Amerika yafatiye ibihano Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha CPI, ivuga ko izoyisenyura "ibuye ku rindi" nitahinduka

Hanze y’inyubakwa ya Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha (CPI).
Insiguro y'isanamu, Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha (CPI) yavuze ko ivyo bihano bitazoyica intege.
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 3

Ubutegetsi bwa Perezida Donald Trump bwatangaje ibihano bikomeye mu vy'ubutunzi kuri Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha, CPI, mu kwongereza urugamba Amerika imaze igihe iyirwanya. Ivyo bihano ntivyafatiwe gusa abacamanza n'abashikirizamanza b'iyo sentare nk'uko vyari bisanzwe, ahubwo vyafatiwe sentare ubwayo, mu ntumbero yo kuyibuza gukora nk'uko bisanzwe.

Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Marco Rubio, yavuze ko iyo ngingo igamije gukingira ubwigenge bwa Amerika. Yagirije CPI gushaka kugira ububasha bwo gukurikirana no gucira imanza Abanyamerika, harimwo abasirikare n'abategetsi, naho Amerika itigeze yinjira mu masezerano yashizweho n'iyo sentare.

Rubio yavuze ko Amerika izobuza amashirahamwe n'abanyagihugu bayo gukorana na CPI mu vy'ubudandaji no guhanahana amahera. Amatungo y'iyo sentare ari muri Amerika na yo azofatwa. Ivyo bishobora gutuma itaronka ibikorwa n'ubufasha yahora ihabwa n'amashirahamwe yo muri Amerika.

Amakuru ya CBS News avuga ko ubushikiranganji bw'ikigega ca Amerika bwatanze imisi 180 aho ibikorwa bimwe bishobora kubandanya. Ico kiringo ngo kigenewe guha ibihugu 125 bigize CPI akaryo ko kuganira na Washington no gutanga inyishu ku bibazo vyayo. Rubio yavuze ko nibitagenda neza, Amerika izobandanya ikomeza ivyo bihano.

Ifoto ya Marco Rubio imwerekana kuva ku mutwe gushika ku bitugu
Insiguro y'isanamu, Marco Rubio yavuze ati: "CPI izohagarika iterabwoba ryayo, canke tuyisambure."

Rubio yagabishije ati: "CPI izohagarika iterabwoba ryayo, canke natwe tuyihagarike." Yavuze ko Amerika yiteguriye kuyisenyura "ibuye ku rindi" nitahindura ingendo. Yasavye kandi ibihugu bicuditse na Amerika kandi bigize iyo sentare kuyibuza gukora ivyo Washington ibona ko birengera ububasha bwayo.

CPI yiyamirije ivyo bihano, ivuga ko ari umugambi wo kuburabuza ibikorwa vy'ubutungane no gutera ubwoba abayikorera canke abayifasha. Yavuze ko ari "igitero ku mategeko no ku mushinge w'ubutungane mpuzamakungu", kuko bihonyanga ingingo y'uko ata muntu n'umwe akwiye kuba hejuru y'amategeko.

Umukuru wa CPI , Tomoko Akane, yavuze ko iyo sentare itazocika intege. Yemeje ko izobandanya ibikorwa vyayo yigenga kandi ata ruhande ihengamiyeko. Yasavye ibihugu biyigize kuyironsa uburyo n'ubushobozi bikenewe kugira ibandanye gukora, avuga ko kazoza kayo ubu gahanze amaso reta zayishizeho.

Iyo sentare yashinzwe mu 2002 kugira ikurikirane abagirizwa ivyaha vy'ihonyabwoko, ivyaha vy'uguhohotera ikiremwamuntu, ivyaha vyo mu ntambara n'ivyaha vyo gutera ibindi gihugu. Ibihugu 125 ni vyo biyigize, ariko Amerika, Uburusiya, Ubushinwa, Ubuhindi na Israel ntibirayinjiramwo.

Amerika imaze igihe ishavujwe n'amatohoza ya CPI ku vyaha vy'intambara vyagirijwe bamwe mu basirikare bayo muri Afghanistan, naho ayo matohoza yahavuye ahagarikwa. Washington yaranse kandi impapuro zo gufata abategetsi ba Israel, harimwo Umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu, ku vyaha vy'intambara bagirizwa kuba barakoreye muri Gaza.

Skip podcast promotion and continue reading
BBC Gahuza WhatsApp
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

CPI ivuga ko ishobora gukurikirana umuntu wese yagirizwa ivyaha vyakorewe ku butaka bw'igihugu kiyigize, naho uwo muntu yoba ava mu gihugu kitayirimmwo. Iyo ni yo ngingo Amerika na Israel zirwanya, zivuga ko sentare idafise ububasha bwo gucira imanza abanyagihugu bazo.

CBS News ivuga ko Rubio yari yamaze kunegura reta zo mu Burengero, azagiriza guha ububasha bwinshi inzego mpuzamakungu zitagenzurwa n'abanyagihugu bazo. Yavuze ko uko imyaka igenda, ibihugu vyagiye biratanga ubwigenge bwavyo, bigaha inzego mpuzamakungu ububasha bwo kubifatira ingingo.

Ubwongereza, Canada, Danemark, Ubudagi, Ubufaransa, Ubutaliyano, Ubuyapani n'Ubuholande vyavuze ko bibabajwe n'iyo ngingo kandi ko bitayishigikiye. Vyemeje ko bizobandanya gushigikira CPI n'abakozi bayo mu gikorwa co gushengeza abagirizwa ivyaha bikomeye no gufasha ababikorewe.

Ubuholande, ari na bwo burimwo icicaro ca CPI i La Haye, bushobora guhura n'ingorane zikomeye. Umushikiranganji wabwo w'imigenderanire n'ayandi makungu yavuze ko ivyo bihano bishobora kubangamira cane ubushobozi bw'iyo sentare bwo gukora.

Netanyahu we yashimye ingingo ya Amerika, avuga ko CPI atari sentare nyayo, ahubwo ko ari urwego rwa politike rubangamira ibihugu vyubahiriza amategeko.

Ivyo bihano vyatangajwe haciye amasaha makeyi Navi Pillay, umunyamategeko wo muri Afrika y'Epfo yahoze ari umucamanza wa CPI, ahawe agashimwe kitiriwe Nobel k'amahoro ko mu 2026. Pillay yavuze ko amategeko mpuzamakungu n'agateka ka zina muntu biriko biraterwa muri iki gihe, avuga ko urugamba rwo kurwanya CPI ari kimwe mu vyerekana iyo ngorane.

Ukutumvikana hagati ya Amerika na CPI gushobora kuba ikibazo gikomeye kurusha ibindi iyo sentare imaze guhura na vyo mu myaka 24 imaze ikora. Ibihano bishasha bishobora kuyikumira ku buryo bw'amahera n'ubuhinga ikenera, ariko abayirongoye bavuga ko batazohagarika ibikorwa vyayo.