IKIBIRIRAHO, Trump yongeye gutera igitsure Ukraine ngo yumvikane n'Uburusiya

Trump avuga ko Ukraine ikwiye kwemera "gutorera umuti" iyo ntambara, kandi ko ibintu bishobora kuzoba nabi kuri ico gihugu mu gihe ata masezerano yoshikwako.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Anne Marie Niwemwiza, Bernard Bankukira, Didier Bikorimana na Gildas Yihundimpundu

  1. Gufataho inshuro imwe gusa byatuma uba imbata y'ibiyobyabwenge – Umunyarwanda Steve Shema wari warabaswe na byo

    Umugabo ukiri muto, wambaye umupira w'umweru, afite mikoro mu ntoki. Yambaye amadarubindi, impeta ku ntoki n'agakomo ku kuboko. Ifoto yakuwe muri videwo.
    Insiguro y'isanamu, Shema Steve uvuga ko amaze imyaka irindwi aretse gukoresha ibiyobyabwenge

    Perezida w’u Rwanda Paul Kagame yongeye gusaba urubyiruko kwirinda inzoga n’ibiyobyabwenge kuko rukwiye kubaho rufite ubuzima buzira umuze kugira ngo rushobore no gutanga umusanzu mu kubaka igihugu.

    Perezida Kagame yabivuze ku wa gatatu ubwo yahuraga n’urubyiruko rurenga 10,000 ruvuye hirya no hino mu gihugu, aho rwari ruteraniye i Kigali mu nyubako ya BK Arena.

    Umwe muri bo ni Shema Steve Maridadi, watanze ubuhamya avuga uko gufata heroine inshuro ebyiri gusa byatumye aba imbata yayo mu gihe cy’imyaka ibiri, ubu akaba avuga ko amaze imyaka irindwi aretse gukoresha icyo kiyobyabwenge.

    Ibi bibaye mu gihe mu Rwanda bamwe mu rubyiruko hamwe n'abategetsi banyuranye, bamaze igihe mu bukangurambaga bwo gushishikariza abantu kureka ibiyobyabwenge, aho imibare igaragaza ko ikoreshwa ryabyo riri ku kigero cyo hejuru, cyane cyane mu rubyiruko.

    Shema yagize ati: “Hari abantu batekereza ko ibiyobyabwenge byose, ubikoresha buhoro buhoro mu gihe kirekire, bikaba ari bwo bikubata.

    "Hari ibiyobyabwenge bishobora kukubata, ubikoresheje rimwe cyangwa kabiri konyine. Jyewe ubwanjye, ndi inzirakarengane y’ibiyobyabwenge...

    "Nagerageje heroine n’inshuti zanjye, rimwe, kabiri, gatatu… Iyo minsi itatu gusa nayigerageje, yansabye imyaka ibiri n’igice kugira ngo nshobore kwigobotora iyi ngoyi."

    Shema yakomeje asaba urubyiruko ko rwagakwiye kubifatiraho isomo, rukamenya ko uburyo bwiza n’umuti wo kwirinda ibiyobyabwenge ari ukutabigerageza na rimwe.

    Perezida Kagame yemeranyije na we, avuga ko urubyiruko rudakwiye kugerageza na rimwe ibiyobyabwenge kuko nta n’icyiza kibibamo.

    Shema yongeyeho ko hari ikibazo cy’imyumvire ku bantu bapfa bazize ibiyobyabwenge ariko imiryango yabo ikagira ipfunwe ryo kuvuga ku mugaragaro ko ari byo bazize.

    Yavuze ko aho kugira ngo bahimbe impamvu, bakwiye kuvuga ikintu nyakuri bazize, kandi ko byatuma hari abatinya kubigerageza kuko babona ko uretse kukugira imbata, binica.

    Mu buhamya bwe, Shema yasoje avuga ko buri muntu wese ashobora kuba imbata y'ibiyobyabwenge, yaba umuto, umukuru, abasenga n’abadasenga, yongera gusaba urubyiruko n'ababyeyi kutumva ko bo ibyo bitabareba.

    Izindi nkuru wasoma:

  2. Gambia igiye kuriha indishyi abahohotewe na Yahya Jammeh ivuye ku mafaranga yo ku nzu ye yafatiriwe muri Amerika

    Uwahoze ari Perezida wa Gambia Yahya Jammeh yicaye yambaye ikanzu y'umweru ari imbere y'ameza.
    Insiguro y'isanamu, Jammeh, ubu uba mu buhungiro muri Guinée équatoriale, yategetse Gambia imyaka irenga 20

    Abategetsi bo muri Gambia bavuze ko icyo gihugu cyo muri Afurika y’uburengerazuba kizakoresha umutungo wafatiriwe wa Yahya Jammeh wategetse icyo gihugu igihe kirekire, mu kuriha indishyi abahohotewe n’ubutegetsi bwe.

