Polisi
ivuga ko irimo gukora iperereza ngo barebe niba ari igikorwa cyari kigamije
kwibasira Abayahudi baba i London.
Polisi
ntiratangaza umwirondoro w’uwakoze iki gitero.
Chief
Rabbi Sir Ephraim Mirvis umwe mu bakuru b’Abayahudi mu Bwongereza yagize ati: “Amagambo
yo kubyamagana ntabwo agihagije”.
Yongeyeho
ati: “Uru ni urwango dukwiye twese kwamagana”.
Ibikorwa byibasira Abayahudi bikunze kuvugwa mu mijyi itandukanye iburayi kubera ubuhezanguni bwa bamwe bushingiye ku kunenga ibikorwa na leta ya Israel muri Palestine.
Aba bombi bafunze kuva tariki 19
Gashyantare nyuma y’uko polisi itabajwe mu rugo rwa Bellarmine mu gace ka Hyde
Park gatuwe n’abakire i Johannesburg, umugabo wari umuzamu mu rugo rwe amaze
kuraswa kandi arembye.
Uyu muhungu mbere yagiye avugwa
mu bikorwa by’urugomo muri Afurika y’Epfo na Zimbabwe.
Uyu ni umuhungu umwe mu bahungu babiri ba Robert
Mugabe n’umugore we wa kabiri Grace.
Robert Mugabe yapfuye mu 2019
kubera uburwayi, nyuma yo guhirikwa ku butegetsi n’imyivumbagatanyo ya rubanda mu
2017 - yari amaze imyaka 37 ategeka Zimbabwe.
Megan Thee Stallion yivanye mu ikinamico ya muzika Moulin Rouge! The Musical
Ahavuye isanamu, get
Insiguro y'isanamu, Megan Thee Stallion mu ntangiriro z'uyu mwaka
Umuraperi Megan Thee Stallion wo muri Amerika,
wamamaye mu ndirimbo nka ‘Savage yatangaje ko yahagaritse gukina mu
ikinamico ya Muzika Moulin Rouge! The Musical mbere y’igihe cyari cyitezwe.
Thee Stallion yari yagombaga yagombaga gukina muri iyi kinamico ku wa 17
ukwezi kwa 5, ariko abinyujije kuri Instagram, yatangaje ko igitaramo cye cya
nyuma kizabera i New York ku wa 1 ukwezi
kwa 5 aho kuba ku wa 17 uko kwezi.
Ibi bibaye mu gihe Thee Stallion w’imyaka 31 mu cyumweru gishize yatangaje
ko atandukanye n’umukunzi we Klay Thompson – umukinnyi wa basketball muri NBA amushinja
kumuca inyuma. Aba bari bamaze igihe bari mu rukundo ruvugwaho cyane.
Mu kwezi kwa gatatu kandi Megan ubwo yari muri iriya kinamico Moulin Rouge
igeze hagati yihutanywe kwa muganga i Manhattan mu Mujyi wa New York atamerewe
neza.
Atangaza ko avuye muri iyo kinamico, Megan wegukanye Grammy Awards yagize
ati:"Byari iby’agaciro gakomeye cyane kuba umwe mu muryango wa Moulin
Rouge! The Musical."
Uyu muhanzikazi ntiyatanze impamvu yatumye avamo mbere y’igihe, ariko ibinyamakuru
muri Amerika bihuza ibi no gutandukana kwe na Klay Thompson ukinira Dallas
Mavericks.
Kugeza ubu Thompson ntacyo aratangaza ku mugaragaro ku byerekeye gutandukana
na Megan.
Abafana ba Megan bavuga ko amagara ye ashobora kuba atifashe neza nyuma yo
kujyanwa kwa muganga mu kwezi gushize, ko nabyo bishobora kuba impamvu yabimuteye.
Megan, amazina ye nyakuri ni Megan Pete, yatangiye kumenyekana cyane nyuma
yo gushyira ahagaragara EP ye ya mbere Make It Hot mu 2017.
Nyuma yaho, yinjiye ku rutonde rwa Billboard Hot 100 mu 2019 abikesha
indirimbo Hot Girl Summer, mbere yo kwigaragaza byeruye ku rwego
mpuzamahanga mu 2020 ubwo indirimbo ye Savage yabaga iya mbere henshi ku
isi.
