Trump yatangaje amasezerano yo kugura igitoro mu Burusiya, Zelensky avuga ko ari 'ingabire kuri Putin'

Ahavuye isanamu, Andrew Harnik/Getty Images
Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky yaneguye amasezerano yatangajwe na Perezida wa Amerika Donald Trump yo gukura igitoro mu Burusiya.
Zelensky yavuze ko ayo masezerano ari "ingabire" ihawe Perezida w'Uburusiya Vladimir Putin, kandi ko amafaranga azovamwo ashobora gufasha Uburusiya kubandanya intambara yo muri Ukraine.
Yanditse ku mbuga hwaniro ati: "Ni ugushira amafaranga mu ntambara ikwiye guhagarikwa, aho kuyirekera ikabandanya."
Trump yavuze ko Putin yemeye guca arekura amatoni 300.000 y'igitoro ca mazutu kugira agurishwe muri Amerika no ku masoko mpuzamakungu. Yongeyeko ko ayandi matoni 500.000 azotangwa muri Munyonyo(11), hagakurikira ayandi matoni imiriyoni imwe.
Mu butumwa yashize ku rubuga rwiwe Truth Social, Trump yavuze kandi ko ayandi matoni imiriyoni zitatu ashobora gutangwa "mu gihe gito", bivanye n'uko amamangazini y'Uburusiya atunganya ibitoro azoba yifashe. Amwe muri ayo mamangazini yaratewe n'indege za Ukraine zitajamwo abadereva.
Vyitezwe ko Ubushikiranganji bw'ikigega ca Amerika buhagarika gushika ku wa 7 Ndamukiza ibihano vyari vyafatiwe igitoro ca mazutu c'Uburusiya. Ariko ubundi butunzi bw'Uburusiya buri muri Amerika, harimwo amafaranga ari mu mabanki, buzoguma bwarafashwe.
Putin yemeje ko igihugu ciwe citeguriye gutanga igitoro muri Amerika no ku yandi masoko yo kw'isi. Ariko ntiyavuze ingene Uburusiya buzotanga amatoni yavuzwe na Trump.
Uburusiya bwari bwahagaritse kudandaza igitoro ca mazutu mu mahanga mu ntango z'uyu mwaka, inyuma y'uko ibitero vya Ukraine vyononye amamangazini menshi atunganya ibitoro.
Ikigo mpuzamakungu kijejwe inguvu, IEA, kigereranya ko igitoro ca mazutu Uburusiya buhingura cagabanutse hafi ibice 30%.
End of https://www.bbc.com/gahuza/articles/cwyz9z9j71ro
Zelensky yavuze ko Uburusiya buzokoresha amafaranga azova muri ayo masezerano mu kubandanya ibitero kuri Ukraine.
yagize ati "Turizeye ko Amerika izobandanya kudushigikira mu gukingira ubuzima n'abanyagihugu ba Ukraine," "Turiteze kandi ko Amerika iganira n'Uburusiya cane ."
Zelensky yavuze ko Ukraine itari gutera amamangazini y'ibitoro y'Uburusiya iyo Moscow itaba imaze imyaka itera inyubakwa zitanga umuyagankuba muri Ukraine.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ariko abahinga mu vy'ubutunzi baribaza nimba ayo masezerano azotuma ibiciro vy'ibitoro bigabanuka muri Amerika.
Tim Armitage, umuhinga mw'ishirahamwe Quilter Cheviot, yavuze ko amatoni yatangajwe na Trump ari makeyi uyagereranije n'igitoro Amerika ikoresha buri musi.
Yavuze ko amatoni 300.000 angana n'utugunguru tw'igitoro hafi imiriyoni 2,25, mu gihe Amerika ikoresha hafi utugunguru imiriyoni 3,8 ku musi.
Ku bw'uwo muhinga, igice ca mbere c'igitoro c'Uburusiya ntigishobora guhindura cane ibiciro kw'ipompo zo muri Amerika. Yavuze ko amasezerano ashobora kuba ari umwe mu migambi ya Trump yo kugabanya iduga ry'ibiciro imbere y'amatora yo hagati mu kiringo ategekanijwe muri Munyonyo(11).
Igiciro ca mazutu muri Amerika ubu kigeze ku madolari 6,28 kuri galoni imwe, ingana n'amalitiro 3,8. Ico giciro caragabanutse kivuye ku madolari 6,53 ku galoni yari ahari mu mpera za Nyakanga(9).
Ibiciro vy'ibitoro vyaraduze cane kuva intambara hagati ya Amerika na Iran itanguye muri Ruhuhuma(2). Iyo ntambara yarahungabanije amasoko y'amasoko ntanganguvu, ituma igiciro c'ibitoro, ibifungurwa n'ibindi bicuruzwa kiduga muri Amerika.
Inyuma gato y'itangazo rya Trump, Ubushikiranganji bw'ikigega ca Amerika bwaratanze uruhusha rw'igihe gito rwemerera ko igitoro ca mazutu c'Uburusiya cinjira kw'isoko.
Kirill Dmitriev, intumwa ya Putin, yashimye ayo masezerano, avuga ko ugukorana hagati y'Uburusiya na Amerika mu vy'inguvu kuzogirira akamaro isi.
Reta y'Ubwongereza yo yavuze ko izobandanya gufatira ibihano Uburusiya no gufasha Ukraine mu vya gisirikare no mu vy'amafaranga.
Insiguro y'ico Uburusiya buzohabwa na Amerika ntibiramenyekana.
BBC yarabajije ibiro vya Perezida Trump ico Moscow izoronka muri ayo masezerano, ariko nta nyishu yari bwaronke.
Ayo masezerano ashobora gutera impari muri Amerika no mu bihugu vya Buraya, kuko hari abavuga ko kugura igitoro c'Uburusiya bishobora guha Moscow amafaranga yo kubandanya intambara.
Naho Trump avuga ko ayo masezerano azogabanya ibiciro, ntibiramenyekana ingaruka azogira ku masoko. Igiciro c'igitoro kidatunganyije ca Brent kiguma kiri hejuru y'amadolari 103 ku kagunguru, mu gihe imbere y'intambara na Iran cari hafi amadolari 73.