    Akanama ka Gambia gashinzwe indishyi kavuze ko kakiriye miliyoni 2,5 z’amadolari y’Amerika – angana na miliyari 3 uyavunje mu mafaranga y’u Rwanda – zavuye mu igurishwa ry’inzu y’akataraboneka yo muri leta ya Maryland yahoze ari iy’uwo wari Perezida wa Gambia.

    Mu mwaka wa 2022, Amerika yari yabonye uburenganzira bwo kugurisha uwo mutungo hashingiwe ku kuba warabonywe binyuze “mu mafaranga avuye mu byaha no kunyereza amafaranga ya leta muri Gambia”.

    Jammeh yategetse Gambia imyaka irenga 20 nyuma yo gufata ubutegetsi mu 1994 binyuze mu ihirikwa ry’ubwari buriho – icyo gihe kikaba cyararanzwe n’ibirego byo guhonyora uburenganzira bwa muntu, kuburisha abantu ku gahato n’ubwicanyi butemejwe n’amategeko.

    Ku wa kabiri, akanama ka Gambia gashinzwe indishyi kavuze ko gashimishijwe no “kumenyesha abahohotewe, abarokotse hamwe na rubanda” ko kakiriye amadolari y’Amerika 2,573,414.10 avuye mu igurishwa ry’umutungo wa Jammeh.

    Kavuze ko kiyemeje gutuma ayo mafaranga acungwa neza kandi mu mucyo, “hazirikanwa uburenganzira ndetse n’ibicyenewe n’abahohotewe hamwe n’abarokotse”.

    Jammeh yatsinzwe na Adama Barrow mu matora yo mu mwaka wa 2016, abanza kwemera ko yatsinzwe ariko nyuma yanga kwemera ibyavuye mu matora.

    Izindi nkuru wasoma:

  3. Uburusiya bwarekuye Umunyamerika Stephen Hubbard, nk'uko bitangazwa ibinyamakuru vya reta

    Stephen Hubbard yafashwe iyi foto igihe yari muri sentare i Moscou mu 2024
    Insiguro y'isanamu, Stephen Hubbard yafashwe iyi foto igihe yari muri sentare i Moscou mu 2024

    Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya yavuze ko igihugu ciwe cemeye kurekura Umunyamerika yari apfunzwe yagirizwa azira ivyaha vyo kurwana ku ruhande rwa Ukraine, nk'uko bitangazwa ibinyamakuru vya reta.

    Stephen Hubbard yamaze kujanwa ku kibuga c’indege ca Pulkovo, ivyo Perezida Putin akaba yabivuze mu gihe yariko araganira n’intumwa ya Amerika Steve Witkoff mu gisagara ca St Petersburg.

    Hubbard, yavuka muri leta ya Michigan muri Amerika, yari afise imyaka 72 igihe yakatirwa gufungwa hafi imyaka indwi mu kigo c’igororero mu mwaka wa 2024.

    Perezida wa Amerika Donald Trump yavuze ko Hubbard “ari mu nzira asubira muhira” kandi ko bitabaye ngombwa ko haba guhanahana impfungwa kugira arekurwe.

    Abashikirizamanza b’Uburusiya bari bamwagirije ko yakorera mu murwi warwanira mu gisagara ca Izyum mu buseruko bwa Ukraine, igihe yafatwa n’ingabo z’Uburusiya mu myaka ibiri yari iheze.

    Ubushikiranganji bw’imigenderanire ya Amerika bwari bwarashize Hubbard mu rutonde rw’abafungiwe ubusa, buvuga ko yafashwe mu buryo butemewe n’amategeko.

    Ejo ku wa kabiri, Perezida Trump wa Amerika yavuze ko yari yaraganiriye na Putin ku kibazo ca Hubbard.

    Trump yabwiye abamenyeshamakuru ati: “Reka turabe ikizovamwo. Twaravuganye cane ku kibazo ca Hubbard.”

    BBC yasavye ibiro vy’umukuru w’ugihugu wa Amerika (Maison Blanche/White House) kugira ico bivuga kuri ayo makuru.

