Argentine ishobora guhanwa inyuma y'aho abakinyi bayo berekanye icapa c’amazinga ya Falkland ateje impari
Argentine ishobora gufatirwa ibihano na FIFA inyuma y'aho abakinyi b'ico gihugu biginye intsinzi yabo ku Bwongereza mu rukino rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma mw’ihiganwa ry'Igikombe c'Isi, bafise icapa gishigikira ibisabwa na Argentine ku mazinga ya Falkland.
Argentine, ari na yo ifise igikombe, yaraye itsinze mu buryo bw’agatangaza mu rukino rwariko rubera i Atlanta, mu kwinjiza ibitsindo bibiri mu minota ya nyuma, mu gihe Ubwongereza bumenyerezwa na Thomas Tuchelbwari ari bwo bwari bwabanje kuronka igitsindo hakiri kare, ku munota wa 55.
Urukino ruheze, abakinyi ba Argentine biginye intsinzi yabo bafise icapa canditseko ngo "Las Malvinas son Argentinas", bisobanura ngo "Amazinga ya Falkland ni aya Argentine".
Amazinga ya Falkland ari mu bumanuko bushira uburengero bw’ibahari Atlantiki akaba atwarwa n'Ubwongereza, amaze imyaka itari mike ateza indyane hagati ya Argentine n'Ubwongereza kuko ibihugu vyompi biyiyitirira.
Kuva mu kwa kane gushika mu kwa gatandatu 1982, ibi bihugu vyaratanye mu mitwe bipfa aya mazinga ari ku birometero 482 uvuye ku nkengera z'ubuseruko bwa Argentine.
Iyi ntambara yamaze imisi 74 yahitanye abasirikare 655 ba Argentine hamwe na 255 b'Abongereza. Abantu batatu bo muri ayo mazinga na bo nyene barahasize ubuzima.
Mu 2014, FIFA yaraciye ihadabu ry’amafaranga angana n'amapawundi 20.000 Ishirahamwe ry'Umupira w'Amaguru rya Argentine inyuma y'uko abakinyi baryo berekanye ibendera ririmwo ubutumwa nk'ubwo imbere y'urukino rwa kivandimwe hagati ya Argentine na Slovénie.
Ico gihe, FIFA yavuze ko ico gikorwa carenze ku mategeko abuza ibikorwa vya poritike mu mupira w'amaguru be n'inyifato itabereye y’umurwi.
Inyuma y'intsinzi ya nijoro ku wa gatatu, icegera c’umukuru w’igihugu ca Argentine, Victoria Villarruel, yanditse ku rubuga X ko rutari “urukino rusanzwe", ubutumwa bwariko na videwo yasa y’iyerekana abasirikare ba Argentine.
Yanditse ati: “Amazinga ya Falkland ni aya Argentine. Baranse ko tuyazana mu kibuga, ariko bibagiye ko tuyagendana mu maraso no mu mitima yacu".
Mu myiteguro y’uru rukino, Villarruel yari yavuze rwari uburyo bwo "gushira abaduteye mu kibanza cabo”.
Eka n’inyuma y’intsinzi ya 3-2 mu buryo bw’igitangaza kuri Misiri mu gice c’umunani gishira ica nyuma, abakinyi ba Argentine baririmvye kandi indirimbo zavuga Falkland be n’izihayagiza ibihangange Diego Maradona na Lionel Messi.
Uru rukino rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma, aho Ubwongereza bwatsinzwe ku bitsindo vyinjijwe mu minota ya nyuma na Enzo Fernandez hamwe na Lautaro Martinez, rwabaye umutekano wakomejwe cane kubera kahise kabi k’icuka kibi co kuva muri kahise kirangwa hagati y’ibi bihugu bibiri.
Ayandi makuru: