Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Afrika y’Epfo – Kwiyamiriza abimukira : Isinzi ry’abantu basaba gutahukanwa buzuye ku buserukizi bw’ibihugu vyabo
Isinzi ry’abantu ridasanzwe ryagandagaje hanze y'ubuserukizi bwa Nigeria na Malawi, muri Afrika y'Epfo, kandi biravugwa ko hakiri n’abandi bariko barashika bavuye mu bice bitandukanye vya Afrika y’Epfo.
Incamake
- Kenya: Sentare yafatiriye amadolari 274.000 y'ishami rya sosiyete yo mu Burundi, mu matohoza y'iyo ayo mafaranga akomoka
- Uganda yahagaritse ingendo shure inyuma y'isanganya ryahitanye abanyeshure 20
- Afrika y'Epfo – Kwiyamiriza abimukira : Isinzi ry'abantu basaba gutahukanwa buzuye ku buserukizi bw'ibihugu vyabo
- Icegera c'umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, JD Vance, yagirije bamwe mu bagize reta ya Israel ko bariko bagerageza kwosha Abanyamerika kugira intambara hagati ya Amerika na Irani ibandanye.
- Donald Trump yagirije Ubushinwa ko bwivanze cane mu matora y'Umukuru w'Igihugu ya Amerika yo mu 2020, kandi ko inzego za Amerika zijejwe igendereza zabukingiye ikibaba mu mugambi wo kumubuza gutsinda ayo matora.
- Abanyamategeko ba Perezida Donald Trump bakuye bimwe mu birego bari batanze mu rubanza runini rwo kumuserereza buguruje bitwarira BBC.
- Amerika yagavye urundi rukurikirane rw'ibitero kuri Irani, mu gihe impande zompi zibandanya kurwanira kugenzura wa Muhoro wa Hormuz.
- Igipolisi ca Uganda gitangaza ko abana 20 baraye bapfuye inyuma y'aho bisi yari itahanye abanyeshure bavuye mu rugendo rw'ishure igiriye isanganya mu karere ka Kapchorwa mu buseruko bw'igihugu.
- Amakuru ava muri Republika ya Demokarasi ya Congo avuga ko igico c'abanyagihugu bashangashiwe cateye ibitaro birimwo ikigo kivura indwara ya Ebola, abarwayi hamwe n'abakozi b'ubuvuzi barata barahunga.
- Agapira (maillot) kambawe n'icamamare mu mupira w'amaguru, Pelé, mu rukino rwa nyuma rw'igikombe c'isi co mu 1958, kagurishijwe amadolari miliyoni 4,9 z'Abanyamerika mu camunara i New York.
Amakuru y'ikibiriraho
Bernard Bankukira na Gildas Yihundimpundu
Kenya: Sentare yafatiriye amadolari 274.000 y’ishami rya sosiyete yo mu Burundi, mu matohoza y’iyo ayo mafaranga akomoka
Sentare nkuru, mu gisata cayo kijejwe kurwanya ibiturire n’ivyaha vy’ubutunzi, yemeje ko yafatiriye amafaranga agera ku madolari 274.000 y’Abanyamerika (mu mafaranga y’Uburundi ni hafi imiriyoni 800) ya sosiyete Eis Afrika Group Limited, ishami rya sosiyete yo mu Burundi izwi nka EIS Company SPRL Burundi, ikora ibijanye n’ubwubatsi.
Abakora amatohoza bibaza ko ayo mafaranga ashobora kuba yakomotse mu nzira z’ivyaha bakaba bashaka kumenya niba koko yaronswe biciye mu bikorwa binyuranye n’amategeko.
Abacamanza bafise dosiye bamenyesha ko iyo sosiyete idafise ububasha bwo gukura ayo mafaranga kuri konte, kuyarungika ahandi canke kuyakoresha gushika igihe urubanza ruzoba rwarangiye umuco wose wabonetse.
