Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

Inyuma y'inama na Putin na Trump, Xi ati: Ibirwanisho vya Nikleyeri ni ‘inkota imanitse hejuru ya kiremwamuntu’

Mw’itangazo rusangi , abakuru b’ibihugu vy'Ubushinwa, Uburusiya na Amerika bemeye gukomeza ibiganiro bigamije "kugabanya ingorane zituruka ku birwanisho vya nikleyeri no gukinga ikwiragira ryavyo".

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Anne-Marie Niwemwiza, Bernard Bankukira, Didier Bikorimana na Gildas Yihundimpundu

  1. Ni hano turangirije amakuru twariko turabashikiriza mu buryo bw'ikibiriraho, ni ah'ejo

  2. Inama yo mu Bushinwa ni ‘ingabire kuri Vladimir Putin’ - Umwongereza Jeremy Hunt

    Jeremy Hunt, umushingamateka wo mu mugambwe w’aba-Conservateur akaba yarigeze kuzezwa amabanga atandukanye mu nama nshikiranganji z’uno mugambwe, avuga ko inama yabaye uno musi ari "inama itari ikwiye kuba yabaye".

    Mu kiganiro World at One ca radiyo BBC Radio 4, Hunt yavuze ati: "Iyi ni ingabire kuri Vladimir Putin, umuntu abazwa intambara ikomeye kuruta izindi zose zimaze kuba ku mugabane wa Buraya kuva ku ntambara ya kabiri y’isi yose."

    Yavuze kandi ko iyo nama “iha Putin gusubira kugira ijambo, ibi bikaba bishobora gukomeza ikibanza ciwe kandi bigatuma iyo ntambara imara igihe kirekire kurusha".

    Ikindi “giteye impungenge gusumba” ni uko iyo nama yemeje ko “Amerika itakiri umuyobozi w’isi yigenga".

    Yagize ati: "Nta wundi muperezida wa Amerika yoshobora gukora ibintu nk’ibi."

    Avuga ko Donald Trump yiteguye gushira ku ruhande izindi nshingano zose kugira gusa ngo “avugwe mu binyamakuru”.

    Ku bwa Hunt, ikintu Trump arondera cane ni igabanuka ry’igiciro c’ibitoro muri Amerika, ikibazo nyamukuru catumye umugambwe wiwe utsindwa bikomeye mu matora y’abashingamateka n’abakenguzamateka aheruka.

    Ku bijanye n’ivyo Trump yoba yiteguye guheba, Hunt yavuze ko bitarasobanuka neza, akabona ko ashobora kuba ariko atanga “ikimenyetso c’uko ashobora gutezurira Uburusiya ibihano bimwe bimwe vy’ubutunzi”.

    Hunt avuga ko ivyo vyotuma “Uburusiya buronka amafaranga menshi yo gushigikira intambara yiwe muri Ukraine”.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  3. Abafatanyabikorwa ba Ukraine bagiye guhurira na Zelensky i Berlin mu nama idasanzwe

    Nyuma y’inama yahuje Trump, Putin na Xi Jinping, i Shenzhen mu Bushinwa, ubu hateganyijwe indi nama ikomeye i Berlin mu Budage ikazahuza ibihugu 40 bishyigikiye Ukraine.

    Iyi nama y’ihuriro rizwi nka "Coalition of the Willing" (Ihuriro ry'abashaka) igamije kurebera hamwe, uburyo bwo gukomeza gutera inkunga Ukraine no kuyifasha kubona umutekano, ndetse no kohereza ubutumwa bukomeye ko Uburayi bushaka kugira uruhare mu biganiro bizashakira umuti intambara yo muri Ukraine.

    Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky yamaze kugera i Berlin kugira ngo yitabire iyo nama.

    Azahurirayo n’abarimo Minisitiri w’Intebe w’u Bwongereza Andy Burnham, Perezida w’u Bufaransa Emmanuel Macron, ndetse n’intumwa za Amerika Jared Kushner na Steve Witkoff.

