Kuja mu bantu uri gusa birashobora kugufasha kurushiriza kwishimira umubiri wawe

Ishusho y'abagabo babiri n’umugore umwe bariko barota izuba.

Ahavuye isanamu, BBC/ Prashanti Aswani

Insiguro y'isanamu, Ishusho y'abagabo babiri n'umugore umwe bariko barota izuba
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 4

Ivyigwa vyerekana ko kwiyerekana uko zakuremye, ni ukuvuga kuba gusa mu bantu ataho bihuriye n'imibonano mpuzabitsina, ico bita "naturisme" mu rurimi rw'igifaransa, bishobora gufasha abantu kurushiriza kwishimira umubiri wabo. Abakunda kwiyerekana uko zabaremye n'abahinga barasigurira BBC uko ivyo bikora.

Helen Berriman avuga ko yari kuba yarashoboye «gutahura neza cane» umubiri wiwe kuva akiri muto, iyo aza kumenya 'naturisme' hakiri kare.

Mu ci ryo mu 2020, Helen yaraguze uduhuzu two kwogana twitwa 'bikini' kugira ahangane n'ubushuhe bwinshi. Ntatwo yari bwigere yambara mu myaka 20 yari amaze, kubera yari arwaye 'dysmorphie corporelle', ingorane ituma umuntu yama yiyumvira cane ku tunenge abona ku mubiri wiwe canke agahangayikishwa n'ukuntu asa. Harageze igihe umugabo wiwe amubwira ibijanye na 'naturisme'.

«'Naturisme' bisigura ko umuntu akura impuzu agasigara uko zamuremye ahantu aba ari kumwe n'abandi, ata kintu kidasanzwe aba yiteze, ata n'umugambi ujanye n'imibonano mpuzabitsina uba urimwo». Ni ko bisigurwa na Kerem Soylemez, umwigisha wo kuri Regent's University y'i Londres, yanonosoye ibijanye n'inyifato.

Ubushakashatsi burerekana ko kuba umuntu ari kumwe n'abandi bantu bari gusa bishobora kumufasha kurushiriza kubona neza no kwishimira umubiri wiwe.

Abahinga mu vy'inyifato barasigura igituma 'naturisme' ishobora kuba uburyo bukomeye bwo guhindura ukuntu tubona umubiri wacu n'uko tuwufata.

'Naturisme' n'uko umuntu abona umubiri wiwe

Martha Vickery avuga ko imbere y'uko atangura gushira mu ngiro 'naturisme' «yanka cane» igice cose c'umubiri wiwe.

Kuba umuntu atishimira umubiri wiwe ni ikibazo gikunze kuboneka kw'isi yose. Iyo ngorane irangwa n'uko umuntu yama ahagaritswe umutima birenze urugero n'umubiri wiwe, ntawishimire, cane cane ku bijanye n'ingene uba umeze, ibice vyawo canke ibiro aba afise.

Muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, hafi 51% vy'abantu bakuze bumva baremerewe n'ingene umubiri wabo umeze. Mu Bwongereza, hafi umuntu 1 kuri 8 aramaze kugira ivyiyumviro vyo kwiyahura kubera ingorane zijanye n'uko abona umubiri wiwe.

Kuba umuntu atishimira umubiri wiwe birashobora kugira ico bihinduye ku nyifato yiwe kubera izo mpungenge. Nk'akarorero, kudashobora gushikira urugero rw'umubiri aba yipfuza bishobora gutuma umuntu yirinda ibikorwa canke ibibanza abantu bahuriramwo, akagira imyimenyerezo ngororamubiri ku rugero rukabije, canke mbere akitabaza kubagwa kugira ahindure uko umubiri wiwe umeze canke uko usa.

« Si ikibazo c'ukwemerwa n'abandi gusa, ahubwo ni no kwiga kwiyakira wewe ubwawe » – Kerem Soylemez

Ubushakashatsi bwarerekanye ko abantu bagira 'naturisme' bafise iciyumviro ciza ku mibiri yabo kandi bakiyakira gusumba.

Ahavuye isanamu, BBC/ Prashanti Aswani

Insiguro y'isanamu, Ubushakashatsi bwarerekanye ko abantu bagira 'naturisme' bafise iciyumviro ciza ku mibiri yabo kandi bakiyakira gusumba.
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ni ngirakamaro guteza imbere uko umubiri ugaragara kubera imvo nyinshi. Muri zo harimwo ukwigirira icizere, umwizero wa kazoza, imibonano mpuzabitsina ikingiye hamwe n'amagara meza muri rusangi.

