IKIBIRIRAHO, Amerika ihakana gutera inkunga imitwe yitwara gisirikare yo kurinda ibirombe muri DR Congo

Amerika itangaje ibi nyuma y'iminsi amakuru amwe yumvikanishije ko iri mu baterankunga b'umutwe mushya wa leta ya DRC wo kurinda ibirombe by'amabuye y'agaciro.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana, Didier Bikorimana na Gisèle Berwa

  1. PSG yaraye yirahiye Bayern ku bitsindo 5-4 mu rukino rwa Champions League

    Ifoto y'abakinyi ba PSG baryamye hasi inyuma yuko Dembele atsinze igitsindo

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Umugwi wa Paris Saint-Germain waraye utsinze Bayern Munich ibitsindo 5 kuri 4 mu rukino rudasanzwe rwa Champions League rwabereye i Paris, rukaba ari rwo rwa mbere mu mateka rwabayemwo ibitsindo vyinshi cane muri iki gice ca kimwe ca kabiri gishira ica nyuma.

    Khvicha Kvaratskhelia na Ousmane Dembélé ni bo batsinze ibitsindo bibiri umwe umwe, bituma PSG ishobora kwihagararako n’inyuma y’uko Bayern yagerageje kugaruka mu rukino, maze ica ironka akarusho gatoyi imbere y’urukino rwo kwishura ruzobera ku kibuga ca Allianz Arena.

    Igice ca mbere c’urukino cari cubakiye ku gusatirana cane. Harry Kane wa Bayern ni we yatanguye gutsinda kuri penaliti, ariko Kvaratskhelia wa PSG aca arayishura, nawe aratsinda.

    Hanyuma João Neves atsindira PSG igitsindo ca kabiri ku mutwe, ariko Michael Olise aca aracishura. Penaliti yatanzwe inyuma yo gusuzuma VAR, Dembélé yayishize mw’igori, ituma PSG irangiza igice ca mbere iri imbere n’ibitsindo 3 kuri 2 vya Bayern.

    Mu gice ca kabiri, PSG yabonetse mu kwitwara neza, aho Kvaratskhelia na Dembélé bongeye gutsinda, bituma biba 5-2. Ariko Bayern ntiyaciye ireka, kuko Dayot Upamecano na Luis Díaz batsinze mu minota mike ikurikirana, bagabanya ibitsindo gushika aho PSG yasigaye ibarusha igitsindo kimwe gusa.

    Uru rukino rw’ibitsindo icenda rwarashimwe cane n’abakunzi b’umupira w’amaguru, rutuma kandi umumenyereza wa PSG Luis Enrique avuga ko ari rumwe mu nkino ziryoshe cane amaze kubona.

    Ibi vyongereye amashushu yo kumenya uwuzotsinda mu rukino rwo kwishura ruzobera mu Budagi, aho hazomenyekana umugwi uzokina mu rukino rwa nyuma ruzobera i Budapest muri Hongrie.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. Afrika y'Epfo: Abimukira b'Abanyafrika baragabishijwe kwugara amaduka mu myiyerekano yo kwiyamiriza abimukira

    Ifoto y'abantu amajana n'amajana bihaye amabarabara mu gisagara ca Pretoria, muri Afrika y'epfo, mu myiyerekano yo kwiyamiriza abimukira.

    Ahavuye isanamu, BBC / Thuthuka Zondi

    Insiguro y'isanamu, Abantu amajana n'amajana bihaye amabarabara mu gisagara ca Pretoria mu myiyerekano yo kwiyamiriza abimukira

    Abimukira b'Abanyafrika bari ku mugwa mukuru wa Afrika y'Epfo, Pretoria, bahamagariwe "kuba maso cane" mu myiyerekano yo kwiyamiriza abimukira bo mu buryo butemewe n'amategeko, mu gihe hari ubwoba bw'ibitero bishobora guterwa n’urwanko ku banyamahanga.

