‘Itumwako ry’uwuserukira Uburundi mu Bufaransa ntaho rihuriye n’uko yahuye na Mushikiwabo wa OIF’

Umushikiranganji Edouard Bizimana avuga ko itumwako rya Spès-Caritas Njebarikanuye ataho rihuriye no kuba yaragaragaye ari kumwe n’umukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu bikoresha ururimi rw’igifaransa OIF, Umunyarwandakazi Louise Mushikiwabo.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana , Didier Bikorimana, Gildas Yihundimpundu na Samba Cyuzuzo

  1. Aha niho dusoreje aya makuru y'ibiriraho y'uyu munsi, mwakoze kubana natwe, ni ah'ejo.

  2. Videwo: Reba ibishashi by’ibyishimo bimurikira katedrali y’igitangaza ya Sagrada Família i Barcelona mu gihe cy’uruzinduko rwa Papa

    Insiguro ya video, Reba ibishashi by’ibyishimo bimurikira katedrali y’igitangaza ya Sagrada Família i Barcelona mu gihe cy’uruzinduko rwa Papa.

    Papa Leo XIV yavuze ko inyubako y’igitangaza ya Sagrada Família yo muri Barcelona ari igihangano cyihariye cyubakiye ku “mabuye, amabara n’urumuri”, ubwo yatangizaga ku mugaragaro umunara wayo mushya kandi muremure kurusha iyindi yose.

    Uyu Munara wa Yesu Kristo, warangiye kubakwa muri Gashyantare, watumye uburebure bwa Sagrada Família bugera kuri metero 172.5, ibi bikaba ari byo bituma iba urusengero rurerure kurusha izindi zose ku isi.

    Uruzinduko rwa Papa muri iyi nyubako rwabaye hashize imyaka 100 umwubatsi wayo w’ikirangirire, Antoni Gaudí, apfuye.

    Mu bitabiriye uwo muhango harimo umwami Felipe VI w'aba espanyori n’umugore we Umwamikazi Letizia, hamwe na Minisitiri w’Intebe wa Espagne Pedro Sánchez.

  3. Omar Artan: Wa musifuzi wo muri Somalia wirukanwe na Amerika yahawe gusifura ‘finale’ ya UEFA Super Cup

    Omar Artan

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Omar Artan umwaka ushize yahawe igihembo cy'umusifuzi w'umugabo witwaye neza kurusha abandi muri Afurika

    Impuzamashyirahamwe y’umupira w’amaguru i Burayi, UEFA, yatangaje ko nyuma yo kumvikana na ngenzi yayo yo muri Afurika, CAF, yagennye umusifuzi wo muri Somalia Omar Artan kuzasifura umukino wa nyuma w’igikombe cya UEFA Super Cup.

    Uwo mukino uzaba tariki 12 Kanama(8) uyu mwaka uhuze ikipe ya Paris Saint-Germain yatwaye UEFA Champions League na Aston Villa yatwaye UEFA Europa League, amarushanwa y’amakipe akomeye y’i Burayi.

    Uwo mukino wa nyuma wa UEFA Super Cup uzaba usifuwe bwa mbere n’umusifuzi w’umunyafurika, uzabera i Salzburg muri Autriche.

    Omar Artan w’imyaka 34, amaze kwigaragaza nk’umusifuzi ukomeye kuva yajya ku rutonde rw’abasifuzi bemewe na FIFA mu 2018 kandi mu 2025 yahawe igihembo cy’umusifuzi mwiza kurusha abandi muri Afurika mu bagabo.

    Yagarutsweho cyane muri iki cyumweru ubwo yageraga muri Amerika aho yari ku rutonde rw’abazasifura imikino y’igikombe cy’isi, maze abategetsi b’icyo gihugu, nyuma yo kumuhata ibibazo mu gihe cy’amasaha 10, bahita bamusubiza mu ndege yamugejeje i Istanbul muri Turkiya.

