Indege z'intambara 10 za mbere kw'isi mu 2026

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 6

Ibihugu bikomeye mu vya gisirikare kw'isi usanga ahanini ari na vyo bifise canke bikora indege z'intambara zikomeye cane.

Urutonde rw'indege z'intambara nziza kurusha izindi kw'isi mu 2026 rushingiye ku bushobozi bwazo mu rugamba, uburemere bwazo, ubushobozi bwo kwirinda 'misile' z'umwansi, kumenya no gutahura umwansi, guhanahana amakuru, gutumbereza ibirwanisho ku co bigenewe be n'ingene zikora mu gihe c'urugamba.

Umugwi indege yashizwemwo ni kimwe mu vyerekana ubushobozi bwayo. Ni co gituma indege z'intambara zo mu mugwi wa gatanu ziza imbere mu bijanye n'ubuhinga n'ubushobozi, zigakurikirwa hafi n'izo mu mugwi wa 4.5.

Uru rutonde rwakozwe n'urubuga rukurikirana ivy'indege Aero Corner.

Indege y'intambara F-22 Raptor yakozwe na Lockheed Martin

F-22 Raptor ifatwa nk'imwe mu ndege z'intambara zikomeye kurusha izindi zakozwe gushika ubu. Ifise ubushobozi butandukanye bukenewe mu rugamba, kandi ishobora kuguruka ku muvuduko ushika ku birometero 2.410 kw'isaha.

F-22 ifise moteri zibiri zikomeye, zituma ishobora kurwana no gutera umwansi ari kure. Umuvuduko wayo, ubushobozi bwo kuguruka itabonwa na "radar", hamwe n'ubuhinga bwo kwihindukiza ningoga iri mu kirere, biri mu bituma iba indege y'intambara ikomeye cane.

Raptor ni imwe mu ndege z'intambara zikomeye Leta Zunze Ubumwe za Amerika itemera kugurisha mu bindi bihugu. Itegeko ryo mu 1998 rirabuza ko iyo ndege ijanwa hanze y'ico gihugu, mu ntumbero yo gukingira ubuhinga bwayo bwo kutabonwa na radar hamwe n'ibikoresho vyayo vya radar. Ni co gituma indege 186 zakozwe zikoreshwa gusa n'igisirikare ca Amerika kirwanira mu kirere, US Air Force.

Gukora izo ndege vyahagaze mu 2011, ari na co gituma muri iki gihe F-22 Raptor ari indege z'intambara ziboneka gake cane.

Indege y'intambara F-35 Lightning II yakozwe na Lockheed Martin

F-35 ishobora kuguruka ku muvuduko ushika ku bilometero 1.930 kw'isaha. Ifise ubuhinga bukoranya amakuru ava kuri radar, ku mashusho no ku bikoresho vyo guhangana n'umwansi hakoreshejwe ubuhinga budasanzwe. Ivyo bituma uwuyitwara ashobora kumenya aho umwansi ari no kumurasa.

F-35 iboneka mu bwoko butatu butandukanye kandi iramaze gukoreshwa cane mu bitero vy'indege. Iza mu ndege z'intambara zikomeye Amerika ifise, hamwe na F-22 Raptor.

Gushika mu 2026, indege zirenga 1.100 zo muri ubwo bwoko zari zimaze gushikirizwa abazikoresha, mu gihe izindi zibandanya gukorwa ku bw'ibihugu birenga 12. Ivyo vyatumye F-35 iba imwe mu ndege z'intambara zifise uruhara rukomeye mu bushobozi bw'ibihugu vyo mu Burengero bwo kurwanira mu kirere.

Indege y'intambara J-20 Mighty Dragon yakozwe na Chengdu

Indege y'intambara J-20 y'Ubushinwa ifatwa nk'imwe mu ndege zishobora guhangana n'indege z'intambara za Amerika. Yakozwe kugira ishobore gutera indege z'umwansi zihambaye, harimwo izitwara ibitoro vyo gusahiriza izindi ndege ziri mu kirere hamwe n'indege zifise radar zikomeye.

J-20 ishobora gutwara misire yo mu bwoko bwa PL-15, kandi ikaguruka ku muvuduko ushika ku bilometero 2.469,6 kw'isaha.

Igitigiri c'indege J-20 ziriko zirakorwa kiriko kiriyongera n'ingoga kurusha ico izindi ndege z'intambara zo mu murwi wa gatanu, ukuyemwo F-35.

Misire J-20 itwara zakozwe ku buryo zishobora gutera indege z'umwansi zitanga ibitoro mu kirere hamwe n'indege zigoye kubonwa na radar. Ubwo bushobozi bwo kurwanira mu kirere ni bwo butuma J-20 itera amakenga ibihugu vyo mu Burengero.

Indege y'intambara Su-57 Felon yakozwe na Sukhoi yo mu Burusiya

Su-57 y'Uburusiya ni indege y'intambara yo mu murwi wa gatanu. Ariko hari abayishira ku rugero rw'indege zo mu murwi wa kane , kubera ko indege zo muri ubwo bwoko zikiri nke kandi amakuru yemejwe ku bushobozi bwayo akaba atari menshi.

