Uburusiya bwacucagiye ibisasu kuri Ukraine ata n’umusi uhaciye Amerika ivuze ko bwemeye ibiganiro

Ahavuye isanamu, Reuters
Uburusiya bwaraye busubiye gucucagira ibisasu vya misire ku mugwa mukuru wa Ukraine, Kyiv, amasaha make gusa inyuma y'aho bwemereye gusubira mu biganiro vy'amahoro, bizokwitabirwa kandi na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Umukuru w'igisagara ca Kyiv, Vitaliy Klitschko, yavuze ko abantu batandatu bakomeretse, muri ibi bitero vyagabwe ku mazu y'uburaro, ububiko bw’igitoro hamwe n'ibikorwaremezo vyo kwungurza abantu n’ibintu. Amakuru yerekana kandi ko ibigo ntanganguvu na vyo nyene bishobora kuba vyatewe.
Naho biri ukwo, Perezida Donald Trump wa Amerika yavuze ko, inyuma y'ibiganiro biheruka vyayobowe n'intumwa yiwe Steve Witkoff, ubu inzira yo kurangiza iyo ntambara iri hafi cane kurusha ibindi bihe vyose. Ariko abanegura Trump bamwagiriza ko ariko ahatira Ukraine kwemera guhagarika intambara kurusha uko ahatira Uburusiya, mu kworohereza Moscou gusumba Kyiv.
Hampande ya Kyiv, igisagara ca Kharkiv kiri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Ukraine na co nyene catewe, mu bitero vyakozwe n’indege zitajamwo abadereva (drone).
Ibi bitero bibaye mu gihe hari iyindi ntambwe nshasha y'ibiganiro vy’amahoro irongowe n'intumwa za Donald Trump, ari zo Steve Witkoff na Jared Kushner.
Ku wa gatatu, Witkoff yarahuye na Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya mu gisagara ca St Petersburg, umusi umwe gusa inyuma y’uko ahuye na Perezida wa Ukraine.
Ibiganiro bihuriyemwo impande zitatu vyarahagaze muri Ruhuhuma (2), maze Uburusiya buca bwongereza akariro mu bitero vyabwo, inyuma y'uko Ukraine ikehaniwe n’uburyo bwo gukingira ikirere, bugizwe n’ibikoresho vyo gutangira ibisasu vya misire, uburyo yari isanzwe ihabwa n’ibihugu vy’uburengero.
Mu Burusiya na ho nyene, intara za Tula na Lipetsk zavuze ko zatewe n'amadrone ya Ukraine. Buramatari wa Lipetsk avuga ko umuntu umwe yakomeretse.
Perezida Putin yatanguje intambara yeruye kuri Ukraine mu mwaka wa 2022, ubu Uburusiya bukaba bugenzura hafi ibice 20 kw'ijana vy'ubutaka bwa Ukraine.
Naho Perezida wa Amerika yagiye avuga incuro nyinshi ko agiye kurangiza iyo ntambara, gushika ubu ntarashobora kuyihagarika.
Ejo ku wa gatatu, Perezida Zelensky yavuze ko ashobora kwemera amasezerano yotuma intambara ihagararira aho igeze.
Yabwiye ikinyamakuru Fox News ati: "Ivyo twovyita ‘uguhagarika intambara’ canke ‘uguhagarika ubwicanyi’ nk'uko Perezida Trump yabivuze. Intambara ihagarare kandi ntisubire kubandanya. Ico ni co conyene dusaba Uburusiya uno musi."
Yongeyeko ko inyuma y'ivyo, hashobora gukurikira ibiganiro bijanye n'ingingo zo kwubahiriza umutekano wa Ukraine.
Ivyo biganiro vyabaye mu gihe icuka atari ciza hagati ya Ukraine na Amerika.
Trump aherutse kuvuga ko igihe kigeze kugira Ukraine ironke uwundi mukuru w’igihugu, ndetse ubuheruka agashimangira avuga ko hakeneye "uwundi muntu yoserukira Ukraine ku meza y'ibiganiro".
Yaragirije kandi Ukraine ko ibitero vyayo ku bigo vy'Uburusiya bitunganya igitoro vyatumye ibiciro vy'igitoro biduga kuva intambara irongowe na Amerika kuri Irani itanguye.
Trump yaraneguwe bikomeye n'abashingamateka bo mu mugambwe w'aba-Demokarate hamwe na bamwe bo mu ba-Repubulikani, inyuma y'aho akuriyeho ibihano vyari vyafatiwe Uburusiya, ivyo bikaba bituma bushobora gusubira kugurisha amamiliyoni y'amatoni ya mazutu ku masoko yo muri Amerika no kw'isi yose.
Ayandi makuru ushobora gusoma:
