IKIBIRIRAHO, Trump avuga ko hari ibiganiro biriko biraba ku ntambara ya Iran muri iki gihe c’agahengwe, ariko Irani irabihakana

Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko afise icizere ko iyo ntambara ishobora kurangira, ariko Irani yo ihakana ko ata biganiro vy’imbonankubone biriko biraba

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira

  1. Trump avuga ko hari ibiganiro biriko biraba ku ntambara ya Iran muri iki gihe c’agahengwe, ariko Irani irabihakana

    Trump

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko "hari ibiganiro vya kivandimwe biriko biraba" ku bijanye n’intambara na Iran, inyuma y’uko impande zihanganye zimaze imisi itatu ikurikirana zitarasana.

    Afise icizere ko iyo ntambara ishobora kurangira, aho ejo ku wa mbere yabwiye abanyamakuru igihe yurira indege y’umukuru w’igihugu ati: "Niyumvira ko hari amahirwe meza ko hashobora kuba ikintu ciza".

    Ariko kandi, agabisha ko Washington (ubutegetsi bwa Amerika) ishobora “gususubira gukora ivyo twariko turakora" imbere y’aka gahengwe, ari nka hamwe ibiganiro ataco vyoshikako.

    Ku wa gatanu, Trump yavuze ko yafashe ingingo yo guhagarika ibitero vya Amerika kuri Iran kubera ko ibihugu bihuza impande zompi vyamusavye guha akandi akaryo ibiganiro.

    Iran na yo nyene yarahagaritse ibitero vyayo.

    Ibi bitero vyahagaze inyuma y’indwi hafi zibiri ari ibitero vya misi yose vya Amerika hamwe n’ivya Irani vyo kwishura, ivyari vyatumye amasezerano y’agahengwe yashitsweko muri Ruheshi (6) asambuka.

    Trump arahakana amakuru yari yatanzwe n’ibinyamakuru vyavuga ko inyuma y’amezi atanu y’intambara, Amerika yariko irahererwa n’amasasu.

    Yavuze ati: "Dufise amasasu menshi. Dufise n’ibindi bikoresho vya gisirikare bsumba kure ivyo twokenera gukoresha naho hoba ikintu ico ari co cose. Dufise vyinshi cane. Gusa ndifuza no kuronka n’ibindi vyinshi".

    Hagati aho, umuvugizi w’ibiro Vy’umukuru w’igihugu (Maison Blanche/White House), Anna Kelly, yavuze ko igisirikare ca Amerika "gifise amasasu, ibikoresho vya gisirikare n’ububiko bihagije cane kugira bishitse ku migambi yose ya Perezida Trump no kurenza, kandi iki gikorwa Operation Epic Fury carerekanye icoshikira uwo ari we wese yokwiteranya na Amerika”.

    Amerika na Israel vyatanguye ibitero kuri Iran ku wa 28 Ruhuhuma (2) uno mwaka. Tehran (ubutegetsi bwa Irani) yaciye yihora mu kurasa ibisasu vya misire yongera igomorera za ndege zitajamwo abadereva ku bigo vya gisirikare vya Amerika no ku yandi matungo yayo biri mu bihugu vy’akarere k’Ikigobe c’Abarabu, hamwe kandi ko kuri Israel.

    Mu kwa gatandatu, Iran na Amerika vyarateye igikumu ku masezerano y’umwumvikano mu ntumbero yo guhagarika ibitero, hanyuma Umuhora wa Hormuz ukwugururwa, kandi bikaba vyari bitegekanijwe ko bari gushika ku masezerano yoguhagarika intambara mu kiringo c’imisi 60 yakurikira.

    Ariko inyuma y’aho ingabo za Iran zigabiye ibitero ku mato atwara igitoro muri uwo muhora ku wa 13 Mukakaro (7), Washington yaciye isubira gutangura ibitero vyo mu kirere kuri Iran kandi yongera izibira ingendo ziva canke zija ku bivuko vy’ico gihugu.

    Tehran yaciye yihora mu kugaba ibitero ku birindiro n’ibigo vya gisirikare vya Amerika hirya no hino mu Buseruko bwo Hagati, vyahitanye abasirikare bane ba Amerika.

    Nk’uko ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwa Iran bubivuga, ibitero vya Amerika vyahitanye abantu benshi kuva ico gihe.

    Ayandi makuru hano:

  2. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.