Su-57 iroroshe kuyitwara kandi ifise moteri ikomeye, ituma ishobora kwitwara neza mu kirere.

Mu nenge zayo, harimwo kuba ishobora kubonwa na radar bitagoranye nk'izindi ndege zimwe zo mu murwi wa gatanu, hamwe n'ubunini bwayo.

Indege y'intambara yitwa Eurofighter Typhoon

Eurofighter Typhoon ni imwe mu ndege z'intambara zigezweho cane zo mu murwi wa 4.5. Ikoreshwa n'ibihugu bitandukanye birimwo Ubwongereza, Ubudagi, Ubutaliyano na Espagne.

Ishobora kuguruka ku muvuduko ushika hafi ku bilometero 1.320 kw'isaha. Mu birwanisho ishobora gukoresha harimwo misile yitwa Meteor.

Iyo ndege kandi ifise radar yo mu bwoko bwa AESA, iyifasha kumenya no gukurikirana ibitero canke indege z'umwansi zigoye kubonwa.

Indege y'intambara Rafale yakozwe n'ishirahamwe Dassault ryo mu Bufaransa

Rafale ni indege y'intambara y'Ubufaransa yo mu murwi wa 4.5, kandi ifatwa nk'imwe mu zikomeye kurusha izindi muri uwo murwi. Irashoboye gukora neza mu bitero vyo mu kirere, mw'iperereza ryo gucungera inyanja. Ishobora kuguruka ku muvuduko ushika hafi ku bilometero 1.320 kw'isaha kandi ikaba ishobora gutwara misile yitwa Meteor.

Igitandukanya Rafale na Eurofighter Typhoon ni ubuhinga bwayo bwa SPECTRA, bumwe mu buryo bukomeye kw'isi bwo kwikingira ibitero no kwirwanira. Rafale kandi yaragaragaje ubushobozi bwayo mu ntambara zabereye muri Libya, Mali, Iraq na Siriya.

Kugurishwa kwayo mu Buhindi, Misiri, Leta Zunze Ubumwe z'Abarabu, Katari n'Ubugereki vyatumye Rafale iba indege y'intambara y'Ubufaransa izwi cane ku rwego mpuzamakungu kandi ikaba iri mu zikundwa cane n'abakoresha indege z'intambara zigezweho.

Indege y'intambara F-15EX Eagle II yakozwe na Boeing

F-15EX irerekana ko indege yatanguye gukorwa hisunzwe ubuhinga bwatanguye gukoreshwa haheze imyaka nka 50, ishobora kuguma iri mu ndege z'intambara zikomeye kw'isi. Ishobora kuguruka ku muvuduko ushika hafi ku bilometero 2.655 kw'isaha, kandi igashobora gutwara misile nyinshi zo kurasa kurusha indege nyinshi z'intambara.

F-15EX ntifise ubuhinga bwo kwinyegeza radar nk'ubwa F-22 na F-35. Ni co gituma ishobora gukoreshwa iri inyuma y'izo ndege, igatera umwansi iri kure ikoresheje misile zayo.

kandi ni imwe mu ndege z'intambara nini zikoreshwa muri iki gihe.

Indege y'intambara JAS 39 Gripen E yakozwe na Saab yo muri Swede

Gripen E ni imwe mu ndege z'intambara zihwahutse cane. Ifise moteri imwe kandi ishobora kuguruka ku muvuduko munini. Ifise kandi radar yo mu bwoko bwa AESA, ubuhinga buhanitse bwo kuyifasha kuguruka no kurwana, hamwe na misile yitwa Meteor.

Gripen E yakozwe ku buryo ishobora kugwa no guhagurukira no ku mabarabara asanzwe, kandi ikaba ishobora gutegurwa no kwitwararikwa n'abantu bake.

Ubwo buryo bwo kuyikora bwashizweho kugira hagabanuke amahera akoreshwa mu kuyihingura, kuyitaho no kuyihinduramwo ibikoresho uko ubuhinga bugenda buratera imbere.

Indege y'intambara F/A-18E/F Super Hornet yakozwe na Boeing

Super Hornet ni indege y'intambara y'Abanyamerika ifise moteri zibiri kandi ishobora kuguruka ku muvuduko munini. Ifise kandi radar igezweho yo mu bwoko bwa AESA.

Ubushobozi bwayo bwo kwihindukiza ningoga iri mu kirere hamwe no kuba ishobora gutwara ubwoko bwinshi bw'ibirwanisho biri mu bituma ishirwa mu ndege cumi z'intambara zikomeye kurusha izindi kw'isi.

Indege y'intambara Su-35 Flanker-E yakozwe na Sukhoi yo mu Burusiya

Su-35 ni indege y'intambara y'Uburusiya. Ni imwe mu ndege z'intambara zifise umuvuduko munini kandi zishobora kugenda urugendo rurerure zitarasubira kwongerwamwo ibitoro.

Ifise radar ikomeye kandi ishobora kumenya neza aho umwansi ari.

Su-35 ni yo isozerera urutonde rw'indege cumi z'intambara zikomeye kurusha izindi kw'isi mu 2026.