Le Parisien na Chez Ndayizamba inyuma y'amezi abiri: gusanura bigeze he?

Amezi abiri aruzuye umuriro uhitanye inyubakwa zibiri nini z'ubudandaji hagati mu gisagara ca Bujumbura mu Burundi.
Ku munsi nk'uyu mu kwezi kw'umunani, i Bujumbura harangwa amarira n'amaganya ku bantu ibihumbi bari bahejeje kuburira ivyabo muri Le Parisien na Galerie Chez Ndayizamba hagati mu gisagara.
Bene ayo mazu ubu bariko baragerageza gusanura mu gihe abari bafiseyo ibibanza basaba ko ibikorwa vyonyaruka ngo basubire ku mirimo.
Gushika ubu ntiharamenyekana icateye uwo muriro watwaye ibicuruzwa biharurwa mu mamiriyaridi y'amafaranga.
Kuri Galerie Ndayizamba, abakozi usanga bariko baracanacanako, bamwe bavanga isima n'umusenyi, abandi bayora bashira abafundi bariko barasubiramwo inkingi (colonnes) z'iyo nyubakwa.
Uwundi murwi w'abafundi bariko basubiriza intsinga z'umuyagankuba. Ibikorwa babigejeje kure muri iyo nyubakwa y'amagorofa ane n'ikibanza kinini co mu kuzimu, 'cave'.
Aho muri cave niho hadandarizwa cane cane ivyombo: amasorori, amasahani, thermos n'ibindi. Umwe mu bahora bahakorera ngo ubuzima ubu bwaragoranye.
Mu bahora bahadandariza hari abadusaba kuza kuraba aho ibikorwa bigeze ngo basubire kuronka aho bakorera.
''Aha hari muri 18 imbere yanje, aha hari muri 17, 16...bose nari ndabazi. Nta n'umwe yakuyeyo ikuntu na kimwe'', uwo ni umugore yariko aratwereka aho yahora akorera. N'ubwo ubona ko hayoberanye, we ahazi ku mutwe.
We n'abandi basaba ko ibikorwa vyonyaruka kugira basubire kudandaza, ''umufundi apfira kw'i chantier'', niko umwe yatubwiye.
Aho kuri Galerie Ndayizamba ibikorwa bigeze kure. Bagereranya ko mu mezi abiri canke atatu hoba hasubiye gukora. Inkingi zose zarahejeje gusubirwamwo kiretse izo mw'igorofa ya nyuma nkuko twavyiboneye. Igisenge baragikuyeko kugira gisubirizwe n'ikindi gishasha.
Muri iyo nyubakwa hariyo ibibanza birenga 380. Abazi ingene hakora bavuga ko ikibanza kimwe akenshi caba gisangiye abantu bane gushika kuri batandatu. Bisigura ko hakorerayo abantu bari hagati ya 1200 na 2000.

Nta makuru menshi batanga
Galerie Le Parisien ari nayo yagutse gusumba, yo haracariko harakurwayo ivyahiriyeyo.
Ni amakuru twahawe n'abahoze bafiseyo ibibanza kuko ata ruhusha twaronse rwo kwinjirayo kuraba. Inyubakwa yose hasi izitije amabati
Ikiboneka ni uko bene izo nyubakwa biyubara cane gutanga amakuru y'ingene ibikorwa vyo kuzisanura biriko biragenda n'uburyo bukenewe.
Birimwo ibibazo vyinshi vy'amabanki yari yabahaye canke azobaha amadeni n'ibigo vy'ubwishingizi (assurances) baronderamwo inshumbusho.
Izo nyubakwa za Le Parisien na Ndayizamba zahiriye rimwe kuwa 21 ukwezi kw'umunani 2026.
Umugwi washinzwe gukora amatohoza ntaco uramenyesha ku coba carateye uwo muriro n'agaciro k'ivyahatikiriye vyose.
Kandi si aho honyene kuko kuva umwaka utanguye mu gisagara ca Bujumbura honyenye hamaze gusha ibindi bibanza vyo gucururizamwo bine: ahadandarizwa imbaho kw'i Jabe no Kwa Siyoni, ahadandarizwa imatera kw'isoko ya Kinindo n'isoko ya Kinama.













