Oxfam ivuga ko ibitero vya Israel vyahinduye Gaza 'ahantu hasinzikaye cane kandi hahumanye'

Ahavuye isanamu, Hamza Z. H. Qraiqea / Anadolu via Getty Images
- Umwanditsi, Yolande Knell
- Igikorwa, Umunyamakuru mu Buseruko bwo Hagati
- Yakoze inkuru ari, ari i Yeruzalemu
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 6
Gaza yahinduwe "ahantu hasinzikaye cane kandi hahumanye", aho ibice birenga 99% vy'ubutaka bw'Abanyapalestina vyerekana ibimenyetso vy'uko ibidukikije vyahumanijwe n'ibitero vya gisirikare vya Israel, nk'uko bivugwa mu cegeranyo gishasha cashizwe ahabona n'ishirahamwe mpuzamakungu Oxfam.
Muri ico cegeranyo, iryo shirahamwe rivuga ko ubwoko butari buke bw'ibihumanya harimwo ivyuma biremereye, ibisigarira vy'ibisasu vyaturitse, ivy'ivyitwa 'amiante' bikoreshwa mu nyubako, hamwe n'ibindi bisigarira vy'ubumara, biteye akaga ku Banyapalestina muri iki gihe, kandi ko bishobora kuzobandanya bibagirako ingaruka mu myaka mirongo iri imbere.
Amitabh Behar, umuyobozi mukuru wa Oxfam International, yavuze ko ingaruka ivyo vyagize kuri Gaza "zizokwonona cane ibidukikije, ku buryo bitazoba bigishobokera abantu kuhaba neza".
Mu kwishura, ambasade ya Israel mu Bwongereza yavuze ko ico cegeranyo kidakwije "ibisabwa kinyamwuga".
Behar kandi yagirije Israel "ivyaha vyo mu ntambara vyakorewe ibidukikije", avuga ko biri mu bigize "ihonyabwoko rikibandanya muri Gaza".
Israel irahakana ibirego vy'ihonyabwoko mu rubanza rukibandanya muri Sentare Mpuzamakungu y'Ubutungane (ICJ), ivuga ko birimwo irementanya.
Israel ivuga kandi ko ibikorwa vyayo vya gisirikare muri Gaza ari ukwikingira ibitero vya Hamas, mu kwishura igitero casheshe amaraso uwo muhari wagavye ku butaka bwayo ku wa 7 Gitugutu (10) 2023. Ishimangira ko igenda ifata ingingo zo kugabanya ingaruka z'ibitero ku basivire.

Ahavuye isanamu, Anadolu via Getty Images
Amashirahamwe Oxfam hamwe na Conflict and Environment Observatory (CEOBS) rikorera mu Bwongereza rigakurikirana ingaruka z'intambara ku bidukikije, yakoresheje amafoto yafashwe n'ibigendajuru, ubuhinga bwo gukurikirana isi hakoreshejwe ibigendajuru, hamwe n'isesangura ry'ayandi masoko y'amakuru, kugira ngo hasohorwe icegeranyo.
End of podcast promotion
Ico cegeranyo ni co, gushika ubu, gisesangura mu buryo buramvuye kurusha ibindi ingaruka zidasanzwe ku bidukikije zatewe n'intambara ikomeye imaze imyaka itatu ibera muri Gaza.
Kirasesangura ingene ibisasu n'ibindi bikoresho vy'intambara vyakoreshejwe mu bitero bikomeye vya Israel, hamwe n'ibisigarira vy'inyubakwa n'ibikorwa remezo vyasambuwe, vyose vyagize ingaruka ku bidukikije.
Mu kwezi kwa Ruhuhuma (2), umuhinga wa ONU ajejwe ivy'uburenganzira bwa muntu yavuze ko mu kiringo c'imyaka hafi ibiri, ibisasu birenga amatoni 200.000 vyatewe kuri Gaza. Yavuze ko inguvu zavyo zingana n'"inguvu z'ibisasu ruhonyanganda nk'ivyaturikiye i Hiroshima bigera kuri 13".
Mu mwaka uheze, ishami rya ONU rijejwe ibidukikije (UNEP) ryagereranije ko ibikorwa vya gisirikare vya Israel vyasambuye amazu n'ibikorwa remezo bigasigaza ibibomoke n'ibisigarira birenga amatoni miliyoni 61 mu karere kose. Ico cegeranyo kivuga ko hafi 15% vy'ivyo bisigarira bishobora kuba birimwo ibintu bihumanya ibidukikije biteye akaga gakomeye.
Lama Abdul Samad, umwe mu banditse icegeranyo ca Oxfam, yabwiye BBC ati: "Abantu bazohura n'ingaruka z'indwara zidakira ku gihe kirekire, kuko vyinshi muri ivyo bintu bihumanya bigumizwa mu bidukikije igihe kirekire."
Avuga ko Abanyapalestina baba muri Gaza, ubu no mu myaka iri imbere, bashobora kurwara indwara nyinshi zijanye no guhema, kansere, kwononekara kw'ingingo z'umubiri, hamwe no kwiyongera kw'abana bavukana ubumuga canke abavuka bapfuye.

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Kubera ko ibigo vyose bitandatu vyo gutunganya amazi yanduye muri Gaza bitagikora, amazi yanduye ataratunganywa ubu arivanga n'amazi ari munsi y'ubutaka canke akinjira mu kiyaga Mediterane.
Ibintu biherutse kwunyurwa n'imvura nyinshi yaguye mu gihe c'imbeho. Iyo mvura yatumye amazi y'imvura avangana n'amazi yanduye, mu nyuma aca mu mabarabara no mu bibanza birimwo amahema acumbitsemwo abantu bahunze.
Kenshi gupima ubwoko n'urugero rw'ibihumanya ibidukikije ntigushoboka, kuko amalaboratware yo muri Gaza yasambuwe. Vyongeye, Israel irashiraho inzitizi mu bijanye no kwinjiza ibikoresho vyihariye vyo gupima hamwe n'abahinga.
BBC yarasavye igisirikare ca Israel kugira ico kivuga kuri ivyo.
Ishami rya ONU rijejwe ibidukikije (UNEP) ryavuze ko impungenge z'umutekano na zo zabujije abahinga baryo kuja muri Gaza mu bihe vyahera.
Mu cegeranyo cayo, Oxfam isaba ko hakorwa isuzuma ryuzuye kandi ryigenga ry'ibidukikije muri Gaza, kugira ngo hamenyekane ahari ingorane ziterwa n'ibintu bihumanya imbere y'uko igikorwa co gukuraho ibisigarira gitangura. Ivuga kandi ko hakwiye kwitwararikwa cane umutekano w'abakozi bazokora ico gikorwa.
Ambasade ya Israel yaneguye cane ico cegeranyo, ivuga ko cisunze amafoto yafashwe n'ibigendajuru "hamwe n'ivyiyumviro bitagenzuwe, kandi uburyo cakozwemwo ntibwubahiriza amategeko y'ubuhinga n'ubushakashatsi bwimbitse kandi bukenewe kugira icigwa gisuzumwe bikwiye".
Ivuga ko ivyo ico cegeranyo cashitseko ku bijanye n'ubutaka hamwe n'amazi ari munsi y'ubutaka muri Gaza, kitafatiye ku mihora yo mu kuzimu y'ibirometero amajana icibwa na Hamas. Ivyo, nk'uko Israel ibivuga, bituma ico cegeranyo kibamwo amakosa akomeye kuva ku ntango.

Ahavuye isanamu, Reuters
Abaganga bo muri Gaza basanzwe bavuga ko indwara zijanye no guhema zirushiriza kwiyongera. Izo ndwara ziterwa n'umukungugu hamwe n'umwanda uva mu nyubakwa zasambuwe, no ku bantu bahunze baturira ubumwanya, impuzu zishaje n'ibipuguru kugira ngo bashobore kwota no guteka.
Indwara zifatira mu mara zifitaniye isano n'amazi mabi hamwe n'isuku rike.
Dr Alaa Abu Hajar, umuganga w'indwara z'urukoba w'Umunya Palestina, yabwiye BBC ko kuva intambara itanguye, yabonye ko indwara z'urukoba zidakira ziyongereye incuro zitanu. Ivyo abifatira ku mwanda uhumanya ibidukikije, hamwe n'ubuzima bw'abantu baba begeranirijwe mu mahema no mu makambi y'abakuwe mu vyabo, aho isuku ari rike.
Avuga ati: "Hari imbeba, imicafu n'amazi mabi bikwiragiye mu mabarabara. Ikibabaje, abana ni bo bagirwako ingaruka cane."

Abarimyi hamwe n'abarovyi bavuga ko uguhumana kw'ubutaka n'ikiyaga bituma badashobora kuronsa abantu ivyo kurya bitekanye.
Yidoga, umurovyi Abu al-Abed Sultan yagize ati: "Amazi yanduye ava mu mazu n'ayo mu bisagara asukwa mu kiyaga atabanje gutunganywa, kandi ivyo ni ivyago bikomeye."
Abandanya ati: "Hari kandi ibisigarira vy'amazu vyisuka mu kiyaga. Iyo tumanuye insenga ni vyo dufata hamwe n'imicafu. Ivyo vyonona ibidukikije vyo mu kiyaga. Biragira n'ingaruka ku mafi, na twebwe zikadushikira."
Kuva intambara itangura muri Gaza, Abanyapalestina nibura 74.746 barishwe, nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bw'amagara bugenzurwa na Hamas, ibitigiri ONU ivuga ko vyizewe. ONU ivuga kandi ko ubuzima bw'abanyagihugu hafatiwe ku vyo bakeneye bukibandanya kuba bubi cane.
Israel yashimangiye ko kwubaka Gaza ku rugero runini bizoshoboka ari uko Hamas n'iyindi mihari y'Abanyapalestina irwana bashize hasi ibirwanisho bose.
Mu kwezi kwa Mukakaro (7), Hamas yaremeye umugambi washikirijwe n'Inama y'Amahoro iyobowe na Amerika, wo gushira ibirwanisho hasi kugira ngo ingabo za Israel zive muri Gaza. Ariko, reta ya Israel yavuze ko uwo mugambi udahagije.