Iyi ndirimbo yegukanye igihembo cya Grammy cy’Indirimbo Nziza ya Rap mu
2021.
Prezida wa Mali avuga ko reta ifise ibintu mu minwe inyuma y’ibitero vyo mu ndwi iheze
Ahavuye isanamu, Presidence du Mali
Insiguro y'isanamu, Jenerali Goïta ategeka Mali yasuye umuryango w'umushikiranganji Camara wagandaguwe mu bitero vy'imitwe yitwaje ibirwanisho i Bamako
Umukuru w’ubutegetsi
bwa gisirikare muri Mali, Assimi Goïta, ku wa kabiri yaragiye ahabona ku
ncuro ya mbere kuva habaye ibitero vyabereye ica rimwe
mu duce dutandukanye tw’ico gihugu.
Mw’ijambo
yashikirije abicishije ku mboneshakure, uwo mutegetsi yatangaje ko reta yiwe “izotsinda” ababigize.
Ishami rya Al
Qaeda ryo muri Afrika hamwe n’umugwi witwaje ibigwanisho wiganjemwo aba Tuareg,
ku musi wa gatandatu, bagavye ibitero ku kigo gikuru ca gisirikare ca Mali no
ku karere kegereye ikibuga c’indege co ku mugwa mukuru Bamako.
Mu bahitanywe
n’izo ntambara, harimwo umushikiranganji wa Mali wo kwivuna abasi Sadio Camara.
Iyo migwi yitwaje ibigwanisho yarashoboye kandi kwirukana mu
gisagara gikomeye ca Kidal co mu buraruko, abasirikare b’abarusiya bafasha reta
ya Mali.
Mu butumwa bwa
video yashize ahabona kuri uwu wa kabiri, umuvugizi wa Jama'at Nusrat al-Islam
wal-Muslimin (JNIM), ishami rikukira al Qaeda, yashimagije intureka zo ku musi
wa gatandatu. Yashimangiye ko kwari ukwihora ku bitero vy’ama drone bigirwa n’ingabo
za Mali.
Umuvugizi, Bina
Diarra, yakangishije kandi ko bashobora kwugariza no gukikuza Bamako ku buryo
ibura isaganirizo. Uwo mugwa mukuru usanzwe ubamwo abantu bagera kuri miriyoni
zine.
Ibitero vyagabwe
n’imigwi yitwaje ibigwanisho muri Mali mu mpera z’indwi iheze, vyatumye haba
uguhiganirwa gufata uduce dutandukanye tw’ubugararwa bunini buherereye mu
buraruko bwa Mali.
Abahinga bavuga
ko ibi vyongereje umwitwarariko ko iyo migwi, isanzwe imaze kwerekana ugushaka kudasanzwe
kwo gutera ibihugu bibanyi, ishobora gutera intambwe ikomeye.
Ku bw’abo
bahinga, iyi migwi ishobora no kwagura intumbero yayo irabisha ku bindi bihugu
biri kure kurushiriza.
Uganda yafashe abanyamahanga barenga 200 mu gikorwa co kurwanya abinjira mu gihugu mu buryo butemewe
Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, ifoto ya kera : Abimukira birukanwe muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika
Abategetsi bo muri Uganda bavuze ko bafashe abanyamahanga
231 mu gikorwa kiriko kirabandanya co kurwanya abinjira mu gihugu mu buryo
butemewe n’amategeko.
Mu kindi gikorwa cabereye mu gace k’ubutunzi ko mu murwa
mukuru, abanyamahanga 169 bafashwe n’urwego rujejwe abinjira n’abasohoka mu
gihugu, inyuma yo gusangwa baba mu nyubakwa ata mpapuro zibemerera kubayo.
Abafashwe bava mu bihugu birimwo Pakistan, Bangladesh,
Ethiopia, Ubuhindi, Ghana, Myanmar, Sri Lanka, Malaysia na Cambodia.
Umuvugizi w’Ubushikiranganji bw’Intwaro yo Hagati mu
Gihugu, Simon Peter Mundeyi, yavuze ko ivyo bikorwa biri mu mugambi wa leta wo
gushira mu ngiro amategeko agenga abinjira mu gihugu no gusambura imigwi y'abagizi ba nabi bo kuri internet.
