Ni bande bazokwitaba ibiganiro vy'imbere mu gihugu muri RD Congo?

Imwe mu ngorane zikomeye zihanze ubutegetsi bwa Kinshasa, ni intambara yo mu buseruko bw'iki gihugu.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Imwe mu ngorane zikomeye zihanze ubutegetsi bwa Kinshasa, ni intambara yo mu buseruko bw'iki gihugu
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 3

Umukuru wa Repuburika ya Demokarasi ya Kongo (RDC), Félix Tshisekedi, aherutse gutangaza ko yemeye gutunganya ibiganiro "bitavangura", vyo ku rwego rw'igihugu, bigamije gutorera inyishu ingorane za politike n'intambara bihanze iki gihugu.

Iyi ni intambwe ikomeye inyuma y'umwaka urenga hariko haraba utwigoro mu vya 'diplomatie', mu kugerageza kurangiza intambara igisibije mu buseruko bw'ico gihugu, ariko ataco turashikako gifadika.

Iyo ntambara imaze gutuma abantu barenga miriyoni zitandatu bava mu zabo, nk'uko vyemezwa n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Bamwe n'abandi baribaza ingene ibi biganiro bishasha bizoba bimeze, n'abazovyitaba abo ari bo.

Kuri iki kibazo, Jacques Kongolo Bigirumwami, umwe mu Bajenama ba Prezida Tshisekedi yabwiye BBC Gahuzamiryango ko bizohuza Abanyekongo bafise ico bavuga mu bibazo vyugarije igihugu.

Yagize ati: "Intumbero ni ukurabira hamwe ibibazo biri mu gihugu n'ingene vyotorerwa inyishu".

M23 iri mu bazotumirwa?

Jacques Kongolo Bigirumwami avuga ko ahanini abazokwitaba ivyo biganiro ari abo mu migambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi.

Ariko avuga ko n'imihari yitwaje ibirwanisho "ivyipfuza" ishobora kuzovyitaba kiretse iyo avuga ko yagiye "ikorana n'ibihugu bibanyi" vya RDC kugira ngo iteze umutekano muke yongere ihungabanye abanyagihugu.

Aha, avuga cane cane umuhari M23 yemeza ko ufashwa n'Urwanda, n'ubwo rwo rwagiye ruvyamirira kure.

Kongolo agira ati: " Iyo ni iyindi 'catégorie' [uwundi murwi] cane cane ko dufise ibindi biganiro duhuriramwo za Doha, n'ahandi".

Abandanya agira ati: "Sinibaza rero ko bishobora kuba bibaraba. Ariko nabo baramutse bitandukanije n'ivyo bihugu bibakoresha ku nyungu zavyo, nibaza ko ico gihe reta yobisuzuma ikaraba ko bikwiriye".

'Kwirengagiza imizi y'ibibazo?'

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ivyegeranyo bitandukanye vy'abahinga vyerekana ko imihari yitwaje ibirwanisho irwanira ku butaka bwa RDC irenga 100. M23 ni umwe muri yo, ariko ugaragara nk'uwufise inguvu kurusha iyo yindi.

Umuhari M23, usanzwe uri mu runani rwagutse rwitwa Alliance Fleuve Congo. Umuhuzabikorwa wa politike warwo ni Corneille Nangaa, Umukongomani. Uwitwa Sultani Makenga, umusirikare ari mu nzego zo hejuru muri M23, na we nyene ni Umukongomani.

Mu kuguma reta ya Congo ivuga ko M23 ari igikoresho c'Urwanda ni bimwe mu bituma abantu bamwe bamwe bibaza ko reta y'ico gihugu yirengagiza iminzi nyakuri y'ibibazo vyugarije igihugu. Ni na hamwe Urwanda rufatira mu kuvuga ko ataho ruhuriye n'ivyo bibazo kiretse ingaruka birugirako.

Kongolo aremera ko ari abakongomani. Ariko avuga ko bakorera inyungu z'ibindi bihugu, agatanga akarorero kuri Corneille Nangaa.

Agira ati: " Mu gihe Nangaa yifadikanije n'igihugu c'Urwanda kugira ngo babuze Abakongomani amahoro, sinibaza ko uwo twomuharura nk'Umukongomani muri ibi biganiro biriko birategurwa".

Avuga ko ari ibiganiro vyega ahanini "abahuzwa n'umugambi wo kuronderera hamwe icogarukana amahoro n'umutekano mu Bakongomani".

Hamaze kuba ibiganiro vyinshi ata kinini bihindura

Haraciye imyaka itari mike hatunganywa ibiganiro bitandukanye mu ntumbero yo kugerageza gutorera inyishu umutekano muke umaze imyaka hafi 30 urangwa mu buseruko bwa RDC. Ariko ntaco vyigeze bivamwo.

Hari abibaza ko n'ibi biganiro bishasha bigiye gutunganywa bishobora kuzoba impfagusa.

Ariko Kongolo avuga ko aho nyene ari ho bahereye kugira babitegure. Ku bwiwe, igituma ibiganiro vyagiye biba vyose ata mahoro vyashitseko, ni uko vyabereye mu mahanga.

Yizeye ko ubu hari ikizohinduka mu buryo bugaragara, kubera bizohuza abakongomani ubwabo kandi bakaba biteze "kubwizanya ukuri".