    Mu ijoro ryakeye, Zelensky yavuze ko Witkoff na Kushner bazageza ku bitabiriye iyo nama amakuru n’ibyavuye mu biganiro byabereye i Shenzhen mu Bushinwa.

    Ibiro ntaramakuru bya Leta y’u Burusiya na byo byatangaje ko abo bombi bamaze kugirana ibiganiro n’abayobozi b’u Burusiya n’u Bushinwa nyuma y’iyo nama.

    N’ubwo izo nama zombi zisa n’izidafitanye isano, zitanga urubuga ku nshuti zikomeye za Ukraine rwo guhita rutanga igisubizo ku byo rwumvise mu Bushinwa no ku cyerekezo cy’ibiganiro birimo gukorwa ku ihagarikwa ry’intambara.

    Izindi nkuru wasoma:

  4. Ibirwanisho vya Nikleyeri ni ‘inkota y'ibiza imanitse hejuru ya kiremwamuntu’ – Xi

    Mw’itangazo rusangi ryasohowe n’Ubushinwa, Uburusiya na Amerika, abakuru b’ibi bihugu bemeye gukomeza ibiganiro bigamije "kugabanya ingorane zituruka ku birwanisho vya nikleyeri no gukinga ikwiragira ryavyo".

    Iki kibazo kiri mu bibazo nyamukuru vyaganiriweko mu nama hagati y’aba bategetsi, Perezida Xi Jinping w’Ubushinwa akavuga ko ibirwanisho vya nikleyeri ari "inkota y'ibiza imanitse hejuru ya kiremwamuntu", nk'uko vyatangajwe n'ibinyamakuru vyegamiye reta vyo mu Bushinwa.

    Xi yavuze ati: "Birakwiye kubuzwa rwose kandi bikarandurwa burundu. Intambara ya nikleyeri ntishobora gutsindwa n’uruhande na rumwe kandi ntikwiye na rimwe kurwanwa."

    Hagati aho, muri iyo nama y’aba bategetsi b’ibihugu rutura bitaru, Donald Trump yavuze ko ari "ngirakamaro cane" ko ivyo bihugu bikorera hamwe kugira ngo "akaga k’ikwirakwira ry'ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara mu bindi bihugu hirya no hino kw'isi".

  5. Putin avuga iki ku bagereranya inama yahuriyemo na Donald Trump na Xi Jinping, n’Inama ya Yalta yo mu 1945?

    Inama ya Yalta yabaye muri Gashyantare (2) 1945 i Crimea, ihuza Perezida wa Amerika Franklin D. Roosevelt, Minisitiri w’Intebe w’u Bwongereza Winston Churchill n’umuyobozi w’Abasoviyeti Joseph Stalin.

    Muri iyo nama, baganiriye ku miterere y’u Burayi nyuma y’Intambara ya Kabiri y’Isi, bemeranya ku mibereho y’Ubudage bwari bumaze gutsindwa, banategura ishingwa ry’Umuryango w’Abibumbye (ONU) ndetse n’uruhare rw’Abasoviyeti mu ntambara yo kurwanya Ubuyapani.

    Ni inama ifatwa nk’iyagize uruhare rukomeye mu gushyiraho gahunda y’isi ya nyuma y’intambara, n'ubwo imyanzuro yayo yaje no kugira ingaruka ku mibanire mibi hagati y’Uburasirazuba n’Uburengerazuba mu gihe cyakurikiyeho cy’Intambara y’Ubutita.

    Agaruka ku bagereranyije iyo nama, n'imaze iminsi ibera mu Bushinwa, ikaba yari ihubje Trump, Putin na Xi Jiping, Putin yasaga n’uwibaza aho ikibazo cyaba kiri muri iryo gereranya.

    Yagize ati: “Ni iki cyari kibi kuri Yalta? Hari ikibi cyahabaye?”