  4. Papa Leo yabonetse atembera mu kibanza citiriwe Umweranda Petero inyuma yo kubagwa

    Papa ahezagira abana

    Papa Leo yabonetse ariko aratembera mu modoka yiwe irerura umupapa, izwi nka Pope-mobile, ku kibanza citiriwe Umweranda Petero kiri imbere ya Vaticano, inyuma y’iminsi mike asohotse ibitaro yabagiwemwo akavyimba ka kanseri yo mu mahaha.

    Abantu ibihumbi n’ibihumbi bari bakoraniye kuri ico kibanza kugira bakurikirane inyigisho yiwe rusangi ya mbere kuva abazwe mu ndwi iheze agakurwamwo ako kavyimba ka kanseri.

    Mu gihe cose yamaze ari imbere y’abari bakoraniye aho, Papa yamwenyura, aramutsa abantu, ahezagira n’abana, imbere y’uko aja kwicara ku ntebe yiwe isanzwe kugira ahe imihezagiro abantu bose bari aho.

    Iyi ndongozi ya Ekleziya Katolika y’imyaka 71 yasohotse mu bitaro ku wa gatandatu. Bukeye ku wa Mungu yasengeye ibihumbi vy’abantu ari kw’idirisha rirabana n’iki kibanza citiriwe Umweranda Petero.

    Papa Leo yemereye abakristu ko buhorobuhoro agiye gusubira ku bikorwa vyiwe vya misi yose.

  5. Arabia Sawudite ivuga ko yakoroye amadrone atanu yari agomorewe kuri iki gihugu

    drone

    Urunani rwa gisirikare rurongowe na Arabia Sawudite rwatangaje ko kuri uno wa gatatu rwakoroye indege zitajamwo abadereva (drone) zitanu zari zigomorewe kuri iki gihugu, harimwo n’izari zageze mu karere ka Medina.

    Umuvugizi warwo, Turki al-Maliki, yanditse ku rubuga X ati: “Amadrone ane yari arungitswe kuri iki gihugu yasamiwe mu kirere arasamburwa.”

    Al-Maliki ntiyasiguye uwarungitse aya madrone, ariko mu nyuma yatangaje ko n’iyindi yakororewe mu karere k’ubuseruko.

    Muri iyi misi ya vuba, imishamirano hagati ya Arabia Sawudite n’umuhari w’Aba-Houthi bo muri Yemen yariyongereye. Arabia Sawudite yagiriza uno muhari ko ugaba ibitero kuri iki gihugu ukoresheje amadrone, hamwe na vya muzinga biraswa kure.

    Hagati aho, ubushikiranganji bw’ukwivuna abansi bw’Ubwongereza bwatangaje ejo ku wa kabiri ko iki gihugu kigiye kurungika indege z’intambara mu bikorwa vyo gukingira Arabia Sawudite, mu gihe ibitero vy’umurwi w’Aba-Houthi bo muri Yemeni bibandanya kwiyongera.

    Mw’itangazo ryabwo, ubwo bushikiranganji bwavuze ko ivyo bikorwa bigamije gufasha kuzibira ibitero vyo mu kirere bikorwa ku basivire bo muri Arabia Sawudite hamwe no ku bikorwa remezo nyamukuru vy’igihugu.

    Iri tangazo rivuga ko ubu bushikiranganji buzorungika indege z’intambara zo mu bwoko bwa Typhoon, ariko ko izo ndege zitazokoreshwa mu kugaba ibitero ku barwanyi b’Aba-Houthi.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  6. Irani yiyemeje guhuza Arabia Sawudite n'Aba-Houthi

    Abbas Araqchi, umushikiranganji w'imigenderanire wa Irani
    Insiguro y'isanamu, Abbas Araqchi, umushikiranganji w'imigenderanire wa Irani

    Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Irani, Abbas Araqchi, avuga ko igihugu ca Arabia Sawudite hamwe n'umuhari w'abarwanyi b'Aba-Houthi bo muri Yemeni batarashikiriza inyishu ku cipfuzo ca Irani co guhuza impande zompi kugira ngo intambara zihagarare.

    Nk'uko vyandikwa n’itororokanirizo ry’amakuru Reuters, Araqchi yavuze ko yasavye gufasha gutanguza ibiganiro vy'amahoro inyuma y'uko ibitero vy'Aba-Houthi vyagabwe kuri Arabia Sawudite vyongereje ubukana mu ntango z'uku kwezi.

    Avuga kw’itangazo rya Misiri ivuga ko ishigikiye Arabia Sawudite mu ntambara yayo n'Aba-Houthi, uno mushikiranganji yavuze ko "ubufasha bwose bwoza buvuye hanze buzotuma gusa ikibazo kibandanya gukomera gusumba."

    Mu ntango, igihugu ca Misiri cari catangaje ko citeguriye guha Arabia Sawudite imfashanyo iyo ari yo yose yokenera kugira ngo ikingire umutekano wayo.

    Igihugu ca Irani gisanzwe kizwi ko giha uburyo imirwi itari mike yo mu Buseruko bwo Hagati, mu kizwi nk’ “Urunani rwo Kwirwanako” (axe de la résistance/Axis of Resistance) muri iyi mihari, n’uno muhari w’Aba-Houthi ukaba urimwo.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  7. Intumwa ya Amerika igiye guhura na Putin, mu gihe Zelensky avuga ko ugusangira amakuru y’iperereza “ubu bigenda neza”

    Witkoff yambaye ikoti y’ibara ry’umugina yo mu gihe c’imbeho, ariko aganira n’umugabo yambaye impuzu zirabura, inyuma yabo hari indege.
    Insiguro y'isanamu, Zelensky n’ibihugu vy'i Buraya bavuga ko ubu hasigaye ko Uburusiya bwishura ku vyifuzo vyumvikanyweko i Oslo

    Steve Witkoff, intumwa idasanzwe ya Amerika, ategekanya guhura na Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin i St Petersburg kuri uyu wa gatatu, kugira baganire ku vyiyumviro bitandukanye bishobora gufasha kurangiza intambara imaze imyaka hagati y’Uburusiya na Ukraine.

    Witkoff agiye kubonana na Putin inyuma y’umusi umwe gusa ahuye na Perezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, i Oslo, ikiganiro uwo mutegetsi wa Amerika yavuze ko “cagenze neza kandi cari icubaka”.

    Imbere y’aho, Kyiv yari yagirije Amerika ko yahagaritse kuyiha amakuru nkenerwa cane y’iperereza. Amerika yamiriye kure ivyo yagirizwa, aho mbere yavuze ko “biteye isoni”. Ariko ku wa kabiri, Zelensky yamenyesheje ko ugusabikanya amakuru y’iperereza na Amerika ku bijanye n’ibitero vya misire vy’Uburusiya “ubu bigenda neza”.

    Zelensky n’ibihugu vyo ku mugabane wa Buraya bimushigikiye, bavuze ko ubu hasigaye ko Uburusiya bwishura ku vyifuzo vyumvikanyweko i Oslo.

    Perezida wa Finlande, Alexander Stubb, na we yari muri ivyo biganiro. Yavuze ko hatewe “intambwe ifadika” ku vyifuzo bigamije gushika ku mahoro, ariko ntiyatanze ido n’ido. Gusa, yagabishije ko bizosaba ukwihangana.

    Witkoff ntiyari kumwe n’abandi mu kiganiro n’abamenyeshamakuru cabaye inyuma y’ibiganiro vyo ku wa kabiri ku murwa mukuru wa Norvege. Jared Kushner, umukwe wa Perezida wa Amerika Donald Trump akaba n’iyindi ntumwa ikomeye, na we yaragize uruhara muri iyo nama biciye ku buhinga bwa none.

    Mu nyuma, umutegetsi wa Amerika yavuze ko ivyo biganiro “vyagenze neza cane kandi ko vyari ivyubaka”, yongerako ko Amerika, Ukraine n’Uburaya “bihuriza cane ku ntambwe zikurikira”, ku rugero rw’abahinga n’abakozi bajejwe kubishira mu ngiro.

    Putin ntarashikiriza icese ico avuga kuri ivyo biganiro. Ariko imbere y’aho, umushikiranganji w’imigenderanire w’Uburusiya, Sergei Lavrov, yavuze ko inzego z’ubutegetsi bwa Kremlin zizokwumviriza ivyo Witkoff azoshikiriza, ariko aca akuraho iciyumviro c’uko Uburusiya bwokwemera “guca bugira ivyo buhevye muri politike”.

    Mu ndwi ziheze, imigenderanire hagati ya Ukraine na Amerika yarushirije gucumbagira gushika aho Trump avuga ko igihe kigeze ngo Ukraine ironke uwundi Muperezida. Trump yashimangiye ko “hakwiye kuba uwundi muntu aganira mu kibanza ca Ukraine”.