Ubwo bushikiranganji bwavuze ko bamwe mu bafashwe
bazanywe mu gihugu babeshwe ko bagiye guhabwa akazi, mu gihe abandi bakekwa
gukora ubusuma bwo kuri internet.
Mu kindi gikorwa, abakozi b’ishami ryo kugenzura abinjira
n’abasohoka mu gihugu mu gisagara ca Adjumani mu buraruko bwa Uganda, bafashe
abanya-Nigeria 69 bakekwa gukora ata vyangombwa vyemewe kandi bakora ibikorwa
bitemewe, harimwo gutwara urusengero.
Mundeyi yavuze ati: “Aba bantu akenshi binjira mu gihugu
bavuga ko ari abigisha b’ijambo ry’Imana, ariko mu nyuma bagasangwa bakora
ibikorwa bitemewe n’amategeko.”
Abashakashatsi bavuga ko urwo rukurikirane rw’ifatwa
ry’abantu rwerekana ukwiyongera kw’imigwi y’ubusuma bwo kuri internet irimwo
abanyamahanga muri Uganda.
Mu mwaka wa 2020, abategetsi bafashe Abashinwa 36 mu
gikorwa kinini co kurwanya ubusuma bwo kuri internet, aho habonetse amaterefone
3.500, amakarata-sim 1.700 hamwe n’ama mashini nyabwongo , ivyuma bitanga Internet n'ibindi.
Abategetsi bavuze ko abafashwe bazoshikirizwa ubutungane
imbere yo gusubizwa mu bihugu baje baturukamwo.
‘Kuva mbaye Papa natekerezaga ku ruzinduko muri Afurika’ – Papa Leo
Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Papa mu ruzinduko mu gihugu cya Cameroun
Papa Leo
yatangaje ko kuva agizwe umushumba mukuru wa Kiliziya gatolika ku isi yakomeje “gukereza
ku rugendo muri Afurika”, akavuga ko ashimira Imana ko yamuhaye amahirwe yo
kurukora.
Mu butumwa yashyize ku mbuga nkoranyambaga, Papa yavuze ko byari amahirwe yo gutanga “ubutumwa bw’amahoro muri iki gihe kirimo kurangwa
n’intambara no guhonyora amategeko mpuzamahanga bikomeye kandi kenshi”.
Papa avuga
ko gusura Afurika kuri we byari amahirwe no ku batuye uyu mugabane wo kumvikanisha
ijwi ryabo, kandi avuga ko yishimira ko yabahaye ayo mahirwe.
Mu cyumweru
gishize PapaLeo yashoje uruzinduko rw’iminsi
11 mu bihugu bine bya Afurika.
Ubwo yari
muri Cameroun yamaganye “abategetsi b’igitugu babarirwa ku ntoki” barimo “gushwanyaguza
isi.
Amagambo y’umunyamerika
Papa Leo ntabwo yateje sakwe sakwe i Washington atuma Vatican na Papa
basobanura ko mu magambo ye ntaho yavugaga kuri Perezida Trump.
Umubyeyi wo muri Australia wabeshye ko umwana we arwaye kanseri yafunzwe
Umubyeyi wo muri Australia wahimbye ko umwana we w’imyaka itandatu arwaye kanseri kugira ngo asabe inkunga abone amafaranga yo kubaho mu buzima buhenze, yakatiwe igifungo kirenze imyaka ine.
Uyu mugore w’imyaka 45 ukomoka muri Leta ya South Australia yogoshe umutwe n’ibitsike by’umwana we, amuzinga igitambaro ku mutwe no ku maboko, ndetse amuha imiti, mu mugambi wo kubeshya umuryango n’inshuti kugira ngo bamuteranyirize ibihumbi by'amadolari.
Mu isomwa ry'urubanza ryabaye ku wa gatatu, umucamanza w’urukiko rw'akarere yavuze ko ibikorwa bye byari “ubugome”, “byateguwe neza” kandi by'"ubushukanyi”.
Urukiko rwumvise ko uburiganya bw’uyu mugore bwatangiye nyuma y’uko umwana we yari yagiye kureba umuganga w’amaso nyuma y’impanuka.