    Putin yagize ati: “I Yalta, gutsindwa kw’aba Nazi byashyizwe mu nyandiko ndetse bishimangirwa mu mategeko... Nta cyo byaba bitwaye, ahubwo nabona binakwiriye, ko n’ubu dushimangira mu mategeko guhashya uburyo buriho busa n’ubw’aba Nazi b’icyo gihe, nakwita ko ari Nazi nshya.”

    Perezida w’uBurusiya yavuze kandi ko Inama ya Yalta yashyizeho urufatiro rwatumye Umuryango w’Abibumbye (ONU) uvuka.

    Yagize ati: “Mu myaka 80 ishize, kubera ayo masezerano, isi yabayeho nta ntambara ikomeye yageze ku rwego rw’isi yose. Ni byo, habaye amakimbirane menshi yo mu turere dutandukanye, ariko nta ntambara y’isi yose yabaye. None se ibyo birimo iki kibi?”

    Putin yanavuze ku bavuga ko we, Trump na Xi bahuriye mu Bushinwa kugira ngo “bagabane isi”.

    Ati: “I Yalta nta wagabanye isi. Ahubwo bemeje uko ibintu byari byifashe nyuma y’Intambara ya Kabiri y’Isi.”

    Yakomeje agira ati: “Ku birebana n’amakimbirane yo muri iki gihe, dushingiye ku kuri kw’ibiriho, impande zose zigomba kwemera uko ibintu bihagaze, nta guca ku ruhande."

    Aya magambo yasobanuwe na benshi nk’aho yacaga amarenga ku ntambara irimo kubera muri Ukraine, aho Uburusiya bukomeje kugenzura ibice bimwe by’icyo gihugu.

    Izindi nkuru wasoma:

  6. Xi, Trump na Putin: Ibihugu vyacu bifise inshingano zidasanzwe ku bibazo vy'isi

    Abakuru b'ibihugu vy'Ubushinwa, Reta Zunze Ubumwe za Amerika n'Uburusiya basozereye inama idasanzwe yabereye mu gisagara ca Shenzhen mu Bushinwa. Iyo nama yahuje Perezida Xi Jinping, Donald Trump na Vladimir Putin ku ncuro ya mbere.

    Ibiganiro vyamaze nk'isaha n'igice vyibanze ku bibazo bikomeye vy'isi birimwo intambara zo muri Ukraine na Iran, ikibazo c'ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara (canke vya nikleyeri), umutekano mpuzamakungu hamwe n'ubudandaji.

    Mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura inama, Perezida Xi yasavye ibi bihugu bitatu gukorera hamwe mu kubungabunga amahoro n'umutekano kw'isi. Trump na Putin bashigikiye iyo ngingo, bavuga ko ibihugu vyabo bifise uruhara rukomeye mu gukomeza ibiganiro ku bibazo biraba isi yose.

    Trump yavuze ko Amerika, Ubushinwa n'Uburusiya bifise "inshingano zidasanzwe" zo kuguma bikorana no kuganira ku bibazo vyerekeye isi yose. Yasavye ivyiyumviro vya ca gihe c’intambara yo kwikekana (guerre froide/Cold War) vyoshirwa ku ruhande kandi bikirindA gucanamwo. Avuga ko guhura na Xi na Putin ari iteka rikomeye kuri we.

    Ku ruhande rwiwe, Putin yibukije uruhara Uburusiya, Ubushinwa na Amerika vyagize nk'ibihugu vyatsinze intambara ya kabiri y'isi yose.

    Ku bwiwe, ibi bihugu bifise inshingano zo kubungabunga amahoro n'umutekano kw'isi no kurondera inyishu ku bibazo vy'ubutunzi, vy'ibiribwa, vy'amasoko ntanganguvu hamwe n'intambara zo mu turere dutandukanye.

