IKIBIRIRAHO, Umushikiranganji wo kwivuna abansi muri Mali yaraye yiciwe mu bitero

Umukuru w’igihugu w’imfatakibanza Assimi Goïta na we yaciye ajanwa ahantu hatekanye inyuma y’uko inzu yiwe nayo nyene igeragejwe guterwa.

Incamake

Umushikiranganji w'ukwivuna abansi muri Mali yaraye yiciwe mu bitero

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana, Gisèle Berwa na Samba Cyuzuzo

  1. Umwalimu wakoze igitero kuri hoteli yarimo Trump n’abanyamakuru yatangajwe umwirondoro

    Tomas Allen

    Ahavuye isanamu, @REALDONALD TRUMP / TRUTHSOCIAL

    Umugabo watawe muri yombi nyuma yo kurasa muri hotel aho abanyamakuru bakorana n’ibiro bya perezida wa Amerika bari bateraniye basangira na Donald Trump ku wa gatandatu nijoro yatangajwe ko ari umwalimu witwa Cole Tomas Allen.

    Uyu mugabo w'imyaka 31 yigisha mu ishuri ryisumbuye, aba gace ka Torrance mu mujyi wa Los Angeles muri leta ya California, nk'uko abategetsi babivuze.

    Umushinjacyaha mukuru Todd Blanche yabwiye ikinyamakuru NBC News gikorana na BBC muri Amerika ko Allen yabwiye abakoze iperereza ry’ibanze ko yashakaga kurasa abategetsi bari bari muri kiriya gikorwa, “byashoboka” na Perezida Trump.

    Blanche yavuze ko uyu ukekwa bakeka ko yavuye i Los Angeles na gariyamoshi ikamugeza i Chicago, maze akavayo agana i Washington DC gusoza umugambi we.

    Yari acumbitse muri Washington Hilton hotel yaberaga kiriya gikorwa cya Trump n’abanyamakuru, ko yakoze igitero cye afite “imbunda ntoya, imbunda yo mu ntoki, n’ibyuma byinshi”.

    Igipolisi cyavuze ko “kugeza ubu bisa n’aho yakoraga wenyine”.

    Mu Ukuboza(12) 2024, Allen yatowe nk’umwalimu w'ukwezi warushije abandi ku kigo cy’ishuri ryisumbuye yigishaho, nk’uko cyabigaragaje ku rubuga rwa Facebook.

    Biteganyijwe ko kuri uyu wa mbere agezwa imbere y’urukiko rw’i Washington DC aregwa ibyaha birimo kurashisha imbunda agamije kwica.

    Izindi nkuru wasoma:

  2. Umushikiranganji wo kwivuna abansi muri Mali yaraye yiciwe mu bitero

    Camara (ibubamfu), ari kumwe n'abashikiranganji b'imigenderanire b'Uburusiya na Mali, bivugwa ko yapfiriye mu gitero c'umwiyahuzi caturikiye mu hira

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Camara (ibubamfu), ari kumwe n'abashikiranganji b'imigenderanire b'Uburusiya na Mali, bivugwa ko yapfiriye mu gitero c'umwiyahuzi caturikiye mu hira

    Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Mali, Sadio Camara, yapfuye inyuma y'igisasu c'umwiyahuzi caturikiye ku nzu yiwe hafi y’umurwa mukuru Bamako, mu gihe hari ibitero vyinshi mu gihugu cose.

    Televiziyo y'igihugu yavuze ko Camara yakomeretse igihe yariko ararwanya abamuteye, hanyuma aza gupfira mu bitaro. Ico gitero, bivugwa ko cakozwe n'abagwanyi bafitaniye isano n’umurwi w’intagondwa Jama'at Nusrat al-Islam wal-Muslimin, Kandi ico gitero cahitanye n’abamwe mu bagize umuryango wiwe,gihitana ibintu vyinshi, harimwo n'umusigiti uri hafi yaho yaba.

    Ivyo bitero bibaye mu gihe Mali ihanganye n'ubwicanyi bukomeje kwiyongera hagati y'imigwi y'aba “jihadistes” hamwe n’abarwanyi bipfuza ukwikukira. Inrwano imaze kuvugwa mu turere twinshi, harimwo Kati, Gao na Kidal. Hagati aho, umuhari witwa Azawad Liberation Front uvuga ko uvuga ko wigaruriye ibice vyo mu buraruko, n'aho igisirikare kitaravyemeza.

    Umutekano wongerejwe mu gihugu cose, abategetsi bavuga ko bazokwishura bimwe bikomeye. Umukuru w’igihugu w’imfatakibanza Assimi Goïta na we yaciye ajanwa ahantu hatekanye inyuma y’uko inzu yiwe nayo nyene igeragejwe guterwa

    Ku rwego mpuzamakungu, António Guterres hamwe na CEDEAO biyamirije ubwo bugizi bwa nabi.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.