitero.
Birashoboka ko iri ari ihitamwo ryotwara ikiguzi gito mu vya gisirikare n'ubutunzi, yamara ni ryo ryotwara igiciro kinini cane mu vya politike.
Kwugurura Umuhora wa Hormuz ata masezerano abaye yemera uruhara rwa Iran mu kuwugenzura, vyosobanura guheba ico bamwe i Tehran bariko babona nk'igikoresho gishasha co kubuza abansi kuyitera ubwoba. Kuri bo, ico gikoresho gishobora kuba kiruta n'ibisasu vya misire vya Iran, imirwi iyishigikiye mu karere canke mbere n'umugambi wayo wa nikleyere.
Ubwa mbere, Repubulika ya Kiislam ya Iran yarerekanye ko, itewe n'abo ibona ko ari abansi bayo, ishobora gutuma ubutunzi bw'isi bwihuta guhungabana.
Ku rundi ruhande, umugambi wa nikleyere umaze igihe kinini werekanwa nk'uburenganzira Iran idashobora guhatirwa kureka.
Hamwe Iran yorinda yemera amategeko akomeye agenga ibikorwa vya nikleyere inyuma y'amezi menshi iriko iraterwa, vyoshobora gutuma abashigikiye umurongo ukaze bavuga ko igitsure ca Amerika catanze umwimbu. Ivyo vyoshobora no gutuma Amerika isaba n'ibindi, nko kugabanya umugambi wa misire wa Iran canke kugabanya imigenderanire yayo n'umuhari Hezbollah wo muri Libani, imirwi y'Abashiya bo muri Iraki hamwe n'Aba-Houthi bo muri Yemen.
Ihitamwo rya kabiri ni ugukaza intambara. Iran yoshobora kwongereza ibitero ku birindiro vya Amerika biri mu karere, ku bwato bw'ubudandaji no ku bikorwa remezo bihambaye biri mu kigobe c'Abarabu, yizigiye ko iduga ry'ibiciro mu gisata c'amasoko ntanganguvu hamwe n'ihungabana ry'ubutunzi vyotuma Amerika n'abafatanyabikorwa bayo bemera kugira ivyo bahevye.
Ariko iri ni ryo hitamwo ririmwo ivyago bikomeye mu vya gisirikare. Igitero cotuma hapfa abantu benshi canke kikonona cane ibikorwa remezo vyo mu kigobe, coshobora gutuma ibihugu bibanyi na Iran vyinjira mu ntambara mu buryo bweruye, bigatuma kandi Iran yisanga ihanganye n'urunani rw'ibihugu.
Ihitamwo rya gatatu ni ukureka ibintu bikabandanya uko bimeze muri iki gihe: guhungabanya uruja n'uruza rw'ubwato n'isoko mu gisata c'amasoko ntanganguvu kugira ngo Iran igume ifise ijambo n'inguvu mu biganiro, ariko bitagera ku rugero rwotuma intambara yeruye isubira kwaduka hagati yayo na Amerika.
Iri hitamwo ni ryo risa n'irihuye n'ivyiyumviro bimaze igihe biranga Repubulika ya Kiislam ya Iran. Iran ntikeneye gutsinda umwansi ayirusha inkomezi. Ico irondera gusa ni ukugerageza guhangana no kubandanya ibaho muri ivyo bihe biba bitoroshe kurusha uko umwansi aba yiteguriye kurwana. Kuri Iran, kurokoka ubwavyo bishobora gufatwa nk'intsinzi, ariko ibihano vy'ubutunzi, ivyononekaye kubera intambara hamwe n'iduga ry'ibiciro bibandanya kwongereza igitsure imbere mu gihugu.
Uko imisi igenda, ni ko hashobora kwaduka ibinyuranye n'ivyo Iran yipfuza: uko ikoresha cane Umuhora wa Hormuz nk'igikoresho co gutera igitsure, ni ko ishobora kugenda itakaza ububasha bwayo, mu gihe ibindi bihugu vyoronka izindi nzira zo kwunguruza igitoro n'ibindi bicuruzwa bidaciye muri uwo muhora.
Umukuru w'Inama nshingamateka ya Iran, Mohammad Bagher Ghalibaf, na we nyene yaremeye ko iyo ngorane ihari. Yavuze ko agaciro k'umuhora wa Hormuz gahagaze ku gitigiri kinini c'ubwato buwucamwo gusumba kugabanya ico gitigiri. Iyo uwo muhora umaze igihe kirekire uhungabana, isi irushiriza kurondera izindi nzira zo kwirinda kuwucamwo.
Uwuriko arafata ingingo
Ikirushiriza gutuma ibintu bigorana, ni uko ata n'uwumenya neza uwufata ingingo muri Iran.
Ku butegetsi bwa Ayatollah Ali Khamenei yishwe mu gitero mu ntango y'intambara ya Amerika na Israel kuri Iran muri Ruhuhuma (2), amatati yahora yaduka hagati y'abanyapolitike batowe n'abanyagihugu, inzego z'abanyedini hamwe n'igisirikare kijejwe gucungera ubutegetsi bwa Kiislam, yahora atorerwa inyishu n'uwo mutegetsi w'ikirenga. Ariko inyuma y'amezi menshi y'intambara, no kuva ubutegetsi bufashwe n'umuhungu wiwe Mojtaba Khamenei, biragoye kumenya neza uko ibintu bigenda mu nzego.
Perezida Masoud Pezeshkian hamwe n'abaserukira Iran mu biganiro vya dipolomasi boshobora gushigikira inzira ishikana ku masezerano kugira ngo bagabanye ingorane z'ubutunzi bongere bagarukane ituze mu gihugu. Ariko abashigikiye umurongo ukaze bo mu nama nshingamateka, inzego zikomeye zidakomoka mu matora hamwe n'ibinyamakuru bishigikiye abaharanira gukingira akaranga ka Repubulika ya Kiislam, boshobora kwibaza ko kwemera ivyo Amerika isaba vyosenyura ingingo ngenderwako z'iyo Repubulika kandi bigatuma abanyagihugu bayivako.
Ikibazo gihambaye kuruta ibindi cerekeye ingabo, cane cane ishami rya gisirikare rijejwe gucungera ubutegetsi bwa kiislam. Umugambi wa misire wa Iran, imigenderanire yayo n'abayishigikiye mu karere hamwe n'ingene ikoresha Umuhora wa Hormuz, ni vyo shingiro ry'ububasha bw'iryo shami. Ariko ntihazwi neza inguvu canke ijambo iryo shami rya gisirikare rifise mu ngingo zifatwa muri iki gihe.
Ayo mahitamwo atatu ari imbere ya Tehran ntagira ikiguzi kingana ku nzego zose z'ubutegetsi. Abashigikiye ko ibintu vyokorwa mu bwitonzi boshobora gushigikira amasezerano, abashigikiye umurongo ukaze nabo bagahitamwo kubandanya bakaza intambara kugira Iran irushirize kugira ijambo rikomeye mu biganiro.
Ni co gituma ikibazo atari ukumenya gusa inzira Iran izohitamwo, ahubwo ari no kumenya uwufise ububasha bwo gufata iyo ngingo.
Ico abanya Iran bavuga
Ivyo abarongozi bavuga ko ari ukwihangana, bitandukanye cane n'ivyo abasabwa kwihangana baba babayemwo.
Muri Ruheshi (6), Iran na Amerika barasinye amasezerano yo kugabanya ibikorwa vya gisirikare, kwugurura Umuhora wa Hormuz, hamwe no kugerageza gushika ku masezerano yo guhagarika burundu intambara mu kiringo c'imisi 60 yakurikira.
Ariko inyuma y'indwi zitatu gusa ayo masezerano asinywe, Perezida wa Amerika Donald Trump yatangaje ko agahengwe k'intambara "karangiye", inyuma y'uko Iran igavye ibitero ku bwato bwariko buca mu muhora wa Hormuz, Amerika na yo igaca yihora mu kurasa Iran.
Umugore umwe wo muri Iran yabwiye BBC Persian ko "yababajwe cane" no kubona intambara isubiriye kwaduka.
Yari yizigiye ko ayo masezerano yoha impande zompi umwanya wo gutorera umuti amatati yari asigaye no kugarukana ituze. Ahubwo ubu afise ubwoba bw'uko ibikorwa remezo bizorushiriza gusambuka, kandi ko abasivire hamwe n'abasirikare benshi bazobandanya gupfa.
Yagirije abashigikiye umurongo ukaze bari mu nzego z'ubutegetsi bwa Iran ko ari bo bashira imbere ingingo zisenyura igihugu. Yananeguye bamwe mu batavuga rumwe n'ubutegetsi baba mu mahanga, avuga ko, uko abibona, ari bo bakokeza intambara.
Uwundi mugore wo muri Tehran yavuze ko ishirahamwe ry'ubudandaji mpuzamakungu yakoreramwo ryugaye, bituma amara amezi ane ata kazi afise, n'ubwo afise dipolome ya 'doctorat' kandi akaba amaze imyaka 17 afise uburambe mu kazi.
Yagize ati: "Nta n'umwe ariko aratanga akazi. Kuko nta wuzi ibizoba."
Yavuze kandi ko ibiciro vy'ibintu vyaduze cane, umuyagankuba n'amazi bikaguma bicika, ubusuma buriyongera, kandi ko rimwe na rimwe mw'ijoro humvikana urwamo rw'amasasu. Ivyo vyatumye agabanya ingendo zo kuja mu gisagara.
Ivyo vyose abo bantu bavuga ntivyerekana ko bose bahuriza ku ciyumviro kimwe ca politike. Ibitero biva hanze bishobora gutuma mbere n'abatavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Iran barushiriza gushavurira Amerika na Israel. Ariko kandi, ivyo birerekana ko kubandanya gusaba abanyagihugu kwihangana bifise aho bigarukira.
Na Perezida Donald Trump ubwiwe ari imbere y'amahitamwo atoroshe: gukomeza intambara, kubandanya igitsure ca gisirikare n'ibihano vy'ubutunzi kuri Iran, canke kwemera amasezerano yoreka Iran ikabandanya umugambi wa nikleyere ukoreshwa mu bikorwa vya gisivire gusa, ariko uri munsi y'ubugenzuzi bukomeye kurusha ubwahahora. Nta na rimwe muri ayo mahitamwo ritanga inzira itomoye yo gutsinda.
Iyo ntambara ishobora kubandanya ikamara amezi menshi, hakagenda haba ibitero, ibiganiro bihagarikiwe n'abahuza, hamwe n'agahengwe k'intambara kaboneka kongera gasenyuka.
Ikibazo nyamukuru kizoba ari ukumenya igihe abategetsi ba Iran bashobora kuzomara bakoresha Umuhora wa Hormuz nk'igikoresho co gutera igitsure no kugira ijambo mu biganiro, batarinze gutuma haduka intambara yeruye, imyiyerekano mishasha mu gihugu, canke bitabaye ngombwa ko ibindi bihugu birondera izindi nzira zo gutwara ibitoro n'ibindi bicuruzwa ku buryo Umuhora wa Hormuz utazosubira kugira akamaro nk'ako ufise ubu.