IKIBIRIRAHO, JD Vance, icegera ca Donald Trump, yagiriza Israel ‘kwosha Abanyamerika’ kugira intambara yo muri Irani ibandanye

Icegera c’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, JD Vance, yagirije bamwe mu bagize reta ya Israel ko bariko bagerageza kwosha Abanyamerika kugira intambara hagati ya Amerika na Irani ibandanye.

Incamake

  • Icegera c'umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, JD Vance, yagirije bamwe mu bagize reta ya Israel ko bariko bagerageza kwosha Abanyamerika kugira intambara hagati ya Amerika na Irani ibandanye.
  • Donald Trump yagirije Ubushinwa ko bwivanze cane mu matora y'Umukuru w'Igihugu ya Amerika yo mu 2020, kandi ko inzego za Amerika zijejwe igendereza zabukingiye ikibaba mu mugambi wo kumubuza gutsinda ayo matora.
  • Abanyamategeko ba Perezida Donald Trump bakuye bimwe mu birego bari batanze mu rubanza runini rwo kumuserereza buguruje bitwarira BBC.
  • Amerika yagavye urundi rukurikirane rw'ibitero kuri Irani, mu gihe impande zompi zibandanya kurwanira kugenzura wa Muhoro wa Hormuz.

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira

  1. Amerika irabandanya n’ibitero kuri Irani, Tehran ivuga ko mw’ijoro rigira gatandatu ibigo vya gisivire vyatewe

    Ikiraro cabomowe

    Ahavuye isanamu, SOCIAL MEDIA

    Amerika yagavye urundi rukurikirane rw’ibitero kuri Irani, nk’uko igisirikare cayo cabimenyesheje, mu gihe impande zompi zibandanya kurwanira kugenzura wa Muhoro wa Hormuz.

    Muri ibi bitero vyaraye bibaye mw’ijoro rigira gatandatu vyikurikiranya ubudasiba, ibinyamakuru vyegamiye reta ya Irani bitangaza ko Amerika yateye ibikorwa remezo vya gisivire,harimwo ibiraro, igituro ca gari ya moshi hamwe n’ikibuga c’indege. BBC yashoboye kubona kimwe mu biraro vyatewe mu burengero bw’igisagara ca Bandar Abbas, mu ntara ya Hormozgan.

    Mu rutonde rwabwo rwerekana “ibibanza vya gisirikare vya Irani vyatewe”, ubuyobozi bw’ingabo za Amerika mu karere (CENTCOM) ntibwavuze ko mu bibanza ingabo za Amerika zarashe harimwo ibiraro. Ibi bitero vyagiye kurangira mu masaha ya kare yo kuri uno wa gatanu.

    Buvuga ko indege z’intambara, indege zitajamwo abadereva (ama-drone) hamwe n’amato y’intambara vyarashe “ibigo bijejwe gucungera inkengera z’inyanja, n’ivyo kwivuna ibitero vyo mu kirere, ibigo vya gisirikare, hamwe n’ibigo vy’igisirikare kirwanira mu mazi”.

    Ibi bitero vyabaye mu gihe mu ntango z’ino ndwi, Perezida Donald Trump wa Amerika yari yagabishije Irani ko ibiraro n’ibigo vy’amasoko ntanganguvu vyayo bishobora guterwa mu gihe itokwemera gusubira mu biganiro.

    Buri gihe Amerika ikoze ibitero, Irani na yo ica yihora mu gukora ibitero ku bihugu bicuditse na Amerika.

    Kuri uno wa gatanu, reta ya Tehran yatangaje ko yateye ibigo vya gisirikare vya Amerika biri muri Koweit na Bahrain, inyuma y’uko yagirije Washington gutera ikibuga c’indege ca Iranshahr mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Irani, igituro ca gari ya moshi ya Bandar Khamir hamwe n’ibiraro bitanu biri muri ico gisagara co ku nkengera y’inyanja.

