Ni hano turangirije amakuru twariko tubashikiriza mu buryo bw'ikibiriraho, ni ah'ejo mu gitondo
Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amerika: Aba Démocrates batsindiye Sena no kugenzura Inama Nshingamateka
Mu majambo yiwe ya mbere mw’ijoro, Trump yanditse ku mbuga ngurukanabumenyi ati: "Jewe sinari ku rupapuro rw’itora, kandi iyo mba nariko, twari gutsinda ku majwi menshi cane!"
Incamake
- Ibihugu bimwe vyakiriye neza ugutsindwa kw'Abarepubulikani
- Ethiopia yirukanye abadiplomate batandatu ba Sudani
- Jeffries yavuze ko Trump agomba guhagarika intambara iri muri Iran, mbere y'uko Kongere nshya itangira imirimo yayo muri Mutarama (1)
- Ubushinwa: Ibyavuye mu matora yo hagati muri manda ya Perezida wa Amerika ni amahirwe
- Uwibaza ko poritike ya Amerika kuri Irani igiye guhinduka 'arihenda cane' - Mojtaba Khamenei
- Minisitiri w'Ubwikorezi wa Espagne yeguye nyuma y'iminsi itandatu habaye impanuka ya gari ya moshi, yahitanye abantu 69 abandi benshi bagakomereka.
- 'Abanyamerika bavuze OYA KU NTAMBARA': Iran ku gutsindwa kw'abarepubulikani
- Burundi: Hamenyekanye itariki y'itora ryimirije ry'umukuru w'igihugu
- Obama avuga ko Abanyamerika batanze 'ubutumwa busobanutse'
- Trump yegetse ivyavuye mu matora ku ba Républicains batari nyabo n'imboneshakure Fox News
- Trump yashimiye abademokarate avuga ko bakoze 'akazi keza'
- Amerika: Aba Démocrates batsindiye Sena no kugenzura Inama Nshingamateka
- Umukuru wa MONUSCO yahuye na Kabila mu gihe ibikorwa byo gushaka amahoro bikomeje
Amakuru y'ikibiriraho
Anne-Marie Niwemwiza, Bernard Bankukira, Didier Bikorimana, Gildas Yihundimpundu na Gisele Berwa
Ibihugu bimwe vyakiriye neza ugutsindwa kw’Abarepubulikani
Naho ibihugu vyinshi bitaragira ico bishikirije ku mugaragaro ku vyavuye mu matora y’abashingamateka na nkenguzamateka muri Amerika, hari ibihugu bimwebimwe vyahora bidacana uwaka na Donald Trump vyakiriye neza ugutsindwa gukomeye kw’Abarepubulikani.
Umushikiranganji wa mbere wa Espagne yavuze ko Abanyamerika batoye biyamiriza urwanko, uguhakana ihindagurika ry’ibihe hamwe n’inyungu z’akarwi gatoya k’abanyabubasha.
Afrika y’Epfo na yo yavuze ko ivyavuye mu matora bishobora gutanguza igihe gishasha mu bijanye n’imigenderanire mpuzamakungu.
Uburusiya buvuga ko bwizeye ko ibiganiro vy’amahoro ku ntambara yabwo muri Ukraine bizobandanya, mu gihe Ubushinwa bwobwo bufata ko ayo matora ari ikibazo c’imbere muri Amerika.
Muri Irani naho, Indongozi y’Ikirenga yongeye gushimangira ko uwizeye ko poritike ya Amerika ku gihugu ciwe yihenda cane, naho intumwa yiwe nkuru mu biganiro yari yavuze ko ayo matora yerekanye ko Abanyamerika biyamirije intambara.
Ku Ku ruhande rw’Ubwongereza hoho, Umushikiranganji wa mbere, Andy Burnham, avuga ko isi “ifise ubu akaryo ko kuja hamwe mu gutorera inyishu ikibazo c’ubuzima buzimvye”.
Mu kiganiro yahaye abanyamakuru ari mu nama ya Commonwealth i Antigua na Barbuda, yavuze ko ikibazo c’ubuzima buzimvye yagishize imbere kandi akigira nyamukuru.
Yavuze kandi ko mu gihe cose amatati yo mu Buseruko bwo Hagati azoba ataratorerwa umuti, ata gahengwe gashobora kuboneka kuri ibi bibazo vy’ubutunzi.
Burnham yahamagariye impande zihanganye mu ntambara ya Iran kugabanya ubushamirane, hamwe no gusubira gufungura Umuhora wa Hormuz kugira ngo ibikorwa vy’ubudandaji bisubire kubandanya neza.
Yavuze ko yemera ko ubutumwa abanyagihugu ba Amerika batanze ari ubu: “Reka duhangane, ata kurangara na gatoya, ibibazo bijanye n’ubuzima buzimvye.”
Ayandi makuru ushobora gusoma:
Ethiopia yirukanye abadiplomate batandatu ba Sudani
Ethiopia yategetse abakozi batandatu bo mu buserukizi bwa Sudani kuva ku butaka bwayo, mu gihe umubano hagati y’ivyo bihugu bibiri uguma urushiriza kuba nabi.
Umutegetsi mukuru wa Ethiopia yabwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters ko abo badiplomate bahawe amasaha 48 yo kuva mu buserukizi bwa Sudani (consulat) buri mu gisagara ca Assosa hafi y’urubibe. Nta mvo yatangajwe ku mugaragaro.
Iyo ngingo ifashwe inyuma y’aho Sudani ishiriye ahabona ibirego vy’uko Ethiopia yaretse umuhari Rapid Support Forces gukoresha ubutaka bwayo mu kugaba ibitero vy’indege zitajamwo abadereva (drone) kuri Sudani.
Addis Ababa (ubutegetsi bwa Ethiopia) yahakanye ivyo birego. Ariko na yo nyene yagirije Sudani gufasha abarwanyi bahanganye n’ingabo za reta mu ntara ya Tigray mu buraruko bwa Ethiopia.
Ubushinwa: Ibyavuye mu matora yo hagati muri manda ya Perezida wa Amerika ni amahirwe
Ubushinwa buzabona amahirwe mu gihe bukomeje gukurikirana uko ibyavuye mu matora bigenda bitangazwa.
Umubano hagati ya Beijing na Washington ni imwe mu ntambara z'ubushyamirane mu guhatanira ububasha hagati y'ibihugu bikomeye ku isi muri iki kinyejana. Perezida w'u Bushinwa Xi Jinping ashobora kumva ko ari mu mwanya mwiza wo kugirana ibiganiro, mu gihe yitegura kwakira Donald Trump mu Bushinwa nyuma y'uku kwezi.
Trump yashyizeho imisoro ku bicuruzwa biva mu Bushinwa byinjira muri Amerika, agamije kurinda inganda zo muri Amerika guhangana n'ibicuruzwa bihendutse bikorerwa mu Bushinwa.
Ariko gahunda ye ntiyagenze nk'uko yari abyiteze, kuko Xi Jinping na we yashubije ashyiraho imisoro ihanitse ku bicuruzwa byo muri Amerika.
Ibyo byatumye ibicuruzwa byinshi bihenda ku Banyamerika, harimo n'ibintu imiryango isanzwe yigurira kugira ngo yishimishe, nk'ibikinisho by'abana n'imyambaro.
U Bushinwa kandi bwahagaritse kugura ibikomoka ku buhinzi biva muri Amerika, bituma abahinzi bo muri leta zishyigikira Trump bahura n'igihombo.
Iyo ntambara y'ubucuruzi yarangiye impande zombi zumvikanye guhagarika by'agateganyo intambara y'imisoro.
U Bushinwa bushobora kubona ko nyuma y'amatora yo hagati muri manda ya Perezida wa Amerika, Trump azaba ashaka kugabanya igihombo o cya politiki no gushaka kugirana n'Ubushinwa amasezerano mashya.
Xi Jinping azabona muri ibyo amahirwe yo kugirana na Amerika amasezerano arushijeho kugirira inyungu Ubushinwa.
Izindi nkuru wasoma:
Trump agomba guhagarika intambara- Jeffries
Nyuma y’uko Abademokarate begukanye ubwiganze mu Nteko Ishinga Amategeko y’Abadepite muri Amerika, Hakeem Jeffries, wari usanzwe ari umuyobozi w’Abademokarate batari bafite ubwiganze muri iyo nteko, ari mu nzira zo kuba Umwirabura wa mbere uyoboye Inteko y’Abadepite (Speaker of the House).
Jeffries yabwiye ikiganiro MS Now cya Joe Scarborough ko intsinzi ikomeye y’ishyaka rye mu matora ari "intsinzi idasanzwe ku Banyamerika bo hirya no hino mu gihugu ndetse bikaba byaranabaye "ubutumwa bukomeye bwo kwanga no kwamagana gukabya bw'abashyigikiye gahunda ya MAGA (Make America Great Again)".
Asubiza ikibazo cyari kijyanye n’ibikurikira kuri gahunda y’ishyaka rye, Jeffries yavuze ati: "Twatsinze dushingiye ku kibazo cy’ubushobozi bwo kubaho bw’abaturage, kandi ubu inshingano zacu ni ugutegeka twita kuri icyo kibazo."
Agaruka kuri Kongere ya Amerika, Scarborough yabajije Jeffries ibyo abona nk’ibyihutirwa kuri Perezida Donald Trump, abadepite n’abasenateri.
Jeffries yavuze ko Trump agomba guhagarika intambara iri muri Iran, mbere y’uko Kongere nshya itangira imirimo yayo muri Mutarama (1).
Yagize ati:"Ubutumwa bumwe Abanyamerika bohereje mu buryo bugaragara mu matora y’ejo ni uko iyo ntambara igomba guhagarara."
Uwibaza ko poritike ya Amerika kuri Irani igiye guhinduka ‘arihenda cane’ - Mojtaba Khamenei
Indongozi y’Ikirenga ya Irani, Mojtaba Khamenei, avuga ko umuntu wese yibaza ko poritike ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika kuri Irani izohinduka inyuma y’amatora y’ejo, aho Abarepubulikani batsinzwe bikomeye, yihenda cane.
Mojtaba Khamenei agabisha ko ari nka Amerika yosubira kugaba ibitero kuri Irani, iki gihugu kizovyishura n’inguvu zirengeye izo kimaze gukoresha.
Yavuze amajambo akaze cane, atandukanye n’ayo intumwa nkuru yiwe mu biganiro, Mohammed Bagher Ghalibaf, yavuze ko Abanyamerika bagaragaje ko badashaka intambara.
Perezida Donald Trump wa Amerika na we yemeye ko intambara yashoje kuri Irani yagize uruhara mu gutsindwa kw’Abarepubulikani mu matora, ariko avuga ko yafashe ingingo ibereye.
Muri izi ndwi ziheze, yagiye agabisha ko ashobora gusubira kugaba ibitero kuri Irani inyuma y’amatora.
Ayandi makuru ushobora gusoma:
Minisitiri w'Ubwikorezi wa Espagne yeguye
Minisitiri w'Ubwikorezi wa Espagne, Óscar Puente, yeguye ku mirimo ye nyuma y'iminsi itandatu gusa habaye impanuka ya gari ya moshi, yahitanye abantu 69 abandi benshi bagakomereka.
Uyu muminisitiri yatangaje iki cyemezo imbere y'Inteko Ishinga Amategeko, nyuma yo gutanga ibisobanuro ku mpanuka yabaye ku wa gatatu ushize.
Yagize ati: "Minisitiri w'ubwikorezi mu gihugu nka Espagne ntashobora gukomeza inshingano nyuma y'impanuka ebyiri zikomeye nk'izi zibaye mu gihe kitarenze umwaka umwe."
Aha yerekezaga ku mpanuka yabaye muri Mutarama (1) kuri uwo murongo wa gari ya moshi, igahitana abantu 46.
Impanuka yabaye mu cyumweru gishize iri mu mpanuka mbi cyane za gari ya moshi zabaye mu mateka ya vuba y'u Burayi, ndetse ni na yo mbi kurusha izindi zabaye muri Espagne kuva mu mwaka wa 2013.
Puente yongeyeho ati: "Ntabwo neguye ku mwanya wa Minisitiri w'Ubwikorezi gusa, ahubwo nanakuye izina ryanjye ku rutonde rw'abazahatana mu matora yihuse y'abadepite."
Yeguye nyuma y'impanuka yo ku wa 28 Ukwakira (10), yari yateye igitutu gikomeyekuri Puente, bamusaba kwegura.
Abatavuga rumwe na leta banenze Puente kuba yaragaragaye nk'ushyira impanuka ku makosa y'abakozi, bavuga ko yashakaga kwikuraho inshingano ku makosa ye bwite.
Puente yari hagati y'amahitamo abiri akomeye: kutegura byari kugaragara nk'aho atita ku ngaruka z'iyo mpanuka, naho kwegura bikaba byafatwa nk'ukwemera ko we na leta bafite uruhare mu byabaye.
Amaherezo yahisemo kwegura, avuga ko yabitewe n'icyo yise "icyubahiro muri politiki."
Minisitiri w'Intebe Pedro Sánchez yashimye mugenzi we, avuga ati: "Yabikoze ku bw'icyubahiro, ku bushake bwe bwite no kubaha ababuze ababo muri iyi mpanuka."
Ubu, haribazwa niba uzamusimbura azashobora kongera kubaka icyizere abaturage bafitiye sisitemu ya gari ya moshi y'igihugu, kuko gisa n’icyatakaye.
Izindi nkuru wosoma:
Burundi: Hamenyekanye itariki y'itora ryimirije ry'umukuru w'igihugu
Perezida w’Uburundi, Evariste Ndayishimiye, yashize umukono kw’itegeko rihamagaza itora ry’umukuru w’igihugu ritegekanijwe mu mwaka uza wa 2027.
Abanyagihugu bakwije ibisabwa n’amategeko bahamagarirwa kwitaba iryo tora kw’igenekerezo rya 3 Rusama (5) 2027.
Bishitse na ho hakabura umukandida ashikana amajwi asabwa kugira aronke intsinzi, iryo tegeko ritegekanya ko amatora azoca asubirwamwo kw’itariki ya 1 Ruheshi (6) uwo mwaka nyene.
Integuro y’iri tora yagiye inegurwa n’imwe mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi mu Burundi. Akarorero, umugambwe Sahwanya-FRODEBU uherutse gutangaza ko utazotanga umukandida kubera ivyo wise “ibinenge” biyirangwamwo.
Ariko ivyo vyamirirwa kure n’umurwi CENI ujejwe gutegura amatora. Wo uvuga ko intambwe yose yagiye ishikwako imigambwe yose ibanje kugishwa inama.
Umugambwe Sahwanya-FRODEBU ushimangira ko ataco witeze gishobora guhinduka, ugafatira ku matora aheruka mu 2025 y’abashingamateka, abakenguzamateka, abakuru b’imitumba (amakaritiye) n’abajenama b’amakomine yatsinzwe n’umugambwe CNDD-FDD – uri ku butegetsi – ku majwi hafi 100%.
Sahwanya-FRODEBU yashinzwe mu mategeko mu 1992 na Melchior Ndadaye yabaye Perezida wa mbere w'Uburundi yatowe muri demokarasi mu 1993, mu nyuma akagandagurwa.
Itegeko ry’umukuru w’igihugu ryasohotse rivuga ko ibiro vy’itora mu gihugu cose bizokwugurura isaha 12 z’igitondo vyugare isaha 9. Ariko bivanye n’imvo zasiguwe kandi zumvikana, umukuru w’ibiro vy’itora azoba afise uburenganzira bwo kwongera isaha kuri ico kiringo gushika isaha 10.
Nk’uko biri mu mategeko y’Uburundi, umukuru w’igihugu atorwa ku bice 50 kw’ijana (50%) hongeweko ijwi rimwe.
Izindi nkuru wosoma:
'Abanyamerika bavuze OYA KU NTAMBARA': Iran ku gutsindwa kw'abarepubulikani
Umukuru w'Inama Nshingamateka ya Iran, Mohammad Bagher Ghalibaf, umwe mu bafise uruhara rukomeye mu biganiro hagati ya Amerika na Iran, yashize ahabona ico yiyumvira ku vyavuye mu matora y’abashingamateka n’abakenguzamateka muri Amerika.
Mu butumwa yanditse ku rubuga rwa X, yagize ati: "Vyaba bivuye ku mutimanama canke ku buzima buzimvye, Abanyamerika bavuze NGO OYA KU NTAMBARA, kandi turashigikiye ubu butumwa."
Yongeyeko ati: "Nimba reta ya Amerika ihemukira ishaka ry'abanyagihugu kugira ikorere abanyamahanga batanga amahera hamwe n’abakoresha ugutera ubwoba kugira ngo bashikire ivyo bashaka, izomenya ko OYA yacu izanana indoto mbi cane”.
Mu kiganiro yahaye Fox News imbere y’aho, Trump yavuze ko "dutegerezwa kugira ico dukoze gikomeye cane", hari igihe yabazwa ku makuru yavuga ko Amerika yariko irategura ibindi bitero kuri Irani.
Yongeye avuga ko gishobora kuba "igitero gikomeye cane."
Obama avuga ko Abanyamerika batanze 'ubutumwa busobanutse'
Uwahoze ari Perezida w’Amerika Barack Obama yavuze ko intsinzi ikomeye y’ishyaka rye ry’abademokarate mu matora yo hagati muri manda ari gihamya ko Abanyamerika bashaka impinduka.
Yanditse ku rubuga nkoranyambaga rwa X ati: “Iri joro, Abanyamerika batanze ubutumwa busobanutse – barashaka politike ihuza abantu aho kubacamo ibice, ndetse n'abategetsi batanga ibisubizo bifatika ku bibazo bahura na byo.”
Obama yamamaje abakandida benshi b’abademokarate muri leta z’isibaniro – ziba zishobora gutsindirwa n’ishyaka iryo ari ryo ryose – nka leta ya Michigan na leta ya Georgia.
Yongeyeho ati: “Akazi kacu ubu ni ukuzinga amaboko y’imipira yacu, tugakora impinduka aho dufitiye ububasha bwo kubikora, tukarinda ko habaho ukundi kwangiza, ndetse tugashyiraho urufatiro [umusingi] rw’ejo hazaza.”
Izindi nkuru wasoma:
Trump yegetse ivyavuye mu matora ku ba Républicains batari nyabo n'imboneshakure Fox News
Donald Trump yanditse ku rubuga rwiwe Truth Social, aho yagize ico avuze ku vyavuye mu matora vyari bimaze kumenyekana mw’ijoro.
Yagize ati: "Reka mbe umusesanguzi wa politike, mubi n'umwiza, nsigure imvo zatumye aba Bakandida batsinda canke batsindwa!"
Ati: "Iyo Greg Abbott, Buramatari wa Texas, ataza guhinduka RINO (impfunyafunyo y'Icongereza isigura umu Républicain kw’izina gusa) mu mezi atandatu ya nyuma y'Ubuzima bwiwe bwa Politike, ntiyari gutsindwa."
Trump yashize kandi ku rubuga ishusho y'inkofero itukura yanditseko ijambo "veto". Bisa n'uko yashaka kwerekana ko ashobora guhagarika itegeko iryo ari ryo ryose rizotorwa n’inama nshingamateka na nkenguzamateka nshasha zizoba zigenzurwa n'aba Démocrates.
Yaneguye kandi imboneshakure Fox News, ivyo akaba yari yiriwe abikora, aho yabaza igituma iyo mboneshakure yatumiye umu Démocrate Bill de Blasio, yahoze ari Buramatari wa New York, akaba umwe mu bari mu kiganiro cerekeye ibibazo vya politike.
Trump ati: "Fox News ifise uruhara muri uku gutsindwa, kubera ko iguma idahengeshanya gutumira abatavuga rumwe [natwe] b’aba Démocrates, n’ibibi birenze ivyo."
Mu masaha y’imbere y’aho ku mugoroba, yari yanditse ati: "Jewe sinari ku rupapuro rw’itora, kandi iyo mba nariko, twari GUTSINDA KU MAJWI MENSHI CANE! Murakoze kuba muzirikanye kuri iyi ngingo."
Izindi nkuru wosoma:
Trump yashimiye abademokarate avuga ko bakoze 'akazi keza'
Perezida w’Amerika Donald Trump yatelefonnye kuri televiziyo Fox News avuga ukuntu yakiriye ibyavuye mu matora yo hagati muri manda ishyaka rye ry’abarepubulikani ryatsinzwemo cyane, yemera ko abademokarate “bakoze akazi keza”.
Yabwiye umunyamakuru Bret Baier wa Fox News ko “imbamutima ziri hose”, anavuga ko yatunguwe n’ibyavuye mu matora.
Trump yagize ati: “Twagize mitingi [ibikorwa byo kwiyamamaza] nziza cyane.” Yongeyeho ati: “Ndatunguwemo gacye.”
Mu mvugo y’ubwiyunge, Trump yavuze ko hari “ibintu byinshi, byinshi” ashobora gukoranamo n’abademokarate mu nteko ishingamategeko y’Amerika, ubu batsindiye kugenzura.
Yavuze ko nta mpinduka azakora mu bagize leta ye kubera ibi bivuye mu matora yo hagati muri manda.
Izindi nkuru wasoma:
Amerika: Aba Démocrates batsindiye Sena no kugenzura Inama Nshingamateka
Umugambwe w'aba Démocrates waronse ubwiganze mu nama nkenguzamateka (Sena) ya Amerika no kugenzura inama nshingamateka y'ico gihugu, ukaba uvyatse umugambwe w'aba Républicains.
Gutakaza ubwiganze mu nama nshingamateka bizogira ingaruka zikomeye kuri Perezida Donald Trump, nk'uko vyandikwa n’umwanditsi mukuru wa BBC ajejwe akarere ka Amerika ya Ruguru, Sarah Smith.
Avuga ko vyari vyitezwe ko aba Démocrates boshobora kugira amahirwe menshi yo gutsinda amatora y’Abashingamateka kurusha ay’Abakenguzamateka (abagize Sena).
Ariko rero, ivyo vyerekana ingene amatora ariko aragenda muri rusangi. Ivyigwa vyari vyagiye bikorwa vyagaragaza ko aba Démocrates bashigikiwe cane n’abanyagihugu mu gihugu cose.
Hazoba ingaruka zikomeye kuri Trump, agiye guhangana n’Inama nshingamateka igenzurwa n’aba Démocrates.
Hagati aho, ku ncuro ya mbere mu myaka mirongo, aba Démocrates baronse ikibanza muri Sena muri reta ya Texas. Baronse n'intsinzi muri reta za Kansas na Ohio zari zisanzwe zifatwa nk'iz'aba Républicains.
Mu majambo yiwe ya mbere mw’ijoro, Trump yanditse ku mbuga ngurukanabumenyi ati: "Jewe sinari ku rupapuro rw’itora, kandi iyo mba nariko, twari gutsinda ku majwi menshi cane!"
Izindi nkuru wosoma:
Umukuru wa MONUSCO yahuye na Kabila mu gihe ibikorwa byo gushaka amahoro bikomeje
Umukuru w’ubutumwa bw’Umuryango w’Abibumbye bwo kubungabunga amahoro muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (MONUSCO), James Swan, yahuriye i Goma n’uwahoze ari Perezida w’icyo gihugu Joseph Kabila, mu biganiro bya mbere bitangajwe ku mugaragaro bagiranye kuva Kabila agiye ku buyobozi bw’umutwe w’inyeshyamba wa FRN.
MONUSCO yatangaje ko ibiganiro byabo byibanze kuri gahunda zikomeje zigamije kuzana amahoro, iyubahirizwa ry’agahenge hamwe no ku bikorwa bigamije kurangiza mu mahoro intambara yo mu burasirazuba bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC).
Ubwo butumwa bwa ONU bwavuze ko Swan yanahuye n’abahagarariye itsinda rizwi nka MCVE+ rishinzwe kugenzura iyubahirizwa ry’agahenge, ashimangira ubufasha bwa MONUSCO kuri iyo gahunda, bijyanye n’inshingano za MONUSCO.
Ubwo yaganiraga n’ibitangazamakuru byaho nyuma y’ibyo biganiro, Visi Perezida wa FRN Bertrand Bisimwa yavuze ko uwo mutwe ukiyemeje gukurikiza gahunda y’amahoro ya Doha. Ariko yanagaragaje impungenge ku ishyirwa mu bikorwa ry’amasezerano yagezweho muri ibyo biganiro by’i Doha muri Qatar.
Bisimwa yakemanze gahunda zo kongerera igihe manda ya MONUSCO ndetse avuga ko FRN yifuza ko ubutumwa bwa MONUSCO bwakomeza kugenda bukurwa muri icyo gihugu gahoro gahoro, ari na ko bukomeza gukora inshingano zabwo mu gufasha mu igenzurwa ry’agahenge.
Yanavuze ko icyifuzo cyo guhindura itegekonshinga rya DRC, muri gahunda yo gutuma Perezida Félix Tshisekedi yashobora kwiyamamariza manda ya gatatu, gishobora kugira ingaruka ku masezerano yagezweho muri gahunda ya Doha.
Nta cyo leta ya DRC yahise itangaza kuri ayo magambo.
Iyo nama yo ku wa kabiri ibaye mu gihe ibikorwa by’ubuhuza bwo mu karere no ku rwego mpuzamahanga bikomeje mu rwego rwo kubungabunga agahenge no gutuma ibiganiro by’amahoro bitera intambwe, hagamijwe kurangiza intambara imaze imyaka ibera mu burasirazuba bwa DRC.
Izindi nkuru wasoma:
Mwaramutse neza!
Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.