    Omar Artan yakiriwe nk'intwari mu gihugu cye ubwo yari ahageze ku wa gatatu nyuma yo kwirukanwa na Amerika

    Ahavuye isanamu, gett

    Insiguro y'isanamu, Omar Artan yakiriwe nk'intwari mu gihugu cye ubwo yari ahageze ku wa gatatu nyuma yo kwirukanwa na Amerika

    Leta ya Amerika yavuze ko yasanze Omar Artan ateje umutekano mucye iki gihugu, ibyo Somalia yamaganye nyuma y’uko ageze mu gihugu cye akakirwa nk’intwari.

    UEFA isubiramo amagambo ya Patrick Motsepe ukuriye CAF avuga ko ashimira iryo shyirahamwe ry’i Burayi ryahaye Omar Artan amahirwe yo gusifura ‘finale’ y’irushanwa rya UEFA Super Cup y’uyu mwaka.

    Motsepe yagize ati: “Iri ni ishema rikomeye kuri Omar Artan no ku basifuzi ba Afurika kandi ni urugero rwiza rw’uko umupira w’amaguru uhuza abantu bo muri Afurika, ab’i Burayi no kw’isi yose”.

  4. Trump yavuze ko Amerika iza gutera Iran “igitero gikomeye cane iri joro”

    Perezida Donald trump

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Donald Trump yavuze ko Amerika iza gutera Iran “igitero gikomeye cane iri joro” mu butumwa bushasha yashize ku rubuga rwiwe rwa Truth Social.

    Yavuze ati:

    “Leta Zunze Ubumwe za Amerika ziraza gutera Iran (aho igisoda co mu mazi, igisoda co mu kirere, “radar”, uburyo bwo kwikingira ibitero vyo mu kirere n’ubundi buryo bwose bwo kwivuna abansi, hamwe n’igice kinini c’ubushobozi bwayo bwo gutera, vyose vyamaze gusamburwa !), IGITERO GIKOMEYE CANE IRI JORO.

    "Atari kera cane, tuzofata izinga rya Kharg hamwe n’ibindi bibanza bikorerwamwo ibitoro, maze tugenzure burundu isoko ryabo ry’igitoro na gaz, nk’uko twabigize muri Venezuela, kandi bikaba vyagenze neza cane ku nyungu za Venezuela na Leta Zunze Ubumwe za Amerika.”

    Kuva intambara itanguye, Trump yarateye ubwoba incuro nyinshi avuga ko ashaka gufata izinga rya Kharg, izinga ritoyi riri ku nkengera za Iran kandi ari kimwe mu bibanza bikuru cane vyifashishwa mu guhingura no kurungika ibitoro hanze y’igihugu.

    Izindi nkuru wosoma :

  5. ‘Itumwako ry’uwuserukira Uburundi mu Bufaransa ntaho rihuriye n’uko yahuye na Mushikiwabo w’u Rwanda’

    Ifoto yerekana Spès-Caritas Njebarikanuye mu maso, ariko araba muri camera, asa n'uwuriko aratwenga

    Ahavuye isanamu, Ambassade du Burundi en France

    Insiguro y'isanamu, Spès-Caritas Njebarikanuye yari amaze amezi atatu gusa atanguye amabanga yo guserukira Uburundi mu Bufaransa

    Umushikiranganji w’Uburundi ajejwe imigenderanire yavuze ko ivyo abantu bibaza kw’itumwako ry’uwahora aserukira ico gihugu mu Bufaransa atari ivyo.

    Mu kiganiro abagize reta y’Uburundi bose batanze bishura ibibazo vy’abamenyeshamakuru n’abanyagihugu ku bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu, Edouard Bizimana yamenyesheje ko ingingo yo gutumako Spès-Caritas Njebarikanuye ari iyisanzwe.

    Yavuze ko ataho ihuriye no kuba yaragaragaye ari kumwe n’umukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu bikoresha ururimi rw’igifaransa OIF, Umunyarwandakazi Louise Mushikiwabo.

    Uwuserukira Uburundi mu Bufaransa ari na we aba abuserukira muri OIF, yari ashiriye umukuru w’iryo shirahamwe amakete amugena muri ayo mabanga.

    Edouard Bizimana yagize ati: “Ngira abantu baciye bafatira kuri ivyo vy’uwuserukira OIF, ariko nta sano, ntaho bifatiye”.

    Mw’ikete yamwandikiye igenekerezo rya 3 Ruheshi (6), 2026, uwo mushikiranganji yasaba Ambassadeur Njebarikanuye kurenguka ku murwa mukuru w’Uburundi “buno nyene” kugira abwirwe “ikintu cihutirwa”.

    Bizimana ntiyasobanuye ico “kintu cihutirwa” ico ari co. Gusa yabandanije amenyesha ko abantu bashobora kwihenda vyoroshe kubera gufatira hafi ibintu “biboneka ningoga ku maso”.

    Mbere uwo mutegetsi yirinze kuvuga amajambo menshi, aho yavuze ati “iki gisata ca diplomasiya kiragoye kubera gikorera mu bintu bihambaye cane”.

    Urwanda n’Uburundi bimaze imyaka myinshi bitarabana ryiza kuva mu 2015. Imbibe z’ubutaka hagati y’ivyo bihugu zarongeye kwugarwa kuva mu 2024 ku ngingo y’Uburundi.

    Bwagiriza Urwanda guha indaro abagizi ba nabi b’abarundi barimwo abakekwa kugerageza gutembagaza ubutegetsi mu 2015.

    Izindi nkuru wosoma:

  6. Saudi Arabia: Abandi banya Ethiopia bane bishwe mu gihe abandi bakatiwe urwo gupfa nabo bategereje

    Saudi Arabia ubusanzwe itanga igihano cy'urupfu mu gucibwa umutwe hakoreshejwe inkota

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Saudi Arabia ubusanzwe itanga igihano cy'urupfu mu gucibwa umutwe hakoreshejwe inkota

    Abategetsi muri Arabie Saoudite bishe abandi banya-Ethiopia bane kuwa mbere n’ejo hashize ku wa gatatu, bituma umubare w’abaturage ba Ethiopia bamaze guhabwa urwo gupfa mu mezi ya vuba muri icyo gihugu ugera kuri barindwi, nk’uko amasoko y’amakuru ya BBC abyemeza.

    Arabia Sawudite ahanini ishyira mu ngiro igihano cy’urupfu mu gucibwa umutwe hakoreshejwe inkota, nk’uburyo buri mu mategeko ya sharia. Nubwo kwicwa barashwe urufaya ari uburyo bwagiye bukoreshwa inshuro nkeya.

    Ikigo Human Rights Watch cyaburiye ko nibura abimukira b’abanya-Ethiopia 65 babetegereje kwicwa nyuma y'ibyaha bigendanye n’ibiyobyabwenge.

    Icyo kigo kivuga ko hari batatu bishwe tariki 21 Mata(4) mbere y’uko abategetsi ba Saudi Arabia bahagarika gato gushyira mu ngiro icyo gihano.

    Ibinyamakuru muri icyo gihugu bivuga ko abanya-Ethiopia barenga 200 bafungiye muri gereza ya Khamis Mushait bategereje ishyirwa mu ngiro ry’igihano cyo gupfa bakatiwe, nubwo uwo mubare utagenzuwe mu buryo bwigenga.

    Abo bimukira bakatiwe urwo gupfa bashinjwa gutwara ikiyobyabwenge cya Hashish kitemewe muri icyo gihugu.

    Nadia Hardman wo muri Human Rights Watch avuga ko umuhate w’abategetsi ba Saudi Arabia “wo kwica abimukira kubera ibyaha bitari iby’ubugome, ari uguhonyora gukomeye uburenganzira bwabo”.

    Imiryango mpuzamahanga itandukanye, abakuriye amadini, sosiyete sivile na za guverinoma basabye abategetsi ba Saudi Arabia kubabarira abafunze no kuberekura bagataha.

    Izindi nkuru wasoma:

  7. Abasare batatu b'Abahinde biciwe mu gitero cy'Amerika ku bwato bw'ibikomoka kuri peteroli

    Ifoto y'umukara n'umweru yafashwe n'icyogajuru igaragaza ubwato butwara ibikomoka kuri peteroli

    Ahavuye isanamu, CENTCOM

    Insiguro y'isanamu, CENTCOM yatangaje amashusho yavuze ko agaragaza icyo gitero ku cyumba cya moteri y'ubwo bwato

    Minisitiri wo mu Buhinde yavuze ko abasare batatu b’Abahinde bari batangajwe ko baburiwe irengero bishwe nyuma yuko ingabo z’Amerika zirashe ubwato mu Kigobe cya Oman.

    Ubwo bwato bwitwa MT Settebello, bufite ibendera rya Palau, bwagabweho igitero ku wa gatatu nyuma yuko ingabo z’Amerika zibushinje kudakurikiza “amabwiriza y’ingabo z’Amerika”. Muri ubwo bwato hari harimo abasare 24 b’abagabo, 21 muri bo bakaba batabawe.

    Mu butumwa yatangaje ku rubuga nkoranyambaga rwa X, Minisitiri w’ubwikorezi w’Ubuhinde, Sarbananda Sonowal, yavuze ko ibyabaye “birababaje cyane”, yongeraho ko imirambo y’abo bagabo batatu izasubizwa mu gihugu vuba.

    Nyuma y’icyo gitero, leta y’Ubuhinde yahamagaje uwungirije ambasaderi w’Amerika i Delhi.

    Ingabo z’Amerika zari zashinje ubwo bwato bwa Settebello kurenga ku izitira ryashyizweho n’Amerika bukabikora “bugerageza gutwara ibikomoka kuri peteroli bubikura muri Iran”.

    Mu butumwa byatangajeku rubuga rwa X, bimwe mu biro bikuru by’ingabo z’Amerika (CENTCOM) byavuze ko indege y’intambara yarashe “ibisasu bidahusha” mu cyumba cya moteri y’ubwato butwara ibikomoka kuri peteroli “nyuma yuko ababutwaye bakomeje kunanirwa” gukurikiza amabwiriza.

    Ubu ni ubwato bwa kabiri burimo abasare b’Abahinde bugabweho igitero n’Amerika muri iki cyumweru.

    Ku wa mbere, ingabo z’Amerika zarashe ubwato bwitwa The Marivex, na bwo bwari buriho ibendera rya Palau kandi butwara ibikomoka kuri peteroli ndetse bwari burimo abasare b’Abahinde, ubwo bwari bugeze mu Kigobe cya Oman, nyuma yuko bunaniwe gukurikiza amabwiriza y’Amerika, nkuko CENTCOM yabivuze.

    Abategetsi bo mu Buhinde bavuze ko abasare bose 24 bari baburimo batabawe n’ingabo za Oman.

    Izindi nkuru wasoma:

  8. Inkino z'igikombe c'isi zitezwe kubamwo ugutigira kwa mbere kunini mu mateka

    Ifoto y’ikimenyetso c’igikombe c’isi ca FIFA 2026, yanditsweko mu ndome zera. Irimwo igikombe c’umupira w’amaguru c’inzahabu gifise amabara y’icatsi kibisi ku ruhande rwo hepfo.

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Muri iri higanwa hazokinwa inkino zirenga 100 mu gihe iriheruka ryabereye muri Qatar hari hakinywe inkino 64

    Ihiganwa rya FIFA ry’inkino z’igikombe c’isi z’abagabo rigiye gutangura ryitezwe kubamwo ugutigira (betting) kwa mbere kunini kw’ibihe vyose, aho miriyaridi 50 z’amadolari zizoshirwa muri ico gisata ku rwego rw’isi.

    Nk’uko vyihwezwa n’isosiyete Macquarie ikorera mu gisata kijanye n’ivy’ubutunzi n’amafaranga, iryo higanwa rishobora gutuma abatigira babishiramwo miliyoni 500 z’amadolari ku rukino rumwe.

    Imiriyaridi 50 zitezwe muri rusangi, zoba ari ukwiyongera gukomeye cane ugereranije na miriyaridi 35 z’amadolari zari zashizwe mu bijanye no gutigira mu nkino z’igikombe c’isi zabereye muri Qatar mu 2022.

    Amashirahamwe akangurira abantu kwirinda ibijanye no gutigira kubera ingaruka zavyo, yibutsa ko abantu nka bose bakina ibijanye no gutigira bahomba amafaranga ku gihe kirekire.

    Ayo mashirahamwe agabisha ko abazotigira mu nkino z’igikombe c’isi z’uwu mwaka, bari mu kaga ko gukwegerwa mu nzira yo kugerageza ubundi buryo bwo gutigira bwinshi bushobora kubagirako ingaruka bukanabizizira gusumba.

    Umusesanguzi wa Macquarie, Chad Beynon, avuga ko uku kwiyongera gukomeye kw’amafaranga ashirwa mu bijanye no gutigira guterwa ahanini n’uko igitigiri c’imirwi izokina congerejwe. Cavuye ku mirwi 32 gishika kuri 48.

    Kubera iyo mvo, hazoba inkino zirenga 100 mu kiringo c’amayinga atandatu, mu gihe mw’ihiganwa riheruka ryabereye muri Qatar mu 2022 hari hakinywe inkino 64.

    Beynon yongerako ko ibiringo vyiza vy’amasaha vy’ibihugu bizokwakira iryo higanwa, ari vyo Amerika, Canada na Mexique, bizotuma abantu benshi barushiriza gukurikirana izo nkino.

    Ashimangira ko bizokwongereza n’inyota y’abatigira ku migabane ya Buraya, Afrika na Amerika y’Epfo.

    Ikindi gituma haba ukwo kuduga ni iyongerekana ry’isoko ryo gutigira muri Amerika, aho hafi 65% vy’abanyagihugu ubu bashobora gukina imikino yo gutigira, igitigiri ciyongereye kivuye kuri 40% mu 2022.

    Ivyo bisobanuye ko iri ari ryo higanwa rya mbere ry’igikombe c’isi igice kinini c’Abanyamerika bashobora gushiramwo amafaranga yo gutigira.

    Izindi nkuru wosoma:

  9. Umuhagarikizi yankiwe kwinjira muri Amerika yari afitaniye isano n''imigwi y'iterabwoba' – Umutegetsi wo muri Amerika

    Omar Artan akikujwe n'abantu benshi

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Artan avuga ko muri Amerika yabajijwe kw'isano yoba afitaniye n’umugwi al-Shabab wo Somalia, akaba yishuye ko ata na kimwe awuziko

    Umutegetsi wo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko umuhagarikizi w’umunya Somalia, Omar Artan, yankiwe kwinjira muri ico gihugu kubera afitaniye “isano n’abikekwa ko bari mu mirwi y’iterabwoba”.

    Artan w’imyaka 34 - yatowe nk’umuhagarikizi mwiza ku mugabane wa Afrika mu 2025 - yari agiye kuba umunya Somalia wa mbere ahagararira inkino z’igice ca nyuma mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi.

    Ariko, ku wa mbere yarankiwe kwinjira muri Amerika ageze ku kibuga c’indege mpuzamakungu ca Miami, n’ubwo yari afise pasiporo y’aba ‘dipolomate’ hamwe na viza imwemerera kwinjira muri ico gihugu rimwe gusa.

