Ibiciro vy'igitoro vyaduze inyuma y'aho Iran irashe misire kuri Israel

Ahavuye isanamu, Anadolu via Getty Images
Ibiciro vy'igitoro vyaduze mu gitondo co kuri uwu wa mbere muri Aziya, inyuma y'aho Iran igavye ibitero vya misire kuri Israel ku ncuro ya mbere kuva habaye agahengwe kagoyagoya kari kumvikanyweko hagati y'ivyo bihugu bibiri hamwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika muri Ndamukiza (4) uyu mwaka.
Igiciro c'igitoro co ku rwego mfatirwako kw’isi c'ubwoko bwa Brent, caduze ku rugero rwa 2,6%, gishika ku madorari 95,50 ya Amerika, ku kagunguru kamwe.
Igitoro gicuruzwa muri Amerika caduze ku rugero rwa 2,5%, gishika ku madorari 92,75 ku kagunguru.
Kuva agahengwe kumvikanyweko mu kwezi kwa kane, ibiciro vy'amasoko ntanganguvu – harimwo ibitoro na gaz – vyagiye biduga cane vyongera bimanuka.
Mu ndwi iheze, ibiciro vyagumye bizunguruka hafi y'amadorari 95 ku kagunguru, mu gihe abadandaza bariko baragerageza gupima ingaruka z'igihe kirekire iyo ntambara ishobora kugira kw’itembera n’ihanahanwa ry’amasoko ntanganguvu kw’isi yose.
Iyi ntambara yatanguye kw'itariki ya 28 Ruhuhuma (2), igihe Amerika na Israel vyagaba ibitero kuri Iran.
Izindi nkuru wosoma:




