Kubera iki imibu irya abantu bamwe cane kurusha abandi?

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 4

Imbere yuko igwa ku mubiri wacu, imibu iba yabonye kandi yumvise, ikiri kure, ibimenyetso uwo mubiri uriko urarungika.

Menya nimba uri mu bantu bashobora kuba bakarirwa no kuribwa n'imibu.

Ndi umuntu akwega cane imibu nk'isumaku.

Iyo nja hose kw'isi mu karuhuko ko mu ci, hari ikintu kimwe ntakekeranya: ntegerezwa kuribwa n'imibu. Aho yandiye haza utuguma duto dutuma mara amayinga niyaga cane.

Ariko abo tuba turi kumwe, ntaco biba bibabwiye na gato. Nta mubu wigera ubakorako. Kandi abo wariye nabo, usanga kenshi basigaranye gusa akaburungu gatoya gatukura. Abagenzi banje bamaze igihe bavuga ko amaraso yanje ategerezwa kuba "asosa cane."

Bisa n'uko bashobora kuba bafise ukuri. Umubiri wacu urasohora ibimenyetso vyinshi bigaragaza ingene uba umeze – harimwo impwemu umuntu ahumeka n'akamoto k'umubiri - ivyo bikaba ari vyo bigena nimba umuntu ashobora kuribwa canke ntaribwe n'imibu.

Ku bantu bamwe, ivyo bimenyetso birakomeye cane kandi birashobora gukwega imibu mu buryo budasanzwe.

Ng'ubu uburyo butatu bushobora gutuma imibu ikumenya.

Umwuka wa karubone (CO₂) ukuvamwo uratuma imibu ikurya

Imibu y'igitsina gore ni yo yonyene irya abantu. Ikwegwa n'amaraso yacu kubera ko ayironsa proteyine zikenewe kugira amagi yayo akure neza.

Ikoresha ibimenyetso vy'amaso, uburyo bwayo bwo guhumeka n'ubwo kwimotereza kugira imenye abo ija kurya, ikiri nko ku metero 10 z'abo bantu. Muri ivyo bimenyetso harimwo umwuka wa karubone (CO₂) dusohora iyo turiko turahumeka, hamwe n'uwo umubiri wacu usohora biciye ku ruhu.

Umwuka wa karubone (CO₂) usohorwa n'umubiri wacu, utuma umubu utahura ko mu micungararo hari igishobora gutuma ubukura mu cibo, gutyo ugatangura kukirondera.

Ni co gituma imibu ikarira abantu bakuze kurusha abana. Abakuze basohora CO₂ nyinshi kurusha abana.

Yamara rero, ivyo bisigura ko imibu ishobora no gukwegwa n'ibindi vyose bisohora CO₂ atari abantu. Muri ivyo, harimwo nk'ibarafu yumye canke icupa ririmwo CO₂ nyene. Ibi mbere biranakoreshwa mu gutega imibu kugira bayice.

Ubushuhe bw'umubiri burushiriza gukwega imibu

Ubushakashatsi bwerekana ko imibu ikwegwa kandi n'ubushuhe canke ubukanye bw'umubiri. Vyongeye, umwuka wa karubone (CO₂) dusohora ni wo wongereza uko gukwegwa gushingiye ku bushuhe.

Ni co gituma umubiri w'abagore bibungenze ukwega imibu incuro zibiri kurusha abagore batibungenze. Ivyo biterwa n'uko igihe umugore yibungenze umubiri wiwe ukenera inguvu nyinshi kandi agahumeka cane, ibituma asohora ubushuhe bwinshi n'umwuka wa CO₂ mwinshi.

Steve Lindsay, umwigisha kuri kaminuza ya Durham yo mu Bwongereza yanonosoye ibijanye n'udukoko dutoya, inyifato yatwo n'imigenderanire dufitaniye n'abantu, agira ati: "Mu nda yawe haba habaye nk'ifuru ntoyi; umubiri wawe uba ushushe birengeje."

Abantu bagize imyimenyerezo ngororamubiri na bo nyene bashobora gukwega imibu kurusha uko bisanzwe, cane cane mu gihe bakiriko baragira iyo myimenyerezo canke bakiyirangiza. Ivyo biterwa n'uko umubiri uba uriko urakoresha inguvu nyinshi, ugasohora CO₂ nyinshi, ukarushiriza gushuha no kubira intuguta.

Abantu bafise umubiri munini na bo nyene bashobora gukwega imibu kurusha abandi, kuko kenshi basohora ubushuhe bwinshi n'umwuka wa CO₂ mwinshi.

Umubiri urasohora akamoto gakwega imibu

Iyo imibu iba iri nko ku metero 10 z'umuntu, ica irushiriza kumenya no gutandukanya uwo irya n'uwo itarya biciye ku bimenyetso bitandukanye, harimwo akamoto kava ku ruhu n'umwuka duhumeka.

Steve Lindsay agira ati: "Ikimenyesha umuntu umubu ushobora kurya ni akamoto k'uruhu."

Lindsay hamwe n'abandi bashakashatsi barahakana iciyumviro kivuga ko abantu bafise "amaraso aryoshe" ari bo imibu ikunda kurya. Ahubwo basanze igikwega imibu ari akamoto kihariye k'umuntu.

Utunyabuzima duto tuba ku ruhu ('skin microbiome' mu rurimi rw'icongereza) turashobora guhindura ibisigarira vy'isukari, ibinure n'ama proteyine biri ku ruhu bikavamwo utundi tunyabuzima turimwo ubumara na karubone twitwa VOCs (Volatile Organic Compounds). Utwo ni two dutuma tugakwiragira ningoga mu kirere, kandi imibu irashobora gutandukanya akamoto katwo.

Ku ruhu rw'umuntu hari ubwoko burenga 500 bwa VOCs.

Steve Lindsay avuga ati: "Urugero rw'ingene umubiri w'umuntu ukweka imibu usanga rutigera ruhinduka."

Imibu isanzwe ikwegwa na gaz yo mu bwoko bwa 'ammoniac' hamwe n'ubumara buzwi nka 'acide lactique' biri ku ruhu rwacu. Iyo hagiyemwo ho iyindi 'acide' yo mu bwoko bwa 'carboxylique', bituma akamoto k'uruhu karushiriza gukwega imibu.

Ingaruka zo kuribwa n'imibu ntizingana

Abantu bashobora kugira inyifato zitandukanye cane iyo bariwe n'imibu. Mu cigwa cakozwe basanze hari isano rikomeye hagati y'uduce ndangakamere dufise ico dupfana n'abasirikare b'umubiri n'ukuntu umubiri wacu uvyifatamwo igihe uriwe n'umubu.

Ikindi ni uko iyo nyifato y'umubiri ifitaniye isano n'ivyo bita ama "allergies".

Vyongeye, kuba umuntu akunda nko kuvyimba, kuguma yiyaga canke kugira ibindi bimenyetso bikomeye iyo ariwe n'imibu, bishobora gutuma yibaza ko ari mu bantu imibu ikunda kurya kurusha abandi.

Ferguson agira ati: "Hari abantu biyumvira ko imibu ibarya cane kubera bayiyama cane". Abandanya agira ati: "Hari n'abandi irya kenshi, ariko ntibagire ibimenyetso bikomeye vyo kuyiyama."

N'ubwo bamwe muri twebwe boshobora kuba bafise umubiri ukwega cane imibu kurusha abandi kubera uko umeze, nta n'umwe akingiwe ijana kw'ijana, ku buryo imibu itomurya.

Ferguson arangiza agira ati: "N'ubwo woba wiyumvira ko imibu itakurya, uracakeneye kwikingira."