Kinshasa yemeza ko yumvikanye na FDLR ko abarwanyi bayo begeranirizwa hamwe, Kigali ivuga ko ari uruhendo

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Bernard Bankukira
- Igikorwa, BBC Gahuzamiryango
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 4
Umuhari FDLR uvuga ko wemeye umugambi wo gusubiza ibirwanisho, gusubizwa mu buzima busanzwe hamwe no kwegeranirizwa hamwe mu bibanza bitekanye, nk'uko amasezerano ya Washington abitegekanya.
Mu rwandiko Victor Byiringiro, umukuru wa FDLR yarungikiye Perezida Felix Tshisekedi, ku wa 30 z'ukwa gatanu uno mwaka, avuga ko umuhari arongoye wagiranye ibiganiro na reta ya Congo ukemera gushira mu ngiro ivyo usabwa mu mwumvikano bashitseko.
"Inyuma y'ibiganiro hagati y'intumwa za RDC n'iz'umuhari wacu, vyashitse ku mwumvikano wo gusubiza ibirwanisho, gusubizwa mu buzima busanzwe no kwegeranirizwa hamwe.
"FDLR ifashe aka kanya kugira ngo imenyeshe ko yemeye ibiri muri uno mwumvikano …kandi wiyemeje gukorana vya hafi na reta ya RDC n'abandi bafatanyabikorwa mu ntumbero yo gushira mu ngiro inshingano za reta ya RDC mu masezerano ya Washington", ni vyo biri muri uru rwandiko BBC Gahuzamiryango yabonye.
Ibi kandi biremezwa n'umushikiranganji wa RD Congo ajejwe kumenyesha amakuru, Patrick Muyaya, hamwe n'umushikiranganji ajejwe ibibazo vy'akarere, Floribert Andzoni, uyu akaba aherutse kurangiza urugendo irya n'ino muri Afrika n'i Buraya asigura ibiri muri uwo mwumvikano hagati ya reta ya Congo na FDLR.
Reta y'Urwanda ivuga ko ibi ari ukwiteza utunyoni kwa reta ya Congo kugira ngo yiyibagize inshingano zayo.
Mu kiganiro bagiranye n'abanyamakuru ejo ku wa kabiri, aba bategetsi bavuga ko iyi ari intambwe idasanzwe mu mugambi wo "gutorera umuti ico kibazo [ca FDLR], kimaze imyaka 30 gikoreshwa n'Urwanda nk'urwitwazo mu gusigura ibitero vyayo" kuri RD Congo, nk'uko bivugwa na Muyaya igihe yugurura iki kiganiro.
Urwanda rusanzwe rwagiriza reta ya Kinshasa ko ihaye indaro ikongera igakorana n'umuhari FDLR, ibi bikaba kandi vyagiye vyemezwa n'umurwi w'abahinga ba ONU, ari na co gituma rusigura ico rwita "ingamba z'ubwirinzi" rufata kugira ngo rwicungere.
Kinshasa yoyo ivuga ko ibi bivugwa n'Urwanda vyamye ari icitwazo kugira ngo rubandanye ruvogera ubutaka bwayo, mu gihe rwamye rwagirizwa ko rufasha imihari imw'imwe yagiye irwanya reta ya Congo, mu kuyiha uburyo n'ingabo. Ubu rwagirizwa ko ari rwo rufatiye umuriro umuhari M23 wigaruriye uturere tutari duke kuva usubiye gutanguza intambara mu mpera za 2021, ibi bikemezwa kandi n'abahinga ba ONU.
Ni navyo umushikiranganji wa Congo ajejwe ibibazo vy'akarere, Floribert Andzoni, yasubiye kugarukako igihe yariko asigura ivy'umuhari FDLR mu kiganiro ca nijoro.
Ati: "Twebwe nka RDC, twamye dushimangira, kandi turacabishimangira, ko ikibazo ca FDLR ari, ata gukekeranya, urwitwazo rw'Urwanda. Rwamye rukoresha kandi rubandanya rukoresha iki kibazo kugira ngo ruhishe intumbero nyakuri y'agasotoro karwo, iyi na yo ikaba isanzwe izwi neza, intumbero ifitaniye isano cane n'ubutunzi bwa Kongo, cane cane kurondera kwigarurira no kugenzura amatungo kama ya Kongo".
Mu gihe reta ya Congo ifata ko, kubona FDLR yemeye gusubiza ibirwanisho ari intambwe mu gutorera umuti ikibazo c'aba Banyarwanda bamaze imyaka mirongo bateza ukutumvikana hagati y'Urwanda na RD Congo, reta ya Kigali yoyo ibona ko ari uruhendo.
Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa X avuga kuri aya masezerano ya FDLR na reta ya congo, Olivier Nduhungirehe, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Urwanda, avuga ko "ivyo gutera igikumu kuri aya masezerano hagati ya se (reta ya Congo), umwana (FDLR), n'impwemu mbi (ivyiyumviro vya jenoside)", ata na hamwe bihuriye n'amasezerano ya Washington, kuko ku bwiwe "nta hantu na hamwe ayo masezerano abitegekanya".
Ati: "Ni co gituma ibi ari uruhendo rugaragara rwa Kinshasa n'abayishigikiye, uburyo bwo kurindiriza ibintu no kwiyibagiza inshingano zayo nyamukuru mu bijanye n'umutekano".
Nduhungirehe yagiriza Kinshasa ko, "kuva Amasezerano ya Washington ateweko igikumu ku wa 4 Kigarama [12] 2025", yongereje umurindi mu gufasha abarwanyi ba FDLR mu buryo bwa gisirikare, "mu gihe igice kinini c'abayigize mbere cinjijwe no mu gisirikare cayo", nk'uko abandanya abivuga.
Umushikiranganji Nduhungirehe avuga kandi ko reta ya RD Congo yagumye ifasha uno muhari kwitunganya mu buryo bwihuta urwego rwa poritike rw'uyu muhari ufatwa ko ugizwe n'abakoze ihonyabwoko, "mu kwifashisha bamwe mu banyaporitike bafitaniye isano n'ubutegetsi bwa kera baba i Buraya, cane cane Jean-Luc Habyarimana, Fabien Singaye, Thomas Nahimana na Thadée Kwitonda", niko yanditse muri ubwo butumwa.
Nduhungirehe avuga ko ivyo Kinshasa yita umwumvikano na FDLR ataco bivuze.
Ubutegetsi bwa Kinshasa burahakana ko ata nteguro yo gukorana n'uno muhari ihari, mbere yarigeze no kugabisha abasirikare bayo, ku rwego urwo ari rwo rwose, ko uwuzofatwa akorana na yo azofatirwa ingingo ruhasha.







