Ibintu bitanu Perezida wa Niger yagiriza Ubufaransa n'ibihugu bibanyi

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 4

Perezida wa Niger, général Abdourahamane Tiani, yagiriza Ubufaransa kuba inyuma y'ibitero vy'iterabwoba bitandukanye bigabwa mu gihugu ciwe.

Yabivugiye mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru mu kwibuka imyaka itatu iheze kuva afashe ubutegetsi biciye muri kudeta.

Général Tiani yafashe ubutegetsi inyuma yo guhirika ubutegetsi ku wa 26 Mukakaro (7) 2023, kandi gushika ubu uwo yahiritse Mohamed Bazoum - yatowe n'abanyagihugu - aracari mu buroko.

Kuva afashe ubutegetsi, général Tiani yarahagaritse imigenderanire Niger yari ifitaniye n'Ubufaransa, kimwe mu bihugu vyafasha cane Niger.

Niger ikomeje guhangana n'ibitero vy'imirwi yitwaje ibirwanisho, bitumberezwa ahanini ku bigo vya reta no ku basivire.

Général Tiani amaze igihe kinini yagiriza ibihugu vy'Uburengero kugira uruhara mu guhungabanya umutekano w'igihugu ciwe.

Ibintu nyamukuru yagiriza Ubufaransa n'ibindi bihugu

Mu kiganiro c'amasaha hafi abiri yahaye abamenyeshamakuru, umukuru wa Niger yibanze cane ku kwagiriza Ubufaransa na Perezida wabwo, hamwe n'ibindi bihugu vyo ku mugabane wa Buraya, kuba inyuma y'ibikorwa vy'iterabwoba bikorerwa muri Niger.

Ariko rero, ntiyashikirije icemeza na kimwe gifadika gishigikira ivyo vyagiriji.

Muri ivyo vyagiriji harimwo:

Igitero ku kibuga c'indege ca Niamey

Général Tiani yagiriza Ubufaransa ko ari bwo bwateguye ibitero bibiri vyagabwe n'umurwi witwaje ibirwanisho ku kibuga c'indege gikuru ca Niamey.

Ikibuga c'indege mpuzamakungu ca Diori Hamani kiri i Niamey cagabweko ibitero incuro zibiri muri uno mwaka: kimwe cabaye muri Nzero (1) kikaba cagizwe n'imirwi ifitaniye isano na Islamic State, ikindi cabaye muri Ruheshi(6) kikaba cagizwe n'umuhari JNIM.

Igitero giheruka ca JNIM, cabaye muri Ruheshi (6), cahitanye abantu 35.

Perezida wa Niger yavuze ko Ubufaransa bufata umuhari JNIM n'imihari bikorana ko ari bo bobazwa ibitero vyasambuye ico kibuga c'indege.

Ariko Perezida wa NIger yagiriza inzego z'iperereza z'Ubufaransa ko ziriko ziratanga inyigisho ku barwanyi ba JNIM hamwe n'abo bakorana.

Igitero ku kirimba c'Umukuru w'igihugu

Perezida wa Niger yagiriza kandi Ubufaransa ko bwateguye igitero, avuga ko kitashitse ku ntumbero yaco, ku biro vy'Umukuru w'igihugu hamwe no kw'ikambi ya gisirikare iri hafi yavyo.

Agira ati: "Twari twamenyeshejwe ko hari umugambi wo kugaba igitero ku biro vy'Umukuru w'igihugu, kandi koko igitero caragabwe kw''ikambi ya gisirikare ya Toundibiya."

Perezida wa Niger aranegura imirwi ivuga ko ikora ibikorwa vyayo mw'izina rya Jihad. Agira ati: "Nimba bavuga ko ari aba jihadiste, ni nde akeneye jihad kurusha uwundi, Niger canke Ubufaransa? Nimba ari ubujihad bukorwa mw'izina rya Islam, Niger ni igihugu c'Aba Islam kimaze imyaka 1.400 ari Islam, mbere n'imbere y'uko Islam ishika mu bice bimwe bimwe vya Arabie Saoudite."