    Ubuserukizi bwa Ghana muri Afrika y'Epfo bwahanuye abanyagihugu bayo kwugara ubudandaji no "kwirinda kugaragara cane", mu gihe umuyobozi w’ishirahamwe ry’Abanya-Nigeria baba muri Afrika y'Epfo yasavye abanywanyi baryo kuguma mu nzu. Iyindi myiyerekano itegekanijwe ku wa gatatu mu gisagara ca Johannesburg.

    Ivyiyumviro vyo kwanka abimukira vyarongerekanye muri iyi myaka iheze, aho bamwe bemera ko abanyamahanga bariko batuma abanyagihugu babura akazi kandi bakungukira ku buryo butabereye ku bikorwa vya leta.

    Ariko umukuru w'igihugu yavuze ko abanyagihugu badakwiye kwemera ko impungenge zabo "zitera ukwikeka n'urwanko ku Banyafrika bagenzi bacu".

    Mu kwiyamiriza ibitero biherutse gukorerwa abanyamahanga, Prezida Cyril Ramaphosa yakoresheje ijambo ryiwe ryo ku musi wa mbere - w'ukwikukira uhimbaza amatora ya mbere ya demokarasi yabaye mu 1994 - mu kwibutsa igihugu ciwe ideni bafitiye ibindi bihugu vyo ku mugabane wa Afrika vyashigikiye urugamba rwo kurwanya intwaro karyanishamiryango y'ivanguramoko y'abazungu (apartheid) yabaye muri ico gihugu.

    Ku musi wa kabiri, abantu amajana n'amajana bihaye amabarabara ya Pretoria mu myiyerekano yateguwe n’umugwi March and March, berekeza ku nyubakwa za Union, icicaro gikuru ca leta.

    Afrika y'Epfo ifise abimukira bashika imiliyoni 2.4, bari munsi ya 4% y'abanyagihugu bose, nk'uko ibiharuro vya leta bivyerekana. Benshi muri bo bava mu bihugu bibanyi nka Lesotho, Zimbabwe na Mozambique, bifise kahise ko gutanga abakozi baja gukora muri Afrika y’Epfo kuko co ari igihugu gitunze.

    Ivyo kwanka abanyamahanga bimaze igihe kirekire ari ikibazo muri Afrika y'Epfo, kandi rimwe na rimwe bikavyara ubukazi bushobora no guhitana ubuzima bw’abantu.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Gutebya no gusetsa – Umwami Charles III na Trump bagaragaje ibyishimo mu mugoroba w'isangira

    Ifoto igaragaza Trump n’Umwami Charles III w’Ubwongereza barebana mu maso, bombi bambaye ama 'costumes' y'imikara n’amashati y’umweru. Ni ifoto yafotowe ku mugoroba wo gusangira mu ruzindiko Umwami ari kugirira muri Amerika.

    Ahavuye isanamu, PA Media

    Insiguro y'isanamu, Umwami Charles III w'Ubwongereza (ibumoso) na Perezida w'Amerika Donald Trump bishimiranye mu mugoroba wo gusangira

    Umwami Charles III w'Ubwongereza na Perezida w'Amerika Donald Trump bagiye banyuzamo bagatera urwenya mu ijambo buri umwe muri bo yavuze, bituma umwuka woroha nubwo ubundi cyari igikorwa cyo ku rwego rwo hejuru.

    Umwami w'Ubwongereza ari mu ruzinduko rw'iminsi ine rwo ku rwego rwa leta muri Amerika yatangiye ku wa kabiri – rwa mbere rubayeho kuva Umwamikazi Elizabeth II akoreye uruzinduko muri Amerika mu 2007.

    Dore incamake y’ibihe by’urwenya byagaragaye mu mbwirwaruhame zabo:

    Mu ntangiriro y’ijambo rye, Trump yagize ati: “Ndashaka gushimira Charles kuba yatugejejeho ijambo ryiza cyane uyu munsi mu nteko ishingamategeko … Yatumye Abademokarate bahaguruka, jye sinabishobora.”

    Mu ijambo rye, Umwami yavuze ati: “Sinabura kubona impinduka zakozwe ku gice cya East Wing cyo ku nyubako ya White House, Bwana Perezida, nyuma y’uruzinduko rwawe i Windsor Castle [ingoro y'Ubwami bw'Ubwongereza] mu mwaka ushize.”

