Afrika y'epfo: Umu "star" yapfunzwe yagirizwa kunyuruza umugabo bapfa umukunzi wiwe
Umunyamakuru wa televiziyo akaba n’umuririmvyi wa “rap” wo muri Afurika y’Epfo, Molemo Maarohanye, azwi cane ku kazina ka Jub Jub, yarafashwe n’igipolisi inyuma y’aho yagirizwa kunyuruza uwutwara imodoka za “taxi” no kurasa urusasu amutumbereje.
Bivugwa ko Maarohanye yahuye n’uwo mushoferi mu gisagara ca Edenvale, kiri nko ku birometero 25 uvuye i Johannesburg, amwagiriza ko afitaniye imigenderanire y’urukundo n’umukunzi wiwe.
Nk’uko igipolisi cabitangaje, Maarohanye ngo yahase uwo mugabo ataramenyekana izina ngo yinjire mu modoka yiwe ku wa Mungu, hanyuma arasa amasasu atatu iruhande yiwe.
Uwo mugabo yarashoboye guhunga ata co abaye maze aca aja gutanga ikirego ku biro vya hafi vy’igipolisi, nk’uko biri mw’itangazo ry’igipolisi. Maarohanye ntarashira ahabona ico avuga kuvyo yagirizwa.
Iryo hangana ryabaye isaha imwe n’igice zo mu gitondo ku masaha yo muri Afrika y’Epfo, inyuma y’aho uwo mushoferi yari amaze gushikana umukiriya.
Maarohanye, yigeze kuba umwe mu baririmvyi bazwi cane muri Afurika y’Epfo, azorenguka imbere ya sentare ya Germiston ku wa Gatatu kugira habe urubanza rwa mbere rw’ukwumviriza ivyo yagirizwa, nk’uko igipolisi cabivuze.
Si ubwa mbere yagirijwe imbere y’ubutungane.
Mu 2012, yari yagirijwe kwica abantu no kugerageza kwica abandi inyuma yo kugonga no kwica abanyeshure bane, agakometsa babiri, igihe yariko arasiganwa n’imiduga mu buryo butemewe n’amategeko.
Inyuma y'imyaka ibiri, sentare nkuru ya Afurika y’Epfo yarahinduye iyo ngingo imwagirirza icaha co kwica umuntu atabishatse.
Ubu Maarohanye ni we ashikiriza ikiganiro ca televiziyo citwa Uyajola 9/9, ikiganiro kigamije guhishura abantu bagira ubuhemu mu rukundo.