    Mu gihe amatora yo hagati y’ikiringo muri Amerika ategekanijwe mu kwezi kuza, Trump yaragerageje kandi kwegeka kuri Ukraine uruhara kw’iduga ry’ibiciro vy’ibitoro kw’isi, avuga ko biterwa n’ibitero Ukraine igaba ku nganda zitunganya ibitoro mu Burusiya.

    Yamara, ivyo biciro vyatanguye kuduga kuva Amerika na Israel bitanguje intambara kuri Irani mu kwezi kwa kabiri uwu mwaka.

    Izindi nkuru wosoma:

  8. Amadrone y’igisirikare ca Sudani yishe abarenga 300 arimwo n’abari bagiye mu kigandaro

    Inkomere

    Igisirikare ca Sudani cagirizwa kugaba ibitero gikoresheje indege zitajamwo abadereva (drone), ibitero bivugwa ko vyaguyemwo abantu barenga 300.

    Nk'uko vyatangajwe n’Ikigo gikurikirana intambara co muri Sudani (Sudan War Observatory), abantu n’imiburiburi 150 bishwe mu bitero vyabereye mu ntara ya West Kordofan ku mugoroba wo ku wa Mungu.

    Ibi bitero vyatanguye ku mugoroba wo ku wa Mungu, ikigo Sudan War Observatory kikavuga ko vyavuye mu gisagara ca Kadugli kiri mu minwe y’igisirikare ca reta mu ntara ya South Kordofan.

    Ikamyo yari itwaye abantu bashika 200 bagiye ku kigandaro yarashwe na drone ikigera mu gisagara ca Al-Dabab mu ntara ya West Kordofan. Amasoko yabwiye ico kigo ko abantu 145 bahasize ubuzima. Ihema ryari rikoraniyemwo abari muri ico kigandaro na ryo nyene ryaratewe, hapfa abandi bantu batanu. Abantu bashika 150 barakomeretse muri ivyo bitero.

    Mu masaha y’umugoroba wo kuri uwo musi nyene, amadrone yarateye ibibombe ku rindi soko ryo mu gisagara ca Al-Mujlad, nk’uko bibandanya bivugwa na Sudan War Observatory ariko igitigiri c’abahaguye n’abakomeretse ntikiramenyekana neza.

    Bukeye bwaho, ni ukuvuga ku wa mbere, abandi 153 barishwe igihe drone zagaba igitero kw’isoko ryo mu karere ka Abyei gateje ukutumvikana hagati ya Sudani na Sudani y’Epfo.

    Isoko ryo mu gisirikare ryabwiye BBC ko igisirikare ari co cakoze ico gitero i Abyei, avuga ko iryo sóko ryakoreshwa n’umurwi w’abarwanyi ba Rapid Support Forces (RSF) mu kuronka igitoro.

    Ico gitero catumye hongerekana icuka kibi hagati ya Sudani y’Epfo na Sudani, bisanzwe bifadikanije mu kuyobora akarere ka Abyei. Ibi bihugu vyompi vyiyitirira aka karere gasanzwe gatunze igitoro, mu matati amaze imyaka n’inyaka atararonka umuti kuva Sudani y’Epfo yikukira mu 2011.

    Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ryagaragaje amakenga ku kwiyongera kw’ibitero vya drone, rivuga ko abasivire, harimwo abana, bariko barahasiga ubuzima kandi ko ibikorwa nkenerwa ku banyagihugu biriko birahungabanywa.

    Ayandi makuru kuri Sudani:

  9. Nigeria iriko irakurikirana abantu 44 bakekwa kuba barahuye n’uwanduye Ebola

    Umuganga wa Ebola

    Nigeria ivuga ko iriko irakurikirana abantu 44 bakekwa kuba barahuye n’umurwayi wa mbere wa Ebola amaze gutangazwa muri ico gihugu.

    Umushikiranganji w’Amagara y’Abantu, Ali Pate, yavuze ko uwo murwayi w’umugore yari aherutse gushika i Abuja, umugwa mukuru wa Nigeria, avuye muri Uganda.

    Nigeria ni co gihugu ca mbere co muri Afrika y’Uburengero cemeje umurwayi wa Ebola kuva ico kiza gitanguye muri Rusama (5) uyu mwaka.

    Hagati aho, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwa Uganda burahakana ko muri iki gihe hari abarwaye Ebola muri ico gihugu, bukavuga ko ico kiza carangiye muri Mukakaro (7).

    Muri iki gihe, ikiza ca Ebola kirangwa cane Repubulika ya Demokarasi ya Congo (RDC), nubwo hari abanda bamenyekanye ko bayanduye muri Kenya.