Bemeza kandi ko ayo mafaranga azoguma akingiwe mu kiringo hazoba hariko haregeranywa ivyemezo vyose bikenewe bizoshikirizwa sentare.
Amakuru ava mu begereye ubutegetsi bw’Uburundi avuga ko iyo sosiyete ari iy’abanyamahanga ariko yanditswe mu Burundi hisunzwe amategeko y’ico gihugu agenga amasosiyete.
Izindi nkuru wosoma:
Uganda yahagaritse ingendo shure inyuma y'isanganya ryahitanye abanyeshure 20
Reta ya Uganda yabaye irahagaritse ingendo shure zose, inyuma y'impanuka ya bisi yabaye ku mugoroba wo ku wa kane ihitana abanyeshure 20 n'umuntu umwe akuze.
Abandi benshi, harimwo abigisha n’abarezi, barakomerekeye muri iryo sanganya ryabereye mu karere ka Kapchorwa, mu buseruko bwa Uganda.
Amatohoza ya mbere yerekana ko iyo bisi yagize ingorane y’ubuhinga igihe yari igeze ahantu hamanuka, umushoferi ananirwa kuyigarura, nk’uko vyemezwa n’abategetsi.
Muri Uganda, abantu ibihumbi barahitanwa n’amasanganya yo mw’ibarabara buri mwaka. Ariko impanuka yo ku wa kane, ni imwe mu zahitanye abana benshi kuruta izindi mu myaka ya vuba.
Mw’itangazo ryo guhagarika vy'igihe gito ingendo shure gushika amatohoza arangiye, Umushikiranganji w'indero, JohnChrysostom Muyingo, yagize ati:
"Nk'ingingo yihutirwa yo gukinga, dutegerezwa kugira ico dukoze kugira umutekano w'abana bacu urushirize gukingirwa."
Izindi nkuru wosoma:
Ebola : Abanyamerika indwi bashizwe ukwa bonyene mu kigo co muri Kenya – Ishirahamwe ry'abagiraneza
Abakozi indwi b'Abanyamerika bahora mu bikorwa vyo kurwanya Ebola muri Repuburika ya Demokarasi ya Kongo (RDC) baherutse gushirwa ukwa bonyene mu kigo cabigenewe kiri muri Kenya, inyuma y'uko reta ya Amerika ishizeho amategeko akomeye abuza abantu bahora mu bihugu birimwo ico kiza gushoka binjira ku butaka bw'ico gihugu.
Ivyo bishikirizwa n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters, risubiramwo amakuru ryabwiwe n'ubuyobozi bw'ishirahamwe ry'abagiraneza ryo muri Amerika ryahora ribakoresha.
Inkuru iramvuye soma ngaha
Afrika y’Epfo – Kwiyamiriza abimukira : Isinzi ry’abantu basaba gutahukanwa buzuye ku buserukizi bw’ibihugu vyabo
Abanyamahanga amajana bariko bakoranira imbere y'ubuserukizi bw’ibihugu vyabo butandukanye muri Afrika y'Epfo, barondera ubufasha kugira batahukanwe iwabo, mu gihe abategetsi bariko barongereza akariro mu guhiga abimukira baba muri ico gihugu badafise ivya ngombwa vyemewe n’amategeko.
Isinzi ry’abantu ridasanzwe ryagandagaje hanze y'ubuserukizi bwa Nigeria na Malawi, kandi biravugwa ko hakiri n’abandi bariko barashika bavuye mu bice bitandukanye vya Afrika y’Epfo.
Zimwe muri reta zisa n’izitariko ziroroherwa mu gufasha abanyagihugu bazo bipfuza gutahukanwa, mu gihe ababisaba bagenda biyongera cane.
Igipolisi ca Afrika y'Epfo kivuga ko mu kiringo c’indwi zibiri ziheze hamaze gufatwa abimukira barenga ibihumbi umunani badafise ivya ngombwa vyemewe n'amategeko. Ni mu gihe kuva isekeza ritanguye mu kwezi guheze, abantu barenga ibihumbi 53 ari bo bamaze kwirukanwa canke gusubizwa mu bihugu vyabo.
