Ubwongereza na EU bumvikanye ku masezerano y'imfatakibanza yo gukuraho inzitizi ku mfungurwa zatewe na Brexit

Ahavuye isanamu, Chris Ratcliffe/Bloomberg via Getty Images
Ubwongereza n’Umuryango w’Ubumwe bwa Buraya (EU) bumvikanye ku masezerano y’imfatakibanza ajanye no gukuraho amasuzumwa n’igenzurwa vyashizweho inyuma ya Brexit (ukwikura kw’Ubwongereza muri EU) ku bicuruzwa vy’ibifungurwa n’ivyimburwa bihanahanwa hagati y’impande zompi, imbere y’inama izohuza Ubwongereza na EU itegekanijwe mu mpera z’uku kwezi.
Nk’uko amakuru BBC ifise avyemeza, integuro y'ayo masezerano ari ku mpapuro 200 yitwa "SPS" (amasezerano ku ngingo zo gukingira amagara y’abantu, ibikoko n’ibiterwa, canke 'sanitary and phytosanitary' mu Congereza), yarungikiwe ibihugu bigize EU i Buruseli kugira biyihweze mu nama itegekanijwe ku wa gatatu.
Izindi nteguro z’amasezerano ku kugabanya imyuka ihumanya ikirere, hamwe n’umugambi wotuma urwaruka rushobora kuja gutembera no gukora mu bindi bihugu, na zo nyene zarungikiwe ivyo bihugu, ziherekejwe n’integuro y’itangazo rihuriweko ry’impapuro 15 rigenewe abategetsi b’Ubwongereza n’aba EU.
Gushika ubu, ayo masezerano ajanye n’ibifungurwa ni yo abayeho ahambaye kuruta ayandi yose hafatiwe kw’ihangiro ryo kuvyura imigenderanire hagati y’Ubwongereza na EU kuva habaye Brexit.
Azotuma hakurwaho amasuzumwa n’izindi nzitizi mu vy’ubudandaji vyari vyagize ingaruka ku badandaza barungika ibicuruzwa mu mahanga, inyuma y’uko Ubwongereza bwikuye mw’isoko rusangi ry’Umuryango wa Buraya.
Aya masezerano ategekanya gukuraho urupapuro rugurwa amapawundi 200 rwemeza ko ibitungwa n’ibindi bijanye bikwije ivya ngombwa, rwahora rusabwa uwubishoye. Urundi rupapuro ruzokurwaho ni urwahora rugaragaza ko ivyimburwa bishowe vyagenzuwe rukaba rufise agaciro k’amapawundi 25, impapuro zemeza ko ibicuruzwa bitandukanye vyarishe amafaranga y’ubugenzuzi, harimwo no ku bivuko.
Reta y’Ubwongereza ivuga ko igihugu gishobora kuzohungukira amapawundi agera kuri miliyaridi 5.1 ku mwaka biciye muri ayo masezerano.
Izindi nkuru wosoma:




