Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ibihugu 10 bifise urugero rwo kwahukana ruri hasi cane kw'isi
- Umwanditsi, Mamadou Faye
- Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC News Afrique
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 6
Urugero rw'ukwahukana kw'abubakanye kw'isi yose (igitigiri c'ingo zahukana ku bantu 1.000 mu mwaka) ubu ruri hagati ya 1,7 na 1,8. Ariko rero, hari ibihugu bimwe bifise ibitigiri biri hasi cane ugereranije n'urwo rugero, rimwe rimwe bikegereza mbere hafi y'ubusa. Bitatu vya mbere ni Ubuhindi, Sri Lanka na Vietnam.
Tugiye kugushikiriza ibihugu 10 kw'isi bifise urugero ruto cane rwo kwahukana kuruta ibindi hamwe n'imvo zibitera.
Uru rutonde rwateguwe na WorldAtlas, ifatiye ku makuru yatanzwe n'Ishirahamwe mpuzamakungu ONU biciye mu gisata caryo kijejwe ivy'ubutunzi n'imibano (UN DESA), amakuru ya Eurostat ku bihugu vy'umugabane wa Buraya, icegeranyo c'Ubuhindi ku magara y'imiryango (NFHS-4 na NFHS-5), hamwe n'ibisohorwa n'inzego zijejwe kwegeranya ibiharuro mu bihugu.
Ico umuntu akwiye kubanza kumenya: kuba igihugu gifise urugero rwo kwahukana ruri hasi ntibitegerezwa kuba bisigura ko abubakanye baba babanye neza canke bahimbawe. Nk'uko WorldAtlas ibivuga, bishobora guterwa n'amategeko canke inyigisho z'amadini bitorohereza ukwahukana, canke bigaterwa n'uko abantu benshi batandukana batabicishije mu mategeko, ibica bituma ukwo kwahukana kutagaragara mu bitabu vy'amareta.
1. Ubuhindi (0,01 gushika kuri 0,1 ku bantu 1.000)
Ubuhindi ni co gihugu gifise urugero rw'ukwahukana ruto kuruta ibindi kw'isi. Muri iki gihugu, amategeko agenga ubugeni aratandukanye bivanye n'idini umuntu asengeramwo. Hari itegeko ry'Abahindu ryo mu 1955, irya reta ryo mu 1954, hamwe n'amategeko yihariye agenga Aba Islam, Abakirisu n'Aba Parsis.
Umugenzo wo gucagurirwa uwo muzobana, ucemerwa ku rugero runini n'urwaruka rwo mu Buhindi, uracafise ikibanza gikomeye muri iki gihugu. Uwo mugenzo uri mu bifasha cane gutsimbataza no kugenzura imiryango kuva mu ntango z'ubugeni nk'uko ibitigiri bitangwa bivyerekana.
N'ubwo biri uko, Ubuhindi kenshi ntibushirwa mu ngereranyo mpuzamakungu kubera uburyo bwabwo bwo kwegeranya amakuru n'ibitigiri vy'abahukana budakwije ivya ngombwa vyose. Kubera ivyo, igitigiri nyaco c'abahukana gishobora kuba kiri hejuru y'icerekanwa icese, cane cane mu bisagara bikuru aho ukwahukana kugenda kwiyongera ku buryo bugaragara.
2. Sri Lanka (hafi ya 0,15 ku bantu 1.000)
Sri Lanka iza mu kibanza ca kabiri mu bihugu bifise urugero ruto kuruta ibindi kw'isi rw'ukwahukana.
Muri ico gihugu, hari uburyo butatu bw'amategeko agenga ubugeni, bivanye n'umuryango canke idini umuntu arimwo: amategeko asanzwe ya reta, amategeko kama yamuka ku bwami bwa Kandy, hamwe n'ay'Aba Islam. Ayo mategeko yose aragabanya cane imvo zishobora gutuma abantu bahukana, harimwo ukurenga ibigo, guta uwo mwubakanye ku mvo zidafashe, canke ugutakaza ubushobozi bwo kurangura amabanga y'abubatse.
Ikindi, imanza z'ukwahukana zicishwa mu masentare y'uturere zifata umwanya muremure, zigatwara n'amafaranga menshi. Vyongeye, igitsure c'imico n'imigenzo gihatira abantu kutahukana, aho umuntu yigishwa ko ariko zubakwa, kiracakomeye rwose muri Sri Lanka.
3. Vietnam (hafi ya 0,2 ku bantu 1.000)
N'ubwo itegeko rya Vietnam rigenga ingo n'imiryango ryo mu 2014 ryemerera abantu kwahukana ata n'uruhande rwagirijwe ikosa rigatanga kandi uburenganzira bwo kugabura amatunga y'umuryango ku rugero rungana, urugero rw'ukwahukana ruguma ruri hasi cane.
Ivyo biterwa ahanini n'imico n'imigenzo bishingiye ku nyigisho za Confucius, bishira imbere ugukomeza umuryango no kwubaha abavyeyi n'abakuze. Ivyo bitsimbatazwa n'uko vyubakiye ku mushinge w'imiryango yo mu ntara zo mu mitumba ifise ukunywana no gufatana mu nda gukomeye cane.
Yamara, mu bisagara bikuru nka Hô-Chi-Minh-Ville na Hanoï, ibintu biriko bihinduka ku murindi munini. Kubera ko abagore barushiriza kwigenga mu vy'ubutunzi, igitigiri c'abahukana kiriko kiriyongera muri ivyo bisagara.
4. Guatemala (hafi ya 0,2 ku bantu 1.000)
Guatemala ni co gihugu gifise urugero rwo kwahukana kw'abubakanye ruto kuruta ibindi ku mugabane wose wa Amerika.
Ivyo biterwa ahanini n'imvo zibiri: umuco ushingiye kuri Ekleziya Katorika n'ivugabutumwa ry'Abavanjili vyiganje cane mu mibereho y'abanyagihugu. Ica kabiri, abantu benshi babana batasezeranye imbere y'amategeko, ivyigaragaza mu ca gatatu c'abubakanye, cane cane mu turere two mu mitumba no mu miryango y'Aba Mayas.
Kubera ivyo, ugutandukana kw'abo bantu ntikwandikwa mu bitigiri vy'abahukanye vyemewe n'amategeko, kubera bataba bari bubakanye mu mategeko.
5. Tadjikistan (hafi ya 0,3 ku bantu 1.000)
Tadjikistan ni igihugu co muri Aziya yo hagati gifise abanyagihugu benshi basenga mw'idini rya Islam.
Kubera imigenzo yo muri iki gihugu igendera ku vyiyumviro vya kera igashira imbere no gukingira umuryango, igitsure c'ikibano hamwe n'agaciro gahabwa izina ryiza ry'umuryango ntivyorohereza abipfuza kwahukana. Ivyo biraboneka cane cane ku bagore, kuko ari bo bakunze guterwa igitsure rwose mu kubabuza gufata ingingo yo gutandukana n'umugabo.
6. Bosnie-Herzégovine (hafi ya 0,3 ku bantu 1.000)
Bosnie-Herzégovine, igihugu kiri mu karere ka Balkans, kiri mu vyo ku mugabane wa Buraya bifise urugero ruto cane rw'ukwahukana kw'abubakanye.
Ivyo biterwa n'uko kigizwe n'imiryango myinshi y'abasenga mw'idini rya Islam, iry'Aba orthodoxe n'Abakatorika. Imigenzo n'akaranga bishira imbere umuryango biracafise inguvu, cane cane mu mitumba no hanze y'ibisagara bikuru. Ivyo bituma urugero rw'ukwahukana ruguma ruri hasi gose kuruta ibindi bihugu vy'i Buraya.
7. Chili (hafi ya 0,7 ku bantu 1.000)
Chili ni kimwe mu bihugu vya nyuma muri Amerika vyemeje mu mategeko ukwahukana kw'abubakanye, ivyo bikaba vyabaye mu 2004.
Imbere y'aho, icashoboka gusa kwari guhagarika isezerano ry'indagano z'ubugeni, ivyo na vyo bikaba vyashoboka gusa biciye mu kurondera akaberu umuntu afyukamwo mu tunenge tw'amategeko, ariko bigatwara amafaranga menshi.
N'ubu, ibwirizwa nshingiro rya Chili riracafata umuryango nk'ishingiro nyaryo ry'umuryango wagutse, kandi idini rya katorika hamwe n'amadini y'ivugabutumwa ry'Abavanjili biracafise ijambo rinini cane mu bijanye n'imiryango.
Ariko rero, urugero rw'ukwahukana rugenda rwiyongera buhoro buhoro uko ababiranye bagenda bamarana imyaka myinshi.
8. Malte (hafi ya 0,6 ku bantu 1.000)
Malte ni co gihugu ca nyuma mu bihugu bigize Umuryango w'Ubumwe bwa Buraya cemeje mu mategeko uburenganzira bw'ukwahukana. Ivyo vyabaye mu kwa cumi 2011, inyuma y'uko vyemejwe na 53% vy'abanyagihugu muri kamarampaka.
Imbere y'aho, icashoboka gusa kwari gukuraho isezerano ry'ubugeni biciye mu madini, canke abantu bagatandukana biciye mu mategeko ariko isezerano ry'indagano z'ubugeni ntirihagarikwe burundu.
Ubu, amategeko ya Malte asaba ko abubakanye bamara nimiburiburi imyaka ine batandukanye imbere y'uko bemererwa kwahukana. Iyo ni yo myaka myinshi kuruta iyindi yose mu bihugu bigize Umuryango w'Ubumwe bwa Buraya, kandi ni co gituma Malte ifise urugero ruto rw'ukwahukana kuruta ahandi kuri uwu mugabane.
9. Pérou (hafi ya 0,6 ku bantu 1.000)
Muri Pérou, imico ishingiye kw'idini rya Katorika hamwe n'uko abantu benshi bubakana batarinze kwandika imbere y'amategeko, bituma urugero rwemewe rw'ukwahukana kw'abubakanye ruguma ruri hasi.
Ivyo ni na vyo vyigaragaza muri rusangi no mu bindi bihugu vyinshi vya Amerika y'Epfo.
10. Irlande (hafi ya 0,7 ku bantu 1.000)
Muri Irlande, ukwahukana kwemewe n'amategeko mu 1996 gusa, inyuma y'uko habaye kamarampaka aho abanyagihugu bavyemeje ku bwiganze buke bw'amajwi arenga gato 50 kw'ijana.
Mu 2019, habaye iyindi kamarampaka yagabanije igihe abubakanye basabwa kubanza kumara batandukanye imbere yo kwemererwa kwahukana. Ico kiringo cavuye ku myaka ine gishirwa kuri ibiri.
Muri Irlande, ibice 12 gushika kuri 15 kw'ijana vy'ubugeni ni vyo birangira biciye mu kwahukana gusa. Ico gitigiri kiri hasi cane ugereranije n'urugero rw'ibindi bihugu vyo mu gice c'Uburengero bw'umugabane wa Buraya rusanzwe ruri hagati ya 35 na 45%.
Iryo tandukaniro risigurwa n'impamvu nyinshi, harimwo kuba ukwahukana kwemewe n'amategeko bitevye, inguvu z'umuco ushingiye ku nyigisho za Ekleziya Katorika, amafaranga menshi n'uburemere bw'ingene imanza zo kwahukana zikurikiranwa, harimwo n'uko kandi muri Irlande bareshanya bamaze gukura ugereranije n'ibindi bihugu.
Ico ivyo bitigiri vyerekana
Hari ibintu bitatu nyamukuru bigaragara muri uru rutonde rwa WorldAtlas:
- Inguvu zidasanzwe z'imico canke z'amadini: Ivyo biboneka cane cane mu bihugu vya Amerika y'Epfo aho Ekleziya Katorika yiganje (Guatemala, Chili na Pérou), muri Sri Lanka no mu Buhindi.
- Kuba ukwahukana kwaremewe n'amategeko mu bihe vya vuba: Ivyo vyabaye muri Malte mu 2011, muri Chili mu 2004, no mu Irlande mu 1996.
- Abantu benshi babana batasezeranye imbere y'amategeko: Ivyo bituma ukwahukana kwabo kutinjizwa mu bitigiri vyemewe. Ibi biboneka muri Guatemala, Pérou, no ku rugero ruto muri Mexique.