Izindi nkuru wosoma:
'Maillot' yambawe na Pele mu 1958 yagurishijwe ica munara ku miriyoni 4,9 z'amadorari
Agapira (maillot) kambawe n’icamamare mu mupira w’amaguru, Pelé, mu rukino rwa nyuma rw’igikombe c’isi co mu 1958, kagurishijwe amadolari miliyoni 4,9 z’Abanyamerika mu camunara i New York.
Ivyo bituma kaba agapira ka kabiri kambawe n’umukinyi w’umupira w’amaguru kagurishijwe ku giciro kinini kuruta utundi twose gushika ubu.
Haheze imyaka ine agapira ka Diego Maradona yari yambaye igihe yatsinda igitsindo camenyekanye nk’ “Ikiganza c’Imana” (Hand of God) mu rukino rwa Argentine n’Ubwongereza mu gikombe c’isi co mu 1986, kagurishijwe amadorari y’Abanyamerika miriyoni 9,3.
Agapira ka Pelé kaheruka kugurishwa mu mwaka wa 2004 amadolari y’Abanyamerika 100.000 arenga gato.
Ayandi makuru kur Pele:
Ayandi makuru yacu mushobora kuyakurikira kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza
Philippines iriyamiriza videwo yerekanywe n'ibinyamakuru vy’Ubushinwa iyerekana nk’inkende
Reta ya Philippines iriyamiriza videwo yashizwe ahabona n’ibimenyeshamakuru vyegamiye reta y’Ubushinwa, yerekana ico gihugu nk’inkende.
Iyo videwo yiyamirizwa na Philippines, yakozwe hakoreshejwe ubwenge bw’ubukorano (AI), reta y'ico gihugu ikabona ko isuzugura abantu kandi irimwo ivangura ruhu.
Igaragaza inkende isa n’iyifise ubwoba, yambaye umwambaro kama wa Philippines, iriko ihabwa ibirwanisho na Reta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe n’Ubuyapani kugira ngo irwane n’Ubushinwa mu karere k’Ikiyaga c’Ubumanuko bw’Ubushinwa (mer de Chine méridionale/South China Sea).
Ubushikiranganji bw’Imigenderanire y’Ubushinwa buvuga ko iyo videwo iterekana aho reta y’Ubushinwa ihagaze.
Haraheze imyaka cumi sentare mpuzamakungu yemeje ko ibirego vy’Ubushinwa ku bice binini vy’iyo nyanja bidafise ishingiro mu mategeko mpuzamakungu. Ariko Ubushinwa bwarihojeje uwo mwanzuro.
DRC: Ikigo kivura indwara ya Ebola catewe n’abanyagihugu barakaye
Amakuru ava muri Republika ya Demokarasi ya Congo avuga ko igico c’abanyagihugu bashangashiwe cateye ibitaro birimwo ikigo kivura indwara ya Ebola, abarwayi hamwe n’abakozi b’ubuvuzi barata barahunga.
Umukozi w’ubuvuzi akorera ku bitaro vya Nyakunde, hafi y’igisagara ca Bunia, yavuze ko incuti z’umurwayi zinjiye ku nguvu muri ivyo bitaro, zitera amabuye zongera zonona uruzitiro.
Aba banyagihugu bari barakajwe n’urupfu rw’umugore yari yagiye kwibarukira muri ivyo bitaro, ariko aza kugira ikibazo gikomeye co kubura amaraso.
Ibitaro vyaranse ko abo mu muryango wiwe baza kumuha amaraso yo kumufasha, bivuga ko guterera amaraso abarwayi bibujijwe mu gihe c’ivyaduka.
Uno mugore yahavuye asandaba, ubwo nyene ico kigo gica kiraterwa.
