Tanzania: Angel Wariael, umukobwa yakomerekejwe n'amasasu amusanze muhira mu ntureka zo ku wa 29 z'ukwa 10, yapfuye
Angel Wariael, yari amaze igihe ariko avurirwa mu bitaro bikuru vya Muhimbili, inyuma yo gukomeretswa n’amasasu yamusanze muhira iwabo igihe haba intureka zo kwiyamiriza amatora ku wa 29 Gitugutu (10) muri Tanzania, yapfuye.
Urupfu rwiwe rwemejwe ku wa gatatu n'ibitaro vya Muhimbili, biciye ku mukuru w'igisata kijejwe kumenyesha amakuru, Irene Charles Mbonde, hamwe n'umwe mu bagize umuryango wa Wariael.
Wariael yari amaze amayinga atari make arwariye muri ivyo bitaro, aho yariko avurwa ibikomere yatewe n'ayo masase yamusanze iwabo muri karitiye Manzese, iri mu burengero bw’umurwa mukuru Dar es Salaam.
Ku wa 31 Gitugutu (10) 2026, ikinyamakuru The Chanzo cari casohoye inkuru ku kuntu amagara y’uwo mukobwa n'aya nyina wiwe yari yifashe. Inkuru yavuga ko bompi bari bakeneye gufashwa mu kuronswa ubuvuzi kubera ingorane z'amagara zari zatumye Wariael ahagarika amashure.
Inyuma y'iyo nkuru, Wariael yararonse ubufasha gurtyo atangura kwivuriza mu bitaro bikuru vya Muhimbili.
Amatora yabaye kw’igenekerezo rya 29 Gitugutu (10) muri Tanzania – Perezida Samia Suluhu Hassan ni we yatangajwe ko yayatsinze ku majwi 98 kw’ijana (98%) – yariyamirijwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi. Baneguye ko atabaye mu muco, banashimangira ko yabaye abakandida bakomeye bapfunzwe.
Ariko mu mwaka uheze, mw'ijambo ry'intsinzi yashikirije, Perezida Samia yavuze ko ayo matora yabaye "mu bwisanzure na demokarasi", yagiriza abagize imyiyerekano "kudakunda igihugu".
Mu burere butandukanye bwa Tanzania, harabaye imyiyerekano yo kuyiyamiriza yitabwe ahanini n’Urwaruka. Inzego z’umutekano zakoresheje inguvu bivugwa ko zari “zirenze urugero” mu guhasha abari muri iyo myiyerekano, ari na ho amwe mu masase yariko araraswa yahavuye agema Angel Wariael amusanze muhira iwabo, nk’uko bishikirizwa n’ibinyamakuru vyo muri ico gihugu.
Izindi nkuru wosoma: