Abakinyi bashasha 20 bo gukurikirana mu gikombe c'Isi ca 2026

Ahavuye isanamu, BBC Sport
- Umwanditsi, Chris Bevan
- Igikorwa, BBC Sport journalist
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 19
Mushobora kuba musanzwe muzi abakinyi b'ibihangange bashobora kuzokayangana mu gikombe c'Isi ca FIFA 2026, ariko tuvuge iki ku murwi mushasha w'abafise impano ziriko ziraduga?
Ku ncuro ya mbere muri kahise, abakinyi 1.248 ni bo bashobora kwitabira iri higanwa rizobera muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Canada na Mexique. Naho ata bakinyi benshi batazwi na gato bahari, 891 muri bo bazoba bitabiriye Igikombe c'Isi ku ncuro yabo ya mbere, harimwo n'abafise amazina ataramenyekana cane bashaka kwiyerekana ku rwego mpuzamakungu.
Abamenyeshamakuru ba BBC Sport bavuga inkuru z'Igikombe c'Isi baratoye abakinyi 20 badakina mw'ihiganwa ry'Ubwongereza (Premier League) canke iyo muri Ecosse (Scottish Premiership), bakaba ari abakinyi bakwiye gukurikiranwa muri iri higanwa ryo muri iri ci.
1. Yan Diomande (Côte d'Ivoire)
Imyaka: 19
Aho akina: Ku ruhande rw'ubusatirizi
Umurwi akiniramwo: RB Leipzig

Ahavuye isanamu, Getty Images
Steve Wilson: Umwe mu bakinyi bazorwanirwa cane n'imirwi myinshi muri iri ci ni uyu musore akina ku ruhande rw'ubusatirizi wa RB Leipzig, naho umurwi wiwe wo mu Budagi udashaka na gato kumurekura.
Diomande yatowe nk'umukinyi mushasha mwiza w'umwaka muri Bundesliga, inyuma yo kuja muri RB Leipzig avuye mu murwi wa Leganés wo muri Espagne muri Mukakaro (7) 2025 ku mafaranga angana na miliyoni 20 z'ama euro gusa. Yaciye akora birashimwa, agira uruhara mu bitsindo 21 (yinjije 12 atanga imipira 9) mu nkino 33 z'ihiganwa , ivyo bikaba vyafashije Leipzig kwinjira mu mahiganwa y'imirwi yabaye iya mbere iwabo (UEFA Champions League).
Diomande yamaze imyaka itatu aba muri Florida, muri Amerika, inyuma yo kwimukirayo afise imyaka 15. Ni co gituma bishoboka ko azokwumva ameze nk'uwuri muhira muri izi ndwi z'ihiganwa.
Naho atakinye inkino za kivandimwe za Côte d'Ivoire yakinye na Koreya y'Epfo hamwe na Ecosse muri Ntwarante (3) kubera imvune yo ku rutugu, yaratanguye mu murwi wakinye kandi utsinda mu buryo butangaje Ubufaransa mu rukino rwo kwitegurira Igikombe c'Isi rw'indwi iheze. Bisa n'aho azoguma afise ikibanza ciwe mu murwi igihe ihiganwa rizoba ritanguye.
2. Gilberto Mora (Mexique)
Imyaka: 17
Aho akina: Hagati mu kibuga (Midfielder)
Umurwi akiniramwo: Club Tijuana

Ahavuye isanamu, Getty Images
John Murray, Umumenyeshamakuru w'umupira w'amaguru wa Radio 5 ati : Umukinyi muto kurusha abandi bose muri iki Gikombe c'Isi ni uyu mukinyi wo hagati mu kibuga afise imyaka 17, akina afasha abasatirizi. Mu gikombe ca Gold Cup co mu ci riheze, yaravuzwe cane nk'umwana w'igitangaza, aho yaciye aba umukinyi muto kurusha abandi bose bamaze gukinira umugwi nserukiragihugu wa Mexique, afise imyaka 16 gusa.
Si ivyo gusa. Umumenyereza Javier Aguirre yaciye anamwizera mu kumushira mu murwi watanguye urukino rwa nyuma, aho Mexique yatsinze Amerika yamenyerezwa na Mauricio Pochettino ibitsindo 2-1 i Houston.
Steve Wilson: Uyu mukinyi ariko aratangaza benshi muri Mexique ni we mukinyi muto kurusha abandi bose yigeze gutsindira mw'ihiganwa rya Liga MX. Yatsinze igitsindo ciwe ca mbere akinira Tijuana muri Myandagaro (8) 2024, igihe yari afise imyaka 15 gusa.
Ni umwe mu bakinyi benshi Abanyamexique bizeye ko bazobafasha gushika kure muri iki gikombe c'Isi, igihe bazoba batanguye ihiganwa bakina na Afrika y'Epfo ku kibuga ca Azteca. Ariko ivyo bizovana n'uko azoronka ikibanza co gutangura mu murwi umenyerezwa na Aguirre.
Ingingo yafashwe n'umukinyi Álvaro Fidalgo, yavukiye muri Espagne, yo kwemera gukinira Mexique muri Ruhuhuma aho kurindira gutumirwa n'umurwi w'igihugu wa Espagne — ikintu kitari citezwe cane — ishobora gutuma Mora adatangura ihiganwa ari mu bakinyi 11 babanza mu kibuga, ahubwo agatangurira ku ntebe y'abasubirizi.
3. Johan Manzambi (Suisse)
Imyaka: 20
Aho akina: Hagati mu kibuga
Umurwi akiniramwo: SC Freiburg

Ahavuye isanamu, Getty Images
Steve Bower: Ubuswise buramenyereye gushika mu mahiganwa akomeye kandi bugaha akaryo abakinyi bakiri bato ko kwigaragaza. Mu mahiganwa aheze, hari nka Breel Embolo hamwe na Dan Ndoye baronse akaryo ko kwerekana impano zabo. Ubu na ho hashobora kuba ari igihe ca Johan Manzambi.
Bamwe bamwe babonye ingene yagize uruhara runini mu rugendo rw'umurwi wa Freiburg washitse ku rukino rwa nyuma rwa Europa League.
Manzambi ashobora gukina mu bibanza bitandukanye hagati mu kibuga kandi aranakora neza mu gice c'abasatirizi. Azi gutwara umupira neza kandi abakunzi b'umupira bo mu Buswise bamufiseko icizere cinshi. Ndetse kizigenza w'umurwi nserukiragihugu wa Suisse, Granit Xhaka, yarigeze kumushimagiza mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru.
Vicki Sparks: Manzambi ni we mukinyi muto kurusha abandi bose bari mu murwi wa Suisse muri iki Gikombe c'Isi, kandi yaritwaye neza cane muri Freiburg muri uyu mwaka w'inkino. Nk'uko umumenyereza w'Ubuswise Murat Yakin yabivuze, "afise inyota idasanzwe yo gutsinda ibitsindo, ikintu ntakunze kubona ku bakinyi benshi."
Steve Wilson: Manzambi yatowe na UEFA nk'umukinyi mushasha w'umwaka muri Europa League, inyuma y'uko yafashije Freiburg gushika ku rukino rwa mbere rwa nyuma rw'iryo higanwa muri kahise kayo.
Ibitsindo indwi yatsinze avuye hagati mu kibuga mu mwaka uheze birimwo n'igitsindo c'akaroruhore yatsinze Braga muri kimwe ca kabiri gishira ica nyuma, igitsindo cahaye Freiburg ubwa mbere kuguma imbere muri iryo higanwa. Mu rugendo rwose rwa Europa League, yagerageje kwinjiza incuro 33 , igitigiri kiruta kuri 11 uwo umukinyi wese bakinana yashoboye gushikako.
Yavukiye kandi arakurira i Genève. Manzambi yakinishijwe na Murat Yakin hagati mu kibuga, nk'umukinnyi atera afise inomero 10, canke rimwe na rimwe ku ruhande rw'iburyo rw'ubusatirizi. Yatsinze igitsindo ciwe ca mbere mu mugwi nserukiragihugu wa Suisse mu ntsinzi y'ibitsindo 4-0 batsinze Leta Zunze Ubumwe za Amerika i Nashville mu mpeshi iheze.
Ian Dennis: Ni ikibazo c'igihe gusa imbere y'uko Manzambi atwarwa n'umurwi munini wo mu Budagi canke wo muri Premier League. Yarantangaje i Istanbul, aho nabonye ari we mukinyi mwiza wa Freiburg mu rukino batsinzwe na Aston Villa ku rukino rwa nyuma rwa Europa League.
Ashobora gukina nk'umukinyi atera hagati mu kibuga canke akagaruka inyuma gato. Yatanguye gukinira umugwi mukuru wa Suisse muri Ruheshi umwaka uheze, kandi kuva ico gihe amaze gukina mu nkino mpuzamakungu 11 zose igihugu ciwe cakinye. Mu vy'ukuri ni umwe mu bakinyi bakwiye gukurikiranwa neza muri iri higanwa.
4. Ricardo Pepi (Leta Zunze Ubumwe za Amerika)
Imyaka: 23
Aho akina: Umusatirizi
Umurwi akiniramwo: PSV Eindhoven

Ahavuye isanamu, Getty Images
Jonathan Pearce: Igitutu kizoba kinini cane ku mugwi wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika kuko uri mu bihugu vyakiriye iri higanwa ry'igikombe c'Isi. Benshi bazowitega ko urenga igice c'imirwi kandi ugashika kure mu mahiganwa. Jewe sinzi neza ko bazobishikako, ariko barafise inyenyeri ishobora kubafasha, ari yo Ricardo Pepi, umusatirizi wa PSV Eindhoven.
Mu mwaka w'inkino uheze, Pepi yatsinze ibitsindo 19, harimwo 6 yatsinze mu nkino zitanu ziheruka, ivyo bikaba vyafashije PSV gutwara igikombe ca shampiyona y'Ubuholande. Mu nkino mpuzamakungu, amaze gutsindira Amerika ibitsindo 13 mu nkino 35 yakinye.
Ariko hari ikintu gitangaje: hagati ya Munyonyo 2024 na Ndamukiza y'uyu mwaka, yakinye iminota 36 gusa mu mugwi nserukiragihugu wa Amerika.
Yagarutse mu bakinyi babanza mu kibuga mu rukino Amerika yatsinzemwo Sénégal mu mpera za Rusama(5), aho yatanze umupira wavuyemwo igitsindo mu ntsinzi y'ibitsindo 3-2 mu rukino rwa gicuti. Yarongeye kandi gukina nk'umusubirizi mu rukino rwabahuje n'Ubudagi mu ndwi iheze.
Amerika irakeneye umuntu yoshobora kuyitsindira ibitsindo, kandi Ricardo Pepi ashobora kuba umwe mu bakinyi bokongeza icizere c'abakunzi b'umupira bo muri ico gihugu muri iri higanwa ry'igikombe c'Isi.
5. Nico Paz (Argentine)
Imyaka: 21
Aho akina: Hagati mu kibuga
Umurwi akiniramwo: Como 1907

Ahavuye isanamu, Getty Images
Steve Bower: Nico Paz yarafashije cane umurwi wa Como gukora amateka adasanzwe mu Butaliyano mu mwaka w'inkino uheze, uwo murwi ukaba wari umenyerezwa na Cesc Fàbregas. No muri Argentine nyene, abantu benshi baramukunda.
Kubera ko akoresha ukuguru kw'ibubamfu kandi agakinira inomero 10, bamwe batanguye kumugereranya na Lionel Messi. Ariko jewe sinokwihutira kubivuga kuko akiri kure cane yo kumushikira. Ikibanza akunda gukinamwo ni inyuma gato y'umusatirizi, ariko arashobora no gukina ku ruhande rw'ibubamfu.
Aratsinda ibitsindo, agatanga imipira yavuyemwo ibitsindo kandi arafasha cane mu kugarukana umupira igihe umurwi wiwe wawutakaje. Muri uyu mwaka, yarateye imbere cane biciye ku nyigisho za Fàbregas.
N'ubu ari mu murwi nserukiragihugu wa Argentine, ariko uburyo umumenyereza Lionel Scaloni azomukoresha ntiburamenyekana. Ashobora kuza asubirira abandi canke agahabwa akaryo mu gihe haba uguhinduranya abakinyi. Ariko ico tuzi ni uko iyo aronse akaryo, akenshi aragakoresha neza.
Steve Wilson: Nico Paz ni umuhungu wa Pablo Paz, yahoze akinira umugwi nserukiragihugu wa Argentine kandi yari mu bagize umugwi wakinye Igikombe c'Isi co mu 1998. Ariko bitandukanye na se yari myugariro, Nico ni umukinyi akina ku ruhande canke hagati mu kibuga afasha abasatirizi (inomero 10).
Yigaragaje cane muri Como amenyerezwa na Fàbregas. Igihe Real Madrid yamugurisha muri 2024, yarerekanye ubwenge mu gushira mu masezerano ingingo iyemerera kuzomugarura mu murwi hagati ya 2024 na 2027.
Muri uyu mwaka w'inkino wa Serie A, Nico Paz ni we yakoze cane kurusha abandi mu guca ku bakinyi bahanganye afise umupira. Yagize uruhara mu bitsindo 21, atsinda 13 kandi atanga imipira 8 yavuyemwo ibitsindo.
Muri Ntwarante(3) kandi, yatsinze igitsindo ciwe ca mbere mu mugwi nserukiragihugu wa Argentine, mu rukino rwabahuza na Mauritanie, imwe mu migwi myinshi itandukanye Argentine yakinye na yo mu nkino za gicuti muri uyu mwaka.
6. Gessime Yassine (Maroc)
Imyaka: 20
Aho akina: Ku ruhande rw'iburyo rw'ubusatirizi
Umurwi akiniramwo: RC Strasbourg Alsace

Ahavuye isanamu, Getty Images
Liam McLeod: Umukinyi wa Maroc Gessime Yassine, benshi babona nk'uwoshobora gutangaza abantu muri iri higanwa, yari yaratanguye gukurikirwa na Barcelona imbere y'uko ava mu murwi wa Dunkerque wakina mu cicaro ca kabiri mu Bufaransa akaja muri Strasbourg. Uwo murwi watanze hafi miliyoni 7 z'ama euro kugira umwigarurire muri Nzero(1).
Yafashije igihugu ciwe gutwara Igikombe c'Isi c'abatarenza imyaka 20, kirongowe n'umumenyereza mushasha wa Maroke Mohammed Ouhabi, yasubiriye Walid Regragui inyuma y'uko atangaje benshi ava ku butozi bwa Maroc inyuma y'Igikombe ca Afrika (AFCON) co muri Nzero(1).
Kuva ico gihe, Gessime yarakinye mu nkino zose za gicuti Maroc yakinye. Yatanguye gukinira umugwi mukuru wa Maroc muri Ntwarante(3) mu rukino rwabahuza na Ecuador, aho ariko aragerageza kwironkera ikibanza mu murwi washitse muri kimwe ca kabiri gishira icanyuma co mu gikombe c'Isi co muri Qatar.
Ian Dennis: Inyuma yo kwigaragaza neza mu Gikombe c'Isi c'abatarenza imyaka 20 mu kwezi kw'icumi ko mu mwaka uheze, Yassine ubu yizeye guhabwa akaryo ko gukina ku rubuga runini kurusha izindi zose, ari rwo gikombe c'Isi.
Ni umukinyi akina ku ruhande rw'iburyo rw'ubusatirizi ariko akoresha cane ukuguru kw'ibubamfu. Afise ubuhinga budasanzwe bwo kugumana umupira hafi yiwe kandi akunda cane guca ku bakinyi batavuga rumwe na we.
Yassine yashize umukono ku masezerano y'imyaka ine n'igice muri Strasbourg mu kwezi kwa mbere, akaba ari ku rutonde rw'umugwi bakorana na Chelsea, ariko aramaze gukinira Barcelone. Ni umukinyi afise izina ryiza cane mu maso y'abahinga b'umupira w'amaguru.
7. Lucas Herrington (Australie)
Imyaka: 18
Aho akina: Myugariro wo hagati
Umurwi akiniramwo: Colorado Rapids

Ahavuye isanamu, EPA
John Murray: Uyu myugariro wo hagati akiri muto wo muri Australie nasabwe kumwihweza n'umugenzi wanje azi neza umupira w'amaguru wo muri ico gihugu.
Aturuka mu gisagara ca Brisbane, yimukiye muri Amerika mu kwezi kwa mbere ku mahera y'umugwi, kandi yakoze neza bihagije muri Major League Soccer kugira atsindire ikibanza mu mugwi w'igikombe c'isi muri Australia.
8. Kerim Alajbegovic (Bosnie-Herzégovine)
Imyaka: 18
Aho akina: Ku ruhande rw'ubusatirizi (Winger)
Umurwi akiniramwo: FC Red Bull Salzburg

Ahavuye isanamu, Getty Images
Vicki Sparks: Alajbegovic yaragize umwaka w'inkino mwiza cane muri Salzburg ku buryo umurwi yahozemwo wa Bayer Leverkusen wahisemwo gukoresha uburenganzira bwawo bwo kumusubiza mu murwi inyuma y'umwaka umwe gusa.
Naho akiri muto, yaramaze kwerekana ko ashobora kwihangana no kwitwara neza mu nkino zikomeye. Ni we yatsinze penaliti yahaye intsinzi Bosnie-Herzégovine mu rukino rwa kimwe ca Kabiri rwabahuza na Pays de Galles.
Yarongeye kandi gutsinda imwe muri penaliti mu ntsinzi Bosnie-Herzégovine yaronse kuri Italie mu rukino rwa nyuma rw'imirwi.
Uyu mukinyi yavukiye mu Budagi ariko akinira Bosnie-Herzégovine, benshi bamubona nk'inyenyeri nshasha y'umupira w'amaguru w'ico gihugu. Mu nkino mpuzamakungu, akenshi yakunze kuza asubirira abandi bakinnyi, harimwo n'izo nkino zibiri .
Ariko imbere y'uko Igikombe c'Isi gitangura, yaratanguye mu bakinyi 11 babanje mu kibuga mu nkino zibiri za gicuti igihugu ciwe cakinye.
9. Can Uzun (Turkey)
Imyaka: 20
Aho akina: Hagati mu kibuga
Umurwi akiniramwo: Eintracht Frankfurt

Ahavuye isanamu, Getty Images
Steve Wilson: Can Uzun ni umukinyi wo hagati mu kibuga afasha abasatirizi, yavukiye mu Budagi, kandi amaze imyaka ibiri anezereje abakunzi ba Eintracht Frankfurt kuva aho aviriye mu murwi wa Nürnberg.
Mu nkino zitanu za mbere za Bundesliga mu mwaka w'inkino uheze, yatsinze ibitsindo 5 kandi atanga imipira 3 yavuyemwo ibitsindo. Ariko rero, imvune z'imitsi yo ku kuguru zaramubujije gukomeza gukina nk'uko vyari vyitezwe mu gice kinini c'umwaka.
Mu murwi wiwe wa Frankfurt, Can Uzun ni umwe mu bakinyi bashinzwe gutegura no kurema uburyo bw'ibitsindo. Ariko mu mugwi nserukiragihugu wa Turukiya, ntararonka neza ikibanza gihoraho muri uwo mwanya.
Umumenyereza wa Turukiya Vincenzo Montella ashobora kumukoresha nk'umukinyi asubirira abandi igihe hoba habaye ikibazo kuri Orkun Kökçü canke Kenan Yıldız, basanzwe bafise ikibanza gikomeye muri uwo murwi.
10. Armando González (Mexique)
Imyaka: 23
Aho akina: Umusatirizi
Umurwi akiniramwo: C.D. Guadalajara

Ahavuye isanamu, Getty Images
John Murray: Armando González, yatsindiye Guadalajara ibitsindo 25 mu mwaka w'inkino uheze, yakiniye umugwi nserukiragihugu wa Mexique ku ncuro ya mbere muri Munyonyo(11) , hanyuma atsinda igitsindo ciwe ca mbere mpuzamakungu muri Ruhuhuma(11).
Abantu benshi bavuga ko afise uburyo bwo gukina busa n'ubwa Javier "Chicharito" Hernández, umwe mu basatirizi b'ibihangange ba Mexique. Nta nkeka ko hari vyinshi yigiye kuri uwo yahoze akinira Manchester United na West Ham, yagarutse muri Guadalajara kurangiriza yo urugendo rwiwe rw'umupira w'amaguru mu gihe González na we yari ariko arakura.
Jonathan Pearce: Icizere c'ibitsindo vya Mexique, kimwe mu bihugu vyakiriye iki gikombe c'Isi, kiracashingiye cane kuri Raúl Jiménez wa Fulham. Ariko kandi, ico gihugu kirafise umukinyi muto afise kazoza keza cane ari we Armando González.
Ibitsindo vyiwe muri Guadalajara mu rukino rwa kabiri rwa nyuma rwa Liga MX vyatumye aja mu mugwi nserukiragihugu wa Mexique.
Kugeza ubu, amaze gutsindira Mexique igitsindo kimwe gusa mu nkino ndwi za mbere yakinye, ico na co yagitsinze mu rukino rwabahuza na Iceland. Ariko benshi bemera ko agifise vyinshi cane vyo kwerekana.
Nimumwihweze neza, kuko ashobora kuba umwe mu bakinnyi bazinjira basubirira abandi maze bagahindura uko umukino uriko uragenda.
11. Ayyoub Bouaddi (Maroc)
Imyaka: 18
Aho akina: Hagati mu kibuga
Umurwi akiniramwo: Lille OSC

Ahavuye isanamu, Getty Images
Steve Bower: Narabonye Ayyoub Bouaddi akinira umugwi w'Ubufaransa w'abatarenza imyaka 21, ariko ntiyigeze ahamagarwa mu mugwi mukuru w'Ubufaransa. Mu kwezi guheze ni ho yatangaje ko yahisemwo gukinira Maroc.
Nzi neza ko muri Maroc bashimiye cane iyo ngingo, kandi bayibona nk'intsinzi ikomeye. Ku bavyumva, ni nk'aho ironse umukinyi mushasha itarinze kumugura. Yakinye ubwa mbere mu mugwi nserukiragihugu wa Maroc mu nkino zo kwitegurira Igikombe c'Isi, ariko akiri mushasha ku rwego rwo hejuru rw'umupira mpuzamakungu.
Bouaddi yatanguye gukinira umurwi mukuru wa Lille mu mahiganwa ya Conference League haciye iminsi itatu gusa agize imyaka 16. Kuva ico gihe, amaze no gukina mu mahiganwa ya Champions League na Europa League, bivuga ko naho akiri muto asanzwe afise uburambe n'ukwiyumvira nk'umukinyi akuze.
Akina hagati mu kibuga mu gice co kwivuna abansi no gufasha ba myugariro. Akenshi akina nk'umukinnyi inomero 6 asubira inyuma gato hagati mu kibuga. Nibaza ko azotanga umusaruro munini muri ico kibanza kandi agafasha Maroc kugenzura no gutunganya neza urukino rwayo.
12. Houssem Aouar (Algerie)
Imyaka: 27
Aho akina: Hagati mu kibuga
Umurwi akiniramwo: Al-Ittihad Club

Ahavuye isanamu, Getty Images
Jonathan Pearce: Nibaza ko Algerie ishobora kuduha umunezero n'ibitangaro Maroke yaduhaye imyaka ine iheze. Ni co gituma natoye abakinyi batatu b'Abanya algerie bakwiye gukurikiranwa muri iki gikombe c'Isi.
Uwa mbere muri bo ni Houssem Aouar, uwo maze imyaka myinshi nihweza kuva agitangura gukina akiri umuyabaga mu murwi wa Lyon.
Aouar ni umukinyi afise ingabirano idasanzwe hagati mu kibuga, ashoboye kurema umukino no gutanga imipira myiza. Muri uyu mwaka w'inkino, yatsinze ibitsindo 15 akinira Al-Ittihad muri shampiyona ya Arabie Saoudite.
Yarasubiye kwerekana urwego rwiza rw'umupira rwatumye, mu myaka iheze, aba umwe mu bakinyi b'i Buraya bifuzwa cane n'imigwi ikomeye. Ubu asa n'uwasubiye kwibuka umupira wiwe mwiza, kandi ashobora kuba umwe mu nkingi za mwamba za Algerie muri iri higanwa.
13. Alessandro Circati (Australie)
Imyaka: 22
Aho akina: Myugariro wo hagati
Umurwi akiniramwo: Parma Calcio 1913

Ahavuye isanamu, Getty Images
Vicki Sparks: Circati asanzwe ari mu mutima w'abakinyi ba Parma muri Serie A muri uyu mwaka, mu gihe yitegurira ihiganwa ryiwe rya mbere rikomeye.
Uwo yahoze ari umukinyi w'umupira w'amaguru w'Ubutaliyano, yimukiye muri Australia afise umwaka umwe, yabaye kapiteni wa Socceroos akiri muto kuva mu 1981 igihe yafata urukino rwabahuje na Nouvelle Zélande mu kwezi kw'icenda mu mwaka uheze.
14. Ali Jasim (Iraq)
Imyaka: 22
Aho akina: Ku ruhande rw'ibubamfu rw'ubusatirizi
Umurwi akiniramwo: Como 1907 (yatijwe muri Al-Najma SC mu mwaka w'inkino wa 2025-26)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Steve Wilson: Jasim ni we yatsinze ibitsindo vyinshi mu gikombe ca Aziya c'abatarenza imyaka 23 mu ntango z'umwaka wa 2024, bituma Como ifata ingingo yo gukinisha umukinyi yari amaze kuva mu gihugu ciwe c'amavuko ca Irak rimwe kubera amahirwe yo gukinira muri Turkiya.
Como yaravyihweje, ica amuha inguzanyo mu Buholande, mu nyuma aja muri Arabie Saoudite, aho bisa n'uko yagiranye amasezerano na Al-Najma.
Umumenyereza wo muri Australia, Graham Arnold, yamye amutora mu mezi 12 aheze, kandi Jasim ni umwe mu bashobora kurondera ijisho mu mugwi kubera akazi katoroshe ko guhura na Norvège, Ubufaransa na Senegal mu mugwi wa mbere.
15. Mohamed Amoura (Algerie)
Imyaka: 26
Aho akina: Umusatirizi canke ku ruhande rw'ubusatirizi
Umurwi akiniramwo: VfL Wolfsburg

Ahavuye isanamu, Getty Images
Jonathan Pearce: Umukinyi wa kabiri w'Umunyalgerie natoye ni Mohamed Amoura. Mu nkino zitandatu ziheruka zo kurondera itike yo kwitabira iki gikombe c'Isi, yatsinze ibitsindo 10, yerekana ko ari umwe mu bakinnyi b'ingenzi ba Algerie.
Naho umurwi wiwe wa Wolfsburg wamanutse mu cicaro co hasi muri uyu mwaka w'inkino, uko yitwara mu mugwi nserukiragihugu wa Algerie vyabaye vyiza kurusha uko vyari vyifashe ku ruhande rw'umurwi akiniramwo.
Muri iri Gikombe c'Isi, Amoura ni we bitegekanijwe ko azoba arongoye ubusatirizi bwa Fennecs (izina ry'umugwi nserukiragihugu wa Algerie). Arashobora kandi gukina ku ruhande rw'ibubamfu rw'ubusatirizi, ivyo bikamuha uburyo bwinshi bwo gufasha umugwi wiwe mu busatirizi.
16. Luis Suárez (Colombie)
Imyaka: 28
Aho akina: Umusatirizi
Umurwi akiniramwo: Sporting CP

Ahavuye isanamu, Getty Images
Liam McLeod: Naho adashobora kuvugwako cane nk'uwo basangiye izina wo muri Uruguay, Luis Suárez wa Colombie ariko arakora ibintu bidasanzwe muri Portugal. Mu mwaka wiwe wa mbere muri Sporting, yatsinze ibitsindo 38, igitigiri kidasanzwe catangaje benshi.
Yari afise akazi gakomeye ko gusubirira Viktor Gyökeres, yari ahejeje kuja muri Arsenal. Sporting yari yamugenye nk'umukinyi azoca mu birato vy'uwo Musuwede, kandi yarabishoboye neza.
Uretse ivyo bitsindo 38, Suárez yaratanze kandi imipira 9 yavuyemwo ibitsindo mu mwaka wiwe wa mbere muri uwo murwi.
Yashitse i Lisbonne avuye muri Almería, yakina mu cicaro ca kabiri muri Espagne. Ubu rero, yizeye gukoresha iki gikombe c'Isi kugira arushirize kwigaragaza no gutangaza abakunzi b'umupira bo kw'isi yose.
17. Brian Gutiérrez (Mexique)
Imyaka: 22
Aho akina: Hagati mu kibuga
Umurwi akiniramwo: C.D. Guadalajara

Ahavuye isanamu, Getty Images
Jonathan Pearce: Brian Gutiérrez yavukiye muri Illinois muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Mu 2025, yarakiniye Amerika incuro zibiri, imbere y'uko ahitamwo gukinira Mexique, igihugu c'amamuko y'abavyeyi biwe, muri Munyonyo (11) umwaka uheze.
Muri Nzero(1), yaravuye muri Chicago Fire aja muri Guadalajara, aho yafashije uwo murwi gushika muri kimwe ca kabiri gishira icanyuma muri shampiyona ya Liga MX.
Mu mwaka wa 2026, Gutiérrez yarakinye mu nkino indwi muri munani Mexique yakinye. Akina hagati mu kibuga afasha abasatirizi, kandi yagiye yerekana ubuhinga n'inguvu bitanga umuco mushasha mu mukino wa Mexique, cane cane mu buryo bwabo bwo gukina bwa 4-1-4-1.
Ndabonako ashobora kuba umwe mu bakinyi bazokwegereza abakunzi b'umupira bo muri Mexique ku ntebe zabo, akabatera umunezero n'icizere muri iki gikombe c'Isi kibereye iwabo.
18. Bazoumana Touré (Côte d'Ivoire)
Imyaka: 20
Aho akina: Ku ruhande rw'ibubamfu rw'ubusatirizi
Umurwi akiniramwo: TSG 1899 Hoffenheim

Ahavuye isanamu, Getty Images
Steve Wilson: Muri iki gikombe c'Isi kirimwo abakinyi benshi bageze mu myaka ya 30 canke mbere 40, birashimishije kubona Côte d'Ivoire ifise abakinyi bato kandi bafise impano nyinshi. Ntifise gusa Yan Diomande, ahubwo ifise na Bazoumana Touré.
Uyu mukinyi akina ku ruhande rw'ibubamfu rw'ubusatirizi yavuye mu murwi wa Hammarby wo muri Suède aja muri Hoffenheim mu kwezi kwa Nzero(1) 2025. Ntivyatevye, abakunzi b'umupira baca batangura gukoresha izina "Bazoumania" kubera ukuntu yatanguye kwitwara neza.
Mu nkino 30 za shampiyona yakinye muri uyu mwaka, Touré yatanze imipira 12 yavuyemwo ibitsindo ku mugwi wa Hoffenheim. Yarongeye atsinda ibitsindo bibiri mu nkino zitatu yakinye asubiriye abandi mu Gikombe ca Afurika (AFCON) co mu mwaka uheze.
Ivyo vyatumye benshi basaba umumenyereza wa Côte d'Ivoire Emerse Faé kumushira mu bakinyi 11 babanza mu kibuga.
Ariko ivyo si ibintu vyoroshe, kuko ibibanza vyo ku mpande z'ubusatirizi bisanzwe bifiswe na Yan Diomande hamwe na Amad Diallo, bamaze kwigarurira icizere c'umumenyereza.
19. Ibrahim Maza (Algerie)
Imyaka: 20
Aho akina: Hagati mu kibuga
Umurwi akiniramwo: Bayer 04 Leverkusen

Ahavuye isanamu, Getty Images
Jonathan Pearce: Uyu ni we mukinyi wa gatatu kandi wa nyuma w'Umunyalgerie natoye. Ibrahim Maza afise imyaka 20 gusa, ariko yaritwaye neza cane muri Bayer Leverkusen muri uyu mwaka w'inkino. Yarongeye atsindira Algerie ibitsindo bibiri mu Gikombe ca Afrika (AFCON) co mu ntango z'uyu mwaka.
Uyu musore yavukiye i Berlin mu Budagi afise ingabirano idasanzwe mu gusatira. Akina hagati mu kibuga afasha abasatirizi, ariko arashobora no gukina nk'umusatirizi. Kandi, n'ubwo amaze gukora vyinshi, benshi bemera ko agifise vyinshi cane vyo kwerekana.
Steve Bower: Narakurikiranye Maza muri uyu mwaka w'inkino akinira Bayer Leverkusen, kandi ndatahura igituma ariko arashimwa cane.
Ni umukinyi afise ubuhinga bwinshi bwo gukinisha umupira. Akunda kuronka umupira hagati y'ubwugarizi n'abakinyi bo hagati b'umugwi bahanganye, aho ashobora kurema uburyo buteye ubwoba.
Muri Algerie, bamwe bamaze gutangura kumugereranya na Riyad Mahrez, amaze imyaka myinshi ari umwe mu bakinyi bakomeye kandi bubashwe cane b'umugwi nserukiragihugu w'ico gihugu.
Maza amaze gukina incuro zirenga 40 muri Bayer Leverkusen muri uyu mwaka, kandi amaze no gukinira Algerie incuro 15. Ku myaka yiwe, ivyo vyerekana ko asanzwe afise uburambe bwinshi.
Niyaronka akaryo ko kwigaragaza muri iri Gikombe c'Isi, ashobora kurushiriza kwubaka izina ryiwe ku rwego mpuzamakungu, cane cane nimba Algerie yoshobora gukora neza muri iri higanwa.
20. Luka Vušković (Croatie)
Imyaka: 19
Aho akina: Myugariro wo hagati
Umurwi akiniramwo: Tottenham Hotspur F.C. (yatijwe muri Hamburger SV mu mwaka w'inkino wa 2025-26)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Steve Wilson: Mu myaka iheze, Tottenham Hotspur ntiyama ishimirwa cane ku ngingo zose ifata ku bijanye no kugura abakinyi. Ariko igihe yigarurira Luka Vušković avuye muri Hajduk Split mu mpeshi ya 2025, yari yabonye kure kurusha abandi.
Mu vy'ukuri, ayo masezerano yari yamaze kwumvikanwako amezi 18 imbere y'aho. Vušković, yatanguye gukinira umurwi mukuru wa Hajduk afise imyaka 16 gusa, yaciye aja gutizwa mu murwi wa Westerlo mu Bubiligi, aho yagize umwaka mwiza cane. Muri ico gihe nyene, yaraduga ningoga mu migwi y'urwaruka ya Croatie gushika no mu mugwi w'abatarenza imyaka 21.
Mu mwaka w'inkino uheze, yari yatijwe muri Hamburg, aho yigaragaje nk'umwe mu myugariro bo hagati bakomeye kandi bazi kwugara neza. Ariko si ivyo gusa; yaranatangaje benshi atsinda ibitsindo 6, ibintu bidasanzwe kuri myugariro.
Inyuma y'iki gikombe c'Isi, Vušković azosubira muri Tottenham afise icizere co kuronka ikibanza no gukina mu murwi wa mbere. Abenshi bamubona nk'umwe mu myugariro bakiri bato bafise kazoza keza cane muri ruhago y'i Buraya.











