Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Senegal yirukanye umumenyereza Thiaw inyuma yo gusezererwa mu Gikombe c'Isi
Sénégal yirukanye umumenyereza w'umurwi nserukiragihugu Pape Thiaw inyuma y'uko iki gihugu gitsinzwe mu buryo bubabaje mu gice ca 16 gishira ica nyuma c'ihiganwa ry'igikombe c'isi ry'uno mwaka wa 2026.
Les Lions de la Teranga, umurwi nserukiragihugu wari usanzwe umenyerezwa na Thiaw kuva muri Kigarama (12) 2024, watsinzwe n'Ubufaransa hamwe na Norvège/Norway mu nkino zawo zibiri za mbere zo mu gice c'imirwi.
Mu rukino rugira gatatu, wanyagiye Iraki 5-0 uca uronka itike yo kubandanya mu gice co gukuranamwo uri mu kibanza ca gatatu mu murwi I.
Mu rukino rw'igice ca 16 gishira ica nyuma rwayihuje n'Ububirigi, gushika ku munota wa 85, Sénégal ni yo yari imbere n'ibitsindo 2-0, ariko mu minota ya nyuma Ububirigi burabikurayo, mbere bunaronka n'igitsindo c'intzinzi mu mpera za ca gice c'inyongera (prolongation).
Inyuma y'uko gutsindwa muri ubu buryo bwababaje abatari bake, muri Sénégal co kimwe no mu bakunzi bayo cane cane ku mugabane wa Afrika, umukinyi wo hagati Pape Gueye yavuze ko abanje kuba arahagaritse gukinira Sénégal, mu gihe cose uburongozi bw'uwo murwi nserukiragihugu buzobandanya uko bumeze.
Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Sénégal, FSF, rivuga ko "inyuma y'umwihwezo wimbitse ku mwimbu w'umurwi nserukiragihugu hamwe n'ivyo witezweko muri kazoza", ryafashe ingingo yo kubogoza Thiaw ku mabanga yiwe "ku nyungu z'umupira w'amaguru wa Sénégal".
Sénégal yashitse mu gikombe c'isi ca 2026 World Cup inyuma yo kwunguruza isaba ko ingingo y'ishirahamwe rya Afrika rijejwe umupira w'amaguru (CAF) yayaka igikombe ca Afrika (CAN) ca 2025, yari yatsindiye inyuma y'impari Thiaw yagizemwo uruhara rudasanzwe.
Abatari bake baribuka ingene Thiaw yategetse abakinyi b'umurwi wiwe kuva mu kibuga igihe Maroc yahabwa penalty mu minota ya nyuma y'inyongera mw'ihiganwa ry'igikombe ca Afrika mu kwa mbere uno mwaka.
Aba bakinyi bahavuye basubira mu kibuga inyuma y'iminota 17 yose urukino rwamaze ruhagaze, biza kurangira Brahim Diaz ahusha iyo penalty, hanyuma Gueye agahava yinjiza igitsindo c'intsinzi mu gice c'inyongera.
Ariko mu kwa gatatu, Maroc yahavuye itangazwa ko ari yo yatsindiye iryo higanwa igihe CAF yafata ingingo yo guhindura ivyavuye muri urwo rukino nk'igihano kuri Sénégal co kwivumbura mu kibuga.
Sénégal yaritwaye muri sentare ijejwe gutatura amatati y'inkino(Court of Arbitration for Sport) ikaba yizeye ko izosubizwa ico gikombe.
Muri iri higanwa ryari rigizwe n'imirwi 48 ku ncuro ya mbere, Afrika yaserukiwe n'ibihugu cumi, ari vyo Misiri, Ghana, Algeria, Afrika y'Epfo, Cap Vert, RD Congo, Cote d'Ivoire, Sénégal, Maroc na Tunisia, Muri ibi vyose, Tunisia ni yo yasezerewe itageze mu gice co gukuranamwo.
Maroc ni yo yitwaye neza kurusha ibindi kuko ari yo yonyene yashitse mu gice ca kane gishira ica nyuma ku ncuro igira kabiri muri kahise kayo, ikaba yaje gusezerezwa n'Ubufaransa.