Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
RDC: Ibiganiro bidakumira bishobora kuba intambwe ihambaye yo kugarukana ukwizerana – Umujenama wa Trump
Umuhanuzi wa Perezida w'Amerika kuri Afrika Massad Boulos avuga ko yakiriye neza itangazo ry'umukuru w'igihugu wa Repuburika ya Demokarasi ya Kongo (RDC) ritumako ibiganiro vyo ku rwego rw'igihugu, birimwo bose, mu ntumbero yo guteza imbere amahoro, ubumwe no kunywana mu gihugu.
Mw'ijambo yashikirije abanyagihugu ku wa kane, Perezida Tshisekedi yavuze ko ivyo biganiro bizoha Abanye Congo akaryo ko kuganira no kuronderera hamwe inyishu ku ngorane zitandukanye zugarije RDC, harimwo iz'umutekano muke, intege nke mu bijanye n'intwaro, itangwa ry'ama 'services' ya reta hatibagiwe ubusumbane mu banyagihugu.
Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa X ku wa gatanu, Massad Boulos yagize ati: "Twakiriye neza itangazo rya Félix Tshisekedi ritumako ibiganiro ku rwego rw'igihugu muri RDC".
Ibi biganiro bishobora kumara ikiringo c'amezi agera kuri atatu. Bizotangurira ku rwego rwo hasi mu ntara zose z'igihugu ukwo ari 26, imbere y'uko bisozerwa n'ibindi biganiro vyo ku rwego rw'igihugu bizobera ku murwa mukuru Kinshasa.
Yamara, hari imirwi itazokwemererwa kuja muri ivyo biganiro nk'uko Perezida Tshisekedi yabishimangiye.
Muri abo, harimwo abarwanya ubutegetsi bwa Kinshasa bakoresheje inkoho, abigaruriye igice c'ubutaka bw'igihugu ku nguvu, abarongoye inzego zitemewe n'amategeko mu bice vya RDC, canke abakorera ikindi gihugu [ari co Urwanda].
Abategetsi ba RDC bakunze kwagiriza Urwanda gushigikira mu vy'uburyo n'ivya gisirikare umuhari M23 urwanya ubutegetsi bwa Kinshasa, ukaba umaze no kwigarurira uburere butari buke mu ntara za Kivu ya Ruguru n'iy'Epfo. Ariko rwo ruvyamirira kure.
Umuhari M23 rero uri mu mirwi itemerewe kuja muri ivyo biganiro.
Mu butumwa bwiwe, umujenama wa Trump kuri Africa Massad Boulos abandanya agira ati: " Ibiganiro bidakumira kandi vyubaka bishobora kuba intambwe ihambaye yerekeza ku kwubaka ukwizerana, ku guteza imbere amahoro n'umutekano, bikishura no ku vyipfuzo vy'abanyagihugu ba Kongo".
Ariko ubutumwa bwiwe ntaco buvuga ku muhari M23, abakorana na wo, canke iyindi mihari yose yitwaje ibirwanisho.
Icegera c'umuvugizi wa M23, Dr Oscar Balinda, ku wa gatanu yabwiye BBC Gahuzamiryango ko ata na kimwe uwo muhari witeze kuri ivyo biganiro.
Afatira ku bishikirizwa na Perezida wa RDC ko M23 na reta y'ico gihugu basanzwe bari mu bindi biganiro kuva mu mwaka uheze wa 2025.
Balinda yibutsa ko hamaze kuba ibiganiro vyinshi ariko ko na vyo nyene ata kinini birashikako. Avuga ko vyatanguriye i Kampala, mu nyuma vyimurirwa Entebbe, inyuma y'aho bija Nairobi, biva Nairobi bijanwa i Bujumbura, bivuye i Bujumbura vyerekeza i Luanda ya mbere, Luanda ya Kabiri, biraja Doha incuro indwi, ubu naho bikaba bigeze i Montreux mu Buswisi aho impande zose zimaze guhurira incuro zibiri.