Nyuma yaho, abwira umugabo we, umuryango, inshuti ndetse n’abagize umuryango w’ishuri ko umwana we arwaye kanseri y’amaso.
Ibanki Standard Chartered yagenye imiliyaridi $2.33 ku mugambi wa gariyamoshi wa Tanzania
Ahavuye isanamu, Reuters
Ibanki Standard Chartered yegeranije amafaranga angana n’imiriyaridi 2.33 z’amadorari y’Amerika yo gufasha umugambi w’ibarabara rya gariyamoshi ryo mu bwoko bwa “Standard Gauge Railway”(SGR) muri Tanzania, nk'uko
bitangazwa n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters.
Ayo mafaranga azokoreshwa mu kwubaka ibice bibiri
vy’umurongo wa gariyamoshi ufise uburebure bw’ibirometero 1,219, uhuza umurwa mukuru w’ubudandaji Dar es
Salaam n’igisagara ca Mwanza co ku nkengera y’ikiyaga.
Ishirahamwe ryo muri Turukiya Yapi Merkezi hamwe n’iryo mu Bushinwa
rikorera mu bw’ivy'ubwubatsi ryitwa “China Civil Engineering Construction
Corporation" ni yo azokora ivyo bikorwa, nk'uko iyo banki yabivuze.
Yongeyeko ko ayo mafaranga yabonetse biciye mu bigo bitanga ingurane,
amabanki y'ubudandaji hamwe n'ibigo vy'iterambere.
Standard Chartered yavuze ko uwo murongo wa gariyamoshi
uzofasha gutwara abantu n’ibidandazwa neza, ugahuza ikivuko ca Dar es Salaam
n’uturere tw’iterambere two mu burengero bwa Tanzania hamwe n’ibihugu bibanyi.
Ivyo vyitezwe gufasha mu guteza imbere ubutunzi mu gihugu hagati.
Tanzania ifise intumbero yo kwubaka inzira ya
gariyamoshi igezweho y'ibilometero 2,561, ihuza n'ibihugu bibanyi bidakora ku
mazi birimwo u Rwanda, Uburundi, Uganda na Republika ya Demokarasi ya Congo.
PSG yaraye yirahiye Bayern ku bitsindo 5-4 mu rukino rwa Champions League
Ahavuye isanamu, Getty Images
Umugwi wa Paris Saint-Germain waraye utsinze Bayern
Munich ibitsindo 5 kuri 4 mu rukino rudasanzwe rwa Champions League rwabereye i Paris, rukaba ari
rwo rwa mbere mu mateka rwabayemwo ibitsindo vyinshi cane muri iki gice ca
kimwe ca kabiri gishira ica nyuma.
Khvicha Kvaratskhelia na Ousmane Dembélé ni bo batsinze
ibitsindo bibiri umwe umwe, bituma PSG ishobora kwihagararako n’inyuma y’uko
Bayern yagerageje kugaruka mu rukino, maze ica ironka akarusho gatoyi imbere y’urukino
rwo kwishura ruzobera ku kibuga ca Allianz Arena.
Igice ca mbere c’urukino cari cubakiye ku gusatirana
cane. Harry Kane wa Bayern ni we yatanguye
gutsinda kuri penaliti, ariko Kvaratskhelia wa PSG aca arayishura, nawe aratsinda.
Hanyuma João Neves atsindira PSG igitsindo ca kabiri ku
mutwe, ariko Michael Olise aca aracishura. Penaliti yatanzwe inyuma yo gusuzuma
VAR, Dembélé yayishize mw’igori, ituma PSG irangiza igice ca mbere iri imbere
n’ibitsindo 3 kuri 2 vya Bayern.
Mu gice ca kabiri, PSG yabonetse mu kwitwara neza, aho Kvaratskhelia na Dembélé bongeye
gutsinda, bituma biba 5-2. Ariko Bayern ntiyaciye
ireka, kuko Dayot Upamecano na Luis Díaz batsinze mu minota mike ikurikirana,
bagabanya ibitsindo gushika aho PSG yasigaye ibarusha igitsindo kimwe gusa.