Ishami rya ONU rijejwe amagara y’abantu kw’isi (OMS/WHO) rivuga ko ukwiyongera kw’ukutizigira abakozi bo mu buvuzi hamwe n’umutekano muke biriko birabangamira utwigoro two kurwanya ikiza ca Ebola.
Ayandi makuru:
Ayandi makuru yacu mushobora kuyakurikira kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza
Uganda: Abanyeshure 20 baraye baguye mw’isanganya ry’imodoka
Igipolisi ca Uganda gitangaza ko abana n'imiburiburi 20 hamwe n’umuntu umwe akuze baraye bapfuye inyuma y’aho bisi (bus) yari itahanye abanyeshure bavuye mu rugendo rw’ishure igiriye isanganya mu karere ka Kapchorwa mu buseruko bw’igihugu.
Abandi bantu benshi, harimwo n’abigisha, barakomeretse igihe iyo bisi yata ibarabara ku mugoroba w’ejo ku wa kane.
Umushoferi w’iyo modoka yo mu bwoko bwa Isuzu yegukira ishure King David Junior School yo mu karere ka Makindye, ku mugwa mukuru i Kampala ntaramenyekana, nk’uko bivugwa n’igipolisi.
Amatohoza ya mbere yerekana ko iyo bisi yagize ikibazo c’ubuhinga (mécanique) imbere y’uko umushoferi ananirwa no kuyigarura, ica igonga urutare runini rwari iruhande y’ibarabara hanyuma ica iragarama.
Abategetsi bavuga komuri ino myaka ya vuba iryo barabara ryagiye ribako amasanganya atari make akomeye.
Igipolisi kivuga ko kikibandanya amatohoza kugira ngo kimenye neza na neza icateye iri sanganya.
Ayandi makuru:
Ayandi makuru yacu mushobora kuyakurikira kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza
Amerika irabandanya n’ibitero kuri Irani, Tehran ivuga ko mw’ijoro rigira gatandatu ibigo vya gisivire vyatewe
Amerika yagavye urundi rukurikirane rw’ibitero kuri Irani, nk’uko igisirikare cayo cabimenyesheje, mu gihe impande zompi zibandanya kurwanira kugenzura wa Muhoro wa Hormuz.
Muri ibi bitero vyaraye bibaye mw’ijoro rigira gatandatu vyikurikiranya ubudasiba, ibinyamakuru vyegamiye reta ya Irani bitangaza ko Amerika yateye ibikorwa remezo vya gisivire,harimwo ibiraro, igituro ca gari ya moshi hamwe n’ikibuga c’indege. BBC yashoboye kubona kimwe mu biraro vyatewe mu burengero bw’igisagara ca Bandar Abbas, mu ntara ya Hormozgan.
Mu rutonde rwabwo rwerekana “ibibanza vya gisirikare vya Irani vyatewe”, ubuyobozi bw’ingabo za Amerika mu karere (CENTCOM) ntibwavuze ko mu bibanza ingabo za Amerika zarashe harimwo ibiraro. Ibi bitero vyagiye kurangira mu masaha ya kare yo kuri uno wa gatanu.
Buvuga ko indege z’intambara, indege zitajamwo abadereva (ama-drone) hamwe n’amato y’intambara vyarashe “ibigo bijejwe gucungera inkengera z’inyanja, n’ivyo kwivuna ibitero vyo mu kirere, ibigo vya gisirikare, hamwe n’ibigo vy’igisirikare kirwanira mu mazi”.
Ibi bitero vyabaye mu gihe mu ntango z’ino ndwi, Perezida Donald Trump wa Amerika yari yagabishije Irani ko ibiraro n’ibigo vy’amasoko ntanganguvu vyayo bishobora guterwa mu gihe itokwemera gusubira mu biganiro.
Buri gihe Amerika ikoze ibitero, Irani na yo ica yihora mu gukora ibitero ku bihugu bicuditse na Amerika.
