Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Miss Burundi: Bishasha mw'ihiganwa ry'uno mwaka ni ibihe?
Ishirahamwe INGOMAG rijejwe gutunganya ihiganwa ry'umukobwa w'Umurundikazi mwiza, w'imico n'akaranga kandi aciye ubwenge Miss Burundi, rimenyesha ko uno mwaka imyaka isabwa kugira umukobwa yemererwe kuja muri iryo higanwa yadugijwe.
Mu gihe hahora hafatirwa ku myaka 18 gusa, ubu umukobwa wese ategerezwa kuba ashikana 22.
Rossa Kamariza arongoye INGOMAG yabwiye BBC Gahuzamiryango ko iyo ngingo yafashwe kugira hashirwe imbere abakobwa bafise ubushobozi n'ubwira bukwiye bwo kurangura neza imigambi yabo.
Yagize ati: " Twarabonye ko umwana w'imyaka 18 uno musi hariho abantu bamukwegakwega, ukamengo n'iyo muriko muravugana ntimuriko muvugana na we wenyene".
Rossa avuga ko iyo ari imwe mu mvo zituma bigorana cane kwumvisha abafise imyaka iri hagati ya 18 na 21 imigambi nyamukuru ya Miss Burundi.
Amenyesha ko bituma hatakara umwanya munini, ngo kuko usanga bisa no kwigisha "umwana mutoya ingene yokwitwara".
Ku bw'uwo arongoye INGOMAG, biragoye ko ishirahamwe riherekeza umuntu mu kumwigisha bisaba inguvu nyinshi nk'izo, ngo na rirya haba harimwo abandi bantu bariko barafasha kugira umugambi wiwe ushike kure.
Hari abafise amakenga ko iyo ngingo iteye kubiri n'amategeko y'Uburundi, mu gihe afata umuntu w'imyaka 18 nk'uwukuze.
Kuri ico, Rossa Kamariza yishuye BBC Gahuzamiryango ko imbere yo gufata iyo ngingo bavyigiye hamwe n'ubushikiranganji bukurikirana ivya Miss Burundi hamwe n'abajejwe amategeko agenga iryo higanwa.
Yemeza ko, mu bisanzwe, umuntu w'imyaka 18 yategerezwa kuba afise ubushobozi bwo kwigira inama n'ingingo. Ariko ngo si ko babisanze.
Ati: " Baracari abantu umuvyeyi avuze, vyose bica bihagarara". Ivyo rero ngo bituma umuntu nk'uwo adashobora gushira mu ngiro umugambi wiwe mu kiringo c'umwaka umwe. Mbere n'inyigisho zitangwa ntaheza ngo azikurikirane.
Rossa ati: "Ni aho intambamyi iri".
Iyindi mpinduka isa n'iyatangaje abantu ni uko mu vyo abazokwitaba ihiganwa ry'uno mwaka basabwa harimwo urupapuro rwemeza ko badakurikiranwa n'ubutungane.
Rossa Kamariza avuga ko ari ukugira ishirahamwe INGOMAG rishobore kumenya neza abaje mw'ihiganwa abo ari bo.
" Ubuzima bw'umuntu bumenywa na nyene bwo. Twebwe tubatorera mu mpapuro baba batweretse, [ariko] tuba tubonanye uwo musi", ni ko yabwiye BBC Gahuzamiryango imbere yo kubandanya ati: "Ariko ejo mw'ihiganwa hagati uciye usanga [hari] abaciye bavyura ibibazo bati uyu muntu yarivye impene ahanaka, bihindura isura yose y'ihiganwa n'iy'igihugu".
Uretse ivyo, abakobwa baja muri Miss Burundi barakunze kwidoga ko baheruka batorwa ariko badasubira gukurikiranwa, canke imigambi yabo ikabura abayifata mu mugongo.
Iyo ngorane Kamariza avuga ko bayizi. Ni co gituma ngo kuva mu mwaka uheze bashizeho umurwi ujejwe kubakurikirana ku musi ku musi ku buryo ingorane baba bafise zigenda ziratorerwa umuti, aho basanze hakenewe inyigisho bagaca bazibaronsa.