Uganda: Abantu nibura 16 bamaze gupfa bahitanywe n'inzara

    • Umwanditsi, Richard Kagoe
    • Igikorwa, BBC Africa, Nairobi
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 2

Reta ya Uganda ivuga ko abantu nibura 16 bapfuye muri izi ndwi za vuba kubera inzara, mu ntara ya Karamoja iri mu buraruko bushira ubuseruko, inzara iturutse ku ruzuba rw'igihe kirekire.

Itangazo ryasohowe n'ibiro vy'umushikiranganji wa mbere Robinah Nabbanja rivuga ko ibihumbi n'ibihumbi vy'imiryango iri mu kangaratete inyuma y'uko uru ruzuba rutikije imirima.

Karamoja ni yo ntara ya mbere ibangamiwe n'uru ruzuba gusumba izindi zose. Abarimyi bavuga ko imirima yabo yumye kubera kuva mu kwa kane – igihe co gutera - imvura yabaye nke cane canke ntiyagwa na gato.

Imirima minini y'ibigori, amasaka n'isoya yarumye, bituma ivyizigiro vyo kuronka umwimbu mwiza biyoyoka.

Reta ya Uganda ivuga ko yamaze gutangura gutanga imfashanyo yihutirwa y'imfungurwa ku banyagihugu bari muri ibi vyago.

Abahinga bavuga ko amapfa yama agaruka muri ako karere aterwa n'ihindagurika ry'ibihe, imvura nke, gutema amashamba, ubworozi burenze urugero hamwe n'udukoko twonona ibiterwa. Ibi vyose bituma ababa muri ako karere bama baterwa na kigoyi.

Basaba ko hokwongerezwa uburyo bwo kumenya kare uko ibihe bizomera, hagashirwa imitahe myinshi mu bikorwa vyo kuvomera imirima, hamwe no kuronswa imbuto zishobora kurinda uruzuba.

Mu 2022, abantu barenga 2.200 barapfuye bazize inzara n'indwara ziterwa no gufungura nabi mu buraruko bushira ubuseruko bwa Uganda, nk'uko biri mu cegeranyo c'Urwego rw'Igihugu rujejwe agateka ka zina muntu muri ico gihugu.

Abantu benshi baratangaye kandi barababara cane igihe uwari Umushikiranganji wa mbere ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu ico gihe, Henry Okello Oryem, yavuga ko abari bapfuye bazize inzara bari "ibijuju", avuga ko Uganda ifise ikirere ciza n'ubutaka bwimbuka, ku buryo abantu bakwiye kuba bashobora kwirimira ivyo bafungura.