Uru rukino rw’ibitsindo icenda rwarashimwe cane
n’abakunzi b’umupira w’amaguru, rutuma kandi umumenyereza wa PSG Luis Enrique avuga ko ari rumwe mu nkino
ziryoshe cane amaze kubona.
Ibi vyongereye amashushu yo kumenya uwuzotsinda mu rukino
rwo kwishura ruzobera mu Budagi, aho hazomenyekana umugwi uzokina mu rukino rwa
nyuma ruzobera i Budapest muri Hongrie.
Afrika y'Epfo: Abimukira b'Abanyafrika baragabishijwe kwugara amaduka mu myiyerekano yo kwiyamiriza abimukira
Ahavuye isanamu, BBC / Thuthuka Zondi
Insiguro y'isanamu, Abantu amajana n'amajana bihaye amabarabara mu gisagara ca Pretoria mu myiyerekano yo kwiyamiriza abimukira
Abimukira b'Abanyafrika bari ku mugwa mukuru wa Afrika
y'Epfo, Pretoria, bahamagariwe "kuba maso cane" mu myiyerekano yo
kwiyamiriza abimukira bo mu buryo butemewe n'amategeko, mu gihe hari ubwoba
bw'ibitero bishobora guterwa n’urwanko ku banyamahanga.
Ubuserukizi bwa Ghana muri Afrika y'Epfo bwahanuye abanyagihugu bayo
kwugara ubudandaji no "kwirinda kugaragara cane", mu gihe umuyobozi
w’ishirahamwe ry’Abanya-Nigeria baba muri Afrika y'Epfo yasavye abanywanyi
baryo kuguma mu nzu. Iyindi myiyerekano itegekanijwe ku wa gatatu mu gisagara
ca Johannesburg.
Ivyiyumviro vyo kwanka abimukira vyarongerekanye muri iyi
myaka iheze, aho bamwe bemera ko abanyamahanga bariko batuma abanyagihugu babura
akazi kandi bakungukira ku buryo
butabereye ku bikorwa vya leta.
Ariko umukuru w'igihugu yavuze ko abanyagihugu badakwiye
kwemera ko impungenge zabo "zitera ukwikeka n'urwanko ku Banyafrika
bagenzi bacu".
Mu kwiyamiriza ibitero biherutse gukorerwa abanyamahanga, Prezida Cyril Ramaphosa yakoresheje ijambo ryiwe ryo ku musi wa mbere - w'ukwikukira uhimbaza amatora ya mbere ya demokarasi yabaye mu 1994 - mu
kwibutsa igihugu ciwe ideni bafitiye ibindi bihugu vyo ku mugabane wa Afrika vyashigikiye urugamba rwo kurwanya intwaro karyanishamiryango y'ivanguramoko y'abazungu (apartheid) yabaye muri ico gihugu.
Ku musi wa kabiri, abantu amajana n'amajana bihaye
amabarabara ya Pretoria mu myiyerekano yateguwe n’umugwi March and
March, berekeza ku nyubakwa za Union, icicaro gikuru ca leta.
Afrika y'Epfo ifise abimukira bashika imiliyoni 2.4, bari
munsi ya 4% y'abanyagihugu bose, nk'uko ibiharuro vya leta bivyerekana. Benshi
muri bo bava mu bihugu bibanyi nka Lesotho, Zimbabwe na Mozambique, bifise
kahise ko gutanga abakozi baja gukora muri Afrika y’Epfo kuko co ari igihugu gitunze.
Ivyo kwanka abanyamahanga bimaze igihe kirekire ari ikibazo
muri Afrika y'Epfo, kandi rimwe na rimwe bikavyara ubukazi bushobora no
guhitana ubuzima bw’abantu.
Gutebya no gusetsa – Umwami Charles III na Trump bagaragaje ibyishimo mu mugoroba w'isangira
Ahavuye isanamu, PA Media
Insiguro y'isanamu, Umwami Charles III w'Ubwongereza (ibumoso) na Perezida w'Amerika Donald Trump bishimiranye mu mugoroba wo gusangira
Umwami Charles III w'Ubwongereza na Perezida w'Amerika Donald Trump bagiye banyuzamo bagatera urwenya mu ijambo buri umwe muri bo yavuze, bituma umwuka woroha nubwo ubundi cyari igikorwa cyo ku rwego rwo hejuru.