Kuri uno wa gatanu, reta ya Tehran yatangaje ko yateye ibigo vya gisirikare vya Amerika biri muri Koweit na Bahrain, inyuma y’uko yagirije Washington gutera ikibuga c’indege ca Iranshahr mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Irani, igituro ca gari ya moshi ya Bandar Khamir hamwe n’ibiraro bitanu biri muri ico gisagara co ku nkengera y’inyanja.
Mu gihe ibi bitero bishasha bizingamitse amasezerano ya mbere agamije guhagarika intambara, umuvugizi w’ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Amerika, Karoline Leavitt, yavuze ejo ku wa kane ko Trump agifise ishaka ryo kuganira na Irani.
Avuga kandi ko Irani igishaka gushika ku masezerano na Amerika, ariko agabisha ati: “Turiko turavugana na bo, ariko umukuru w’igihugu ntazokwigera abemerera ko barasa amato ngo biherere ngaho”.
Mu gihe ibitero biguma vyiyongera, Umuhora wa Hormuz, inzira kirumara mu kwunguruza igitoro iracazibiye, ibi na vyo bikagira ingaruka ku biciro vy’igitoro kw’isi yose.
Ayandi makuru kuri iyi ntambara hano:
Ayandi makuru yacu mushobora kuyakurikira kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza
Ababuranira Trump bakuye bimwe mu birego bari batanze mu rubanza bitwariyemwo BBC
Abanyamategeko ba Perezida Donald Trump bakuye bimwe mu birego bari batanze mu rubanza runini rwo kumuserereza buguruje bitwarira BBC.
Bakuyemwo ibirego bari batanze ku mashami abiri ya BBC, ari yo BBC Studios Production, ishami ritunganya ibiganiro vya radio na televizio, hamwe na BBC Studios Distribution, ishami rishinzwe gukwiragiza ivyo biganiro kw’isi yose.
Ni impande zibiri muri zitatu zitwariwe muri urwo rubanza. Ariko ikirego c’amamiriyaridi menshi y’amadolari kiregwa BBC ubwayo kirabandanya.
BBC yasavye imbabazi Trump kubera guhindura igice kimwe c’ikiganiro ca Panorama, gisa n’icerekanye ko yahimirije abanywanyi biwe mu buryo butaziguye gutera no kwinjira ku nguvu mu ngoro y’Inama Nshingamateka na nkenguzamateka ya Amerika (US Capitol) muri Nzero (1) 2021.
Ariko iki kimenyeshamakuru caranse ivyo Trump asaba ko ahabwa indishi y’akababaro.
Ayandi makuru kuri ibi:
Ayandi makuru yacu mushobora kuyakurikira kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza
Trump yagirije Ubushinwa ko bwivanze mu matora yatsinzwemwo mu 2020
Perezida Donald Trump yagirije Ubushinwa ko bwivanze cane mu matora y’Umukuru w’Igihugu ya Amerika yo mu 2020, kandi ko inzego za Amerika zijejwe igendereza zabukingiye ikibaba mu mugambi wo kumubuza gutsinda ayo matora.
Mw’ijambo yashikirije igihugu, Trump, yatsinzwe muri ayo matora na Joe Biden, yasubiyemwo ivyo amaze igihe avuga ko ayo matora yibwe kandi ko atabaye mu muco.
Muri iryo jambo, Trump yavuze ko reta ya Amerika igiye gushira ahabona inyandiko zigaragaza ko Ubushinwa bwinjiye mu madosiye y’abatora bashika ku miriyoni 220. Ariko ntiyasiguye ingene ayo makuru ashobora kuba yarakoreshejwe mu kugirira nabi Amerika canke mu kugira ico ahinduye ku matora.
Trump kandi yagirije ivyo yise “deep state”, ni ukuvuga bamwe mu bakozi b’inzego za Amerika zijejwe igendereza, ko bakingiye ikibaba Ubushinwa mu bikorwa vyabwo vyo kwivanga mu matora yo hagati muri manda (midterm elections) yo mu 2018 hamwe no mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu 2020.