    Somalia iri ku rutonde rw’ibihugu 12 vyafatiwe ingingo na Perezida Donald Trump yo kwankirwa canke kugabanirizwa kwinjira muri Amerika.

    Artan yashitse muri Somalia ku wa gatatu.

    Isoko butegetsi bwa Trump ryagize riti: “Uyu muntu yariko arasaba kwemererwa kwinjira muri Amerika. Mw’igenzura ryimbitse ryagizwe n’urwego CBP [rujejwe gukingira imipaka no gusuzuma abinjira], hatowe amakuru nyandagazi amwerekeye, harimwo ko afitaniye isano n’abikekwa ko bari mu mirwi y’iterabwoba. Ivyo vyatumye atemererwa kwinjira muri Amerika hisunzwe itegeko rigenga ivy’abimukira n’ubwenegihugu (INA).

    “Uwo muntu yarankiwe kwinjira yongera ahabwa impapuro zerekana ingingo z’amategeko zisunzwe kugira yirukanwe vyihuse, hakurikijwe igice ca 8235 c’itegeko INA.

    “Ubutegetsi bwa Perezida Trump ntibuzokwigera bureka umuntu uwo ari we wese ashobora guteza akaga ku mutekano kwinjira mu gihugu cacu - akaburungu.”

    BBC Sport yaragerageje kurondera Artan kugira agire ico ashikirije ku vyo yagirizwa.

    Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru New York Times – co muri Amerika – ku wa kabiri, Artan yavuze ko yabajijwe n’abajejwe umutekano wo ku mipaka ku bijanye n’isano yoba afitaniye n’umugwi w’iterabwoba al-Shabab wo Somalia, nawe akaba yabishuye ko ata na kimwe azi kuri wo.

    Izindi nkuru wosoma:

  10. Trump avuga ko akunda 'izamuka ry'ibiciro' mu gihe ibiciro muri Amerika byazamutse byihuse cyane

    Perezida w'Amerika Donald Trump arimo kuvuga areba muri 'camera'. Yambaye ikositimu y'ubururu bwijimye, ishati y'umweru, na karuvati y'ubururu. Inyuma ye hahagaze abantu babiri batagaragara neza.

    Ahavuye isanamu, EPA

    Perezida Donald Trump yavuze ko akunda “izamuka ry’ibiciro”, mu gihe mu kwezi gushize ibiciro byo muri Amerika byazamutse ku kigero cya mbere cyihuse cyane kibayeho mu myaka itatu ishize.

    Imibare y’ibiro bishinzwe ibarurishamibare ryo mu rwego rw’umurimo (BLS) igaragaza ko ibiciro byazamutse ku kigero cya 4.2% muri Gicurasi (5) ugereranyije no mu mwaka ushize.

    Uko kwiyongera, kwavuye kuri 3.8% muri Mata (4), kwatewe n’izamuka ry’ibiciro by’ingufu z’amashanyarazi nyuma y’intambara y’Amerika na Israel muri Iran.

    Ubwo yari ari mu biro bye bya White House, Trump yagize ati: “Ndarikunda. Imibare yari imeze neza cyane. Murabizi icyo nkunda rwose? Nkunda izamuka ry’ibiciro.”

    Ariko yasezeranyije ko ibiciro birimo kuzamuka “bizamanuka nk’urutare” ubwo intambara na Iran izaba irangiye. Nyuma yaho ku wa gatatu, ingabo z’Amerika zarashe muri Iran.

    Ubwo ku wa gatatu yavugaga kuri iyo mibare y’izamuka ry’ibiciro, Perezida Trump yavuze ko ingabo z’Amerika zakoze ibikorwa bya gisirikare (operations) bya nijoro byo gutwara “utugunguru tubarirwa muri za miliyoni” tw’ibikomoka kuri peteroli bivuye muri Iran. Yavuze ko ibyo byagize uruhare mu igabanuka rito ry’ibiciro by’ibikomoka kuri peteroli.

    Yabwiye abanyamakuru bari bari muri White House ati: “Ubwo iyi ntambara izaba irangiye... muzabona ibiciro by’ibikomoka kuri peteroli bigabanuka bigasubira aho byahoze mbere.”

    Igiciro fatizo mpuzamahanga cy’ibikomoka kuri peteroli, Brent crude, kiracyari hejuru cyane kurusha ibipimo cyari kiriho mbere y’intambara.

    Izindi nkuru wasoma:

  11. Tehran yateye ibirindiro vya Amerika mu Kigobe inyuma y'aho ingabo za Amerika zigavye ibitero bishasha kuri Iran

    Ubwato bw’intambara bwa Amerika, USS Michael Murphy (DDG 112), igihe bwarasa misire zo mu bwoko bwa Tomahawk zituruka ahantu hatatomowe, mu bitero bishasha vyo mw’ijoro ku bibanza bitandukanye muri Iran

    Ahavuye isanamu, US Central command

    Insiguro y'isanamu, Ubwato bw’intambara bwa Amerika igihe bwarasa misire zo mu bwoko bwa Tomahawk, mu bitero bishasha vyo mw’ijoro, ku bibanza bitandukanye muri Iran

    Iran yateye ibirindiro vya gisirikare vya Reta Zunze Ubumwe za Amerika biherereye mu Kigobe, mu kwihora ku bitero bishasha vya Amerika vyagabwe inyuma y'uko Perezida Donald Trump avuze ko ashobora gukubita “bikomeye” ico gihugu.

    Bumwe mu buyobozi bukuru bw’ingabo za Amerika buzwi nka CENTCOM bwatangaje ko bwarangije umusi wa kabiri wikurikiranije w’ “ibitero vyo kwivuna”, bikaba vyagabwe mw’ijoro inyuma y'uko Trump avuze ko Tehran “yatevye cane gushika ku masezerano” yo kurangiza intambara.

    Mu kwishura, Iran yavuze ko yateye ibirindiro vya gisirikare vya Amerika biri muri Bahreïn (Bahrain) na Koweït (Kuwait), ari na vyo nyene yari yatumberejeko ibitero vyo kwihora umusi umwe imbere y’aha.

    Uku kubandanya kw’ibitero vy’ingere ku yindi kwibonekeza muri iyi misi, gushira mu kaga agahengwe impande zompi zari zumvikanyeko muri Ndamukiza (4) uyu mwaka.

    Inyuma y’igitero caheruka ca Amerika, humvikanye uguturika mu bisagara vyo mu bumanuko bwa Iran, hafi y’umuhora wa Hormuz, aho ingabo za Amerika zatumbereje kandi ibitero ku buhinga bwo kwirinda ibitero vyo mu kirere harimwo ama ‘radar’ n’ibindi bikorwa remezo.

    Muri uku gusubira gukara kw’ibitero hagati y’ibi bihugu bibiri, ishami rya gisirikare rijejwe gukingira ubutegetsi bwa kiislam (IRGC) ryavuze ko ryarashe amato abiri manini atwara igitoro yariko aca mu muhora wa Hormuz.

    Ibi vyatangajwe n’ibinyamakuru vya reta ya Iran, n’ubwo ata yandi masoko yashotse avyemeza.

    Ivyo vyabaye inyuma y'uko ibinyamakuru vya reta ya Iran bivuze ko umuhora wa Hormuz “wugawe burundu ku bwoko bwose bw’amato”. Ariko CENTCOM yo yemeje ko “amato y’ubudandaji abandanya kurengana, yaba ayinjira canke ayasohoka, mu muhora wa Hormuz”.

    Izindi nkuru wosoma:

  12. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'ikibiriraho.