Umukozi wa Amerika yarahaye Ethiopia amakuru y'ibanga kugira afashe mu kwica abarwanyi muri Tigray

    • Umwanditsi, Wycliffe Muia
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 4

Umunyamerika yavukiye muri Ethiopia yemeye imbere y'ubutungane ko yahaye Ethiopia amakuru y'iperereza y'ibanga akomeye kandi yari akingiwe cane, harimwo n'ayo yari yizeye ko yashobora gufasha mu gutera, gutumbereza no kwica abarwanyi mu gihe c'intambara y'imbere mu gihugu yabaye mu 2020.

Abraham Teklu Lemma, yahoze afitaniye amasezerano y'akazi na reta ya Amerika, yemeye ko yamaze imyaka irenga ibiri aguma aha abategetsi bakuru ba Ethiopia inyandiko n'amafoto vyinshi vyarimwo amakuru y'ibanga, nk'uko ubushikiranganji bw'ubutungane bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bubivuga.

Jeanine Ferris Pirro, umushikirizamanza wa Amerika mu karere ka Columbia, yagize ati: "Mu gukora ivyo, yahemukiye indahiro, abo bakorana hamwe n'igihugu ciwe, yongera ashira mu kaga umutekano w'igihugu cacu."

Lemma, afise imyaka 54, ashobora gukatirwa igihano co gupfungwa gushika ku myaka 22, hisunzwe amasezerano yagiranye n'ubushikirizamanza yo kwemera icaha. Bitegekanijwe ko urubanza ruzosomwa muri Ndamukiza (4) umwaka uza.

Abraham yari yarakoze, ku masezerano afise igihe amara, mu bushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire, ubushikiranganji bw'ubutungane, hamwe no mu rwego rujejwe ibigendajuru bikoreshwa mw'iperereza rya Amerika.

Abashikirizamanza bavuze ko yakoranye n'abategetsi bakuru bo mu nzego za politike, igisirikare n'iperereza muri Ethiopia hagati ya 2021 n'igihe yafatwa muri Myandagaro(8) 2023.

Yakuye, mu mpisho, inyandiko n'ibindi bikoresho birimwo amakuru y'ibanga mu nyubakwa za reta zikingiwe cane, rimwe rimwe amakuru y'agaciro kanini akayakoporora ku mpapuro akoresheje ikaramu, akabijana hanze y'izo nyubakwa. Yarakoresheje ububasha bw'ubuhinga yari afise mu kazi ko gucungera ivyuma n'imihora y'imashini nyabwonko (IT) kugira ngo atware amadosiye ku makuru y'iperereza yari abitswe mu buryo bwa none.

Abashikirizamanza bavuze bati: "Amakuru menshi y'ibanga rikomeye Lemma yahaye reta ya Ethiopia yari yerekeye intambara muri Ethiopia."

Ayo makuru yarimwo amasanamu yafashwe n'ibigendajuru hamwe n'ayerekeye ibikorwa vy'igisirikare, akaba yayashikirije abategetsi ba Ethiopia akoresheje ubutumwa bwahinyanyuwe ku buryo bigoye ko abandi babusoma.

Urwego rw'iperereza rwa Amerika, FBI, rwavuze ko abategetsi ba Ethiopia bahavuye bakoresha mu bikorwa vya gisirikare amakuru y'iperereza bahawe na Abraham.

Abashikirizamanza bavuze ko yari yiteze ko ayo makuru yofasha igisirikare ca Ethiopia kumenya aho abarwanyi baherereye gurtyo kibone kubica.

John Eisenberg, icegera c'umushikirizamanza mukuru wa Amerika ku mutekano w'igihugu, yavuze ati: "Lemma yahemukiye Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku rugero rudasanzwe."

Mu butumwa yandikiye umutegetsi umwe wa Ethiopia muri Kigarama (12) 2021, [Abraham] yanditse ati: "Dutegerezwa guheraheza abo bantu rimwe na rizima, ahandi ho nta mahoro azokwigera aboneka muri Ethiopia", nk'uko bigaragazwa n'inyandiko zo muri sentare.

Mu nyuma kuri uwo musi nyene, yarungikiye uwo mutegetsi ayandi makuru y'iperereza, amusaba ati: "Ndabingize, rungike ama drones."

Ukumenyekana kw'ibi gutanga umuco ku kungene amakuru y'iperereza ya Amerika y'agaciro kanini cane yahawe abategetsi ba Ethiopia mu gihe c'intambara y'imbere mu gihugu yatikije inganda, ikaba yishe abantu ibihumbi amajana, yongera ituma abandi amamiliyoni bata izabo.

Abraham yafatiwe muri reta ya Maryland muri Myandagaro (8) 2023, inyuma y'itohoza ryari ryerekeye ingene yafata canke yatunganya amakuru y'ibanga ajanye n'iperereza.

Ico gihe, abashikirizamanza bamwagirije ko yari yarakuyeko ibimenyetso vyerekana ko raporo z'iperereza ari iz'ibanga, maze agashikiriza ayo makuru umukozi w'urwego rw'iperereza rw'ikindi gihugu.

Mu butumwa bumwe, uwo mukozi w'iperereza yaramusavye kubandanya amufasha, maze Lemma amwishura ati: "Roger that!" (ubutumwa bwashitse!), bisobanura ko yari yemeye kubikora.

Pirro, wa mushikirizamanza wa Amerika, yavuze ko Abraham yakoresheje nabi uburenganzira yari afise bwo gushikira amwe mu makuru y'iperereza ya Amerika kandi y'ibanga rikomeye cane.

Yamwagirije guhemukira abo bakorana hamwe n'igihugu ciwe. Abashikirizamanza bavuze ko "azokurikiranwa mu butungane gushika ku rugero rwose rutegekanywa n'amategeko".

Abraham yemeye imbere y'ubutungane ko yagize uruhara mu mugambi wo gushikiriza reta y'ikindi gihugu amakuru yerekeye ivyo kwivuna abansi ya Amerika.

Bitegekanijwe ko azocirwa urubanza kw'igenekerezo rya 14 Ndamukiza (4) 2027.

Iyo ntambara yamaze imyaka ibiri, ikaba yari yatanguye muri Munyonyo (11) 2020, yashamiranya ku ruhande rumwe ingabo za reta nkuru ya Ethiopia n'abo bacuditse, n'abarwanyi bo mu karere ka Tigray gaherereye mu buraruko bw'ico gihugu, ku rundi ruhande.

Iyo ntambara yaranzwe n'ibirego vyinshi vy'amabi akomeye, harimwo ubwicanyi, ihohotera rishingiye ku gitsina hamwe n'ibitero ku basivire.

Amasezerano y'amahoro yashizweko umukono muri Munyonyo (11) 2022 yarangije intambara nyamukuru, n'ubwo amatati n'umutekano muke vyabandanije muri ako karere.