Ariko ukuntu umuntu abona umubiri wiwe, ni ikintu kigoye. Kandi ingaruka zavyo zirashobora gutandukana bivanye n'umuntu. Nk'abo mu muryango wa LGBTQ+ bashobora guhangayikishwa cane n'uko babona imibiri yabo kubera ivangura bagirirwa canke uko biyumva ku bijanye n'igitsina cabo.

Incamake y'ukuntu abantu bamwe bamwe bakunda kuba mu bandi bari gusa :

Imico imwe imwe hamwe n'imiryango y'abasangwabutaka bafise imigenzo y'igihe kirekire cane yo kwiberaho bari gusa canke basa n'abari uko zabaremye.

Mu bihugu vyo mu Burengero, abaja mw'ihiganwa ryo gusiganwa mu kwiruka n'amaguru barakunda guhiganwa bari gusa nko mu nkino za 'olympiques' zo mu Bugiriki bwa kera.

Mu mpera z'ikinjana ca 19, mu Buhindi bwaganzwa n'Ubwongereza, ni ho hatanguye kuvuka amashirahamwe ya 'naturisme' yo mu gihe ca none.

Muri Amerika, 'naturisme' itunganijwe yatanguye kumenyekana cane kuva mu 1929, igihe Abadagi batatu baba i New York bahurira muri Micholob Café kugira baganire ku bijanye no gushinga ishirahamwe ry'abo.

Mu 1974, ni ho ikinyamakuru New York Times catangaza ko umugenzo wo kuba ku mugaragaro, mu bandi, uri uko zakuremye vyari bitanguye kumenyekana cane muri Amerika.

Mu myaka ya 1920 na 1930, 'naturisme' yarushirije kumenyekana mu Bwongereza.

Umugenzo wo kwigereranya n'abandi

Soylemez, asanzwe atari umu 'naturiste' ariko akaba amaze imyaka myinshi yiga kw'ivangura aba 'naturistes' bagirirwa hamwe n'ukuntu abantu muri rusangi babona 'naturisme', avuga ko umuntu ashobora kurwanya uburyo ibinyamakuru bikwiragiza ishusho y'umubiri vyayihinduye ukwo iri, mu «kuba hafi y'imibiri y'ukuri n'abantu nyakuri».

Yongerako ati: « Si ikibazo c'ukwemerwa n'abandi gusa, ahubwo ni no kwiga kwiyakira wewe ubwawe ».

Marina Rachitskiy, yigisha ibijanye n'inyifato muri kaminuza ya Roehampton i Londres, na we nyene abona ibintu muri ubwo buryo. Asigura ko kenshi umuryango, ikibano canke imbuga ngurukanabumenyi ari vyo bigena canke bishinga igikwiye kubonwa nk' "igisanzwe" canke "icemewe na benshi", ariko, ku bwiwe, ivyo ntibikwije urugero rukwiye gufatirwako.

Ubushakashatsi bwinshi burerekana ko imbuga ngurukanabumenyi zatumye abantu bamwe bamwe barushiriza kubona nabi imibiri yabo, kuko zigira uruhara mu kugena canke kwemeza ibikwiye kwitwa vyiza canke kwipfuzwa.

Ivyo bigira ingaruka mbi ku bakoresha izo mbuga, kuko kuri benshi, igitutu co kugira umubiri «utunganye» kenshi kijana n'ingorane zifitaniye isano no gufungura nabi hamwe n'amaganya. Vyongeye, gituma umuntu agira n'ivyiyumvo vyo kumaramara.

Ubuhinga bwa none, ubwenge bw'ubukorano (IA) hamwe n'ubuhinga bukoreshwa mu kuryohora no gutunganya ubwiza bukoreshwa kuri telefone ngendanwa, bishobora gutuma abantu barushiriza kwigereranya n'abandi, canke mbere bakabona umubiri wabo mu buryo butari bwo.

Ubushakashatsi bumwe bwerekanye ko iyo imiyabaga yagabanyije gukoresha imbuga ngurukanabumenyi mu kiringo c'indwi zitatu, uko yahora ibona isura n'imibiri yayo hamwe n'ukuntu yahora ibona ibijanye n'ibiro vyayo bica bitera imbere.