    Mu gihe ibi bitero bishasha bizingamitse amasezerano ya mbere agamije guhagarika intambara, umuvugizi w’ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Amerika, Karoline Leavitt, yavuze ejo ku wa kane ko Trump agifise ishaka ryo kuganira na Irani.

    Avuga kandi ko Irani igishaka gushika ku masezerano na Amerika, ariko agabisha ati: “Turiko turavugana na bo, ariko umukuru w’igihugu ntazokwigera abemerera ko barasa amato ngo biherere ngaho”.

    Mu gihe ibitero biguma vyiyongera, Umuhora wa Hormuz, inzira kirumara mu kwunguruza igitoro iracazibiye, ibi na vyo bikagira ingaruka ku biciro vy’igitoro kw’isi yose.

    Ayandi makuru kuri iyi ntambara hano:

    Ayandi makuru yacu mushobora kuyakurikira kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza

  2. Ababuranira Trump bakuye bimwe mu birego bari batanze mu rubanza bitwariyemwo BBC

    Trump

    Ahavuye isanamu, Reuters / AFP via Getty Images

    Abanyamategeko ba Perezida Donald Trump bakuye bimwe mu birego bari batanze mu rubanza runini rwo kumuserereza buguruje bitwarira BBC.

    Bakuyemwo ibirego bari batanze ku mashami abiri ya BBC, ari yo BBC Studios Production, ishami ritunganya ibiganiro vya radio na televizio, hamwe na BBC Studios Distribution, ishami rishinzwe gukwiragiza ivyo biganiro kw’isi yose.

    Ni impande zibiri muri zitatu zitwariwe muri urwo rubanza. Ariko ikirego c’amamiriyaridi menshi y’amadolari kiregwa BBC ubwayo kirabandanya.

    BBC yasavye imbabazi Trump kubera guhindura igice kimwe c’ikiganiro ca Panorama, gisa n’icerekanye ko yahimirije abanywanyi biwe mu buryo butaziguye gutera no kwinjira ku nguvu mu ngoro y’Inama Nshingamateka na nkenguzamateka ya Amerika (US Capitol) muri Nzero (1) 2021.

    Ariko iki kimenyeshamakuru caranse ivyo Trump asaba ko ahabwa indishi y’akababaro.

    Ayandi makuru kuri ibi:

    Ayandi makuru yacu mushobora kuyakurikira kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza

  3. Trump yagirije Ubushinwa ko bwivanze mu matora yatsinzwemwo mu 2020

    Trump

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Perezida Donald Trump yagirije Ubushinwa ko bwivanze cane mu matora y’Umukuru w’Igihugu ya Amerika yo mu 2020, kandi ko inzego za Amerika zijejwe igendereza zabukingiye ikibaba mu mugambi wo kumubuza gutsinda ayo matora.

    Mw’ijambo yashikirije igihugu, Trump, yatsinzwe muri ayo matora na Joe Biden, yasubiyemwo ivyo amaze igihe avuga ko ayo matora yibwe kandi ko atabaye mu muco.

    Muri iryo jambo, Trump yavuze ko reta ya Amerika igiye gushira ahabona inyandiko zigaragaza ko Ubushinwa bwinjiye mu madosiye y’abatora bashika ku miriyoni 220. Ariko ntiyasiguye ingene ayo makuru ashobora kuba yarakoreshejwe mu kugirira nabi Amerika canke mu kugira ico ahinduye ku matora.

    Trump kandi yagirije ivyo yise deep state, ni ukuvuga bamwe mu bakozi b’inzego za Amerika zijejwe igendereza, ko bakingiye ikibaba Ubushinwa mu bikorwa vyabwo vyo kwivanga mu matora yo hagati muri manda (midterm elections) yo mu 2018 hamwe no mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu 2020.

    Ariko rero, amatohoza menshi, igenzura (audit) ry’amatora ryakozwe incuro zitandukanye hamwe n’imanza zaburanishijwe mu masentare atandukanye, nta na hamwe higeze haboneka ivyemezo vy’ubusuma mu matora.