  7. Ukraine n'Uburaya batewe umutima uhagaze n'inama ya Xi, Trump na Putin

    Hari amakenga, cane cane ku mugabane wa Buraya, ko inama igiye guhuza Perezida w'Ubushinwa Xi Jinping, Perezida wa Amerika Donald Trump na Perezida w'Uburusiya Vladimir Putin ishobora kuba ifitaniye isano n'Inama ya Yalta yabaye mu 1945, igihe intambara ya kabiri y'isi yose yari yegereje kurangira.

    Iyo nama yaraneguwe cane kubera ingingo zayifatiwemwo zagize ingaruka kuri kazoza k'ibihugu bitobito kandi bitari vyayitumiwemwo.

    Perezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yaragaragaje impungenge ko iyo nama ishobora gutuma hafatwa ingingo ku bijanye na Ukraine, ivyiyumviro vy’iki gihugu ciwe bidafatiweko.

    Abategetsi batandukanye mu bihugu vya Buraya bagiye bashimangira akatari gake ko ata biganiro ku bijanye na Ukraine bishoboka ico gihugu ubwaco kitarimwo.

    Zelensky yagabishije ko hakwiye kwirindwa inama yoba imeze nka “Yalta ya 2, iya 3 canke iya 4, aho ibihugu bikomeye vyosubira kugabanganwa ububasha bwo kugenzura ibihugu n’uburere”.

    Aya makenga si ay'ubusa, na rirya kenshi Trump agira impengamiro yo kuvuga ibitari mu majambo aba yateguye gushikiriza, hamwe n'uko yaneguye ku mugaragaro Zelensky, amwagiriza ko atemeye hakiri kare ko intambara ihagarara.

    Mu ntango z'iyi ndwi, imbere y'uko afata urugendo aja muri Aziya, Trump yavuze ko ibijanye na Ukraine ari ikibazo yumva yipfuza cane ko kiganirwako, kandi ko azogishikana muri iyo nama ihuza abo bategetsi batatu.

    Hagati aho, vyitezwe ko abategetsi b’ibihugu bitari bike baja guhurira i Berlin mu Budagi, kugira baganire na bo ku bijanye n'ingene boshigikira Ukraine.

    Izindi nkuru wosoma:

  8. Putin 'ameze neza cyane' nyuma y'ibiganiro yagiranye na Trump – bivugwa n'umujyanama mukuru we

    Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin “ameze neza cyane” nyuma y’inama yagiranye na Perezida w’Amerika Donald Trump, nkuko bivugwa na Yuri Ushakov, umujyanama mukuru ku bubanyi n’amahanga wa Perezida w’Uburusiya.

    Ubwo yaganiraga na televiziyo Vesti ya leta y’Uburusiya, Ushakov yavuze ko ibyo biganiro hagati ya Putin na Trump byagenze “neza”.

    Ibitangazamakuru byo mu Burusiya byatangaje cyane amashusho agaragaza Trump yinjira mu cyumba ndetse, ubwo yavugaga kuri Putin, agira ati: “Ni nde? Ni inshuti yanjye!”

    Ushakov yavuze ko intambara yo muri Ukraine ari yo ngingo nkuru yaranze iyo nama, yamaze iminota iri hagati ya 35 na 40. Abo bategetsi bombi banaganiriye ku mubano w’Amerika n’Uburusiya.

    Ibiro bya Perezida w’Uburusiya bivuga ko nta n’umwe muri abo bategetsi bombi wagize ibyo atangaza bikomeye, mu gihe impande zombi zirimo kwitegura inama na Perezida w’Ubushinwa Xi Jinping iba uyu munsi aho mu Bushinwa.

    Izindi nkuru wasoma:

  9. Tanzania: Angel Wariael, umukobwa yakomerekejwe n'amasasu amusanze muhira mu ntureka zo ku wa 29 z'ukwa 10, yapfuye

    Angel Wariael, yari amaze igihe ariko avurirwa mu bitaro bikuru vya Muhimbili, inyuma yo gukomeretswa n’amasasu yamusanze muhira iwabo igihe haba intureka zo kwiyamiriza amatora ku wa 29 Gitugutu (10) muri Tanzania, yapfuye.

    Urupfu rwiwe rwemejwe ku wa gatatu n'ibitaro vya Muhimbili, biciye ku mukuru w'igisata kijejwe kumenyesha amakuru, Irene Charles Mbonde, hamwe n'umwe mu bagize umuryango wa Wariael.

    Wariael yari amaze amayinga atari make arwariye muri ivyo bitaro, aho yariko avurwa ibikomere yatewe n'ayo masase yamusanze iwabo muri karitiye Manzese, iri mu burengero bw’umurwa mukuru Dar es Salaam.

    Ku wa 31 Gitugutu (10) 2026, ikinyamakuru The Chanzo cari casohoye inkuru ku kuntu amagara y’uwo mukobwa n'aya nyina wiwe yari yifashe. Inkuru yavuga ko bompi bari bakeneye gufashwa mu kuronswa ubuvuzi kubera ingorane z'amagara zari zatumye Wariael ahagarika amashure.

    Inyuma y'iyo nkuru, Wariael yararonse ubufasha gurtyo atangura kwivuriza mu bitaro bikuru vya Muhimbili.

    Amatora yabaye kw’igenekerezo rya 29 Gitugutu (10) muri Tanzania – Perezida Samia Suluhu Hassan ni we yatangajwe ko yayatsinze ku majwi 98 kw’ijana (98%) – yariyamirijwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi. Baneguye ko atabaye mu muco, banashimangira ko yabaye abakandida bakomeye bapfunzwe.

    Ariko mu mwaka uheze, mw'ijambo ry'intsinzi yashikirije, Perezida Samia yavuze ko ayo matora yabaye "mu bwisanzure na demokarasi", yagiriza abagize imyiyerekano "kudakunda igihugu".

    Mu burere butandukanye bwa Tanzania, harabaye imyiyerekano yo kuyiyamiriza yitabwe ahanini n’Urwaruka. Inzego z’umutekano zakoresheje inguvu bivugwa ko zari “zirenze urugero” mu guhasha abari muri iyo myiyerekano, ari na ho amwe mu masase yariko araraswa yahavuye agema Angel Wariael amusanze muhira iwabo, nk’uko bishikirizwa n’ibinyamakuru vyo muri ico gihugu.

    Izindi nkuru wosoma:

  10. Amerika: Aba Démocrates bashize imbere Hakeem Jeffries kugira azobe Umukuru w'Inama Nshingamateka

    Aba Démocrates mu Nama Nshingamateka ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika bashize imbere icese Hakeem Jeffries kugira azobe umukuru w’urwo rwego, iyo ngingo ikaba imushize mu nzira yo kuba umwirabure wa mbere azoba arurongoye.

    Abagize Inama Nshingamateka bazotora umukuru wayo mushasha kw’igenekerezo rya 3 Nzero (1), igihe ikiringo c’abaherutse gutorwa kizoba gitanguye. Ico gihe, aba Démocrates ni bo bazoba bafise ubwiganze mu Nama Nshingamateka.

    Itorwa ryiwe muri ico kibanza gihambaye – umukuru w’Inama Nshingamateka agira kabiri ku rutonde rw’abashobora gusubirira umukuru w’igihugu inyuma y’icegera ciwe – riritezwe cane.

    Niyaramuka atowe, Jeffries azoba ayoboye umugambwe wiwe ufise ubwiganze bwinshi kuruta uko vyari bimeze mu myaka iheze. Vyongeye, azoba afise n'akandi karusho k’uko aba Démocrates ari bo bazoba bafise ubwiganze mu Nama Nkenguzamateka (Sena).

    Inyuma y’itora, Jeffries yabwiye abamenyeshamakuru ko gushirwa imbere icese ari “iteka rikomeye cane n’akaryo kadasanzwe”.

    Kuva ku wa gatatu, aba Démocrates bazoba bafise n'imiburiburi ibibanza 257 mu Nama Nshingamateka vyo mu mwaka uza. Ivyo bitigiri birasumba kure ibibanza 218 bikenewe kugira umugambwe ugire ubwiganze. Ariko, haracari uburere indwi ivyavuye mu matora bitaramenyekana.

    Jeffries, aserukira intara imwe yo mu karere ka New York, yasubiye gutorerwa kuyobora umugambwe w’aba Démocrates mw'itora ryabaye ku wa gatatu, ryabereye mu mwiherero. Yaronse amajwi 251, mu gihe 11 gusa ari yo yamurwanije.

    Kuva mu 2023, yari asanzwe ari umuyobozi w’aba Démocrates bari mu Nama Nshingamateka, mu gihe uwo mugambwe utari ufise ubwiganze.

    Muri iki gihe, umurwi w'Abaserukira abanyagihugu b'Abirabure bari mu Nama Nshingamateka na Nkenguzamateka za Amerika, ugizwe gusa n'abashingamateka b’aba Démocrates, wavuze ko Jeffries ashobora kwandika amateka mashasha mu gihe azoba atanguye kurongora urwo rwego.

    Mw’itangazo yasohoye, umukuru w'uwo murwi, Yvette Clarke, yagize ati: “Abanyamerika, cane cane bivuye ku bwinshi bw'abirabure bitavye amatora, mu buryo bwihariye abo mu bumanuko bw'igihugu, baratwizeye kugira dutume Washington ikora ku neza yabo”.

    Yarangije ati: “Ico tujejwe kandi dushobora no kubazwa, ni ugukora ibishoboka vyose kugira ntiduhemukire ico cizere batugiriye”.

    Izindi nkuru wosoma:

  11. Elon Musk avuga ko amafaranga ya mbere menshi yashyize mu matora yo hagati muri manda yatumye yumva ari 'umupfapfa cyane'

    Ku wa gatatu, Elon Musk yavuze ko yumvise ari “umupfapfa cyane” kubera amafaranga ya mbere menshi cyane yakoresheje mu matora yo hagati muri manda muri Amerika, nyuma yuko abo mu ishyaka ry’abarepubulikani bayatsinzwe cyane.

    Uwo muherwe wa mbere ku isi akaba n’umuyobozi nshingwabikorwa wa kompanyi Tesla y’imodoka zikoresha amashanyarazi na kompanyi SpaceX y’ibyogajuru, ni we wabaye umuterankunga wa mbere watanze amafaranga menshi cyane muri ayo matora.

    Yatanze miliyoni 446 z’amadolari – zingana na miliyari 650 FRW – zo gushyigikira iryo shyaka rya Perezida Donald Trump, by’umwihariko muri leta ya Texas aho kompanyi nyinshi za Musk zifite ibyicaro.

    Musk, washyigikiye ibikorwa bya Trump byo kwiyamamaza kuri manda ya kabiri, yanavuze ko ataba mu nkubiri ya MAGA, impine y’amagambo yo mu Cyongereza afitanye isano na Perezida Trump, y’abavuga ko bashaka kongera gutuma Amerika iba igihangange ku isi.

    Ishyaka ry’abademokarate ryatsindiye kugenzura imitwe yombi – abadepite n’abasenateri – y’inteko ishingamategeko y’Amerika, ribigeraho rinanditse amateka yo gutsinda muri leta zari zimaze imyaka ibarirwa muri za mirongo zitsindwamo n’abarepubulikani.

    Ayo matora yabonywe nko gutsindwa kwashegeshe Trump, uri ku gitutu kijyanye n’ingaruka igenamigambi rye ryagize ku kiguzi cy’imibereho muri Amerika.

    Izindi nkuru wasoma:

  12. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.