    Muri Congo, iki kiza kimaze guhitana ubuzima bw’abarenga 4.600, abarenga 9.500 na bo bakaba bamaze kwandura iyo ndwara, nk'uko vyatangajwe n'ikigo ca Bulaya kijejwe Gukinga no Gucungera Indwara (ECDC).

    Ayandi makuru ushobora gusoma hano:

  10. Trump yongeye gutera igitsure Ukraine ngo yumvikane n'Uburusiya

    Trump na Zelensky

    Perezida Donald Trump wa Amerika yasubiriye gutera igitsure gikomeye Ukraine, ayisaba kwemera kwumvikana n'Uburusiya kugira ngo intambara irangire.

    Mu majambo yabwiye abanyamakuru muri Maison Blanche/White House (ibiro vy’umukuru w’igihugu wa Amerika), Trump yagumye abwira abanyamakuru ko Ukraine – mu majambo yiwe-- ikwiye kwemera "gutorera umuti" iyo ntambara, avuga ko ibintu bishobora kuzoba nabi kuri ico gihugu mu gihe ata masezerano yoshikwako.

    Trump yavuze ko n’Uburusiya bwifuza ko “ikibazo gitora umuti”, ko rero igihe kigeze “kugira Ukraine irangize iyi ntambara”.

    Trump yavuze aya majambo mu gihe intumwa yiwe idasanzwe, Steve Witkoff, iri mu rugendo mu ntumbero yo kunagura ibiganiro vy’amahoro hagati y'impande zihanganye.

    Ejo ku wa kabiri, Witkoff yaragiranye ibiganiro na Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine, n’umushikiranganji wa mbere wa Norvège hamwe n'Umukuru w'Igihugu wa Finlande, ibiganiro Maison Blanche yavuze ko vyagenze neza cane kandi ko vyabaye ngirakamaro.

    Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya ntaco aravuga ku mugaragaro ku bijanye n’ivyavuye muri ibi biganiro bigamije guhagarika intambara muri Ukraine. Ariko umushikiranganji w’imigenderanire w’Uburusiya, Sergei Lavrov, yamaze kuvuga ko Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburusiya) yiteguriye kwumviriza ivyifuzo intumwa ya Amerika Steve Witkoff izoshikiriza, naho yaciye ashimangira ko Uburusiya budashobora "kurekura na kimwe mu vya poritike".

    Bitegekanijwe kandi ko Steve Witkoff agirana ibiganiro na Perezida Putin kuri uno wa gatatu mu gisagara ca St Petersburg.

    Putin yatanguje intambara yeruye kuri Ukraine mu 2022, ubu Uburusiya bukaba bugenzura bugenzura hafi ibice 20 kw’ijana vy’ubutaka bwa Ukraine.

    Hagati aho, ibitero vy’indege zitajamwo abadereva (drones) vy’Uburusiya vyarabandanije ejo ku wa kabiri. Abategetsi ba Ukraine bavuze ko abantu nibura 10 bishwe. Muri bo, bane bapfiriye i Kyiv no mu micungararo yaho, abandi bane bicirwa mu karere ka Donetsk mu buseruko bw’igihugu, mu gihe babiri bishwe mu gisagara ca Dnipro kiri hagati mu gihugu.

    Muri iyi misi ya vuba, umubano hagati ya Ukraine n'ubutegetsi bwa Trump waranzwe n'ukutumvikana gukomeye, ariko Perezida Zelensky yavuze ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zongeye guha Ukraine amakuru y'igendereza mu kuyimenyesha hakiri kare ibitero vy'ibisasu vya misile biba biriko birategurwa n'Uburusiya, inyuma y'igihe gito ico gikorwa cari cahagaze.

    Zelensky yagize ati: "Ku bijanye n’imburi ya kare, ni ikintu kirumara cane ku banyagihugu bacu, abana, abakuze, n’abasivire, kuko dushobora kumenya ko igisasu ca misile kiriko kiraza, turashimira uruhande rwa Amerika, ubu ibintu bimeze neza, ni ikintu ciza cane”.

    Yongeye kandi gushimangira ko igihugu ciwe "citeguriye ibiganiro" vyo guhagarika intambara, ayo yagize ati: "Si ukuvuga koturiko turatsindwa muri iyi ntambara, ariko turiko turatakaza abantu kubera ibitero vy’Uburusiya."

    Ayandi makuru:

  11. Mwaramutse

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw’ikibiriraho.