    Yakomeje agira ati: “Birambabaje kubivuga ko twebwe Abongereza, birumvukana, twigeze kugerageza kuvugurura White House [inyubako y'ibiro bya Perezida w'Amerika] mu 1814,” aho yakomozaga ku gihe ingabo z'Ubwongereza zatwikaga White House.

    Umwami yongeyeho ati: “Koko rero, vuba aha wavuze, Bwana Perezida, ko iyo bitaba Leta Zunze Ubumwe [z’Amerika ibihugu by’i Burayi byajyaga kuba bivuga Ikidage.”Arongera ati: “Nanjye se ntinyuke mvuge ko iyo bitaba twe, mwe mwajyaga kuba muvuga Igifaransa…!”

    Aho, Umwami w'Ubwongereza bisa nkaho yakomozaga ku kuba Amerika yarafatiye urugero ku mpinduramatwara yo mu Bufaransa kugira ngo irwanye Abongereza bayikolonizaga, ikagera ku bwigenge.

    Bisa nkaho bwari uburyo bwo gutebya kuri Trump ko iyo Ubwongereza budakoloniza Amerika, itakabaye ivuga Icyongereza, ko ubu yajyaga kuba ivuga Igifaransa.

    Umwami yarangije ijambo rye yifashishije umurongo wo mu nyandiko y'umwanditsi n'umusizi w'Umwongereza William Shakespeare, anashimira Trump ku “ifunguro ryiza cyane”, abivugana urwenya ko ari “iterambere rikomeye ugereranyije n’ibyabaye muri Boston Tea Party”, aho abigometse muri Amerika ya kera bajugunyaga icyayi cy’Abongereza mu cyambu.

    Izindi nkuru wasoma:

  4. Amerika ihakana gutera inkunga imitwe yitwara gisirikare yo kurinda ibirombe muri DR Congo

    Abakozi barimo gukora mu kirombe cya Rubaya mu ntara ya Kivu ya Ruguru, mu burasirazuba bwa DRC. Batatu bikoreye imifuka ku bitugu.
    Insiguro y'isanamu, Bamwe mu bakozi bo mu kirombe cya Rubaya, mu ntara ya Kivu ya Ruguru, mu mwaka ushize

    Leta y’Amerika yatangaje ko itarimo gutera inkunga imitwe yitwara gisirikare yo kurinda ibirombe bicukurwamo amabuye y’agaciro muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC), nyuma y’iminsi amakuru amwe yumvikanishije ko Amerika iri mu baterankunga b’umutwe mushya wo kubirinda.

    Itangazo ry'ambasade y'Amerika i Kinshasa rigira riti: “Leta y’Amerika ntirimo gutera inkunga imitwe yitwara gisirikare kugira ngo irinde ibirombe.”

    Iryo tangazo ryongeraho ko Amerika na DRC byiyemeje guteza imbere iterambere risangiwe ry’ubukungu, umutekano n’uburumbuke binyuze mu masezerano ibihugu byombi byagiranye.

    Rivuga ko icyo gikorwa gishyigikira umusingi w’ishoramari rinini cyane kurushaho muri DRC, hazirikanwa ko iterambere ry’ubukungu ry’igihe kirekire rishyigikira umutekano w’igihe kirekire.

    Muri iki cyumweru, urwego rushinzwe ubucukuzi bw’amabuye y’agaciro muri DRC rwavuze ko uwo mutwe witwara gisirikare ushinzwe kurinda ibirombe, kubahiriza amategeko abigenga, no gukurikirana neza amabuye y’agaciro abivamo.

    Umukuru w’urwo rwego yavuze ko uwo mutwe ari igitekerezo cya Perezida wa DRC Félix Tshisekedi, mu ntego ze zo kuvugurura uru rwego no kurwanya imicungire mibi y’amabuye y’agaciro.

    Biteganyijwe ko icyiciro cya mbere cy'abagize uwo mutwe witwara gisirikare gitangira gukora mu Kuboza (12) kw’uyu mwaka nyuma yo gutozwa.

    Izindi nkuru wasoma:

  5. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.