    Imbere y’iri jambo, abakeba biwe, ni ukuvuga Abademokarate, bari bagabishije ko Trump ashobora kuba ariko ategura inzira yo kwivanga mu matora yo hagati muri manda ategekanijwe muri Munyonyo (11), amatora Abarepubulikani bashobora gutakariziramwo ubwiganze bwabo mu nama nshingamateka na nkenguzamateka ya Amerika.

    Ayandi makuru:

    Ayandi makuru yacu mushobora kuyakurikira kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza

  4. JD Vance, icegera ca Donald Trump, yagiriza Israel ‘kwosha Abanyamerika’ kugira intambara yo muri Irani ibandanye

    JD Vance

    Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Vance yagize uruhara runini cane mu biganiro na Irani, akaba yaritabiriye ibiganiro vyo muri Pakistan mu kwa kane, aja no mu Buswisi mu kwa gatandatu igihe hasinywa amasezerano y'umwumvikano (MOU)

    Icegera c’Umukuru w’Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, JD Vance, yagirije bamwe mu bagize reta ya Israel ko bariko bagerageza kwosha Abanyamerika kugira intambara hagati ya Amerika na Irani ibandanye.

    Mu kiganiro casohowe ku wa gatatu, Vance yabwiye umunyamakuru Joe Rogan ko naho yizera bamwe mu bari muri reta ya Israel, hari abandi “bariko bakinisha kandi bagerageza kwosha Abanyamerika kugira intambara ibandanye igihe kitagira iherezo”.

    Reta ya Israel ntiyashotse igira ico ivuze ku majambo ya Vance.

    Muri ico kiganiro, The Joe Rogan Experience, Vance yavuze ko hari abantu bo muri reta ya Israel bagerageza kuzimiza Amerika mu nzira yayo yo kuganira na Irani, kandi ko hari ivyemezo vyerekana ko bamwe mu bategetsi ba Israel ivy’amasezerano.

    Yagize ati: “Ndibaza neza ko mwabonye uwo mugambi wo mu mpisho kandi urimwo amafaranga menshi, wo kugerageza kuburizamwo ibiganiro no kuburizamwo amasezerano”.

    Amerika na Irani bashitse ku masezerano y’umwumvikano (MOU) mu kwezi guheze, yemera ko ibiganiro bibandanya, harimwo amasezerano y’agahengwe k’imisi 60 nubwo yahagaze, hamwe n’ingene Umuhora wa Hormuz wokwugururwa.

    Ariko, icuka kibi kuri uno muhora carasubiye kuvyuka mbere Amerika yarongereje ibitero vyayo kuri Irani, Tehran na yo ikihorera ku ncuti za Amerika mu karere.

    Vance avuga ko ari ibisanzwe mu migenderanire y'ibihugu kubona hari bamwe mu bategetsi ba Israel banegura canke bagerageza kwumvisha Amerika kwemera ivyiyumviro vyabo, ariko ko ikimubabaza ari uko hoba abategetsi ba Amerika bokwemera ako kosho.

    Aya ni ayandi majambo ari mu rukurikirane rw’amajambo yo kunegura Israel amaze imisi ashikiriza, mu gihe ubutegetsi bwa Trump bubandanya burondera ingene iyi ntambara yorangira, haba mu nzira y’ibiganiro canke mu bitero bishasha vya gisirikare.

    Amerika na Israel vyatanguje intambara kuri Irani mu kwa kabiri, bituma Irani na yo yishura mu gukora ibitero kuri Israel no ku ncuti za Amerika mu Kigobe c’Abarabu.

    Israel ibona ko Irani ari ikibazo gikomeye ku kubaho kwayo, igashaka ko umugambi wayo wa nikleyeri n’uwo guhingura ibisasu vya misire uhagarara burundu, kandi intwaro igahinduka.

    Hagati aho, ku wa gatatu inama nshingamateka yaranse integuro yo kugabanya imfashanyo y’amamiriyaridi menshi y’amadolari Amerika iha Israel.

    Ayandi makuru:

    Ayandi makuru yacu mushobora kuyakurikira kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza

  5. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.