Umwami w'Ubwongereza ari mu ruzinduko rw'iminsi ine rwo ku rwego rwa leta muri Amerika yatangiye ku wa kabiri – rwa mbere rubayeho kuva Umwamikazi Elizabeth II akoreye uruzinduko muri Amerika mu 2007.
Dore incamake y’ibihe by’urwenya byagaragaye mu mbwirwaruhame zabo:
Mu ntangiriro y’ijambo rye, Trump yagize ati: “Ndashaka gushimira Charles kuba yatugejejeho ijambo ryiza cyane uyu munsi mu nteko ishingamategeko … Yatumye Abademokarate bahaguruka, jye sinabishobora.”
Mu ijambo rye, Umwami yavuze ati: “Sinabura kubona impinduka zakozwe ku gice cya East Wing cyo ku nyubako ya White House, Bwana Perezida, nyuma y’uruzinduko rwawe i Windsor Castle [ingoro y'Ubwami bw'Ubwongereza] mu mwaka ushize.”
Yakomeje agira ati: “Birambabaje kubivuga ko twebwe Abongereza, birumvukana, twigeze kugerageza kuvugurura White House [inyubako y'ibiro bya Perezida w'Amerika] mu 1814,” aho yakomozaga ku gihe ingabo z'Ubwongereza zatwikaga White House.
Umwami yongeyeho ati: “Koko rero, vuba aha wavuze, Bwana Perezida, ko iyo bitaba Leta Zunze Ubumwe [z’Amerika] ibihugu by’i Burayi byajyaga kuba bivuga Ikidage.” Arongera ati: “Nanjye se ntinyuke mvuge ko iyo bitaba twe, mwe mwajyaga kuba muvuga Igifaransa…!”
Aho, Umwami w'Ubwongereza bisa nkaho yakomozaga ku kuba Amerika yarafatiye urugero ku mpinduramatwara yo mu Bufaransa kugira ngo irwanye Abongereza bayikolonizaga, ikagera ku bwigenge.
Bisa nkaho bwari uburyo bwo gutebya kuri Trump ko iyo Ubwongereza budakoloniza Amerika, itakabaye ivuga Icyongereza, ko ubu yajyaga kuba ivuga Igifaransa.
Umwami yarangije ijambo rye yifashishije umurongo wo mu nyandiko y'umwanditsi n'umusizi w'Umwongereza William Shakespeare, anashimira Trump ku “ifunguro ryiza cyane”, abivugana urwenya ko ari “iterambere rikomeye ugereranyije n’ibyabaye muri Boston Tea Party”, aho abigometse muri Amerika ya kera bajugunyaga icyayi cy’Abongereza mu cyambu.
Amerika ihakana gutera inkunga imitwe yitwara gisirikare yo kurinda ibirombe muri DR Congo
Insiguro y'isanamu, Bamwe mu bakozi bo mu kirombe cya Rubaya, mu ntara ya Kivu ya Ruguru, mu mwaka ushize
Leta y’Amerika yatangaje ko itarimo gutera
inkunga imitwe yitwara gisirikare yo kurinda ibirombe bicukurwamo amabuye y’agaciro
muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC), nyuma y’iminsi amakuru amwe
yumvikanishije ko Amerika iri mu baterankunga b’umutwe mushya wo kubirinda.
Muri iki cyumweru, urwego rushinzwe
ubucukuzi bw’amabuye y’agaciro muri DRC rwavuze ko uwo mutwe witwara gisirikare
ushinzwe kurinda ibirombe, kubahiriza amategeko abigenga, no gukurikirana neza
amabuye y’agaciro abivamo.
Umukuru w’urwo rwego yavuze ko uwo mutwe
ari igitekerezo cya Perezida wa DRC Félix Tshisekedi, mu ntego ze zo kuvugurura uru
rwego no kurwanya imicungire mibi y’amabuye y’agaciro.
Biteganyijwe ko icyiciro cya mbere cy'abagize uwo mutwe witwara gisirikare gitangira gukora mu Kuboza (12) kw’uyu mwaka nyuma
yo gutozwa.