Ariko rero, amatohoza menshi, igenzura (audit) ry’amatora ryakozwe incuro zitandukanye hamwe n’imanza zaburanishijwe mu masentare atandukanye, nta na hamwe higeze haboneka ivyemezo vy’ubusuma mu matora.
Imbere y’iri jambo, abakeba biwe, ni ukuvuga Abademokarate, bari bagabishije ko Trump ashobora kuba ariko ategura inzira yo kwivanga mu matora yo hagati muri manda ategekanijwe muri Munyonyo (11), amatora Abarepubulikani bashobora gutakariziramwo ubwiganze bwabo mu nama nshingamateka na nkenguzamateka ya Amerika.
Ayandi makuru:
Ayandi makuru yacu mushobora kuyakurikira kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza
JD Vance, icegera ca Donald Trump, yagiriza Israel ‘kwosha Abanyamerika’ kugira intambara yo muri Irani ibandanye
Icegera c’Umukuru wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, JD Vance, yagirije bamwe mu bagize reta ya Israel ko bariko bagerageza kwosha Abanyamerika kugira intambara hagati ya Amerika na Irani ibandanye.
Mu kiganiro casohowe ku wa gatatu, Vance yabwiye umunyamakuru Joe Rogan ko naho yizera bamwe mu bari muri reta ya Israel, hari abandi “bariko bakinisha kandi bagerageza kwosha Abanyamerika kugira intambara ibandanye igihe kitagira iherezo”.
Reta ya Israel ntiyashotse igira ico ivuze ku majambo ya Vance.
Muri ico kiganiro, The Joe Rogan Experience, Vance yavuze ko hari abantu bo muri reta ya Israel bagerageza kuzimiza Amerika mu nzira yayo yo kuganira na Irani, kandi ko hari ivyemezo vyerekana ko bamwe mu bategetsi ba Israel ivy’amasezerano.
Yagize ati: “Ndibaza neza ko mwabonye uwo mugambi wo mu mpisho kandi urimwo amafaranga menshi, wo kugerageza kuburizamwo ibiganiro no kuburizamwo amasezerano”.
Amerika na Irani bashitse ku masezerano y’umwumvikano (MOU) mu kwezi guheze, yemera ko ibiganiro bibandanya, harimwo amasezerano y’agahengwe k’imisi 60 nubwo yahagaze, hamwe n’ingene Umuhora wa Hormuz wokwugururwa.
Ariko, icuka kibi kuri uno muhora carasubiye kuvyuka mbere Amerika yarongereje ibitero vyayo kuri Irani, Tehran na yo ikihorera ku ncuti za Amerika mu karere.
Vance avuga ko ari ibisanzwe mu migenderanire y'ibihugu kubona hari bamwe mu bategetsi ba Israel banegura canke bagerageza kwumvisha Amerika kwemera ivyiyumviro vyabo, ariko ko ikimubabaza ari uko hoba abategetsi ba Amerika bokwemera ako kosho.
Aya ni ayandi majambo ari mu rukurikirane rw’amajambo yo kunegura Israel amaze imisi ashikiriza, mu gihe ubutegetsi bwa Trump bubandanya burondera ingene iyi ntambara yorangira, haba mu nzira y’ibiganiro canke mu bitero bishasha vya gisirikare.
Amerika na Israel vyatanguje intambara kuri Irani mu kwa kabiri, bituma Irani na yo yishura mu gukora ibitero kuri Israel no ku ncuti za Amerika mu Kigobe c’Abarabu.
Israel ibona ko Irani ari ikibazo gikomeye ku kubaho kwayo, igashaka ko umugambi wayo wa nikleyeri n’uwo guhingura ibisasu vya misire uhagarara burundu, kandi intwaro igahinduka.
Hagati aho, ku wa gatatu inama nshingamateka yaranse integuro yo kugabanya imfashanyo y’amamiriyaridi menshi y’amadolari Amerika iha Israel.
Ayandi makuru:
Ayandi makuru yacu mushobora kuyakurikira kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza
Mwaramutse neza!
Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.