Gukoresha abacangero

Umukuru wa Niger yagirije kandi Ubufaransa hamwe n'ibihugu bimwe bimwe vy'i Buraya ko biriko birarondera abarwanyi b'abacangero muri Niger ubwayo no mu bihugu bibanyi kugira bibakoreshe ku nyungu zavyo.

Yagize ati: "Si bo ubwabo baza kurwana, nk'uko babigize muri Vietnam aho barwanye gushika hafi yo gutsindwa, canke muri Algérie aho babonye ko bagiye gutsindwa bagaca babivamwo."

Yongeyeko ati: "Ahubwo ni abarwanyi barondera, bakabakoropa mu bwonko, bakabaha amafaranga n'ibirwanisho kugira baze kuturwanya."

Ivyo yagiriza ibihugu bibanyi

Général Tiani yagirije kandi ibihugu bibanyi ko bikurikiza amabwirizwa ya Perezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron kugira bishigikire ibikorwa vy'iterabwoba mu karere ka Sahel.

Yagize ati: "Ibihugu nka Bénin, Mauritanie na Côte d'Ivoire biriko bikora vyisunze amabwirizwa ya Macron kugira bitegure ibitero muri Niger, Mali na Burkina Faso."

Yavuze kandi ko ibitero JNIM yagavye muri Mali mu kwezi kwa kane vyateguriwe muri ivyo bihugu bitatu.

Yasiguye ati: "Bagavye igitero kuri Mali baciye mu nzira zitatu: ubwa mbere baciye mu buraruko bwa Bénin, hanyuma baca muri Côte d'Ivoire, maze ubwa nyuma baca mu karere ka Mauritanie."

'Mu ntambara n'ibihugu vy'Uburengero'

Perezida wa Niger yavuze ko igihugu ciwe kitariko kirwana n'imirwi yitwaje ibirwanisho gusa, ahubwo ko kiri mu ntambara n'ibihugu vy'Uburengero.

Agira ati: "Ntituriko turarwana n'Ubufaransa gusa; hari n'ibindi bihugu vy'i Buraya dukeka ko bifasha iyo mirwi."

Yasiguye ko ibihugu bimwe bimwe biyifasha mu buryo bw'amafaranga, mu gihe ibindi biyifasha mu guhugura abarwanyi bayo.

Perezida wa Niger yongeyeko ko ata n'umwe mu bakuru b'iyo mirwi y'iterabwoba akomoka mu karere ka Sahel.

Si ubwa mbere umukuru w'igihugu ca Niger yagiriza Ubufaransa canke ibihugu vy'Uburengero kugira uruhara mu bitero vy'iterabwoba bikorerwa ku butaka bwa Niger.

Kuva mu 2024, yari yaragirije Ubufaransa, CEDEAO hamwe na Nigeria ko ari vyo vyatumye umutekano mu gihugu ciwe urushiriza kwifata nabi.

Gushika ubu, Ubufaransa ntiburagira ico bushikirije ku bijanye n'ivyo bwagirizwa.

Ivyo Human Rights Watch inegura ku butegetsi bwa Niger

Ku rundi ruhande, ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch, ryagirije ubutegetsi bwa gisirikare bwa Niger ko buriko burakomeza kwigarurira ububasha bwose bw'igihugu no guhonyanga umwidegemvyo w'itangazamakuru.

Iryo shirahamwe rivuga ko ubutegetsi bwa gisirikare bwasambuye inzego za demokarasi, bugabanya iyubahirizwa ry'agateka ka zina muntu kandi bugaca intege inzego zigenga zijejwe kugenzura ubutegetsi.

Mw'itangazo Human Rights Watch yasohoye igihe général Tiani yariko ahimbaza imyaka itatu amaze ku butegetsi, yagirije reta yiwe gusambura imigambwe n'amashirahamwe adaharanira inyungu za politike, hamwe no guhagarika umwidegemvyo w'itangazamakuru mu gihugu.

Human Rights Watch yagirije kandi ubutegetsi bwa Tiani gukura Niger muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha (CPI), no kwongereza ikiringo c'imfatakibanza ata kwerekana ikirangamisi c'amatora.